ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • wcg ikig. 42 rup. 192-rup. 195
  • Yaragize umutima rugabo aremera ibanga ridasanzwe

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yaragize umutima rugabo aremera ibanga ridasanzwe
  • Gendana n’Imana n’umutima rugabo
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Niwinjire mu mizi
  • Rondera ivyigwa wohakura
  • Zirikana mu buryo bwagutse
  • Rondera kumenya n’ibindi
  • “Ehe ndi umushumbakazi wa Yehova!”
    Niwigane ukwizera kwabo
  • “Ehe ndi umushumbakazi wa Yehova!”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Ico dushobora kwigira ku karorero ka Mariya
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • «Yakoze ivyo ashoboye»
    Gendana n’Imana n’umutima rugabo
Ibindi
Gendana n’Imana n’umutima rugabo
wcg ikig. 42 rup. 192-rup. 195

42 MARIYA

Yaragize umutima rugabo aremera ibanga ridasanzwe

Integuro icapuwe
Integuro icapuwe

UMUSI umwe, hari umushitsi yagendeye umwigeme umwe w’Umuyudakazi yitwa Mariya yaba i Nazareti muri Galilaya. Uwo ntiyari umushitsi asanzwe kuko yari umumarayika. Uwo mumarayika yitwa Gaburiyeli akaba yari azanywe n’ikintu gihambaye. Yari aje kubwira Mariya igikorwa kidasanzwe Yehova yamushinze. Ico gikorwa nta wundi muntu n’umwe yari bwagishingwe.

Uwo mumarayika yabwiye Mariya ati: «Amahoro, wewe watewe iteka ridasanzwe! Yehova ari kumwe nawe.» Mu ntango, Mariya ‘yarahagaritse umutima cane.’ Yiyumvira ko atabereye gushemagizwa gutyo. Gaburiyeli yaramuhumurije amubwira ko ‘Imana yamushimye.’ Yaciye amubwira ibanga ridasanzwe Yehova yamushinze. Yamubwiye ati: «Uzosama inda maze uvyare umuhungu.» Yongeyeko ati: «Azoba uwuhambaye kandi azokwitwa Umwana w’Imana Musumbavyose. Yehova Imana azomuha intebe y’ubwami ya se wiwe Dawidi.»

Mariya yari arehejwe ariko ntiyari bwubake urwiwe. Yari akiri isugi. Yaciye abaza uwo mumarayika ati: «Ivyo bizoshoboka gute?» Gaburiyeli yamubwiye ko ububasha bwa Yehova, ari yo mpwemu yiwe nyeranda, ‘bwomutwikiriye’ bigatuma yibungenga. Ivyo vyotumye yibaruka umwana atunganye. Uwo mwana ‘yokwiswe mweranda, Umwana w’Imana.’ Yaramubwiye kandi ivyo Yehova yakoreye incuti yiwe Elizabeti. Ivyo vyaratumye Mariya ajijuka. Yaciye avuga yicishije bugufi ati: «Ndi umusukukazi wa Yehova! Nibimbere nk’uko ubivuze.» Yabona ko Yehova ari Shebuja wiwe amukunda, na we akibona nk’umusukukazi agamburuka. Yarizigira ko Yehova yomufashije akongera akamukingira aramutse akoze ivyo agomba. Kubona ibintu muri ubwo buryo vyaratumye agira umutima rugabo, aremera iryo banga ridasanzwe.

Mariya aratangaye cane, akaba apfukamye hasi ariko avugana n’umumarayika Gaburiyeli.

Uwo mumarayika amaze kugenda, Mariya yaciye afata urugendo aja kwa Elizabeti. We na Elizabeti barahanahanye indemesho ku bijanye n’amabanga mashasha bari bashinzwe. Mariya yaraseruye ukwizera kwiwe, ivyo bikaba vyerekana aho yakura umutima rugabo. Mu kiganiro kimwe gusa bagiraniye, yakoresheje amajambo avuye mu Vyanditswe vy’igiheburayo incuro zirenga 20! Ivyo yabishoboye kubera yazirikana cane kw’Ijambo ry’Imana. Yari azi neza Yehova, kandi yari afise imvo nyinshi zotuma yizigira ivyo asezerana. Mariya yamaranye na Elizabeti nk’amezi atatu, aca asubira iwabo. Yari akeneye umutima rugabo udasanzwe kugira abwire Yozefu ko yibungenze be n’ingene vyagenze kugira yibungenge. Mu ntango, Yozefu yaranse kwemera ivyo Mariya amubwiye, ariko umumarayika wa Yehova yaramubwiye ko Mariya ariko avuga ukuri.

Mariya na Yozefu barubakanye maze bararindira ko Mariya yibaruka. Igihe yari mu kwibaruka, umwami w’abami yaratanze itegeko ry’uko umuntu wese aja kwiyandikisha aho yavuka. Yozefu na Mariya baciye baja i Betelehemu aho Yozefu yavuka. Uravye ukuntu Mariya yari amerewe, ntivyari vyoroshe ko afata urugendo rw’ibilometero nka 150 ari ku ndogobwa. Ariko yaragiye. Yahavuye avyarira mu ruhongore maze aryamika uwo mwana mu bwato bagabuririramwo ibitungwa. Mariya yari afise umutima rugabo kandi yarizigira Yehova. Yari yiyemeje kwitwararika uwo mwana w’agaciro uko ashoboye kwose.

Yehova abicishije ku mumarayika, yarashinze Mariya igikorwa ata wundi muntu n’umwe yari bwagishinge

Mariya yari akeneye umutima rugabo no mu bihe vyokurikiye. Yari awukeneye igihe we, Yozefu hamwe n’akana Yezu bahungira mu Misiri kubera umwami Herodi yagira yice uwo mwana. Kubera ko bari bakenye, yari awukeneye kugira we na Yozefu barere n’imiburiburi abana batandatu canke barenga. Yari awukeneye igihe yabura umugabo wiwe yikundira Yozefu, akaba ashobora kuba yapfuye Yezu ataraba Mesiya. Yari awukeneye igihe Yezu yava muhira akaja gukora igikorwa yari yashinzwe. Yari awukeneye canecane igihe bagiriza ibinyoma Yezu, bakamucira rubi maze bakamwica. Ubwa nyuma, yari akeneye umutima rugabo kugira abe umwigishwa wa Yezu, kubera Abayuda babanka.

Emwe, Mariya yari afise ibanga rikomeye! None yakuye hehe umutima rugabo wo kurishitsa? Bibiliya ivuga ko igihe Mariya yaba yize ikintu gikomeza ukwizera kwiwe, yaca akigumiza ku mutima. Ku bw’ivyo, Mariya yari afise ibintu vyinshi vy’agaciro yama azirikanako. Bimwe yabikura mw’Ijambo ry’Imana, ibindi bikava ku bamarayika n’abandi basavyi ba Yehova, ibindi bikava ku muhungu wiwe Yezu. Igihe Mariya yaba ariko arazirikana kuri ivyo bintu vyose, vyaratuma agira umutima rugabo wo kwihanganira ingorane zose zamushikiye mu buzima bwiwe.

Soma iyo nkuru muri Bibiliya:

  • Luka 1:​26-56; 2:​1-7, 19, 48-51

Ikibazo co kuganirako:

Mariya yerekanye gute umutima rugabo?

Niwinjire mu mizi

  1. 1. Ni ibiki vyemeza ko ibivugwa muri Luka 2:​1-3 vyabaye koko? (g 7/11 11 ing. 5-6) A

    British Library, London, UK, from the British Library archive/Bridgeman Images

    Ifoto A: Itegeko ryo kugira rusansuma ryasohowe na buramatari w’Umuroma yatwara Misiri mu 104 inyuma ya Kristu

  2. 2. Kubera iki Mariya ashobora kuba atorohewe n’urugendo rwo kuja i Betelehemu? (ia 153-155 ing. 4-7)

  3. 3. Igihe Yezu yari akiri uruyoya, hari uwabwiye Mariya ati: «Inkota ndende izogusogota mu mutima.» Ayo majambo yarangutse gute? (Luka 2:35; w08 15/3 30 ing. 8)

  4. 4. Kubera iki twoshika ku ciyumviro c’uko Mariya yaronse impera y’ubuzima budahera mw’ijuru? (w18.07 10 ing. 14) B

    Mariya ari kumwe na batatu mu bahungu biwe bariko baraca mw’ibarabara ry’i Yeruzalemu ryuzuyemwo abantu.

    Ifoto B: Mariya n’abahungu biwe bari i Yeruzalemu mu misi y’imbere ya Pentekoti yo mu 33

Rondera ivyigwa wohakura

  • Igihe Mariya yari akeneye inkomezi n’indemesho, yaciye aja kuraba Elizabeti. (Luka 1:​39, 40) Kubera iki ari vyiza kwitura umukirisu ahumuye, igihe turi mu ngorane canke igihe twashinzwe igikorwa kigoye? C

    Udufoto: 1. Umudada yihebuye yicaye ku meza ariko araba ordinateri yiwe n’inkofero. Ku ruhome hari ikirangamisi kirimwo ibikorwa vyinshi. 2. Wa mudada ariko arayagira uwundi mudada ahumuye bariko baramamaza inzu ku nzu.

    Ifoto C

  • Naho Mariya yari arehejwe na Yozefu, Yehova yabanje kurungika umumarayika kuri Mariya. Ivyo bitwigisha iki ku bijanye n’ukuntu Yehova afata abagore b’intahemuka?

  • Wokwigana gute umutima rugabo wa Mariya?

Zirikana mu buryo bwagutse

  • Iyi nkuru inyigishije iki ku vyerekeye Yehova?

  • Iyi nkuru ifitaniye isano irihe n’umugambi wa Yehova?

  • Kubera iki ushima kuba Mariya ashobora kuba yaracaguwe ngo aje gufadikanya na Kristu kuganza?

Rondera kumenya n’ibindi

Raba ingene Mariya yakoranye umwete kandi ata bwikunzi mu kurera abana biwe.

«Ico dushobora kwigira ku karorero ka Mariya» (w09 1/1 5 ing. 4–6 ing. 2)

Mariya ashobora kuba yiyumvise gute igihe umumarayika Gaburiyeli yamubwira ibanga ridasanzwe yashinzwe?

«Ndi umusukukazi wa Yehova!» (3:40)

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika