Biciye ku kwizera, Baraki yaranesheje ingabo zikomeye
NIWIHE ishusho uhanganye n’inteko z’abasoda bariye amavubi. Bafise ibirwanisho bigezweho, kandi biteguriye kubikoresha. Imbere yabo, wewe na bagenzawe muboneka ko ata co mumaze.
Mu kiringo c’abacamanza ba Isirayeli, Baraki, Debora n’abandi Bisirayeli bagenzi babo 10.000 barashikiwe n’ikintu nk’ico. Izo ngabo z’abansi bari Abanyakanani barongowe n’intwazangabo yitwa Sisera. Mu birwanisho vyabo harimwo imikogote, amakurudumu ariko inkero z’ivyuma zica. Ivyo vyabereye ku Musozi Tabora no mu mwonga Kishoni. Ivyabaye ngaho birerekana ko Baraki yari umugabo afise ukwizera kw’akarorero. Rimbura ivyabaye vyatumye haba ukwo gutana mu mitwe.
Isirayeli itakambira Yehova
Igitabu c’Abacamanza kiravuga ivy’ukuntu Isirayeli yaza irata ugusenga gutyoroye be n’ingaruka zibabaje zava mu bikorwa bene ivyo. Igihe cose ivyo bibaye, ugusaba imbabazi Imana kutarimwo uburyarya kwatuma Imana ibashiriraho umukiza, bakabohorwa, ariko mu nyuma bagasubira kugarariza. Mu buryo buhuje n’ivyo, “Ehudi [umucamanza yabakijije agahahazo k’Abanyamowabu] amaze gupfa, Abisirayeli bongera gukora ivyo Uhoraho abona kw ari bibi”. Nkako, ‘batanguye kwitoraniriza izindi mana’. Vyavuyemwo iki? “Uhoraho abagabura mu maboko ya Yabina umwami w’i Kanani, yaba i Hasori; kand’umugabisha w’ingabo ziwe yari Sisera, . . . Maz’Abisirayeli batakambira Uhoraho, kubg’imikogote y’ivyuma amajana cenda [Sisera] yar’afise, kandi yar’amaze imyaka mirongwibiri ahahaza Abisirayeli bibi”.—Abacamanza 4:1-3; 5:8.
Ku biraba ubuzima bwo muri Isirayeli, Ivyanditswe bivuga biti: “[Muri iyo misi], inzira z’ibihamo zari zasivye, abahita bāri basigaye bajana utuyira tw’inkereramucāmo. Ntihāri hagisigaye ab[antu mu misozi]” (Abacamanza 5:6, 7). Abantu baratewe ubwoba n’abagendesha imikogote b’ibimwenyi. Incabwenge imwe ivuga iti: “Ubuzima bw’abantu bo muri Isirayeli bwarangwa n’ubwoba, ikibano cose casa n’icavunitse inkokora kandi kitagira gitabara”. Ku bw’ivyo, nk’uko akenshi bahora babigenza imbere y’aho, Abisirayeli bari bihebuye baratakambiye Yehova ngo abafashe.
Yehova agena indongozi
Agahahazo k’Abanyakanani kacitse igihe c’amagume kuri Isirayeli. Imana yarakoresheje umuhanuzikazi Debora kugira ngo ashikirize imanza zayo be n’ubuyobozi bwayo. Gutyo Yehova yaramuteye iteka ryo gukora bwa muvyeyi w’ikigereranyo muri Isirayeli.—Abacamanza 4:4; 5:7.
Debora yatumyeko Baraki maze amubwira ati: “Uhoraho Imana y’Abisirayeli arakugeze, ngo Genda ukoranirize i Tabora ingabo ibihumbi cumi bo mu ba Nafutali no mu ba Zebuloni; ngo Na we azokwegakwega Sisera, umugabisha w’ingabo za Yabina, agusange ku m[wonga] Kishoni n’imikogote yiwe n’ingabo ziwe, kandi ngw Azomugabura mu maboko yawe” (Abacamanza 4:6, 7). Mu kuvuga ngo ‘Yehova arakugeze’, Debora yari ahakanye ashimitse ko ata bubasha na bumwe afise kuri Baraki. Yakoze gusa bwa muhora Imana yacishijeko itegeko. Baraki yavyakiriye gute?
Baraki yavuze ati: “Ni twajana nawe nzogenda, ariko ni tutajana sinzogenda” (Abacamanza 4:8). Ni kubera iki Baraki yahigimanze kwemera ibanga ashinzwe n’Imana? Yoba yari akoze mu buryo buranga ukugoyagoya? Yoba yari abuze ukwizigira imihango y’Imana? Oya. Baraki ntiyanse ico gikorwa, eka kandi ntiyagambarariye Yehova. Ahubwo riho, inyishu yatanze yerekana ko yumva yuko adashoboye gushitsa itegeko ry’Imana ku giti ciwe. Kuba uwatumwe n’Imana ari ho ari vyotumye we n’abantu biwe bashira amazinda ko bayoborwa n’Imana kandi bikabashiramwo icizigiro. Aho kuba ikimenyetso c’ubugoyagoye rero, ico Baraki yasavye cari ikintu cerekana ukwizera gukomeye.
Iyo nyifato Baraki yagize ishobora kugereranywa n’imwe ya Musa, Gideyoni na Yeremiya. Abo bagabo na bo nyene ntibizigiye ubushobozi bwabo bwo kurangura ibikorwa bashinzwe n’Imana. Mugabo ku bw’iyo mpamvu, ntibabonywe ko bafise ukwizera guke (Kuvayo 3:11–4:17; 33:12-17; Abacamanza 6:11-22, 36-40; Yeremiya 1:4-10). Twovuga iki hoho ku gatima Debora yagaragaje? Ntiyagerageje kwifatira ibintu mu minwe. Ahubwo riho, yagumye ari umusavyi wa Yehova yifata ruto. Yabwiye Baraki ati: “Nuko tuzojana” (Abacamanza 4:9). Yaremeye kuva i muhira, ahantu hari umutekano mwinshi kuruta, kugira ngo yifatanye na Baraki mu ntambara yagira ibe. Debora na we nyene aratanga akarorero k’ukwizera n’ak’umutima rugabo.
Barakurikira Baraki bafise ukwizera
Aho ingabo za Isirayeli zari guhurira hari ku musozi uboneka cane witwa Tabora. Cari ikibanza ciza. Cagereranya aho imiryango y’Abanafutali n’Abazebuloni yaba muri iyo micungararo yari isanzwe ihurira. Nk’uko rero Imana yari yarabitegetse, abantu ibihumbi cumi bavyigombeye, be na Debora, barakurikiye Baraki baduga kuri uwo musozi.
Abantu bose bari bifatanije na Baraki vyasaba ko baba bafise ukwizera. Yehova yari yasezeraniye Baraki ko azomuha kunesha Abanyakanani, mugabo none ni ibirwanisho ibihe Abisirayeli bari bafise? Mu Bacamanza 5:8 havuga hati: “Nta nkinzo cank’icumu vyari bikiboneka mu Bisirayeli naho boba ibihumbi mirongwine”. Abisirayeli rero bari bafise gusa uturwanisho tubayabaye. Yamara, amacumu be n’inkinzo ntaho vyari kuba bihuriye n’imikogote y’indwano iriko inkero z’ivyuma. Amaze kwumva yuko Baraki yari yaduze ku Musozi Tabora, Sisera yaciye atumako ubwo nyene imikogote yiwe yose be n’ingabo ziwe mu mwonga Kishoni (Abacamanza 4:12, 13). Sisera ntiyatahuye yuko yobaye ariko arwanya Imana Mushoboravyose.
Baraki anesha ingabo za Sisera
Igihe gishitse c’uko batana mu mitwe, Debora yabwiye Baraki ati: “Haguruka, kuk’uyu musi ari wo Uhoraho agabuye Sisera mu maboko yawe. Rāba Uhoraho ni we akugiye imbere”. Baraki n’abantu biwe bategerezwa kumanuka uwo musozi Tabora bakaja mu biyaya, mugabo ngaho imikogote ya Sisera yari kuba ironse akaryo keza. Wari kwumva umerewe gute iyo uza kuba uri mu ngabo za Baraki? Woba wari kugamburuka bitagoranye, ukibuka yuko ubwo buyobozi bwavuye kuri Yehova? Baraki n’abantu biwe ibihumbi cumi baragamburutse. “Maz’Uhoraho ashwiragiriza imbere ya Baraki imikogote yose ya Sisera n’ingabo ziwe zose, abatsindisha inkota”.—Abacamanza 4:14, 15.
Baraki afashwe mu mugongo na Yehova, yaranesheje ingabo za Sisera. Inkuru ivuga ivy’iyo ntambara ntisigura ibintu vyose vyabaye. Ariko rero, indirimbo y’intsinzi ya Baraki na Debora ivuga yuko ‘ijuru n’ibicu vyajojose amazi’. Birashoboka rwose ko igihuhusi c’imvura catumye imikogote ya Sisera imata mu vyondo, bituma Baraki ahatorera akoyoko. Ikirwanisho nyamukuru c’Abanyakanani rero cari kibapfuyeko ubusa. Ku bijanye n’imivyimba y’abantu ba Sisera, iyo ndirimbo ivuga iti: “[Umwonga] Kishoni urabatembana”.—Abacamanza 5:4, 21.
Ivyo bintu vyoba vyumvikana? Umwonga Kishoni ni umugezi mu bisanzwe utembamwo amazi makeyi. Habaye ibihuhusi canke imvura ikamara igihe kirekire, imigezi nk’iyo birashoboka ko inyaruka gucika imyonga y’amazi menshi atemba yihuta kandi atwara umuntu. Mu gihe c’Intambara ya Mbere y’isi yose, imvura yaguye mu minuta 15 gusa kw’isi y’ibumba rikomeye yo muri ako gace nyene, bivugwa yuko yabangamiye ibikorwa vyose vy’abasoda bakoresha ibiduga vy’indwano. Inkuru zerekeye indwano yo ku Musozi Tabora yahuje Napoléon be n’Abanyaturukiya ku wa 16 Ndamukiza 1799, zivuga yuko “benshi mu basoda b’Abanyaturukiya basomye nturi igihe bariko bagerageza guhunga baciye mu gice c’ikiyaya cari carengewe n’umwonga Kishoni wari wuzuye”.
Umutohozakahise w’Umuyuda yitwa Flavius Josèphe avuga yuko igihe ingabo za Sisera n’iza Baraki zari zigiye guhura, “haciye haza igihuhusi gikomeye kivuye kw’ijuru, kirimwo imvura nyinshi n’urubura rwinshi, umuyaga na wo ugahirikira imvura mu maso y’Abanyakanani, maze birabahuma amaso, ku buryo bw’uko imyampi yabo n’amatopito yabo ata co vyabamariye”.
Mu Bacamanza 5:20 havuga hati: “Inyenyeri zo kw ijuru ziratabara, zirwanya Sisera zijanye inzira zazo”. Inyenyeri zarwanije gute Sisera? Bamwe babona ayo majambo ko ari ayerekana yuko bafashijwe n’Imana. Ibindi vyiyumviro bitangwa na vyo bivuga yuko ari abamarayika babafashije, yuko ari ibivunji vyakoraguritse biva ku mibumbe yo mu kirere, canke yuko ari ivyo Sisera yari yizigiye yabwiwe n’abaragurishanyenyeri vyagaragaye ko ari ibinyoma. Kubera yuko Bibiliya idasigura ukuntu neza na neza inyenyeri zarwanye muri iyo ntambara, biboneka ko ayo majambo yerekana yuko ari uburyo Imana yakoresheje mu gutabara ingabo za Isirayeli. Uko biri kwose, Abisirayeli baravyungukiyeko bimwe bishitse. “Baraki yōma inyuma y’iyo mikogote . . . ingabo za Sisera zose zishirira ku nkota, ntihasigara n’uwa kirazira” (Abacamanza 4:16). Sisera umukuru w’izo ngabo vyamugendeye gute?
Nyene kubahahaza agwa “mu maboko y’umugore”
Bibiliya ivuga iti: “Ariko Sisera [ata urugamba ahunga] yiruka ku maguru, ashika kw ihema rya Yayeri muka Heberi w’Umunyakeni, kuko Yabina umwami w’i Hasori n’ab’inzu ya Heberi Umunyakeni bari bafitaniye ubumwe”. Yayeri yasavye Sisera, uwari arushe, kwinjira mw’ihema ryiwe, amuha amata yo kunywa, yongera aramupfuka ku buryo yaciye asinzira. Maze Yayeri “yābīra urumambo rw’ihema n’inyundo”, bikaba vyari ibintu umuntu aba mw’ihema yama akoresha. “Aza yōmbōka, amunega urumambo mu mvuridahita, rushinga hasi, kuko yari mw itiro ryinshi, arushe cane; nukw arapfa”.—Abacamanza 4:17-21.
Yayeri yaciye asohoka gusanganira Baraki maze amubwira ati: “Ngwino nkwereke uwo urondera”. Iyo nkuru yongerako iti: “Barinjirana, asanga Sisera arambaraye, yapfuye, urumambo rukineze mu mvuridahita”. Ese ukuntu gitegerezwa kuba cabaye ikintu gikomeza ukwizera kuri Baraki! Mu ntango umuhanuzikazi Debora yari yamubwiye ati: “Urwo rugendo uzogenda ntiruzotuma ushirwa hejuru, kuk’Uhoraho agiye kuzogabura Sisera mu maboko y’umugore”.—Abacamanza 4:9, 22.
Ico Yayeri yakoze coba cobonwa ko ari uguhemuka? Yehova ntiyabibonye gutyo. Ururirimbo rw’intsinzi rwa Baraki na Debora rwavuze ruti: “Yayeri aragahezagirwa kurusha abandi bagore”. Urwo ruririmbo rutuma umuntu abona urupfu rwa Sisera mu buryo bubereye. Nyina wiwe adondorwa ko arindiriye umutima utari mu nda yuko agaruka avuye ku rugamba. Abaza ati: “Mbeg’umukogote wiwe k’utevye kuza”? “Ab’incabgenge bo mu ncoreke ziwe” barihatira kugabanya ubwoba afise mu kuvuga yuko ategerezwa kuba ariko aragabura iminyago yo mu ntambara, ni ukuvuga impuzu zihinguwe mu buryo bwiza be n’abigeme bahabwa abagabo. Izo ncoreke zibaza ziti: ‘Ubwo si uko bakigabanganya isahu baronse: umugabo wese atwara igitereko kimwe canke bibiri [imvugo abasoda bakoresha mu kuvuga abagore batwaye inyagano, NW, akajambo k’epfo.], Sisera na we agatwara isahu y’impuzu z’amabara, . . . zijererenze amabara impande zompi zo kwambara mw’izosi zivuye mw’isahu?’.—Abacamanza 5:24, 28-30.
Ivyigwa tuhakura
Inkuru ya Baraki iratwigisha ivyigwa bihambaye. Ingorane be n’imibabaro ntibizobura gushikira abantu abo ari bo bose badaha ikibanza Yehova mu buzima bwabo. Umwidegemvyo wo kuva mu gahahazo ako ari ko kose urashoboka ku bantu bigaya bagahindukirira Imana kandi bakagaragaza ko bayizera. Vyongeye, ntidukwiye none gutsimbataza agatima ko kugamburuka? No mu gihe nyene ivyo Imana isaba vyoba bisa n’ibiteye kubiri n’ivyiyumviro vy’umuntu, turashobora kwizigira tudakeka ko amacishabwenge iduha, iyaduha ku bw’ineza yacu yamaho (Yesaya 48:17, 18). Kwizera Yehova no kugamburuka amacishabwenge yiwe ni vyo vyonyene vyatumye Baraki ‘anesha ingabo z’abanyamahanga’.—Abaheburayo 11:32-34.
Insozero ikora ku mutima y’ururirimbo rwa Debora na Baraki ni iyi: “Uhoraho we, abansi bawe bose baragapfa bartyo, arikw abagukunda babe nk’izuba rirashe risasitse!” (Abacamanza 5:31). Ese ukuntu ivyo ari ko bizomera Yehova niyakuraho iyi si mbi ya Shetani!
[Ifoto ku rup. 29]
Yehova yakoresheje Debora mu gutumako Baraki
[Ifoto ku rup. 31]
Uruzi Kishoni rwuzuye
[Abo dukesha ifoto]
Pictorial Archive (Near Eastern History) Est.
[Ifoto ku rup. 31]
Umusozi Tabora