34 HEZEKIYA
«Yarumiye kuri Yehova»
HEZEKIYA ni umwe mu bami b’Ubuyuda bakeyi bakunda Yehova cane, ariko se wiwe Ahazi yari umwami mubi cane. Ahazi yararemesha abasavyi ba Yehova gusenga imana z’ikinyoma. Mbere Ahazi yarigeze guturira n’imiburiburi umwe mu bana biwe, amushikanira imana z’ikinyoma. (2 Abm. 16:2-4; 2 Ngo. 28:1, 3) Hezekiya rero ashobora kuba yarabonye ibintu biteye ubwoba akiri muto. Ariko rero amaze gukura, ntiyiganye akarorero kabi ka se wiwe. Igihe Hezekiya yari afise imyaka 25, se wiwe yarapfuye maze Hezekiya aca aba umwami. Yaciye atangura gukuraho ugusenga kw’ikinyoma abigiranye umutima rugabo.
Hezekiya yarasubiye kwugurura no gusanura urusengero rwa Yehova rwari i Yeruzalemu, arakuraho ibigirwamana vyose vyari muri rwo yongera arasaba abaherezi n’Abalewi gusubira gukora igikorwa cabo. Yararungitse kandi intumwa gutumira Abisirayeli bose ngo baze guhimbaza Pasika i Yeruzalemu, mbere arahamagara n’ababa mu bwami bwo mu buraruko. Bamwe baratwenze izo ntumwa, ariko abandi baraje. Akarorero ka Hezekiya karatumye abantu bagira umutima rugabo barakuraho ibigirwamana hamwe n’ibibanza abantu basengeramwo imana z’ikinyoma muri Isirayeli no mu Buyuda. Baranamenaguye ya nzoka y’umujumpu Yehova yari yategetse Musa gukora imyaka 700 imbere y’aho kubera ko abantu bari batanguye kuyisenga.
Haraheze imyaka myinshi Hezekiya abona ko ubwami bwiwe bushobora kuja mu kaga. Hari haheze igihe Yehova abwiye ubwami bwo mu buraruko ko bwotewe n’abansi maze bakabusangangura. Kandi ivyo ni vyo vyabaye. Haheze imyaka mikeyi Hezekiya atanguye kuganza, Abashuri barateye ubwami bwo mu buraruko maze batwara abantu baho nka bose mu bunyagano i Ashuri. Hezekiya ashobora kuba yaribajije nimba Ashuri yoteye n’Ubuyuda. Abantu bo mu Buyuda na bo nyene bari barahemukiye Yehova nk’abo muri Isirayeli. Bashobora mbere kuba barabarushije. Yehova yari yaraburiye iryo hanga abicishije ku bahanuzi, kandi ivyo Yehova avuze vyama biranguka. Uko rero abasoda b’Abashuri baguma begereza Ubuyuda, ni ko Hezekiya yarushiriza kugira ubwoba.
Budakeye na kabiri, Senakeribu umwami wa Ashuri n’ingabo ziwe baraje mu Buyuda batangura gufata ibisagara vyinshi, bakaza barigarurira igisagara kimwekimwe. Biboneka ko muri ico gihe nyene ari ho Hezekiya yarwara indwara ikomeye yari kumuhitana. Kubera ko ico gihe Hezekiya ata mwana yari bwavyare, ntihari kuboneka umuntu akomoka kuri Dawidi amusubirira ku ngoma. Yaciye rero asenga Yehova abigiranye ukwizera, amusaba ko yomukiza, kandi Yehova yarishuye isengesho ryiwe. Yehova abigiranye urukundo, yaramwongeye imyaka 15 yo kubaho! Mugabo rero Abashuri bari bakigeramiye Yeruzalemu.
Kugira Hezekiya akingire urusengero rweranda rwa Yehova rwari i Yeruzalemu, yaciye arungikira Senakeribu amahera atari make ngo ntamutere. Uwo mwami wa Ashuri yarakiriye ayo mahera mugabo ntiyaheba umugambi wiwe wo kwigarurira ico gisagara. Muri ico gihe nyene, Hezekiya yabandanije gukomeza Yeruzalemu. Nk’akarorero, yarubatse urundi ruhome yongera arubaka umugende utwara amazi muri ico gisagara, kugira ababa i Yeruzalemu bazoshobore kuronka amazi abansi nibaramuka bugarije ico gisagara. Hezekiya kandi yararemesheje ihanga ryiwe mu kubabwira ko Yehova akomeye gusumba abasoda b’abantu.
Hezekiya yararemesheje abantu b’i Yeruzalemu igihe umwansi w’umunyabubasha yariko arabatera ubwoba
Senakeribu yarushirije gushangashirwa. Yararungitse i Yeruzalemu umukozi wo ku kirimba yitwa Rabushake kugira atere ubwoba Hezekiya n’abantu biwe. Rabushake yaratutse Hezekiya n’Imana yiwe Yehova. Ariko Hezekiya yagumye ashikamye yongera araremesha abantu. Mu nyuma Senakeribu yararungikiye Hezekiya amakete yo kumutera ubwoba. Hezekiya yaciye atwara ayo makete ku rusengero rwa Yehova arayazingurura. Ni nk’aho yari ashize ingorane ziwe zose imbere y’Imana Mushoboravyose. Yehova yarishuye Hezekiya. Yararungitse umuhanuzi Yesaya kugira aje gushikiriza Hezekiya ubu butumwa buremesha: Senakeribu ntiyokwinjiye i Yeruzalemu. Mbere n’abasoda biwe ntiboharashe n’umwampi.
Muri iryo joro nyene, Yehova yararungitse umumarayika mw’ikambi ry’Abashuri. Uwo mumarayika yarishe abasoda ba Senakeribu 185.000 mu kanya isase. Ibaze ukuntu Senakeribu yamerewe igihe yavyuka mu gatondo agasanga abo basoda biwe bose bapfuye! N’ibimaramare n’akantu, yaciye ahungira mu gihugu ciwe. Haheze ikiringo kanaka, igihe yari mu rusengero rw’imana yiwe Nisiroki, abahungu biwe baramwishe.
Hezekiya yari atahukanye intsinzi ikomeye! Abashuri ntibari bakimugeramiye kandi yari yakize indwara yiwe. Bidatevye, yararonse n’imiburiburi umwana umwe. Ikibabaje, vyarashitse Hezekiya aragira ubwibone. Ariko Yehova yaramukosoye kandi yaremeye gukosorwa yicishije bugufi. Emwe, Hezekiya yabaye umwe mu bami beza kuruta abandi baganje abasavyi b’Imana. Yaragaragaje umutima rugabo udasanzwe mu bihe bigoye cane kandi aguma ari intahemuka kuri Yehova gushika apfuye.
Soma iyo nkuru muri Bibiliya:
Ikibazo co kuganirako:
Hezekiya yerekanye gute umutima rugabo?
Niwinjire mu mizi
1. Ni ibiki abacukuzi b’ivya kera bubuye bishigikira ivyo Bibiliya ivuga ku bijanye na Hezekiya? (w11 1/5 15 ing. 1-3) A
Zev Radovan/Alamy Stock Photo
Ifoto A: Ikidodo c’ibumba co mu kinjana c’umunani imbere ya Kristu canditseko ngo «Ni ica Hezekiya [mwene] Ahazi, Umwami wa Yuda»
2. Hezekiya yashikije gute ubuhanuzi bwa Yesaya bwerekeye «inzoka y’umuriro iguruka»? (Yes. 14:28, 29; ip-1 190-191 ing. 4-6-wcgr)
3. Ni ikintu ikihe gishimishije uravye ivyo Senakeribu yavuze be n’ivyo atavuze mu nkuru dusanga mu vyacukuwe i Ninewe? (g 1/11 29 ing. 3-5) B
© The Trustees of the British Museum. Licensed under CC BY-NC-SA 4.0. Source
Ifoto B: Ikibumbano canditseko intsinzi Senakeribu yatahukanye
4. Mu 2003, hari umugwi w’abanyasiyansi wagize ubushakashatsi kugira bamenye nimba umuhora bita Umugende wa Hezekiya wubatswe koko ku ngoma ya Hezekiya. None ni iciyumviro ikihe bashitseko? (w09 1/5 27 ing. 3-5)
Rondera ivyigwa wohakura
Akarorero ka Hezekiya koremesha gute umukirisu afise abavyeyi badasenga Yehova? C
Ifoto C
Igihe Yeruzalemu yari igeramiwe, ni igiki ahanini cari kiraje ishinga Hezekiya? (2 Abm. 19:15-19) Twomwigana gute muri iki gihe?
Ni mu buryo ubuhe wokwigana umutima rugabo wa Hezekiya?
Zirikana mu buryo bwagutse
Iyi nkuru inyigishije iki ku vyerekeye Yehova?
Iyi nkuru ifitaniye isano irihe n’umugambi wa Yehova?
Ni ibiki nzobaza Hezekiya niyazuka?
Rondera kumenya n’ibindi
Nurabe ingene ibivugwa mu 2 Abami 19:14-36 vyerekanwa muri iyi videwo.
Ubuhanuzi buri muri Mika 5:5 bwarangutse gute mu misi ya Hezekiya, kandi buriko buranguka gute muri iki gihe?
«Abungere indwi, abatware umunani: Ico basobanura kuri twebwe» (w13 15/11 18-20 ing. 9-18)