46 MARIYA MAGADALENA
«Nabonye Umukama!»
MARIYA MAGADALENA yari amerewe nabi cane. Yarimwo amadayimoni yamutera ubwoba agatuma atoroherwa mu buzima. Ariko igihe yabonana na Yezu, ivyiwe vyarahindutse cane. Bibiliya ivuga ko yamukuyemwo «amadayimoni indwi.» Mariya yarakengurukiye cane Yezu ku buryo aca aba umwigishwa wiwe kandi yaripfuza kumufasha uko ashoboye kwose.
Yarakunda cane Yezu, akamwita Rabuni. Iyo ni imvugo yerekana icubahiro cinshi isigura ngo «Mwigisha.» Yezu n’intumwa ziwe 12 baragira ingendo mu gihugu cose, bigisha abantu ivyerekeye Ubwami bw’Imana. Mariya yarabonye ko bari bahevye akazi bakora kugira bahebere umwanya wabo n’inguvu zabo ico gikorwa gihambaye cane. None ni ibiki yakoze kugira abafashe?
Yahora amerewe nabi cane ariko yahavuye akoresha ubuzima bwiwe mu gufasha Yezu n’intumwa ziwe
Mariya yari umwe mu bagore batari bake bitwararika Yezu n’intumwa ziwe «bakoresheje ivyo batunze.» Abo bagore barakoresha amahera yabo mu kuronsa Yezu n’intumwa ziwe ivyo bakeneye. Turetse Mariya Magadalena, Bibiliya iravuga ko «hariho n’abandi bagore benshi» bagendana na Yezu ‘bava mu gisagara baja mu kindi, bava mu kigwati baja mu kindi.’ Mu mico kama yabo, ntivyari bimenyerewe ko abagore bagendana n’abigisha b’amadini. Ivyo bishobora kuba vyaratuma abantu banegura abo bagore bagendana na Yezu. Ariko Mariya na bagenziwe babona ko ari agateka kadasanzwe. Baragize umutima rugabo, barashigikira Yezu mu vyo akeneye naho abandi bantu batabibona neza.
Mariya ashobora kuba yarababaye cane igihe bafata Yezu mw’ijoro rya Pasika i Yeruzalemu, bakamwagiriza ko yatutse Imana maze bakamucira urubanza rwo gupfa ku giti co kubabarizwako. Ariko yagumanye umutima rugabo. Yarajanye na nyina wa Yezu hamwe n’abandi bagore aho bari bagiye kumwicira. Ivyo vyarerekanye ko abo bagore bakunda Yezu, ko bamushigikira kandi ko batigeze bamuhemukira. N’igihe Yezu yari ku giti co kubabarizwako, yarabona ko abo bagore bari kumwe na we. Bariboneye ko Yezu yagumye ari intahemuka gushika ku rupfu kandi ko yarangije ivyo Se wiwe yari yaramutumye gukora. Igihe Yezu yacikana, Mariya ni ho yari.
Mariya n’abo bandi bagore ntibatinye kurira naho abasoda b’Abaroma be n’abandi bategetsi b’Abayuda bari ng’aho. Naho Mariya Magadalena yari atuntuye, hari ikindi kintu yipfuza gukora kugira yerekane ko yakunda Yezu. Kubera ko muri ako karere hashushe, ikiziga gisanguka ningoga kigaca gitangura kunuka. Rero abantu barasiga ababo amavuta n’ibindi bintu bimota imbere y’uko babahamba kugira ntibanuke. Mariya yashaka kumusiga ivyo bintu n’igihe bari bamaze kumuhamba. Isabato ikirangira, Mariya n’abandi bagore baraguze amavuta n’ibindi bintu bimota maze mu gitondo ca kare baja ku mva ya Yezu kugira babimusige.
Mariya ashobora kuba ari we yatanguye gushika ku mva. Yarazazaniwe cane asanze imva yuguruye kandi igaragara! Yaciye yiruka kubibwira Petero na Yohani. Agarutse yasanze na ba bagore bandi bagiye. Yaregereye imbere araraba mu mva, aca «abona abamarayika babiri bambaye impuzu zera, bicaye aho ikiziga ca Yezu cari kiri.» Yarababwiye ko ariko arondera ikiziga ca Yezu, hama ahindukiye aca abona umugabo yiyumviriye ko yoba ari umukozi wo mu murima. Uwo mugabo yabajije Mariya ati: «Wa mugore we, urizwa n’iki?» Mariya aca amubwira ati: «Mushinganta, nimba ari wewe wamutwaye, mbwira aho wamushize ndamukureyo.» Mariya ntiyabanje no kwibaza nimba aza gushobora guterura ico kiziga c’umuntu akuze. Yumva gusa ko yokora ivyo ashoboye vyose kugira yerekane ko akunda Yezu.
Uwo mugabo yaciye amubwira ati: «Mariya!» Ubwo nyene Mariya yaciye amumenya. Yaciye amufata, asemerera ati: «Rabuni!» Yezu yaramwankiye kumwumirako kuko hari igikorwa gihambaye yagira amushinge. Yamubwiye ati: «Genda kwa benewacu.» Yezu yamushinze igikorwa co kuja kumenyesha intumwa ziwe inkuru ihambaye cane y’uko yari yazutse! Ubwo nyene Mariya yaciye agenda. Mu ntango, abo bagabo ntibemeye ivyo ababwiye. Bibiliya ivuga iti: «Izo ntumwa zibona ko ivyo bintu bitagira umutwe n’amaguru.» Ariko Mariya Magadalena ntiyaciye areka gutangaza iyo nkuru nziza y’uko Yezu yazutse. Kuva uwo musi yarabwira abo abonye bose ako gakuru keza. Mbega umutima rugabo!
Soma iyo nkuru muri Bibiliya:
Ikibazo co kuganirako:
Mariya Magadalena yerekanye gute umutima rugabo?
Niwinjire mu mizi
1. Ni ibiki Mariya Magadalena n’abandi bagore bashobora kuba barafasha Yezu n’intumwa ziwe? (ijwia ikiganiro 6 ing. 5-6-wcgr) A
Ifoto A
2. Ni kubera iki Mariya atashotse amenya Yezu inyuma y’aho azukiye? (ijwia ikiganiro 6 ing. 16-wcgr)
3. Ni kubera iki Yezu yasavye Mariya Magadalena ngo areke kumwumirako? (w08 15/4 32 ing. 5)
4. Igihe Mariya Magadalena yabwira intumwa ko Yezu yazutse, bumva ari «ibintu bitagira umutwe n’amaguru.» Ni igiki gishobora kuba caratumye biyumvira gutyo? (Luka 24:11; w12 1/9 10 ing. 4-5)
Rondera ivyigwa wohakura
Mariya Magadalena yarakoreye abandi ibikorwa biciye bugufi. Twomwigana gute? B
Ifoto B
Twokwigana gute Mariya Magadalena igihe abandi banse kwemera canke guha agaciro ubutumwa bwo muri Bibiliya twamamaza? (Luka 24:10, 11)
Wokwigana gute umutima rugabo wa Mariya Magadalena?
Zirikana mu buryo bwagutse
Iyi nkuru inyigishije iki ku vyerekeye Yehova?
Iyi nkuru ifitaniye isano irihe n’umugambi wa Yehova?
Kubera iki ushima kuba Mariya Magadalena ashobora kuba yaracaguwe ngo aje gufadikanya na Kristu kuganza?
Rondera kumenya n’ibindi
Hari amakuru menshi atari yo avugwa kuri Mariya Magadalena. Raba ukuri Bibiliya ihishura.