41 ZAKARIYA NA ELIZABETI
«Bari abagororotsi imbere y’Imana»
ZAKARIYA yari umwe mu baherezi benshi bakomoka mu muryango wa Aroni. Umusi umwe, Zakariya yagira akore igikorwa kidasanzwe. Ni we yari ashikiriwe gushikana imibavu ku gicaniro c’inzahabu cari mu rusengero. Ico cari ikintu kidasanzwe kuko umuherezi yashobora kugikora rimwe gusa mu buzima bwiwe. Zakariya na Elizabeti rero bashobora kuba bari baryohewe cane kuri uwo musi.
Zakariya na Elizabeti bari bamaze imyaka myinshi bubakanye kandi Yehova yari amaze kubahezagira mu buryo bwinshi. Ariko hariho ikintu kimwe bipfuza cane. Baripfuza cane akana. Ico gihe kutaronka umwana vyari nk’agatukisha kandi Zakariya na Elizabeti «bari bageze mu zabukuru.» Mugabo Bibiliya ivuga ko «bari abagororotsi imbere y’Imana.» Baguma basenga Imana, bizigiye ko yokwumvise amasengesho yabo naho wamenga ntibigishoboka ko baronka akana.
Zakariya yarinjiye mu rusengero mu gihe abandi bantu benshi bariko barasengera hanze. Igihe yari aho mu rusengero ari wenyene, bukwi na bukwi umumarayika wa Yehova yaramubonekeye ahagaze hafi y’igicaniro c’imibavu! Yabwiye Zakariya ko Imana yumvise amasengesho yiwe kandi ko Elizabeti yari agiye gusama inda akamuvyarira umuhungu. Uwo mwana bomwise Yohani. Amaze gukura, yogize «impwemu n’ububasha nk’ivya Eliya.» Yokoze igikorwa kidasanzwe co gufasha abantu kugaruka kuri Yehova.
Ariko Zakariya ntiyemeye ivyo uwo mumarayika amubwiye, aca amusaba ikimenyetso. Uwo mumarayika yaramukosoye, amubwira ati: «Ndi Gaburiyeli, uwuhagarara imbere y’Imana hafi yayo.» Yari umumarayika wa Yehova. Nta mvo n’imwe rero yari gutuma Zakariya yiyumvira ko ivyo amubariye bitazoba. Ariko kubera ko Zakariya atari yemeye ivyo Gaburiyeli amubwiye, yaciye amubwira ko atazosubira kuvuga gushika ivyo bintu birangutse. Igihe rero Zakariya yasohoka, yakoresha ibimenyetso mu kumenyesha abantu ivyamushikiye.
Umugabo n’umugore bitereye mu myaka kandi batagira akana bararonse ubutumwa buvuye mw’ijuru bwahinduye ubuzima bwabo
Zakariya yarasiguriye umugore wiwe Elizabeti yuko yotwaye inda maze akavyara umwana w’umuhungu. «Haciye imisi», Elizabeti yaribungenze. Yamaze amezi atanu yihishije, ariko mu kwezi kugira gatandatu hari incuti yamugendeye. Yari Mariya umukobwa wa Heli w’i Nazareti. Acinjira mu nzu, umwana yari mu nda kwa Elizabeti yaciye yikina kubera umunezero. Elizabeti yaciye yuzura impwemu nyeranda. Yaramenye ko Mariya yibungenze kandi ko uwo mwana yobaye Mesiya. Yaciye rero yita Mariya «nyina w’Umukama wanje.» Elizabeti ntiyagiriye ishari Mariya. Ahubwo yaramuremesheje, aramukura amazinda ko Yehova azomufasha.
Igihe Elizabeti yavyara, incuti ziwe n’ababanyi biwe baraje kumuraba. Bamubwiye ko yokwita uwo mwana izina rya se. Ariko Elizabeti yari azi ko umumarayika yabwiye umugabo wiwe ati: «Uze umwite Yohani.» Yaciye rero yanka, ababwira ati: «Oya! Azokwitwa Yohani.» Ntibemeye ivyo Elizabeti ababwiye, baca babaza Zakariya. Kubera atashobora kuvuga, yaciye yandika ku kabaho ati: «Izina ryiwe ni Yohani.» Ubwo nyene yaciye asubira kuvuga.
Zakariya yaciye yuzuzwa impwemu nyeranda, atangura kuvuga ubuhanuzi. Yarabwiye abantu b’Imana ubutumwa butanga icizigiro bw’uko Yehova yari agiye kubagaragariza imbabazi no kubarokora. Yababwiye ko uwo mwana wiwe Yohani ‘yogendeye imbere ya Yehova kugira amutegurire inzira.’ Kandi ivyo nyene ni vyo yakoze. Imbere y’uko Yezu atangura kwamamaza Ubwami bw’Imana, Yohani Umubatizi yarateguye abantu ngo bazokwakire ubwo butumwa.
Yezu yarigishije abasavyi b’Imana ukuntu bogiye barafata abadasenga Yehova n’ababarwanya. Imbere y’aho, abasavyi b’Imana benshi baragira umutima rugabo bakaja kurwana n’abansi ba Yehova. Ariko Yehova ntiyari agisaba abasavyi biwe kuja mu ntambara. Mugabo bari bagikeneye umutima rugabo. Abemeye Mesiya bobwirijwe kubwira abandi ivyerekeye Yehova Imana n’inkuru nziza yerekeye Yezu Kristu nk’uko Zakariya na Elizabeti babigize.
Soma iyo nkuru muri Bibiliya:
Ikibazo co kuganirako:
Zakariya na Elizabeti berekanye gute umutima rugabo?
Niwinjire mu mizi
1. Kubera iki Bibiliya ivuga ko Zakariya na Elizabeti ‘bagamburuka badaca ku ruhande’ kandi bari abanyagasembwa? (Luka 1:6; it «Intégrité» ing. 4-wcgr)
2. Bibiliya ihishura iki ku bijanye na Gaburiyeli? (it «Gabriel» ing. 2-3-wcgr) A
Ifoto A
Ifoto A
3. Gaburiyeli yabwiye Zakariya ko yokwita umwana wiwe Yohani. None iryo zina Yohani risobanura iki? (it «Jean» ing. 1-wcgr)
4. Zakariya yoba yatakaje ubushobozi bwo kwumva no kuvuga? (w08 15/3 30 ing. 6)
Rondera ivyigwa wohakura
Abigisha b’Abayuda bo mu gihe ca Zakariya baremera ko umugabo yahukana n’umugore wiwe igihe uwo mugore atavyara, ariko Zakariya si vyo yakoze. Ni ibiki abagabo bokwigira kuri Zakariya? B
Ifoto B
Elizabeti yarashigikiye adahemuka umugabo wiwe aho gukora ivyo ababanyi n’incuti ziwe bashaka ko akora. (Luka 1:58-61) Ni ibiki abagore bokwigira kuri Elizabeti?
Wokwigana gute umutima rugabo wa Zakariya na Elizabeti?
Zirikana mu buryo bwagutse
Iyi nkuru inyigishije iki ku vyerekeye Yehova?
Iyi nkuru ifitaniye isano irihe n’umugambi wa Yehova?
Hamwe Zakariya na Elizabeti bozukira kw’isi, ni ibiki nzobabaza?a
Rondera kumenya n’ibindi
Raba ingene Zakariya yasubiye kuvuga agaca aninahaza Imana.
Yehova yakomeje gute Mariya igihe yaja kuraba Elizabeti, kandi tuvyigirako iki?
a Nimba Zakariya na Elizabeti bapfuye imbere ya Pentekoti yo mu 33, bazozukira kw’isi.