17 YAYELI
«Arahezagiwe kuruta abandi bagore bose»
SISERA yari yahunze arava mu kiyaya ca Yezireli, asigayo ingabo ziwe ngo zicwe nk’ingabo zitagira umutware. Ntiyumva ukuntu igisoda ciwe gikomeye n’imikogote yiwe iteye ubwoba 900 vyari vyatsinzwe n’abasoda b’Abisirayeli, kandi bobo ata birwanisho bikomeye bari bafise canke imikogote. Sisera yariko yironderera gusa aho yohungira. Yaciye yirukira mw’ihema rya Heberi Umukeni.
Muri rusangi, Abakeni bari abagenzi b’Abisirayeli. Ubugenzi bwabo bwatanguye kuva mu gihe ca Musa, kuko umugore wiwe yava mu muryango w’Abakeni. Rero Abakeni bari basigaye baba mu karere ka Isirayeli. Ariko Heberi yari atandukanye n’abandi Bakeni. Wewe ntiyari umugenzi w’Abisirayeli, ahubwo yari umugenzi wa Yabini umwami wa Kanani. Kubera ko Sisera yari umukuru w’ingabo za Yabini, yabona ko ata co yoba hamwe yohungira mu mahema ya Heberi. Ntiyari azi ko Yayeli umugore wa Heberi atabona ibintu kumwe n’umugabo wiwe, ko yahisemwo gushigikira Abisirayeli.
Ico gihe Yayeli yari muhira, ariko umugabo wiwe si ho yari. Igihe yabona Sisera ariko aza amutumbereye, yategerezwa gufata ingingo y’ico yokora adatebaganye. Nta gukeka ko yari azi neza Sisera n’ingene yari umuntu mubi. Ashobora kuba atari azi ivyo Debora umuhanuzikazi wa Yehova yavuze ku bijanye na Sisera: ko atokwishwe n’umugabo ahubwo ko yokwishwe n’umugore. Ariko bishoboka ko Yayeli yari azi neza ico Yehova yipfuza ko akora. Ivyo tuvyemezwa n’iki?
Mu nyuma, Debora yarateguye ururirimbo ahumekewe, ruvuga ukuntu Baraki yatsinze Sisera. Yavuze ati: «Yayeli arahezagiwe kuruta abandi bagore bose, Yayeli umugore wa Heberi Umukeni. Arahezagiwe kuruta abandi bagore baba mu mahema.» Hari abantu batora amahinyu Bibiliya bavuga ko Yayeli yari umubeshi akaba n’inkozi y’ikibi, ariko ivyo si vyo. Ahubwo yari umurwanyi w’umutima rugabo arwana intambara za Yehova. Cokimwe na Rahabu, uwabayeho imbere yiwe, yahisemwo kuja ku ruhande rwa Yehova, ntiyaja ku ruhande rw’abansi biwe. Yari azi ko Sisera ari umwansi wa Yehova kandi ko Yehova ashaka ko Sisera yicwa. Yarabonye rero ko aronse akaryo ko gukora ivyo Yehova yashaka. Mugabo yari kubikora gute?
Yayeli yari azi neza ko atoshobora kurwana na Sisera. Sisera yari umurwanyi abimenyereye kandi yari akomeye. Rero Yayeli yaramuhaye ikaze mw’ihema ryiwe kugira aruhuke. Yaciye amupfuka uburengeti. Igihe yamusaba amazi, yamuhaye amata. Sisera yaciye abwira Yayeli ngo ahagarare ku muryango w’ihema, maze hagize uwubaza ko hari umuntu ari ng’aho ace amubwira ko ata wuhari. Sisera yaciye asinzira ubutikoma.
Imana yahisemwo umugore ngo abe ari we yica umurwanyi w’inkozi y’ikibi
Yayeli yarabonye ko yari aronse akaryo ko kwica Sisera. Yaratoye ibikoresho yari asanzwe akoresha kenshi, ni ukuvuga inyundo n’urumambo rw’ihema, vyompi bikaba bishobora kuba vyari bikozwe mu giti. Yaciye agenda arasoboka aja iyo wa murwanyi aryamye. Yarunamye hafi y’umutwe wiwe yiteguriye kumwica. Iyo ahirahira akamuhusha, ubwiwe bwari kuba buheze. Ariko ntiyamuhushije. Mu kanya gatoya yarahonze Sisera mu misaya aca arapfa!
Haciye umwanya, umucamanza Baraki yarashitse ariko ararondera Sisera. Yayeli yaciye aja kumusanganira. Yamubwiye ati: «Ingo nkwereke umugabo uriko urarondera.» Baraki yarinjiye mw’ihema, aca aribonera ko bwa buhanuzi bwa Debora bwarangutse: «Yehova azotsinda Sisera akoresheje umugore.»
Mu ruririmbo rw’intsinzi Baraki na Debora baririmvye, barashimagije Yayeli. Yayeli ntasubira kuvugwa muri Bibiliya. Ariko naho haciye imyaka 3.200 ivyo bibaye, turacigira ku karorero kiwe kadasanzwe. Muri iki gihe abasavyi b’Imana ntibarwana urugamba bakoresheje ibirwanisho nya birwanisho. Ahubwo barwana intambara yo mu buryo bw’impwemu. Ubu kuruta ikindi gihe cose, turakeneye umutima rugabo nk’uwo Yayeli yagaragaje.
Soma iyo nkuru muri Bibiliya:
Ikibazo co kuganirako:
Yayeli yerekanye gute umutima rugabo?
Niwinjire mu mizi
1. Ni amasano ayahe ari hagati y’intambara Sisera yarwanye n’intambara ya Harumagedoni? (w19.09 8-9 ing. 3-6)
2. Heberi umugabo wa Yayeli yari umugenzi w’Abanyakanani, abansi b’Abisirayeli. Ariko Heberi yapfana iki n’Abisirayeli? (it «Héber» No. 2-wcgr)
3. Kuba Abisirayeli baratsinze Sisera na Yabini vyakomeje gute ukwizera kw’abasavyi b’Imana mu myaka yakurikiye? (w08 15/10 14-15 ing. 12-15)
4. Ni ikintu ikihe gikora ku mutima uravye ukuntu Debora yashimagije Yayeli? (w15 1/8 15 ing. 3) A
Ifoto A
Ifoto A
Rondera ivyigwa wohakura
Igihe mushiki wacu yubakanye n’umugabo adasenga Yehova, ni ryari yokenera umutima rugabo nk’uwa Yayeli?
Yayeli ntiyari umuhanuzikazi nka Debora, eka kandi ntiyari umusoda nka Baraki. Ariko yarakoze ivyo ashoboye. Twomwigana gute igihe hari ivyo tudashoboye? B
Ifoto B
Ni mu bundi buryo ubuhe wokwigana umutima rugabo wa Yayeli?
Zirikana mu buryo bwagutse
Iyi nkuru inyigishije iki ku vyerekeye Yehova?
Iyi nkuru ifitaniye isano irihe n’umugambi wa Yehova?
Ni ibiki nzobaza Yayeli niyazuka?
Rondera kumenya n’ibindi
Muri iyi videwo, nurabe ukuntu akarorero ka Yayeli gafasha mushiki wacu akiri muto gushinga intahe.
Nugire umutima rugabo, aho kuba umunyabwoba—Niwigane Yayeli aho kwigana abantu b’i Merozi (1:40)
Yayeli ni umwe gusa mu bagore twokwigirako ivyigwa bihambaye. Soma ivyerekeye bamwebamwe muri bo.
«Ni ibiki twigira ku bagore bavugwa muri Bibiliya?» (ijwbq ikiganiro 161)