ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • wcg ikig. 4 rup. 28-rup. 31
  • Umuntu wa mbere yarwanye intambara ya Yehova

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Umuntu wa mbere yarwanye intambara ya Yehova
  • Gendana n’Imana n’umutima rugabo
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Niwinjire mu mizi
  • Rondera ivyigwa wohakura
  • Zirikana mu buryo bwagutse
  • Rondera kumenya n’ibindi
  • Yasabwe gukora ikintu cari kigoye kuruta ibindi
    Gendana n’Imana n’umutima rugabo
  • Yehova yamwise “umugenzi wanje”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2016
  • Aburahamu yari nde?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Aburahamu na Sara baragamburutse
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
Ibindi
Gendana n’Imana n’umutima rugabo
wcg ikig. 4 rup. 28-rup. 31

4 ABURAHAMU

Umuntu wa mbere yarwanye intambara ya Yehova

Integuro icapuwe
Integuro icapuwe

YEHOVA yarasezeraniye umugenzi wiwe Aburahamu ikintu kidasanzwe abantu bose bo kw’isi bokwungukiyeko. Yamusezeraniye ati: «Nzokugira ihanga rikomeye.» Imana kandi yareretse Aburahamu igihugu ciza iryo hanga ryobayemwo. (Ita. 12:2; 13:​14, 15) Ariko Shetani yari yiyemeje gukuraho iryo hanga n’imbere y’uko ribaho. Shetani yari azi ko iryo hanga ari ryo ryovuyemwo rwa «ruvyaro» rwasezeranywe. Urwo ruvyaro rwokuyeho intwaro yiwe yononekaye hanyuma na we rukamukuraho.—Ita. 3:15.

Shetani yaciye atangura kurwanya Aburahamu n’umuryango wiwe. Loti umuhungu wa mwene wabo na Aburahamu ari mu bahuye n’ingorane nyinshi cane. Aburahamu yari yemereye Loti n’umutima ukunze guhitamwo aho yoba muri ca gihugu c’isezerano. Loti yahisemwo akarere gatunze kandi kimbuka cane. Kari hafi y’igisagara ca Sodomu, hakaba haba abantu «babi, [bacumura] cane kuri Yehova.» (Ita. 13:​8-13) Umwami wa Sodomu hamwe n’abandi bami bane b’Abanyakanani bari bashavuye cane kubera babwirizwa guha ikibuguro umwami wa Elamu. Baciye rero bagarariza. Ivyo vyatumye umwami wa Elamu aca aja hamwe n’abandi bami batatu bo mu turere twa kure, baca baza gutera abo bami b’i Kanani maze barabatsinda. Abo bami batsinze baciye bisubirira mu bihugu vyabo, mugabo bagenda batwaye ibintu vyinshi n’abantu bagize imbohe. Loti n’umuryango wiwe bari mu bagizwe imbohe.

Aburahamu yarayoboye ingabo ziwe 318 baroma inyuma abami bane b’abanyenkomezi bari bunze urunani maze bararwana

None Aburahamu yari gukora iki? Yari gushobora kwibwira ko Loti ari we yikwegeye mu guhitamwo nabi. Canke na ho yari gutinya ko hamwe yoja gutabara Loti yotegerejwe kurwana n’abo bami, umwe muri bo akaba ashobora kuba yari umwami wa Shinari. Aburahamu ntiyari umurwanyi, ahubwo yaguma yimukanga akaba n’umwungere. None yari gushobora gute kurwanya abami bane bakomeye bagiye hamwe? Vyongeye, Aburahamu yari yavuye i Shinari. Iyaba uwundi yari gushobora kwiyumvira ko ateye iyo ntambara, icizigiro co gusubira i Uri cociye kizimangana. Ariko Aburahamu ntiyigeze yiyumvira ibintu nk’ivyo. Yari azi ko Yehova ashaka ko atabara Loti.

Ico gihe, umuryango wa Aburahamu ushobora kuba wari ugizwe n’abantu barenga 1.000. Yaciye akoranya abasuku biwe 318 bamenyerejwe kurwana, maze bitegurira urugamba. Bari kumwe n’abo bafadikanije, baciye baja kurwanya umwami wa Elamu n’abo bafadikanije. Baciye bafata urugendo rurerure berekeza mu karere ka Dani, kandi aho ni ho basanze abo bansi babo. Aburahamu yaciye agabura ingabo ziwe mu migwi maze bagaba igitero mw’ijoro. Naho Aburahamu n’ingabo ziwe bari bake cane, baratsinze abo bansi babo maze abo bansi babo barata barahunga. Abo bami bane n’ingabo zabo bahunze bagana mu buraruko, Aburahamu n’ingabo ziwe na bo babandanya kubakurikira. Amaherezo bageze hafi y’i Damasiko, Aburahamu yaratsinze abo bansi biwe maze aragaruza ibintu vyose bari basahuye i Kanani n’abantu bari bagize imbohe. Emwe yararokoye Loti n’umuryango wiwe!

Aburahamu n’ingabo ziwe bari ku ngamiya bariko bakurikira umwansi ku kwezi mw’ijoro.

None Yehova yoba yarahimbawe n’umutima rugabo wa Aburahamu hamwe n’ukwizera kwiwe? Inyishu turayibonera mu vyashitse igihe Aburahamu yaca hafi y’igisagara ca Salemu. Melekisedeki yari umwami w’ico gisagara akaba n’umuherezi wa Yehova. Melekisedeki yaciye asohoka igisagara kugira aje gusanganira Aburahamu yongere amuhe umuhezagiro wa Yehova. Aburahamu abigiranye ukwicisha bugufi, yaciye aha Melekisedeki ic’icumi c’ibintu vyizavyiza yari yagaruje.

Emwe, nta gukeka ko iyo ntambara itari iy’umuntu, ahubwo yari iy’Imana. Bibiliya iravuga ibijanye n’«igitabu c’Intambara za Yehova.» (Guh. 21:14) Iyo ntambara ya Aburahamu ishobora kuba ari yo ya mbere yanditswe muri ico gitabu. Haciye imyaka amajana, igihe abakomoka kuri Aburahamu barwana n’Abanyakanani b’ababisha baba mu gihugu c’isezerano, Yehova yagumye aha intsinzi abo basavyi biwe b’abizigirwa.

Ariko rero igihe abasavyi b’Imana bayigarariza, yaciye ireka kubakingira. Amaherezo Yehova yarabahevye burundu igihe biyamiriza Umwana wiwe Mesiya. Mu kibanza c’iryo hanga rya Isirayeli, Yehova yaciye atangura guhezagira abakirisu barobanuwe bayobowe na Kristu. Yezu yarabujije abigishwa biwe kuja mu ntambara. (Mat. 26:52) Ahubwo, yabigishije ingene borwana intambara yo mu buryo bw’impwemu. Yaratanze akarorero muri ivyo, arerekana ko kurwana iyo ntambara na vyo nyene bisaba umutima rugabo.

Soma iyo nkuru muri Bibiliya:

  • Itanguriro 14:​1-24

  • Abaheburayo 7:​1-4

Ikibazo co kuganirako:

Aburahamu yerekanye gute umutima rugabo muri ico kiringo c’ubuzima bwiwe?

Niwinjire mu mizi

  1. 1. Ni ibintu ibihe vyubuwe vyerekana ko iyo nkuru ari iy’ukuri? (w89 1/7 5 ing. 4–6 ing. 1-wcgr)

  2. 2. Ni ibiki vyerekana ko ibisagara vya Sodomu na Gomora vyari biherereye aho Bibiliya yerekana? (it «Mer Salée» ing. 6-wcgr) A

    Umurima w’amatende n’ibindi biterwa.

    © Yadid Levy/age fotostock

    Ifoto A: No muri iki gihe, amatende n’ibindi biterwa biracari vyinshi mu karere igisagara ca Sodomu gishobora kuba cari giherereyemwo

  3. 3. Melekisedeki yari umwami akaba n’umuherezi wa Salemu. Salemu hari hehe? (it «Salem»-wcgr)

  4. 4. Ni mu buryo ubuhe Melekisedeki yagereranya Yezu? (it «Grand prêtre» ing. 27-28-wcgr) B

    Aburahamu n’ingabo ziwe bariko baraha Melekisedeki ivyo basahuye mu ntambara.

    Ifoto B

Rondera ivyigwa wohakura

  • Aburahamu yararetse Loti arahitamwo akarere keza. Twomwigana gute mu kuntu dufata umuryango wacu, abo dusangiye ukwemera, n’abandi? C

    Kw’iteraniro ry’umuzunguruko, umuvukanyi akiri muto ariko arahebera ikibanza ciwe umugore n’umugabo bitereye mu myaka.

    Ifoto C

  • Twigira iki ku kuba Aburahamu yaragize umutima ukunze wo kuja gutabara umuhungwabo?

  • Ni mu bundi buryo ubuhe wokwigana umutima rugabo wa Aburahamu?

Zirikana mu buryo bwagutse

  • Iyi nkuru inyigishije iki ku vyerekeye Yehova?

  • Iyi nkuru ifitaniye isano irihe n’umugambi wa Yehova?

  • Ni ibiki nzobaza Aburahamu canke Loti nibazuka?

Rondera kumenya n’ibindi

Raba ivyafashije Aburahamu kwizigira Yehova cane.

Niwigane ukwizera kwabo—Aburahamu, Igice ca 1 (10:43)

Ni gute Aburahamu yagaragaje umutima rugabo n’imbere y’uko ava i Uri?

«Aburahamu yari afise umutima rugabo» (w12 1/1 6-7)

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika