Ikigabane ca 2
Yatewe Iteka Imbere y’Uko Avuka
UMUMARAYIKA Gaburiyeli amaze kubwira ya nkumi Mariya yuko izokwibaruka umwana w’umuhungu azoba umwami yamaho, Mariya abaza ati: “Ivyo bizobaho bite, ko ntaramenya icitwa umugabo?”
Gaburiyeli arasigura ati: ‘Impwemu yera izokuzako, ubushobozi bw’Īsumba vyose bugutere igitutu: ni co gituma uwera azovuka azokwitwa Umwana w’Imana.’
Kugira Gaburiyeli afashe Mariya kwemera ubutumwa amuhaye, arabandanya ati: “Kand’umve, Elisabeti mwene wanyu na we atwaye inda y’umuhungu mu butāmakazi bgiwe, uwitwa ingumba, uku n’ukwezi kwiwe kwa gatandatu: kukw ata jambo rivuye ku Mana ribura ububasha.”
Mariya aremera ijambo rya Gaburiyeli. None avyishurako iki? Avugana ugutangara ati: “Ehe nd’umugurano w’Umwami Imana, bimbere ukw ijambo ryawe rivuzwe.”
Gaburiyeli amaze gato ahavuye, Mariya aritegura ngo aje kuramutsa Elizabeti, uwubana n’umugabo wiwe Zakariya mu ntara y’i Yudaya, ahantu h’imisozi. Kuva i muhira kwa Mariya i Nazareti, urwo ni urugendo rurerure ngirango rw’imisi itatu canke ine.
Amaherezo, aho Mariya ashikiye ku muhana kwa Zakariya, arinjira araramukanya. Elizabeti ngo avyumve, yuzurwa n’impwemu yera, hanyuma abwira Mariya ati: “Mu bagore urahiriwe, n’imbuto yo mu nda yawe irahiriwe. Kand’[“aka gateka,” NW] [ka]mbereyekw iki, nyina w’Umwami wanje kuza aho ndi? Kukw ijwi ry’indamukanyo yawe ryinjiye mu matwi yanje, inda igakinagizwa muri jewe n’umunezero.”
Mariya aho yumviye ivyo, yishurana ugukura ubwatsi bivuye ku mutima ati: “Ubugingo bganje butazira Umwami Imana, umutima wanje unezererewe Imana Umukiza wanje: kuko yabonye ubufafara bg’umugurano wayo, kand’uhereye none, ab’ibihe vyose bazonyita umuhirwa. Kukw Iy’ubushobozi inkoreye ibikomeye.” Yamara, naho nyene Mariya agiriwe ubutoni, iteka ryose aryerekeza ku Mana. Avuga ati: “Izina ryayo n’iryera. Imbabazi zayo ziri ku bayubaha ku buzukuru no ku buzukuruza-kuruza babo.”
Mariya arabandanya gushemeza Imana mu ruririmbo rw’ubuhanuzi ruhumetswe, amenyesha ati: “Yerekanishije ubushobozi ukuboko kwayo, yasābagije abībona mu vyo biyumvira mu mitima yabo. Yirukanye abaganza ku ntebe zabo, yashize hejuru abafafara. Abashonje yabahāgije ivyiza, yirukanye abatunzi bagenda imvumure. Yatabaye Isirayeli umusavyi wayo, maze ngw imbabazi zayo izibuke, nk’uko yabgiye ba sogokuruza, kuzigirira Aburahamu n’uruvyaro rwiwe, ibihe bidashira.”
Mariya agumana na Elizabeti igihe c’amezi nk’atatu, kandi abwirizwa kuba abera Elizabeti kirumara cane muri ayo mayinga ya nyuma y’ukwibungenga kwiwe. Mu vy’ukuri, ni vyiza kuba abo bakenyezi babiri bompi b’abizerwa bibungenze ibibondo bafashijwe n’Imana, bashoboye kuba bari kumwe muri ico gihe gihezagiwe co mu buzima bwabo!
Woba wabonye iteka ryatewe Yezu n’imbere nyene yuko avuka? Elizabeti yamwise “Umwami wanje,” kandi ikibondo ciwe kitaravuka carakinagiye n’akamwemwe igihe Mariya yaseruka ubwa mbere. Yamara hari abandi mu nyuma bubashe buhoro Mariya hamwe n’ikibondo ciwe cari kikiri ikizovuka, nk’uko tuja kubibona. Luka 1:26-56.
▪ Gaburiyeli avuga iki ngo afashe Mariya gutahura ingene yosamye inda?
▪ Yezu yatewe iteka gute imbere y’uko avuka?
▪ Mariya avuga iki mu ruririmbo menyeshakazoza mu gushemeza Imana?
▪ Mariya agumana na Elizabeti igihe kingana iki, kandi ni kuki bibereye ko Mariya agumana na Elizabeti muri ico gihe?