ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • CO-pgm24 rup. 7-8
  • Ibimenyeshwa abitavye ihwaniro

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ibimenyeshwa abitavye ihwaniro
  • Programa y’ihwaniro ryo mu 2024
  • Ivyo bijanye
  • Ibimenyeshwa abitavye ihwaniro
    Programa y’ihwaniro ryo mu 2023
  • Ibimenyeshejwe abitavye ihwaniro
    Programa y’ihwaniro ryo mu 2020
  • Ibimenyeshejwe abitavye ihwaniro
    2025 Programa y’ihwaniro
  • Ibimenyeshwa abitavye ihwaniro
    Programa y’ihwaniro ryo mu 2019
Ibindi
Programa y’ihwaniro ryo mu 2024
CO-pgm24 rup. 7-8

Ibimenyeshwa abitavye ihwaniro

ABAKIRA ABANTU Abakira abantu bashinzwe kugusahiriza. Turagusavye usenyere ku mugozi umwe na bo mu gukurikiza ubuyobozi baguhaye ku bijanye na parikingi, mu gikorwa cabo co gucungera uruja n’uruza rw’isinzi ry’abantu bahari, mu bijanye no gufatira abandi ibibanza, no mu bindi.

IBATISIMU Hatagize igihinduka, abazobatizwa bazobikirwa ibibanza imbere y’umukiruruko. Bakwiye kuba bicaye ngaho imbere y’uko insiguro y’ibatisimu itangura, ino ikaba izoba ku wa gatandatu mu gitondo. Umwe wese akwiye kuzana isume n’ivyambarwa vyo kwinjirana mu mazi biranga urupfasoni.

INTERERANO Hariho ibintu vyatunganijwe ku mahera menshi kugira haboneke ivyicaro bibereye, ivyuma biduza amajwi, ivyerekana amasanamu, hamwe n’ibindi vyinshi bituma kwitaba ihwaniro biryoha bikongera bikadufasha kwiyegereza Yehova. Intererano utanga uvyishakiye zirafasha gutuma haboneka amahera yasohowe kandi zigashigikira igikorwa kirangurirwa kw’isi yose. Kugira woroherezwe, udusandugu tw’intererano twanditseko mu ndome ziboneka neza usanga turi ahantu hose muri iki kibanza. Urashobora no gutanga intererano ukoresheje ubuhinga bwa none uciye kuri donate.jw.org. Intererano zose zirashimwa cane rwose. Inama Nyobozi ibaye iragukengurukira ku kuntu uzotanga utitangiriye itama kugira ngo ushigikire ivyungura Ubwami.

UGUTABARA ABARWAYE Turagusavye ugumize mu muzirikanyi yuko ivyo bigirirwa gusa abakeneye gutabarwa vyihutirwa.

IVYATAKAYE N’IVYATOWE Ibintu vyose vyatowe mugabo ntihaboneke nyenevyo, bikwiye gushikirizwa Urwego rujejwe ivyatakaye n’ivyatowe. Nimba hari ikintu watakaje, shikira urwo rwego urabe ko hari ivyawe vyoba birimwo. Abana bazimiye bakwiye gushikirizwa urwo rwego. Ariko rero, kugira twirinde gutuma abakorera muri urwo rwego bata umutwe bidakenewe, turagusavye ukurikirane abana bawe, kandi ugume ubiyegereje.

IVYICARO Turagusavye witwararike abandi. Uribuka ko ibibanza bishobora gufatirwa gusa abo mu muryango wawe, abo mwazananye, abo mubana mu rugo, canke abo mwigana Bibiliya. Turagusavye ntushire ibintu ku vyicaro utafatiye abantu.

ABAKORA BAVYISHAKIYE Nimba ushaka gufasha mu bikorwa bijanye n’ihwaniro, turagusavye ubimenyeshe Urwego rw’abakora bavyishakiye.

Ryatunganijwe n’Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova

© 2024 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania

INAMA IDASANZWE

Ishure ry’abamamaji b’Ubwami

Umwigisha ari kumwe n’umugabo n’umugore wiwe bariko baraganira ku ciyumviro co mu vyanditswe bakoresheje tablette igihe bariko barigira mu bubiko bw’ibitabu kw’Ishure ry’abamamaji b’Ubwami. Urashobora kubona n’abandi banyeshure bariko bariga.

Abo bose bakwije ibisabwa bipfuza kwagura ubusuku barangura baratumiwe mu nama y’abipfuza kwitaba Ishure ry’abamamaji b’Ubwami, izoba ku wa mungu ku muhingamo. Aho iyo nama izobera be n’igihe izoberako bizotangazwa.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika