Ibimenyeshwa abitavye ihwaniro
ABAKIRA ABANTU Abakira abantu bajejwe kugufasha. Turagusavye usenyere ku mugozi umwe na bo mu gukurikiza ubuyobozi baguhaye mu bijanye na parikingi, gucungera uruja n’uruza rw’abantu, gufatira abandi ibibanza, n’ibindi.
ABAKORA BAVYISHAKIYE Nimba ushaka gufasha mu bikorwa bijanye n’ihwaniro, turagusavye ubimenyeshe Urwego rujejwe gutanga amakuru n’abakora bavyishakiye.
GUTABARA ABARWAYE Turagusavye wibuke ko iyo ntunganyo igenewe gusa abakeneye gutabarwa vyihutirwa.
IBATISIMU Ata gihindutse, ibibanza bigenewe abazobatizwa biba biri imbere y’umukiruruko. Bakwiye kuba bicaye muri ivyo bibanza imbere y’uko insiguro y’ibatisimu yo ku wa gatandatu mu gitondo itangura. Umwe wese akwiye kwibangikanya isume n’impuzu zo kwinjirana mu mazi ziranga urupfasoni.
INTERERANO Hariho ibintu vyinshi vyatunganijwe ku mahera menshi kugira haboneke ivyicaro bibereye, ivyuma biduza amajwi, ivyerekana amasanamu, n’ibindi bikorwa vyinshi bituma iri hwaniro riryoha, rikanadufasha kwiyegereza Yehova. Intererano utanga uvyishakiye ziratuma haboneka amahera yasohowe kandi zigashigikira igikorwa kirangurirwa kw’isi yose. Kugira bikworohere, hirya no hino muri iki kibanza harashizweho udusandugu tw’intererano twanditseko mu ndome ziboneka neza. Urashobora no gutanga intererano ukoresheje ubuhinga bwa none, uciye kuri donate.jw.org. Intererano zose mutanga turazikenguruka cane. Inama Nyobozi ibaye iragukengurukira ku kuntu utanga utitangiriye itama kugira ushigikire ivyungura Ubwami.
IVYATAKAYE N’IVYATOWE Ibintu vyose vyatowe mugabo ntihaboneke benevyo, bikwiye gushikirizwa Urwego rujejwe ivyatakaye n’ivyatowe. Nimba hari ikintu watakaje, shikira urwo rwego urabe ko hari ivyawe vyoba birimwo. Abana bazimiye bakwiye gushikirizwa urwo rwego. Ariko rero, kugira twirinde gutuma abantu bashuha imitwe bidakenewe, turagusavye ukurikirane abana bawe kandi ugume ubiyegereje.
IVYICARO Turagusavye witwararike abandi. Uribuka ko ushobora gusa gufatira ibibanza abo mu muryango wawe, abo mwazananye, abo mubana mu rugo canke abo mwigana Bibiliya. Turagusavye ntushire ibintu ku vyicaro utafatiye abantu.
Ryatunganijwe n’Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova
© 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania