ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • wcg ikig. 8 rup. 44-rup. 47
  • Yarananiye ikigeragezo

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yarananiye ikigeragezo
  • Gendana n’Imana n’umutima rugabo
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Niwinjire mu mizi
  • Rondera ivyigwa wohakura
  • Zirikana mu buryo bwagutse
  • Rondera kumenya n’ibindi
  • Yaritwararika umuryango wiwe
    Gendana n’Imana n’umutima rugabo
  • Yozefu yaragamburukiye Imana
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • “Noshobora nte gukora ico kibi gikomeye?”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
  • Yehova ariko aragufasha kuroranirwa
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2023
Ibindi
Gendana n’Imana n’umutima rugabo
wcg ikig. 8 rup. 44-rup. 47

8 YOZEFU

Yarananiye ikigeragezo

Integuro icapuwe
Integuro icapuwe

YOZEFU akiri muto, yarakundwa cane akongera agatoneshwa na se wiwe Yakobo hamwe na Yehova Imana yiwe. Ariko ivyo ntibisigura ko ata ngorane Yozefu yari afise. Benewabo baramwanka cane. Kubera ko Yakobo yamufata mu buryo budasanzwe, benewabo baciye bamugirira ishari n’inzigo. Igihe Yehova yatuma arota indoto yerekana ko umusi umwe abo mu muryango wiwe bomwunamiye, urwanko benewabo bamwanka rwaciye rwongerekana.

Umusi umwe, igihe Yozefu yari afise imyaka 17, Yakobo yaramurungitse kuraba ingene benewabo bamerewe, akaba yabwirizwa kugira urugendo rw’imisi itari mike. Baramukubaguye bongera bamuterera mu kinogo kitarimwo amazi. Bari bashavuye cane ku buryo birengagiza akamo kiwe ko gutabaza. Naho bari bavuze ibijanye no kumwica, bahavuye bahitamwo kumugurisha ku badandaza barengana. Mu nyuma, abo benewabo barahenze Yakobo, baramwumvisha yuko igikoko co mw’ishamba ari co cari cariye umuhungu wiwe yakunda cane Yozefu. Ariko mu vy’ukuri Yozefu yari yajanywe mu Misiri, aho yari yagurishijwe ngo abe umushumba kwa Potifari, umutegetsi yakorera ku kirimba kwa Farawo.

Yozefu yari gushobora kwihebura. Aho kubigenza gutyo, yaragaragaje umutima rugabo arakora cane. Dusoma duti: «Yehova yari kumwe na Yozefu.» Yehova yariyemeje ko Yozefu aroranirwa mu kintu cose akora. Potifari yaramujeje ivyo mu rugo rwiwe vyose.

Ariko Yozefu yari agiye gushikirwa n’izindi ngorane. «Yozefu yari umusore w’inguvu kandi mwiza cane.» Ivyo vyatumye muka Potifari amwipfuza. Yareretse Yozefu ko yamwipfuza. Yaranamubwiye ati: «Ingo turyamane!» None Yozefu yari gukora iki? Yari kure cane y’umuryango wiwe. Yari umushumba kandi ba shebuja bari kumukoresha ico bashaka cose. Nta gukeka ko uwo mugore yari afise ububasha bwo kumukorera ikibi. None Yozefu yoba yaragondojwe aramwemerera? Yoba yaragize umutima rugabo wo kumwankira?

Yozefu ariko agenda araba imbere aca mu nzu kwa Potifari afise icombo c’ibumba. Muka Potifari ahagaze imbere y’icumba ciwe akaba ariko araraba Yozefu mu buryo bukwegera, Yozefu na we ariko ararengana.

Yozefu yashoboye gute kwanka ivyo inabuja amusaba kandi yari azi ko ashoboye gutuma ubuzima bwiwe bubamwo ingorane?

Bibiliya yishura iti: «Yozefu yaranka.» Yozefu yabwiye uwo mugore ko atohemukira umugabo wiwe, uwari yaramwizigiye aherejeko. N’igihambaye kuruta, Yozefu yavuze ati: «Nokwubahuka gute gukora ikibi gikomeye gutyo, ngacumura ku Mana?» Urukundo Yozefu yakunda Umuvyeyi wiwe Yehova, rwaratumye agira umutima rugabo wo kwanka yivuye inyuma. Ariko umugore wa Potifari ntiyaciye abiheba. Yaguma amwinginga «imisi yose.» Amaherezo, umusi umwe ata bandi bakozi bari hafi, yaracakiye Yozefu maze amubwira ati: «Ingo turyamane!» Yozefu yaciye amwiyaka arahunga. Ariko uwo mugore yasigaranye impuzu yiwe. Mu nyuma yarayeretse Potifari maze amubwira ko Yozefu yagerageje kumufata ku nguvu. Potifari yarashavuye cane, aca ata Yozefu mw’ibohero.

Yozefu yashizwe mu gasho kameze nk’icobo. Yamaze igihe ibirenge vyiwe biboheshejwe amapingu, izosi ryiwe na ryo riri mu vyuma. (Zab. 105:​17, 18) Vyari vyoroshe cane ko Yozefu yihebura. Yehova yoba yari yaramuhevye? Uwokubesha! Yozefu ntiyigeze areka kwizigira Imana yiwe. Yarakora cane ari mw’ibohero kandi Yehova yaramuhezagira. Yahavuye ashingwa ibanga rihambaye muri iryo bohero. Uko imyaka yarengana, yaguma yihangana abigiranye umutima rugabo.

Kubera ko Yozefu yari afise ukwizera n’umutima rugabo, Yehova yagumye amukoresha. Haciye igihe, Imana yaratumye Farawo arota indoto zibiri z’ubuhanuzi maze ituma Yozefu ashobora kuzisobanura. Yozefu yabwiye umwami ko izo ndoto zisobanura ko hazoba imyaka indwi y’agahimbo n’imyaka indwi y’inzara. Farawo vyaramutangaje cane, aca ashinga Yozefu kwitwararika ivy’ico kiringo c’inzara yari igiye gutera. Farawo yaragize Yozefu umutegetsi akomeye mu gihugu, aba uwugira kabiri havuye we. Ivyo vyatumye Yozefu arokora Abanyamisiri ntibahitanwa n’inzara, mbere ararokora n’umuryango wiwe. Igihe benewabo baza mu Misiri kurondera ibifungurwa, basanze bunamiye mutoyi wabo batabizi. Indoto Yozefu yari yararose akiri muto zivuye kuri Yehova, zari zirangutse. Ariko kandi benewabo barerekanye ko bahavuye bahinduka baraba abantu beza. Uwo mwenewabo bigeze kwanka, yarabarokoye, ararokora se wabo mbere n’abobakomotseko mu nyuma. Ivyo vyose yabishoboye kubera yagaragaje umutima rugabo kandi akizera cane Yehova.

Soma iyo nkuru muri Bibiliya:

  • Itanguriro 37:​1-36; 39:​1-23; 41:1–45:28

Ikibazo co kuganirako:

Yozefu yerekanye gute umutima rugabo?

Niwinjire mu mizi

  1. 1. Ni ibiki vyemeza ko iyo nkuru ya Yozefu mu Misiri ari iy’ukuri? (g 1/11 15 ing. 2)

  2. 2. Yozefu yamenye gute ko Yehova yobonye ko kurenga ibigo ari «ikibi gikomeye»? (Ita. 39:9; w22.08 26 ing. 2)

  3. 3. Kubera iki Yehova yatumye Yozefu aba umutegetsi akomeye mu Misiri? (w96 1/5 11 ing. 4-wcgr) A

    Yozefu yabaye umutegetsi akomeye mu Misiri akaba ariko aha amategeko abashumba babiri b’Abanyamisiri.

    Ifoto A

  4. 4. Ni igiki cerekana ko ukwizera kwa Yozefu kutigeze kugabanuka n’igihe mbere yari afise imyaka 110? (Ita. 50:​25, 26; w07 1/6 28 ing. 10-11) B

    Abagabo b’Abisirayeli bateruye isandugu irimwo amagufa ya Yozefu bagiye kuyahamba mu gihugu c’isezerano.

    Ifoto B

Rondera ivyigwa wohakura

  • Ukuntu Yozefu yafashe benewabo bikwigisha iki ku bijanye n’ingene wovyifatamwo igihe uwo musangiye ukwizera agufashe nabi? (Ita. 45:​4, 5; 50:​19-21)

  • N’igihe Yozefu yari kure cane y’i muhira, yagumye ari intahemuka kuri Yehova. Akarorero kiwe kodufasha gute igihe . . .

    • turi kw’ishure? C

      Mushiki wacu akiri muto ariko aragenda avuye kw’ishure akaba aciye iruhande y’abandi bakiri bato bariko baranywa itabi ryo mu buhinga bwa none. Bariko baramuraba igihe na we yibandaniriza urugendo atekanye.

      Ifoto C

    • turi ku rugendo? D

      Umuvukanyi akiri muto yubatse ari ku rugendo rw’akazi akaba ariko arondera ihoteri yoraramwo. Umugore mwiza akiri muto atari Icabona na we nyene ariko ararondera ihoteri, akaba ariko aramwihweza.

      Ifoto D

    • dukoresha telefone canke akandi kuma? E

      Umuvukanyi akiri muto aryamye ku gitanda ciwe akaba ariko araba muri telefone.

      Ifoto E

  • Wokwigana gute umutima rugabo wa Yozefu?

Zirikana mu buryo bwagutse

  • Iyi nkuru inyigishije iki ku vyerekeye Yehova?

  • Iyi nkuru ifitaniye isano irihe n’umugambi wa Yehova?

  • Ni ibiki nzobaza Yozefu niyazuka?

Rondera kumenya n’ibindi

N’aho Yehova atakingiye ibigeragezo Yozefu, yaramufashije kuvyihanganira. Raba ingene Yehova yogufasha nawe.

«Yehova ariko aragufasha kuroranirwa» (w23.01 14-19)

Abana bokwigana gute Yozefu igihe abandi babahahaza?

Ihangane igihe bakuboneye (1:31)

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika