ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • gt ikig. 3
  • Umuteguzi w’Inzira Avuka

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Umuteguzi w’Inzira Avuka
  • Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Ivyo bijanye
  • Uwo gutegura inzira avuka
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Elizabeti aronka umwana
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • «Bari abagororotsi imbere y’Imana»
    Gendana n’Imana n’umutima rugabo
  • Yezu aterwa iteka ataravuka
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
Ibindi
Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
gt ikig. 3

Ikigabane ca 3

Umuteguzi w’Inzira Avuka

ELIZABETI hasigaye gato ngo aronke uruyoya rwiwe. Muri ayo mezi atatu aheze, Mariya yagumanye na we. Ariko ubu ni igihe c’uko Mariya atanga agasaga hanyuma agire rwa rugendo rurerure asubira iwabo i Nazareti. Mu mezi ashika nk’atandatu, na we nyene azoronka uruyoya.

Mu nyuma Mariya ahavuye, Elizabeti aribaruka. Ese umunezero uhibera ukwibaruka kugenze neza kandi Elizabeti n’uruyoya rwiwe bakaba bakomeye! Elizabeti yereka nya kana ababanyi n’icuti ziwe, bose banezeranwa na we.

Umusi ugira umunani inyuma y’ivuka, nk’uko Ivyagezwe vy’Imana bibisaba, uruyoya rw’uruhungu muri Isirayeli rwategerezwa gukebwa. Ico gihe abagenzi n’incuti baraza kubaramutsa. Bavuga yuko uwo mwana akwiye kwitwa izina rya se wiwe, Zakariya. Ariko Elizabeti avugira hejuru ati: “Oya, ni yitwe Yohana.” Uribuka ko iryo ari ryo zina wa mumarayika Gaburiyeli yavuze ko ryohawe nya kibondo.

Ariko rero, abagenzi babo baranka bati: “Mu muryango wanyu [nta] witwa iryo zina.” Maze, bakoresha imvugo y’ibimenyetso, babaza se wiwe uko ashaka kwita nya muhungu. Zakariya asaba igisate co kwandikako, maze mu buryo bugwisha bose mu gahundwe, yandika ati: “Izina ryiwe ni Yohana.”

Ivyo bibaye, ururimi rwa Zakariya ruragoboroka ku gitangaro. Uribuka yuko ubushobozi bwiwe bwo kuvuga yabutakaje igihe yanka kwemera itangazo umumarayika atanze ry’uko Elizabeti yoronse ikibondo. Nuko, aho Zakariya avugiye, ababanyi bose barajorerwa, bibwira bati: “Mbe non’uyo mwana azoba umuntu ki?”

Zakariya buno yuzurwa n’impwemu yera, arigina ati: “Umwami ashimwe, Imana y’Abisirayeli, kukw igendeye abantu bayo, ikabacungura; kand’iduhagurukirije ihembe ry’agakiza mu nzu ya Dawidi umusavyi wayo.” Birumvikana, iryo “hembe ry’agakiza” ni Umukama Yezu, uwukiri uwuzovuka. Zakariya avuga ko biciye kuri we, Imana “izoduha gukizwa amaboko y’abansi bacu, tukayisenga ata bgoba, tur’abera tugororoka mu nyonga zayo imisi yacu yose.”

Maze Zakariya ku biraba umwana wiwe Yohani, aramenyesha ati: “Kandi nawe, mwana, uzokwitwa umuntu avugishwa n’Īsumba vyose, kuk’uzokwitangira imbere y’Umwami Imana gutegūra inzira ziwe: kumenyesha abantu biwe agakiza, kw ar’uguharirwa ivyaha vyabo, kubg’umutima w’imbabazi w’Imana yacu, ni wo uzotuma umutwenzi utugendera, uvuye mw ijuru, ng’utambikire abicaye mu mwiza no mu gitūtu c’urupfu, urōngōrere ibirenge vyacu mu nzira y’amahoro.”

Gushika ubu, Mariya uwo bisa n’uko akiri inkumi, yashitse i muhira i Nazareti. Ni ibiki bija kumushikira nivyibonekeza yuko yibungenze? Luka 1:56-80; Abalewi 12:2, 3.

▪ Yohani asumvya Yezu igihe kingana iki c’amavuka?

▪ Ni ibiki bishika Yohani amaze imisi umunani avutse?

▪ Imana yasubije umutima ku gisata cayo gute?

▪ Ni igikorwa ikihe cavuzwe ko Yohani yokoze?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika