ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w96 1/8 rup. 8-9
  • Filipo Abátiza Umutware Munyetiyopiya

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Filipo Abátiza Umutware Munyetiyopiya
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1996
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • ‘Ikimbuza Kubatizwa Ni Igiki?’
  • Icigwa Duhabwa
  • Wari ubizi?
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2024
  • Numenyeshe «inkuru nziza yerekeye Yezu»
    “Nushinge intahe inogangije ku vyerekeye Ubwami bw’Imana”
  • Ingene wokwitegurira kubatizwa
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2023
  • Gukwiza Ibisabwa Kugira Umuntu Abatizwe Rukirisu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1996
w96 1/8 rup. 8-9

Bǎragize Igomba rya Yehova

Filipo Abátiza Umutware Munyetiyopiya

IGIHE umunyetiyopiya umwe yari mu mukogote wiwe, yariko akoresha umwanya wiwe mu buryo bw’urwevu. Yariko asomera hejuru—ukaba wari umumogorero wakunda kugirwa n’imfatarugendo bo mu kinjana ca mbere. Uwo mugabo arí n’ico yisangije yari umutware “[w]’ububasha bginshi yakorera Kanidake, umugabekazi w’Abanyetiyopiya.”a Uwo “yazezwa itunga ryiwe ryose”—kukaba nkako, yari umushikiranganji w’ikigega. Uwo mutware yariko asoma Ijambo ry’Imana kugira aronke ubumenyi.—Ivyakozwe n’intumwa 8:27, 28.

Mu micungararo hǎriho umwamamazanjili Filipo. Umumarayika yari yamurongōye kuja aho hantu, buno na ho abwirwa ati: “Ni wēgēre uriya mukogote, ugendane na wo.” (Ivyakozwe n’intumwa 8:26, 29) Turashobora kwiha ishusho Filipo ariko yibaza, ati ‘Uyu mugabo ni uwa he? Ariko asoma ibiki? Ni kuki narongôwe kuja kuri we?’

Uko Filipo yariko yirukanga iruhande ya nya mukogote, asama ijwi rya nya munyetiyopiya asóma aya majambo: “Yajanywe nk’intama bajana mw ibāgiro, nk’uk’umwagazi w’intama utekerereza imbere y’uwukemura ni kw atākūyek’umunwa. Hamwe yacishwa bugufi barēngānye urubanza rwiwe, ab’urunganwe rwiwe ni nde azoshobora kubadondora? Kuk’ubu[zima] bgiwe bukūwe mw isi.”—Ivyakozwe n’intumwa 8:32, 33.

Buno nyene Filipo aca aribuka ico gihimba. Cari ikiva mu candiko ca Yesaya. (Yesaya 53:7, 8) Nya munyetiyopiya yarateshejwe umutwe n’ivyo yariko arasoma. Filipo yanzika ikiyago mu kubaza ati: “Ivyo usoma urabitahuye?” Nya munyetiyopiya asubizayo ati: “Nobishobora nte, ntabonye ūbindōngōramwo?” Maze aca yinginga Filipo yiyunge kuri we mu mukogote wiwe.—Ivyakozwe n’intumwa 8:30, 31.

‘Ikimbuza Kubatizwa Ni Igiki?’

“Ndakubaza,” ni ko nya munyetiyopiya yabariye Filipo, “uwavugishwa n’Imana yavuze ayo majambo kuri nde? Ni we yayīvuzeko, canke yayavuze ku wundi?” (Ivyakozwe n’intumwa 8:34) Ukuvurunganirwa kw’uwo munyetiyopiya ntikwari gutangaje, kuko akaranga k’“intama” canke “umushumba” avugwa mu bimenyeshakazoza vya Yesaya kari kamye ari inyobera. (Yesaya 53:11) Ewe kuntu ivyo bitegerezwa kuba vyaratonganutse igihe Filipo yamenyesha nya munyetiyopiya ‘inkuru nziza yerekeye Yezu’! Haciye akanya nya munyetiyopiya avuga ati: “Ehe amazi: ikimbuza kubatizwa n’igiki?” Ni ho Filipo yamubatiza buno aho nyene.—Ivyakozwe n’intumwa 8:35-38.

Ico coba cari igikwaku gihutagijwe? Habe namba! Uwo munyetiyopiya yari uwakebanukiye Ubuyuda.b Urumva rero ko yari umusenzi wa Yehova afise ubumenyi bw’Ivyanditswe, dushizemwo ibimenyeshakazoza vya kimesiya. Ariko rero, nya bumenyi bwiwe ntibwari bunonosoye. Buno ko yari yaronse ayo mabwiro nkenerwa cane yerekeye uruhara rwa Yezu Kirisitu, nya munyetiyopiya yaratahuye ico Mana amusaba hanyuma aba agabirije kugamburuka. Ibatisimu yari ibereye.—Matayo 28:18-20; 1 Petero 3:21.

Mu nyuma, ‘impwemu ya Yehova ijana ningoga Filipo.’ Uno yabandanirije ku kindi kigabu gishingwano. Nya munyetiyopiya ‘ashishikara kugenda anezerewe.’—Ivyakozwe n’intumwa 8:39, 40.

Icigwa Duhabwa

Ko turi abasuku ba Yehova ba none, dushinzwe ibango ry’ugufasha abantu b’umutima nzirabugunge ngo bamenye ukuri kw’Ijambo ry’Imana. Abatari bake bǎrerewe igihe bashikiriza abandi inkuru nziza iyo bari ku ngendo canke mu bindi bihe baba batategekanije. Ico umurimo w’ugukwiririza Ubwami uvamwo, buri mwaka ibihumbi amajana baragereranya ubwiyegure bwabo kuri Yehova Mana mu kubatizwa.

Birumvikana, abakiri bashasha ntibakwiye guhutagirizwa mw ibatisimu. Ubwa mbere bategerezwa kubanza kuronka ubumenyi ntagakosa bwa Yehova Mana n’ubw’Umwana wiwe, Yezu Kirisitu. (Yohana 17:3) Maze bategerezwa kwihana, bagaheba inyirongōro mbi hanyuma bagahindukira kugira bakurikize imfatirwako za Mana. (Ivyakozwe n’intumwa 3:19) Ivyo bitwara igihe, canecane iyo ukwiyumvira bo n’inyirongōro bibi vyabaranzemwo imizi. Naho abashasha bakwiye kurimbura ico ukuba umuyoboke mukirisu bisaba, hariho imihezagiro ihambaye iva mu kwinjira ubucuti bw’ubwiyegure umuntu agiranira na Yehova Mana. (Gereranya na Luka 9:23; 14:25-33.) Abari Ivyabona vya Yehova n’ubushwashwanutsi n’akantu bararongōra abashasha mwen’abo kw iyungungane Mana ariko akoresha kugira ashitse igomba ryiwe. (Matayo 24:45-47) Nka wa munyetiyopiya, abo bazonezerwa n’ukumenya hamwe n’ugukurikiza ico Mana asaba kuri bo.

[Utujambo tw’epfo]

a “Kanidake” si izina ry’umuntu, ahubwo n’iry’ubukuru (rimeze nka “Farawo” canke “Kayisari”) ryakoreshwa ku rusubirirane rw’abagabekazi ba Etiyopiya.

b Abakebanuke bari abatari Abisirayeli, bǎri bacaguye kumata ku Mateka ya Musa.—Abalewi 24:22.

[Uruzitiro ku rup. 8]

Ni Kuki Yitwa Inkone?

Muri iyo nkuru yose yo mu Vyakozwe n’intumwa ikigabane c’8, wa munyetiyopiya avugwa ko yari “inkone.” Ariko rero, kubera ko Amateka ya Musa atemerera umurume ashahutse kwinjira mw ikorane, uwo mugabo biboneka ko atari inkone bukone. (Gusubira mu vyagezwe 23:1) Ijambo ry’ikigiriki rihibanuwe ngo “inkone” rishobora kwerekeza ku muntu afise ubutware bukirurutse. Gutyo, nya munyetiyopiya yari umutware munsi y’umugabekazi wa Etiyopiya.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika