IGICE CA 3
Igihe ca Mesiya n’abigishwa biwe
Integuro icapuwe
Ibivugwa muri iki gice vyabaye mu kiringo c’imyaka nka 100. Mu ntango haravugwa inkuru ya Mariya, Umuyudakazi yicisha bugufi Yehova yashinze ibanga ridasanzwe atari bwigere ashinga uwundi muntu n’umwe. Birangirira ku nkuru ya Yohani, intumwa Yezu yakunda cane. Harimwo n’inkuru z’abantu bagaragaje umutima rugabo nka Yohani Umubatizi, intumwa Petero, Mariya Magadalena, Sitefano hamwe n’intumwa Pawulo. Bose barakeneye umutima rugabo mu bihe bitandukanye. Nk’akarorero, baragize umutima rugabo barabwira abantu ko Yezu ari we Mesiya naho benshi batavyemera. Bariganye Yezu, baramamaza inkuru nziza naho vyatumye abantu babanka bongera barabahama.