5 ABURAHAMU
Yasabwe gukora ikintu cari kigoye kuruta ibindi
ABURAHAMU yariko aratambuka bukebuke, aja ahantu Yehova yari yamubwiye kandi yari yiyemeje gushikayo. Rwari urugendo rw’imisi mikeya gusa, ariko nta nkeka ko rwari rwo rugendo rugoye kuruta izindi yagize mu buzima.
Yaguma azirikana ivyo Yehova yari yamusavye gukora. Yari yamubwiye ati: «Tora umuhungu wawe Izahaki, umuhungu wawe w’ikinege ukunda cane, umujane mu gihugu ca Moriya maze umutangeko ishikanwa riturirwa ku musozi nzokwereka.» Yehova yari azi ko Aburahamu akunda cane Izahaki. None ni kubera iki yamusavye ikintu nk’ico? Aburahamu yoba yari kugira ukwizera n’umutima rugabo vyotumye agamburuka?
Bibiliya yita Aburahamu «se w’abari n’ukwizera bose.» (Rom. 4:11) Aburahamu yari asanzwe afise ukwizera gukomeye, kandi hari haheze imyaka Yehova amufasha kugukomeza. Nk’akarorero, imyaka myinshi imbere y’aho, Imana yarabwiye Aburahamu ko yokuyeho ibisagara vya Sodomu na Gomora vyari vyuzuyemwo ababisha. Ivyo vyarazazaniye cane Aburahamu, aca arabaza Yehova nimba yojaniranije abeza n’ababi. Yehova yarihanganye arabwira Aburahamu ko atokuyeho ivyo bisagara hamwe yosangayo abagororotsi na bakeya gusa. (Ita. 18:16-33) Aburahamu ntiyigeze yibagira icigwa yahigiye: Yehova ntarenganya kandi ni umunyempuhwe.
Igihe Yehova yasaba Aburahamu gukora ikintu sebibondo munyarukundo atorose akora, ni igiki camufashije kugira umutima rugabo wo kugamburuka?
Ata gihe kinini kirahaca, Yehova yarahaye Aburahamu na Sara ingabire ku gitangaro. Naho Sara yari afise imyaka hafi 90 Aburahamu na we afise hafi imyaka 100, Yehova yaratumye basubira kugira ububasha bwo kurondoka, baravyara umwana yitwa Izahaki! Aburahamu yarahigiye icigwa c’uko ata na kimwe kidashoboka kuri Yehova. Arashobora gutuma ikintu gisa n’icapfuye gisubira kuba kizima. (Rom. 4:18, 19) N’ico cigwa Aburahamu ntiyigeze acibagira.
Aburahamu ariko aja i Moriya ashobora kuba yaguma yibuka ivyo vyigwa incuro n’izindi, hakaba hari haciye nk’imyaka 25. Yaciye ashika kuri iki ciyumviro: Naho Izahaki yopfa, Yehova yomuzura! (Heb. 11:19) Ku bw’ivyo, Aburahamu yarabandanije urugendo, kandi icizigiro yari afise catumye agira umutima rugabo.
Igihe Aburahamu yabona ari nka hariya ikibanza Yehova yari yahisemwo, yaciye abwira abasuku biwe ngo babarindire igihe we na Izahaki bari bagiye gutanga ikimazi. Ivyo Aburahamu yavuze vyarerekanye ko yari yizigiye yuko baza kugarukana na Izahaki. Igihe bari bonyene ku musozi, hari hageze ko Aburahamu atanga umuhungu wiwe kw’ikimazi. Izahaki yaremeye n’ubwitonzi ko uwo mutama se wiwe amuboha akamushira ku gicaniro. Aburahamu yaradugije ukuboko afise inkota, kugira akore ikintu kitokwiyumvirwa. Yahagaritse igihe umumarayika yamuhamagara mw’izina maze amubwira ati: «Ntiwice uwo muhungu.»
Imana yaciye ikeza Aburahamu kubera ukwizera kwiwe n’ukugamburuka. Yaciye isubiramwo umuhango w’uko yohezagiye Aburahamu, ikagwiza uruvyaro rwiwe, kandi ko «amahanga yose yo kw’isi» yoyahezagiye kubera ico kintu Aburahamu yari yemeye gukora.
Yehova aracariko arashitsa umuhango yasezeraniye Aburahamu. Uwo muhango uzovamwo imihezagiro y’ibihe bidahera. Hari ikindi kintu Yehova yahishuye biciye kuri ico kintu yasavye Aburahamu gukora. Yaradufashije gutahura ibintu we ubwiwe yokwihanganiye kugira arokore abantu bose b’abizigirwa. Nk’uko nyene Aburahamu yemeye gutanga ikimazi c’umuhungu wiwe, na Yehova yaremeye gutanga ikimazi c’Umwana wiwe w’ikinege Yezu, kugira abantu bose baze baronke kazoza keza. (Yoh. 3:16) Igihe dusomye ingene Aburahamu yemeye guheba ikintu c’agaciro kuri we, duca tubona ingene Yehova adukunda.
Cokimwe na Aburahamu, ukwizera kwacu kuzokomera nitwaguma tuzirikana ivyo Yehova yavuze n’ivyo yakoze kera. Kandi uko ukwizera kwacu kuzokomera, ni ko tuzorushiriza kugira umutima rugabo. Ntitwohagarika umutima ngo Imana izohava idusaba gukora ikintu yasavye Aburahamu gukora. Nta wundi muntu n’umwe irigera isubira gusaba ikintu nk’ico. Ariko ico twomenya tudakeka ni iki: Ikintu cose Imana yodusaba gukora, ukwizera kuzotuma tugira umutima rugabo wo kugamburuka. Kandi ukwo kugamburuka kuzotuma twironkera imihezagiro myinshi!
Soma iyo nkuru muri Bibiliya:
Ikibazo co kuganirako:
Aburahamu yerekanye gute umutima rugabo muri ico kiringo c’ubuzima bwiwe?
Niwinjire mu mizi
1. Twemezwa n’iki ko Aburahamu yabayeho koko? (g 7/12 19, uruzitiro; it «Abraham» ing. 22-23-wcgr) A
Ifoto A: Uruhome rw’i Karnak mu Misiri rwanditseko ngo «Itongo rya Aburamu»
2. Aburahamu ashobora kuba yamenye gute ivyerekeye Yehova Imana? (ia 26 ing. 4-5)
3. Ni kubera iki Yehova yemeye ikimazi ca Aburahamu? (rr 20 ing. 18-wcgr)
4. Umuhango Yehova yahaye Aburahamu mw’Itanguriro 22:17 werekana gute ko Bibiliya ivuga ukuri? (g88 4/8 25-wcgr) B
Ifoto B
Ifoto B
Rondera ivyigwa wohakura
Icizigiro Aburahamu yari afise camufashije gute kugira umutima rugabo? Kugumiza ubwenge ku cizigiro cacu bidufasha gute kugira umutima rugabo? C
Ifoto C
Twokwigana gute umutima rugabo wa Aburahamu maze tugatanga ikimazi igihe . . .
turonse akaryo ko kuvuga inkuru nziza? (Heb. 13:15)
dufata ingingo y’ingene twokoresha ivyo dutunze? (Imig. 3:9)
tumenye ko abo dusangiye ukwemera bakeneye ko tubafasha? (Flp. 4:18)
Ni mu bundi buryo ubuhe wokwigana umutima rugabo Aburahamu yagaragaje muri iyi nkuru?
Zirikana mu buryo bwagutse
Iyi nkuru inyigishije iki ku vyerekeye Yehova?
Iyi nkuru ifitaniye isano irihe n’umugambi wa Yehova?
Ni ibiki nzobaza Aburahamu canke Izahaki nibazuka?
Rondera kumenya n’ibindi
Raba ividewo yerekana ingene ibivugwa muri iyi nkuru vyagenze.
Ni ibiki vyafashije Aburahamu kuba umugenzi somambike wa Yehova? Nawe wokomeza gute ubucuti ufitaniye na Yehova?