ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • wcg ikig. 2 rup. 20-rup. 23
  • Yaraciriye urubanza isi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yaraciriye urubanza isi
  • Gendana n’Imana n’umutima rugabo
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Niwinjire mu mizi
  • Rondera ivyigwa wohakura
  • Zirikana mu buryo bwagutse
  • Rondera kumenya n’ibindi
  • “Yagendana n’Imana y’ukuri”
    Niwigane ukwizera kwabo
  • “Yagendana n’Imana y’ukuri”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • ‘Yarazigamwe hamwe n’abandi indwi’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Nowa Abāza Ubwato
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
Ibindi
Gendana n’Imana n’umutima rugabo
wcg ikig. 2 rup. 20-rup. 23

2 NOWA

Yaraciriye urubanza isi

Integuro icapuwe
Integuro icapuwe

INYUMA y’urupfu rwa Henoki, abamarayika bamwebamwe baragararije Imana mw’ijuru. Abo bamarayika baripfuje guhuza ibitsina n’abagore, baca biyambika imibiri y’abantu baza ng’aha kw’isi maze baryamana n’abagore bose bipfuza. Bavyaye abana b’imvange bitwa Abanefili. Bari inkozi z’ikibi n’abicanyi katwa. Ivyo vyatumye abantu kw’isi barushiriza kuba ababisha. Abantu Imana yari yararemye kw’isi ari beza, barononekaye baraba babi. Ariko hari umwuzukuruza wa Henoki yagumye atandukanye n’abo bantu. Yitwa Nowa.

Nowa yarabaye umugororotsi nka Henoki. Dusoma duti: «Nowa yagendana n’Imana y’ukuri.» Nowa yahavuye yubaka urwiwe maze we n’umukenyezi wiwe barigisha abahungu babo batatu kugamburukira Yehova nk’uko na bo bamugamburukira. Ivyo vyatumye uwo muryango utandukana n’abantu bose bo kw’isi.

Umusi umwe, Yehova yarabwiye Nowa ko yafashe ingingo yo gukuraho abantu bose babi bo kw’isi. Ariko yaramuhaye icizigiro. Yamubwiye ngo yubake ubwato bunini kugira ngo abantu bamwebamwe bazoburokokeremwo. Nowa ntiyari bwigere abona imvura nyinshi cane igwa kw’isi nk’uko Yehova yari yabimubwiye. Kandi ntiyari bwigere akora igikorwa co kwubaka ikintu kinini nk’ubwo bwato. Ariko yarizigiye ivyo Yehova asezeranye maze aratangura gukora.

Nowa n’umuryango wiwe bari bafise abansi bakomeye kandi b’abanyakibi, kandi baranka ubutumwa bashikiriza n’igikorwa cabo

Nowa n’umuryango wiwe bari bakeneye umutima rugabo kugira bakore ico gikorwa. Abantu bashobora kuba barabatwenze bongera barabarwanya. Nta gukeka ko ba bamarayika bihindura abantu bari bateye ubwoba cane kandi n’abana babo bararyoherwa no kugirira nabi abantu. Ariko Nowa, umukenyezi wiwe, abahungu babo batatu n’abakenyezi babo, uko bari abantu umunani, bagumye ku gikorwa. Bamaze imyaka myinshi, kumbure imyaka 50 canke irenga bakora ico gikorwa co kwubaka ubwato.

Nowa ari kumwe n’abahungu biwe babiri hamwe n’abagore babo bariko bajana ibintu bakoresha. Abantu bariko babacokora bongera babatuka. Hirya yabo haboneka igice ca bwa bwato kitaruzura neza.

Muri ico gihe cose, Nowa ntiyaguma yinumiye. Bibiliya ivuga ko «yamamaza ubugororotsi.» Kubera ko yari serugo, yaratanga akarorero mu kubwira abantu ibigiye kuba. Ariko nta wundi muntu n’umwe atari uwo mu rugo rwiwe yamwumvirije. Biboneka ko na benshi mu ncuti za Nowa batamwumvirije. Abantu ntibashaka guhindura ingendo yabo mbi. Uwo mugabo w’ukwizera yari atandukanye cane n’abandi bantu bo mu gihe ciwe. Ntibitangaje kuba Bibiliya ivuga ku vyerekeye Nowa iti: «Ukwo kwizera kwiwe ni kwo kwatumye isi icirwa urubanza.»

Amaherezo, Nowa n’umuryango wiwe barahejeje kwubaka ubwo bwato. Baciye bashiramwo ibintu vyose bokeneye, be n’ivyo ibikoko vyose vyokwinjiye mu bwato vyokeneye. Hari ikintu gitangaje cahavuye kiba. Ibikoko vy’ubwoko bwose, ibigabo n’ibigore, vyaciye bitangura kuza mu bwato! Bibiliya igira iti: «Hinjira mu bwato bibiribibiri, . . . bija aho Nowa ari.»

Imana yari yarabwiye Nowa ngo yinjire mu bwato we n’umuryango wiwe kuko mu misi indwi imvura yari gutangura kugwa. Twokwiha ishusho uwo muryango uriko urakora ibikorwa vya nyuma vyo kwegeranya ivya nkenerwa no gupanga neza ibiri mu bwato. Abantu bashobora kuba baciye barushiriza kubatwenga. Ariko bamaze kwinjiza ibikenewe vyose mu bwato na bo bakinjira, Yehova yaciye yugara umuryango. Ivyo bishobora kuba vyatumye bamwe bariko barabatwenga badasubira kuvuga. Imvura yaciye itangura kugwa ari nyinshi cane, amazi atangura kuba menshi. Yamaze imisi 40 aguma yongerekana gushika imisozi yose irengewe. Gutyo Yehova yari akuyeho burundu abanyakibi kw’isi.

Nowa n’umuryango wiwe bamaze umwaka urenga bibereye muri ubwo bwato. Muri ico gihe, amazi yagenda aragabanuka bukebuke. Amaherezo, ubwo bwato bwarahagaze ku musozi maze Yehova abwira Nowa ko bashobora gusohoka. Igihe basohoka, barasenze Yehova baramushimira kubera yabarokoye. Yehova yaciye asezerana ko atazosubira kuzana umwuzure nk’uwo kw’isi, aca aha abantu umunywamazi nk’ikimenyetso canke icemeza c’uko atazosubira kuzana umwuzure.

Abantu bose bariho ubu bavuye kuri uwo muryango wa Nowa. Turashima cane kuba baragize umutima rugabo, bakitandukanya n’abantu babi bo mu gihe cabo.

Soma iyo nkuru muri Bibiliya:

  • Itanguriro 6:1–8:22; 9:​8-19

  • Abaheburayo 11:7

  • 2 Petero 2:5

Ikibazo co kuganirako:

Nowa yerekanye gute umutima rugabo?

Niwinjire mu mizi

  1. 1. Isi yari imeze gute imbere y’umwuzure? (w02-E 1/3 5 ing. 3–6 ing. 4-wcgr)

  2. 2. Imana yashinze Nowa igikorwa co kwubaka ubwato ryari? Ni ryari Yehova yabwiye Nowa igihe nyezina uwo mwuzure wotanguriyeko? (w12 15/4 23-24 ing. 5-8)

  3. 3. Twemezwa n’iki ko umwuzure wabayeho vy’ukuri? (ijwbq ikiganiro 156 ing. 2-5, uruzitiro) A

    Abantu umunani bari mu bwato, urufi runini rukaba ruriko rurabuyobora kugira bushike neza.

    Historic Collection/Alamy Stock Photo

    Ifoto A: Igitito c’Abahindu kivuga ko hari umugabo yubatse ubwato kugira arokoke umwuzure. Inyuma y’umwuzure yarashikanye ikimazi maze aba sekuruza w’abantu bose

  4. 4. Ni ibiki vyabaye haheze imyaka irenga ijana umwuzure ubaye, kandi bishobora kuba vyatumye umutama Nowa yiyumva gute? (it «Noé» ing. 13-wcgr) B

    Abagabo babiri bashavuye ku munara w’i Babeli bariko baravugana ariko vyanse ko bumvikana.

    Ifoto B

Rondera ivyigwa wohakura

  • Ni gute iki gihe cacu kimeze nk’igihe ca Nowa? (Mat. 24:​36-39)

  • Akarorero ka Nowa kakwigisha iki ku bijanye n’igituma bihambaye kuba . . .

    • umunyarutonde? C

      Mushiki wacu ariko arasoma icanditswe c’umusi yongera yinywera akayi. Imbere yiwe hari agakaye yandikamwo ibikorwa vya buri musi, hari n’ikirangamisi ku ruhome.

      Ifoto C

    • umukozi w’umunyamwete? D

      Wa mushiki wacu ariko arakoresha ikimashini gikata imbaho kw’ishantiye.

      Ifoto D

    • umuntu yihangana? E

      Wa mushiki wacu nyene ariko aramamaza ku mugaragaro ari kumwe n’uwundi mushiki wacu, abantu bakaba bariko bararengana.

      Ifoto E

  • Wokwigana gute umutima rugabo wa Nowa?

Zirikana mu buryo bwagutse

  • Iyi nkuru inyigishije iki ku vyerekeye Yehova?

  • Iyi nkuru ifitaniye isano irihe n’umugambi wa Yehova?

  • Ni ibiki nzobaza Nowa niyazuka?

Rondera kumenya n’ibindi

Raba ingene sebibondo yihata kugira yigane akarorero ka Nowa.

Niwigane abagaragaje ukwizera, ntiwigane abatakugaragaje—Niwigane Nowa, ntiwigane ababanyi biwe (2:57)

Nufashe abana bawe bagire ivyo bigiye kuri Nowa.

«Nowa yarizera Imana» (ijwis ikiganiro 18)

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika