ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • lmd icig. 5
  • Ukwigengesera

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ukwigengesera
  • Nukunde abantu ubahindure abigishwa
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ivyo Pawulo yakoze
  • Twigira iki kuri Pawulo?
  • Niwigane Pawulo
  • «Nibarondere Imana, baheze bayironke vy’ukuri»
    “Nushinge intahe inogangije ku vyerekeye Ubwami bw’Imana”
  • Kwicisha bugufi
    Nukunde abantu ubahindure abigishwa
  • Ubona gute imirima?
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2020
  • “Ushishikare kwijukira . . . ukwigisha”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
Ibindi
Nukunde abantu ubahindure abigishwa
lmd icig. 5

GUTANGUZA IKIYAGO

Intumwa Pawulo ariko arafasha abantu b’i Atene kuzirikana.

Ivyak. 17:​22, 23

ICIGWA CA 5

Ukwigengesera

Icanditswe c’ishimikiro: «Amajambo muvuga yamane igikundiro.»—Kol. 4:6.

Ivyo Pawulo yakoze

Intumwa Pawulo ariko arafasha abantu b’i Atene kuzirikana.

IVIDEWO: Pawulo abwira inkuru nziza abantu b’i Atene

1. Nurabe iyi VIDEWO, canke usome Ivyakozwe 17:​22, 23. Nuce uzirikana ibi bibazo:

  1. Pawulo yiyumvise gute abonye ingene abantu b’i Atene basenga ibigirwamana?—Raba Ivyakozwe 17:16.

  2. Aho guca acira urubanza abantu b’i Atene, Pawulo yafatiye gute ku vyo bemera kugira ababwire inkuru nziza yigengesera?

Twigira iki kuri Pawulo?

2. Biroroha ko abantu badutega yompi iyo turavye neza ivyo tuvuga, ukuntu tubivuga n’igihe tubivugirako.

Niwigane Pawulo

3. Nuhitemwo amajambo yoshimisha uwo muntu. Nk’akarorero, igihe uganira n’umuntu atari umukirisu, wokenera guhindura uburyo ucira inzira Bibiliya canke ukuntu udondora Yezu.

4. Ntiwihutire gukosora umuntu. Numureke yisanzure mu kuvuga. Avuze ikintu gitandukanye n’ivyo Bibiliya ivuga, ntuce umuhaririza. (Yak. 1:19) Kumutega yompi biragufasha gutahura iciyumviro ciwe.—Imig. 20:5.

5. Nurondere guhuza na we wongere umukeze aho bishoboka. Ashobora kuba abona ko ivyo asanzwe yemera ari ukuri. Nugerageze kuyaga na we ku kintu muhurizako, maze buhorobuhoro umufashe gutahura ivyo Bibiliya yigisha.

NURABE KANDI

Imig. 25:15; 2 Tim. 2:​23-26; 1 Pet. 3:15

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika