URURIRIMBO RWA 121
Turakeneye ukwigumya
Integuro icapuwe
	1. Gukunda Yehov’ukamwubaha
Bisab’ukwigumya, kwirind’icaha.
Twank’ivyipfuzo vy’ubuhemu,
Twibereho twisung’impwemu.
2. Shetan’arondera kutugwisha.
N’icaha gishaka kuduhubisha.
Ukuri ni kwo kuturinda.
Ku bwa Yehova tuzotsinda.
3. Mu ngeso zacu twokwiyubara.
Tugumye twicunga vyomuhimbara.
Mu vyo dukora twihangane,
Ukwigumya tukugumane.
(Raba kandi 1 Kor. 9:25; Gal. 5:23; 2 Pet. 1:6.)