ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • wcg ikig. 44 rup. 200-rup. 203
  • ‘Nta wumuruta’

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • ‘Nta wumuruta’
  • Gendana n’Imana n’umutima rugabo
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Niwinjire mu mizi
  • Rondera ivyigwa wohakura
  • Zirikana mu buryo bwagutse
  • Rondera kumenya n’ibindi
  • Yaragaragaje umutima rugabo mu bihe bitoroshe
    Gendana n’Imana n’umutima rugabo
  • Ivyo twigira ku majambo ya nyuma abagabo b’abizigirwa bavuze
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2024
  • Yohani ashaka kwumva ico Yezu ubwiwe avuga
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Ingingo zerekana ko twizigira Yehova
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2023
Ibindi
Gendana n’Imana n’umutima rugabo
wcg ikig. 44 rup. 200-rup. 203

44 YOHANI UMUBATIZI

‘Nta wumuruta’

Integuro icapuwe
Integuro icapuwe

HARAHEZE imyaka amajana Yehova atarungika abahanuzi ngo baje kuburira abasavyi biwe. Ariko yahavuye abarungikira umugabo yitwa Yohani ngo aje kubashikiriza ubutumwa bwiwe. Yaba ukwa wenyene mu bugaragwa bw’i Yudaya. Muri ubwo bugaragwa hariyo ibibuyebuye, inzoka, sikorupiyo, ibikoko bikaze n’abasuma. Kuba aho hantu vyasaba umutima rugabo. Ariko kandi Yohani yaragaragaje umutima rugabo mu kubwira abantu ubutumwa bukomeye buvuye kuri Yehova.

Abavyeyi ba Yohani, Zakariya na Elizabeti, bategerezwa kuba baramubwiye ivyo umumarayika w’Imana yavuze ku bimwerekeye. Rero, Yohani ategerezwa kuba yaratahura ko abwirizwa kuba umuhanuzi w’umunyamwete nka Eliya, Umunaziri nka Samweli kandi agategurira inzira umuntu ahambaye kumurusha yariko araza. Yohani ashikanye imyaka 30 yari gushobora kuba umuherezi nka se wiwe. Ariko yaciye atangura kwigisha abantu ngo bigaye. Yabaye rya ‘jwi risemerera mu bugaragwa’ umuhanuzi Yesaya yari yaravuze. Yarigisha ivyerekeye «Ubwami bwo mw’ijuru» abigiranye ubujijutsi ku buryo abantu benshi cane baza kumwumviriza bavuye mu bisagara iwabo. Abigaye ibicumuro vyabo yaca ababatiza mu mazi. Abafarizayo n’Abasadukayo baje aho ari, yarashira ahabona ububi bwabo abigiranye umutima rugabo kuko batakurikiza amategeko y’Imana nk’uko vyasabwa.

Yohani Umubatizi ahagaze mu ruzi Yorodani ariko aragiriza Abasadukayo n’Abafarizayo. Hari abantu bahejeje kubatizwa hamwe n’abandi bariko baravyihweza.

Kuba Yohani yakora ico gikorwa kidasanzwe ntivyatumye yishira hejuru. Ahubwo, yarabwira abantu yicishije bugufi ko yaje gusa gutegurira inzira umuntu ahambaye kumurusha yoje inyuma yiwe. Mbere yavuze ko atabereye kubohora imigozi y’ibirato vy’uwo muntu. Igihe yabatiza Yezu, yariyumviye ijwi rya Yehova rivuga riti: «Uyu ni Umwana wanje nkunda cane, uwo nashimye.» Mu nyuma igihe Yezu yasubira kuza aho Yohani ari, Yohani yaciye asemerera ati: «Raba Umwagazi w’intama w’Imana, ukuraho igicumuro c’isi!»

Yohani abigiranye ukwicisha bugufi, yararemesheje abigishwa biwe gucika abigishwa ba Yezu. Benshi barabigize, harimwo Andereya mwenewabo na Petero, kumbure na Yohani mwene Zebedayo. Abo bompi bahavuye baba mu ntumwa za Yezu. Haraheze igihe Yezu na Yohani bakora igikorwa kimwe co kubwira abantu ngo babatizwe kugira berekane ko bigaye ibicumuro vyabo. Igihe Yohani yamenya ko abigishwa ba Yezu bariko babatiza abantu benshi kumurusha, ntiyaciye ashavura. Ahubwo abigiranye ukwicisha bugufi yiyemereye ati: «Uwo ategerezwa kuguma aja hejuru, nanje nkaguma nja hasi.»

Ubutumwa Yohani yamamaza bwarababaza abakuru b’amadini n’abategetsi ariko bwaranezereza cane abarindiriye Mesiya

Yohani yaragaragaje kandi umutima rugabo udasanzwe mu kuburira umutegetsi akomeye yitwa Herodi Antipa. Yaramubwiye ko yari abayeho mu buhumbu. Herodi yari yarinjiye idini ry’Abayuda ariko yari yatwaye Herodiya umugore wa mwenewabo. Igihe Yohani yamubwira ko ivyo bintu yakoze bitemewe, yaciye amuta mw’ibohero. Mugabo Herodiya we yashaka ko Yohani yicwa.

Igihe Yohani yari mw’ibohero, yarumvise ko akeneye indemesho. Yaciye atuma babiri mu bigishwa biwe kubaza Yezu bati: «Woba uri umwe twari twiteze, canke turindire uwundi?» Yezu yababwiye ngo baje kumubwira iyi nkuru iteye umunezero: «Impumyi ubu zirabona, . . . abatumva barumva, abapfuye barazurwa.» Naho Yohani yari umuhanuzi nka Eliya, Yehova ntiyigeze amuha ububasha bwo gukora ibitangaro. Igihe rero yumva ibitangaro vyose Yezu ariko arakora, yaciye yumva aremye kuko yari yarateguye abantu ngo bumvirize Yezu.

Haciye igihe gitoyi, Herodiya yararonse akaryo ko kwica Yohani. Umukobwa wiwe yaratambiye Herodi aranezerwa, aca amubwira ngo amusabe ico ashaka cose. Herodiya yaciye yosha uwo mukobwa wiwe ngo asabe umutwe wa Yohani Umubatizi. Naho Herodi atashaka kwica Yohani, yaratinye kumwankira. Yohani yagumanye umutima rugabo gushika apfuye.

Ku bijanye na Yohani, Yezu yavuze ati: «Ndabibabwiye, mu bantu bose babayeho nta wuruta Yohani.» Nta wundi muntu adatunganye yatewe agateka ko kuba rya ‘jwi risemerera mu bugaragwa’ ryategurira inzira Mesiya. Na Musa canke Eliya ntibatewe ako gateka. Gushika n’ubu abakirisu barigira ku mutima rugabo wa Yohani.

Soma iyo nkuru muri Bibiliya:

  • Matayo 3:​1-17

  • Mariko 6:​14-29

  • Luka 7:​18-28

  • Yohani 1:​6-8, 15, 19-37; 3:​25-30

Ikibazo co kuganirako:

Yohani Umubatizi yerekanye gute umutima rugabo?

Niwinjire mu mizi

  1. 1. Yohani Umubatizi na Yezu bapfana iki? (w10 1/9 15 ing. 4-6)

  2. 2. Ni ibiki umuhinga mu vya kahise wo mu kinjana ca mbere yitwa Flavius Josèphe yanditse vyerekana ko Yohani Umubatizi yabayeho? (mrt ikiganiro 14-wcgr) A

    Ifoto A: Ikingorongoro casohowe na Herodi Antipa mu 30 inyuma ya Kristu. Canditseko ngo: «Herodi buramatari w’intara»

  3. 3. Ni mu buryo ubuhe Yohani yari «afise impwemu n’ububasha nk’ivya Eliya»? (Luka 1:17; it «Esprit» ing. 60-wcgr) B

    Udufoto: 1. Yohani Umubatizi ariko araba imbere abigiranye ukwizigira. 2. Eliya ariko arahamagara umuriro ngo uve mw’ijuru ku musozi Karumeli abigiranye umutima rugabo.

    Ifoto B

  4. 4. Ni igiki cerekana ko Yohani atazukiye mw’ijuru? (Mat. 11:11; ijwbq ikiganiro 178 ing. 4-wcgr)

Rondera ivyigwa wohakura

  • Naho Yohani yashikije ubuhanuzi bwo muri Bibiliya yongera arategurira inzira Mesiya, yagumye yifata ruto. (Yoh. 1:​26, 27) Twomwigirako iki?

  • Yohani yari abayeho mu buzima busanzwe, akihebera gukorera Imana. (Mat. 3:4) Ni igiki codufasha kubaho mu buzima busanzwe muri iki gihe? C

    Udufoto: Umugabo n’umugore bakiri bato bariko baraganira nimba bogura imodoka. 1. Bariko bararaba imiduga kuri orodinateri bakaganira uwo bohitamwo. 2. Mu nyuma bariko barasenga. Ku meza imbere yabo hari Bibiliya izinguruye.

    Ifoto C

  • Wokwigana gute umutima rugabo wa Yohani Umubatizi?

Zirikana mu buryo bwagutse

  • Iyi nkuru inyigishije iki ku vyerekeye Yehova?

  • Iyi nkuru ifitaniye isano irihe n’umugambi wa Yehova?

  • Ni ibiki nzobaza Yohani Umubatizi niyazuka?

Rondera kumenya n’ibindi

Raba ingene Yohani yagumye yihanganye kandi akagumana umunezero naho yashikiwe n’ingorane.

«Yohani Umubatizi: Turamwigirako kudatakaza umunezero» (w19.08 29-31)

Akarorero ka Yohani kodufasha gute kwihanganira uruhamo, ingorane z’ivy’ubutunzi no gucika intege kubera tutatewe agateka k’umurimo twipfuza?

Nubigireko—Yohani umubatizi (6:58)

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika