ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w96 1/8 rup. 5-7
  • Dukwiye Kuzamba Mana Dute?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Dukwiye Kuzamba Mana Dute?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1996
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Rya Zina Ritegérezwa Kwubahwa
  • Ibintu Bibereye Bija mw Izambo
  • Izindi Mpanuro ku vy’Izambo
  • Amazambo Imana Yumva
  • Ingene twosenga: Igisabisho ca Dawe wa twese coba ari co kibereye?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Niwiyegereze Imana mw’isengesho
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
  • Uburyo bwo Kuronka Imfashanyo mu Gusenga
    Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi
  • Isengesho rirakomeza ubucuti ufitaniye n’Imana
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1996
w96 1/8 rup. 5-7

Dukwiye Kuzamba Mana Dute?

IGIHE umuyoboke umwe yasaba incishabwenge iraba ivy’ukuzamba, Yezu ntiyanse kuyimuha. Dukurikije Luka 11:2-4, yasubijeyo ati: “Ni mwasenga, muvuge muti Data, izina ryawe ryubahwe, ubgami bgawe buze; imisi yose uduhe ivyo kurya vyayo; uduharire ivyaha vyacu, kuko natwe duhebera abari n’imyenda yacu bose; kandi ntutujane mu bitwosha nabi.” Iryo risanzwe rizwi ko ari Izambo ry’Umukama. Ritekeye amabwiro menshi agahinga.

Kimwe, ijambo nyene rya mbere riratubarira uwo amazambo yacu akwiye guturwa—Data wa twese. Urabona ko Yezu ata mwanya namba yasigiye ukuzamba umuntu munaka wundi, igishusho, “umutagatifu,” habe mbere na we nyene. Nanone, Mana yari yaratangaje ati: “Icubahiro canje sinzogiha uwundi, n’ishimwe ryanje sinzoriha ibigirwamana.” (Yesaya 42:8) Amazambo arongôrwa ku kinaka canke ku munaka wundi atari Data wa twese wo mw ijuru rero uno ntayumviriza, naho uwuyatuye yoba abigize ata buryarya gute. Muri Bibiliya, Yehova Mana gusa ni we yitwa ‘uwumva izambo.’—Zaburi 65:2.

Hari abovuga yuko “abatagatifu” bakora gusa bwa bakandizi ku Mana. Ariko Yezu ubwiwe yigishije ati: “Jewe ndi Inzira, n’Ukuri, n’Ubuzima; ntawuja kwa Data, atanciyeko. [Kandi] nzogira ivyo muzosaba kw’izina ryanje vyose, kugira ngo Data aninahazwe muri Mwana.” (Yohana 14:6, 13, Ubwuzure Bushasha [UB]) Yezu rero yarigije inze igishariro c’uko hogira umuntu n’umwe yitwa umutagatifu ashobora kuhaba mu ruhara rw’umukandizi. Itegereze kandi ico umuposolo Paulo yavuze ku biraba Kirisitu: “Ya[ra]pfuye a[ra]heza a[ra]zuka, akaba kandi ari we yicaye iburyo bw’Imana, akongera akatwambariza.” “Ashobora n’ugukiza abegera Imana bamwishimikije.”—Abaroma 8:34; Abaheburayo 7:25, UB.

Rya Zina Ritegérezwa Kwubahwa

Amajambo akurikira yo muri rya zambo rya Yezu yari aya: “Izina ryawe ryubahwe.” Izina rya Mana umuntu yoryubaha gute, ni ukuvuga kuryeraza, kurishira ukwaryo, ata ryo azi kandi ngo abe arikoresha? Mu “Bwuzure bwa Kera” Mana avugwa incuro zirenga 6 000 mw izina ryiwe ry’uruharo Yehova.

Kuri Kuvayo 6:3, akajambo k’amaja epfo mu mpibanuro yitwa Douay Version y’Abagatolika kavuga ibikurikira ku vyerekeye izina ry’Imana: “Aba none bamwebamwe bǎrafabiritse izina rya Yehova . . . , kuko inyaturo nyakuri y’izina [ry’Imana], iriri mu gisomwa c’igiheburayo, kubera ukutarikoresha mu gihe kirekire, ubu isa n’iyatakaye.” Bibiliya y’Abagatolika yitwa Bible de Jérusalem rero ikoresha izina Yahvé. Naho incabwenge bamwebamwe bikundira iyo nyaturo, “Yehova” ni bwo buryo buzwi kandi bwashinzwe kuva kera bw’ukwatura izina ry’Imana mu kirundi. Izindi ndimi zirafise amaryo yazo y’ukwatura izina ry’Imana. Igikuru ni uko dukoresha iryo zina kugira turyubahe. Idini urimwo yoba yarakwigishije gukoresha izina Yehova mw izambo?

Ibintu Bibereye Bija mw Izambo

Ubukurikira Yezu yarigishije abayoboke biwe kuzamba bati: “Ubgami bgawe buze.” Injili ya Matayo irongerako aya majambo: “Ivyo ushaka bigirwe kw’isi nko mw’ijuru.” (Matayo 6:10, UB) Ubwami bw’Imana ni intwaro iri mu minwe ya Yezu Kirisitu. (Yesaya 9:6, 7) Dukurikije ibimenyeshakazoza vya Bibiliya, vuba bugiye gusubirira intwaro z’abantu zose hanyuma buzane ikiringo c’amahoro kuri uwu mubumbe wose. (Zaburi 72:1-7; Daniyeli 2:44; Ivyahishuriwe Yohana 21:3-5) Abakirisu b’ukuri rero, ukuza kw’ubwo Bwami bakugira umutwe-shimikiro uguma ugarukanga mu mazambo yabo. Idini urimwo yoba yarakwigishije kugira ivyo?

Birakwegēra kubona Yezu kandi yararanze ko amazambo yacu yoshobora gushirwamwo kandi ibintu vyacu bwite bituraza ishinga. Yavuze ati: “Imisi yose uduhe ivyokurya vyayo. Uturekurire ibicumuro vyacu, nkuko natwe nyene turekurira abadufitiye umwenda bose. Kandi, ntuturekure ngo dutsindwe n’inyosha mbi.” (Luka 11:3, 4, UB) Amajambo ya Yezu arimwo ivy’uko dushobora kurondera igomba rya Mana mu bintu vya misiyose, yuko dushobora kwegera Yehova ku kintu ico ari co cose gishobora kuba kiduhagaritse umutima canke kituvurugiye amahoro y’umuzirikanyi. Ugutakambira Imana ubudahorereza muri ubwo buryo biradufasha gutegera yuko ari we tuzeye. Turaheza tugacika abazi neza kuruta ico ashobora kugira ku buzima bwacu. Ugusaba Mana buri musi ngo aturekurire inabi zacu na vyo nyene ni nzanakunguko. Gutyo turaheza tugacika abazi neza ubugoyagoye bwacu—bigatuma turushirizaho kuba abarenza uruho rw’amazi ku dukosa tw’abandi. Umwihanikizo Yezu yagize w’uko tuzamba ngo duhabûzwe mu nyosha mbi na wo nyene urabereye, canecane turavye ukuntu ivy’ukwigenza runtu kw’iyi si bitera bigwa. Duhuje n’iryo zambo, turabá maso ngo tuzibukīre ibihe hamwe n’inyifato z’ibintu vyohava bitujana mu bugiranabi.

Nta kibazo kihari rero, rya Zambo ry’Umukama riratubwira vyinshi vyerekeye ugutura amazambo aryohera Mana. Ariko Yezu yoba yari yagabiye ko dufata iryo zambo tukaridondagura gusa tudahengeshanya?

Izindi Mpanuro ku vy’Izambo

Yezu yaratanze izindi ncishabwenge ku vy’izambo. Muri Matayo 6:5, 6, dusoma ibi: “Iyo musenga ntimukabe nka za ndyarya, kuko bakunda gusenga bahagaze mu masinagogi no mu mayirabiri, ngo biyerekane imbere y’abantu; . . . Ariko weho, iy’usenga, uje haruguru mu nzu yawe, wugare urugi, usenge So aba mu mpisho, kandi So, akuboneye mu mpisho, azoguhēra.” Ayo majambo atwigisha yuko izambo ridakwiye gutûrwa mu buryo ruranga, rurata, kugirango dutangaze umuntu. Woba urundumurira umutima wawe Yehova uri mu mpisho, nk’uko Bibiliya ibihimiriza?—Zaburi 62:8.

Yezu yaratanze iyi nkeburo: “Mu gusenga, ntimuvuge menshi nk’abashenzi, bibwira ko bumvirwa iyo bagwije amajambo.” (Matayo 6:7, UB) Birumvikana, Yezu ntiyashimye ivy’ugufata ku mutwe amazambo—habe n’ukuyasoma umuntu ayakura mu gitabu kinaka. Amajambo yavuze arigiza inze kandi ikoreshwa ry’ishapule.

Hariho imiseli imwe ya Gatolika yiyemerera ibi: “Igisabisho cacu ciza bihebuje coshobora kuba ivyiyumviro bitwizanamwo kirya gihe tumwituye ngo tumukengurukire canke iyo hari ico dukenye, mu bihe turi n’intuntu, canke mu kumwambaza kwacu kwa misiyose.” Amazambo ya Yezu bwite yari ayizana, ntiyari ayo yaba yafashe ku mutwe. Nk’akarorero, soma rya zambo rya Yezu ryanditswe muri Yohana ikigabane ca 17. Rirajanye rwose na rya zambo ndorerwako, rikaba ritsindagirira ku cipfuzo Yezu yari na co c’ukubona izina rya Yehova ryerazwa. Izambo rya Yezu ryari iryizana kandi rivuye epfo imutima.

Amazambo Imana Yumva

Niba wǐgishijwe gutura amazambo wafashe ku mutwe, kuzamba “abatagatifu” canke ibishushanyo, canke gukoresha ibintu bifadika vy’idini, nk’ishapule, igishariro c’ukuzamba muri bwa buryo Yezu yacâcagura cobanza kukubera nk’igitera akoba. Yamara, urupfunguzo ni ukuza ku kumenya Mana—izina ryiwe, intēgo ziwe, hamwe n’uwo ari we. Ivyo urashobora kubishitsa uciye ku gutohoza Bibiliya unoza. (Yohana 17:3) Ivyabona vya Yehova baragabirije kugufasha muri ivyo n’umutima ukunze. Washaka, bǎrafashije amamiliyoni hirya no hino kw isi kugira ‘bahonje bumve ukuntu Yehova aryoshe!’ (Zaburi 34:8) Uko urushiriza kuza ku kumenya Mana, ni ko urushiriza kuzoterwa kumushemeza mw izambo. Kandi uko uzorushiriza kwegera Yehova mw izambo ririmwo ukumusonera rwose, ni ko ubucuti ugirana na we buzorushiriza kuba ububanywanisha kuruta.

Abasenzi b’Imana b’ukuri bose rero bahimirizwa ‘gushishikara kuzamba.’ (1 Ab’i Tesalonike 5:17) Uraraba neza yuko amazambo yawe ahuye vy’ukuri na Bibiliya, hamwe na za ncishabwenge Yezu Kirisitu yatanga. Muri ubwo buryo ushobora kwiyemeza udakeka yuko amazambo yawe azoshimwa na Mana.

[Ifoto ku rup. 7]

Uko turushiriza kwegenya ivya Yehova ni ko duterwa kumuzamba bivuye ku mutima

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika