47 MARIYA, MUSHIKI WA LAZARO
«Yakoze ivyo ashoboye»
MARIYA yarakozwe ku mutima cane n’umutima mwiza wa Yezu Kristu. Hari ibintu vyiza vyinshi Yezu yari yarakoreye Mariya, mwenewabo Marita na musaza wabo Lazaro. Yezu yarabakunda cane. Akenshi yarashikira iwabo i Betaniya, akabigisha ibintu vyinshi. Igihe Lazaro yapfa, Yezu yaramuzuye.
Mariya yaripfuza cane gukorera Yezu ikintu kidasanzwe. Yahisemwo kumuha ingabire izimvye cane. Kari «agacupa k’amavuta amota neza kandi azimvye cane, ikaba yari narada nyayo.» Amahera ayo mavuta yagurwa ico gihe yari ayo umuntu yokorera nk’umwaka wose. Bibiliya ntivuga igihe Mariya yaronka ayo mavuta canke ingene yayaronse, ariko gishobora kuba ari co kintu kizimvye cane yari afise.
Yaripfuza guha Yezu ingabire idasanzwe ariko vyotumye bamwebamwe bamunegura
Umusi umwe, Yezu yariko arafungura i Betaniya. Mariya yabonye ko ari akaryo keza ko kumuha ya ngabire. Yaramwegereye, arugurura ka gacupa, aca aramusuka ayo mavuta ku mutwe no ku birenge. Ahejeje yaciye akura igitambara yitwikira mu mutwe, aramuhanagura ibirenge. Mu mico kama y’ico gihe, Abayuda bamwebamwe babona ko bitabereye ko akura igitambara ku mutwe. Ariko Mariya ntiyari arajwe ishinga n’ivyo abantu bavuga, ahubwo yari arajwe ishinga no gutera iteka Umukama wiwe. Yaricishije bugufi, aratera iteka ridasanzwe Umukama wiwe Yezu.
Akamoto k’ayo mavuta kaciye kuzura inzu yose. Ariko ico kintu Mariya yakoze nticahimbaye bose. Carababaje Yuda Isikariyoti, aca aranajijura izindi ntumwa ziramushigikira. Yabajije ati: «Kubera iki ayo mavuta amota neza atagurishijwe idenariyo 300 maze zigahabwa aboro?» Iyumvire ingene Mariya yaciye yumva amerewe. Yari yakoze ivyo ashoboye vyose kugira atere iteka Umukama wiwe. Ariko aho kumukeza, intumwa zaramuneguye! Bishobora kuba vyaratumye Mariya yumva amaramaye. Ariko Yezu yaciye amuburanira.
Yabwiye intumwa ziwe ati: «Nimumureke.» Nta gukeka ko bose baciye bahora. Yaciye yongerako ati: «Ankoreye igikorwa ciza.» Yezu yarerekanye ko Mariya amukoreye ikintu kiranga urukundo. Naho Mariya ashobora kuba atari abizi, Yezu yari yimirije kwicwa no guhambwa. Ayo mavuta yariko aramutegura ku bw’amaziko. Ikintu Mariya yakoze, Yezu yakivuze muri make muri aya majambo y’intibagirwa ngo: «Yakoze ivyo ashoboye.» Yongeyeko ati: «Ni ukuri ndabibabwiye, ahantu hose inkuru nziza izokwamamazwa kw’isi yose, ivyo uyu mugore yakoze na vyo nyene bizovugwa kugira bamwibuke.» Yezu yarabonye urukundo n’umutima rugabo Mariya yagaragaje. Rero Mariya ntiyari abereye kunegurwa, ahubwo yari abereye gukezwa.
Emwe nta co basubiye kuvugisha Mariya. Yuda yaciye agenda, atangura kugira umugambi wo kugurisha Yezu. Ariko amajambo Yezu yavuze yarakoze ku mutima cane Mariya. Inyuma y’imisi mikeyi, igihe bimwe Yezu yavuga ku bijanye no guhambwa kwiwe vyaranguka, Mariya yaciye arushiriza kubitahura. Umukama wiwe yikundira yarafashwe, aragirizwa ibinyoma, arakubitwa intahe mu gahanga, aricwa hanyuma arahambwa. Iyumvire ingene ivyo vyatuntuje cane uwo mugore w’umutima mwiza kandi w’impuhwe. Ariko nta gukeka ko igihe cose yibuka amajambo Yezu yamubwiye, yumva aremye cane.
Ku musi ugira gatatu kuva Yezu apfuye, hari ikintu kidasanzwe cabaye: Umukama Yezu yarazutse! Haheze igihe gito, yarabonekeye abigishwa barenga 500. Birashoboka ko ico gihe ari ho yaciye abategeka kubwira inkuru nziza «abantu bo mu mahanga yose.» (Mat. 28:19, 20) Yari yaravuze ko mu «nkuru nziza» yokwamamajwe hobaye harimwo igikorwa kiranga urukundo Mariya yakoze. Nta gukeka ko Mariya atigeze yicuza kuba yaragize umutima rugabo wo guha Shebuja ikintu ciza kuruta ibindi vyose yari afise. Ashobora kuba atigeze yibagira ukuntu Yezu yahaye agaciro ukwizera kwiwe n’umutima rugabo wiwe mu kuvuga ati: «Yakoze ivyo ashoboye.»
Soma iyo nkuru muri Bibiliya:
Ikibazo co kuganirako:
Mariya mushiki wa Lazaro yerekanye gute umutima rugabo?
Niwinjire mu mizi
1. Ni kamere izihe Mariya na mwenewabo Marita bari bafise? (Luka 10:39, 40; Yoh. 11:20; ia 173 ing. 5-6; 176 ing. 17) A
Ifoto A
2. Yezu yari atandukaniye he n’abandi bigisha bo mu gihe ciwe? (w99 1/9 30 ing. 1-4-wcgr)
3. Kubera iki amavuta Mariya yasutse kuri Yezu yari azimvye cane? («huile parfumée coûteuse» amakuru adufasha kwiga Mat. 26:7, nwtsty-wcgr) B
Narada yo mu Buhindi: © Haijie Lu, licensed under CC BY-NC 4.0. Source; jatamansi yumye: wasanajai/stock.adobe.com; agacupa: © The Trustees of the British Museum. Licensed under CC BY-NC-SA 4.0. Source
Ifoto B: Ishurwe n’imizi y’agati kitwa Nardostachys jatamansi, gashobora kuba ari ko kavamwo amavuta Mariya yasutse kuri Yezu, n’agacupa bashiramwo ayo mavuta
4. Mu kinjana ca mbere, gusuka amavuta ku mutwe no ku birenge vyasobanura iki? (w10 1/11 6 ing. 4, akajambo k’epfo.)
Rondera ivyigwa wohakura
Yezu yavuze ko «Mariya . . . yahisemwo umugabane mwiza» kubera ko yashize imbere ivy’impwemu. (Luka 10:42) Twomwigana gute muri iki gihe? C
Ifoto C
Yezu yarakeje Mariya kubera «yakoze ivyo ashoboye.» Ivyo vyerekana ko ari ibiki Yehova aha agaciro muri twebwe? (Mrk. 12:29, 30; 14:8)
Ni mu buryo ubuhe wokwigana umutima rugabo wa Mariya?
Zirikana mu buryo bwagutse
Iyi nkuru inyigishije iki ku vyerekeye Yehova?
Iyi nkuru ifitaniye isano irihe n’umugambi wa Yehova?
Kubera iki ushima kuba Mariya mushiki wa Lazaro ashobora kuba yaracaguwe ngo aje gufadikanya na Kristu kuganza?
Rondera kumenya n’ibindi
Abana bokwigira iki kuri Mariya, Marita na Yezu ku bijanye n’abagenzi?