ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • lmd icig. 4
  • Kwicisha bugufi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kwicisha bugufi
  • Nukunde abantu ubahindure abigishwa
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ivyo Pawulo yakoze
  • Twigira iki kuri Pawulo?
  • Niwigane Pawulo
  • Yehova araha agaciro abasavyi biwe bicisha bugufi
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2019
  • Nutsimbataze ukwicisha bugufi nyakuri
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • “Ndicisha bugufi”
    “Ingo unkurikire”
  • Yezu yaraduhaye icitegererezo co kwicisha bugufi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
Ibindi
Nukunde abantu ubahindure abigishwa
lmd icig. 4

GUTANGUZA IKIYAGO

Intumwa Pawulo abohewe ku wumucunze, aravugira imbere y’umwami Agiripa, buramatari Fesito na Berenise, abigiranye icubahiro.

Ivyak. 26:​2, 3

ICIGWA CA 4

Kwicisha bugufi

Icanditswe c’ishimikiro: «Mwicishe bugufi mubone ko abandi babaruta.»—Flp. 2:3.

Ivyo Pawulo yakoze

Intumwa Pawulo abohewe ku wumucunze, aravugira imbere y’umwami Agiripa, buramatari Fesito na Berenise, abigiranye icubahiro.

IVIDEWO: Pawulo abwira inkuru nziza umwami Agiripa

1. Nurabe iyi VIDEWO, canke usome Ivyakozwe 26:​2, 3. Nuce uzirikana ibi bibazo:

  1. Pawulo yerekanye gute ukwicisha bugufi mu kuntu yaganirije umwami Agiripa?

  2. Pawulo yerekanye gute ko yishimikiza Yehova n’Ivyanditswe aho kwiyizigira?—Raba Ivyakozwe 26:22.

Twigira iki kuri Pawulo?

2. Ubutumwa dushikiriza burashimisha abantu cane igihe tubushikirije tubigiranye ukwicisha bugufi n’icubahiro.

Niwigane Pawulo

3. Ntiwiyemere. Ntiwerekane nk’aho umengo wewe uzi vyose be n’uko uwo muyaga ata co azi. Nuvugane icubahiro.

4. Niwerekane ko ivyo uriko urigisha biva muri Bibiliya. Ijambo ry’Imana ririmwo ivyiyumviro bikora abantu ku mutima. Iyo turikoresheje, tuba twubakiye ukwizera kwabo ku mushinge mwiza.

5. Guma werekana ubwitonzi. Ntugume urondera kwerekana ko uri mu kuri. Ntidushaka guharira. Niwerekane ukwicisha bugufi mu kuguma utekanye no mu gukura meza iyo bikenewe. (Imig. 17:14; Tito 3:2) Uvuganye ubwitonzi, hari aho uwo muntu azokwumviriza ubutumwa dushikiriza ikindi gihe.

NURABE KANDI

Rom. 12:​16-18; 1 Kor. 8:1; 2 Kor. 3:5

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika