ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w04 1/12 rup. 31
  • Ibibazo vy’abasomyi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ibibazo vy’abasomyi
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Ivyo bijanye
  • Mariya Magadalena yari nde?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • «Nabonye Umukama!»
    Gendana n’Imana n’umutima rugabo
  • Mu Cumba Cugaye
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Imva iragaragara kuko Yezu ari muzima!
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
w04 1/12 rup. 31

Ibibazo vy’abasomyi

Ni kubera iki Yezu uwazutse yemeye ko Toma amukorako kandi imbere yaho yari yankiye Mariya Magadalena kumukorako?

Impinduro za Bibiliya zimwezimwe za kera zisa n’izumvikanisha yuko Yezu yabwiye Mariya Magadalena ngo ntamukoreko. Nk’akarorero, Bibiliya Yera ihindura ayo majambo ya Yezu uku: “Ntunkoreko, kuko ntaradūga kwa Data” (Yohana 20:17). Ariko rero, irivuga ry’intango ry’ikigiriki, irikunda guhindurwa ngo “gukora ku”, risobanura kandi “kwumira ku, kuguma ku, gucakira, kugumya, gufata”. Birumvikana ko Yezu atariko abuza Mariya Magadalena kumukorako gusa, kubera yuko gatoyi inyuma y’aho, yaretse abandi bakenyezi bari ku mva “ba[ka]mufata ku birenge”.—Matayo 28:9.

Impinduro nyinshi zo mu ndimi za none, nk’akarorero Bibiliya Les Saintes Écritures—Traduction du monde nouveau, ziradufasha gutahura insobanuro nyakuri y’ayo majambo ya Yezu mu kuyahindura uku: “Reka kunyumirako”. Ni kubera iki Yezu yabwiye gutyo Mariya Magadalena, uwari umugenzi wiwe wa hafi?—Luka 8:1-3.

Bisa n’uko Mariya Magadalena yatinya ko Yezu yohavuye agenda, akaduga mw’ijuru. Abitumwe n’icipfuzo gikomeye co kugumana n’Umukama wiwe, aragumya Yezu, ntamureke ngo agende. Kugira ngo Yezu amusubirize umutima mu nda yuko hatari bwagere ko agenda, yasavye Mariya ngo areke kumwumirako ahubwo aje kumenyesha abigishwa biwe ko yazutse.—Yohana 20:17, NW.

Ikiyago cabaye hagati ya Yezu na Toma coco cari gitandukanye n’ivyo. Igihe Yezu yabonekera abigishwa bamwe, Toma si ho yari. Mu nyuma, Toma yaraseruye amakenga yari afise ku vyerekeye izuka rya Yezu, avuga yuko atokwemera ko yazutse atabanje kwibonera inguma z’imisumari za Yezu akongera agakoza urutoke rwiwe aho bamucumise icumu mu rubavu. Haciye imisi umunani, Yezu yarasubiye kubonekera abigishwa biwe. Ico gihe hoho, Toma ni ho yari, maze Yezu amusaba gukora kuri za nguma.—Yohana 20:24-27.

Gutyo rero, ku bijanye na Mariya Magadalena, Yezu yariko arabogora icipfuzo kitabereye co kumubuza kugenda. Ku vyerekeye Toma na ho, Yezu yariko arafasha umuntu yari afise amakenga. Muri ivyo bihe vyompi, Yezu yari afise imvo zumvikana zo gukora ukwo kuntu yakoze.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika