Dusangire Impumurizo Yehova Atanga
“Ivyo tubazigako birashikamye, kuko tuzi yuko, ko musangiye natwe iyo mibabaro, dusangiye n’ukuyi[humurizwa].”—2 AB’I KORINTO 1:7.
1, 2. Abatari bake bǎcitse Abakirisu muri iki gihe bashikiwe n’ibiki?
ABASOMYI batari bake b’Umunara w’Inderetsi b’ubu bǎkuze batagira ubumenyi bw’ukuri kw’Imana. Ngirango no kuri wewe ni ko bimeze. Niba ari ukwo biri, kubitiza agatima mpembero ku kugene wumvise umerewe aho amaso yawe y’ubutahuzi yatangura guhumuka. Nk’akarorero, igihe watahura ari bwo bwa mbere yuko abǎpfuye batariko baracumukura ariko ko ata co bazi, ntiwumvise uremuruwe none? N’igihe wamenya icizigiro kihari ku bapfuye, c’uko amamiliyoni bazozukira ubuzima mw isi nshasha y’Imana, ntiwumvise uhumurijwe?—Umusiguzi 9:5, 10; Yohana 5:28, 29.
2 Ya nsezeranwa y’Imana y’uguheza ubukozi bw’ikibi n’uguhindura iyi si mw iparadizo, yoyo bite? Igihe wamenya ivyo, ntivyaguhumurije none bikanakwuzuza ukuvyitegana umushasharo? Wǔmvise umerewe ute igihe wamenya ari bwo bwa mbere ivy’uko bishoboka ko umuntu atigera apfa, ariko ko arokoka akinjira muri iyo Paradizo yo kw isi iri mu kuza? Nta mazinda, wumvise bikunyurīriye. Egome, wararonse ubutumwa buhumuriza bw’Imana, uburiko burakwiririzwa kw isi yose n’Ivyabona vya Yehova.—Zaburi 37:9-11, 29; Yohana 11:26; Ivyahishuriwe Yohana 21:3-5.
3. Ni kuki abasangira n’abandi ubutumwa buhumuriza bw’Imana na bo nyene bacumukuzwa n’amarushwa?
3 Ariko rero, igihe wagerageza gusangira n’abandi nya butumwa bwa Bibiliya, warahavuye uratahura kandi yuko “ukwizera kudafiswe na bose.” (2 Ab’i Tesalonike 3:2) Kumbure bamwe mu bahoze ari abagenzi bawe bǎragushinyuriye ngo ni uko userura ukwizera mu nsezeranwa zo muri Bibiliya. Hari aho mbere woba waracumukujwe n’uruhamo kubera ukubandanya gutohoza Bibiliya uri kumwe n’Ivyabona vya Yehova. Ururwanyo rushobora kuba rwaragwiriranye igihe watangura kugira amahinduka ngo ubuzima bwawe ubuhuze n’ingingo za Bibiliya. Waratanguye gushikirwa n’amarushwa Shetani n’isi yiwe bizana ku bemera bose impumurizo Imana itanga.
4. Abashimishwe bashasha amarushwa bayifatamwo mu buryo butandukanye ubuhe?
4 Ikibabaje, nk’uko Yezu yari yarabibûye, amarushwa aratuma bamwe batsitara bagasigaho kuja hamwe n’ikorane rikirisu. (Matayo 13:5, 6, 20, 21) Hari abandi barindirako amarushwa mu kuguma imizirikanyi yabo bayishinze ku nsezeranwa mpumuriza bariko bariga. Amaherezo baregurira Yehova ubuzima bwabo hanyuma bakabatizwa bakaba abayoboke b’Umwana wiwe Yezu Kirisitu. (Matayo 28:19, 20; Mariko 8:34) Ntiwumve, amarushwa ntaca acika igihe Umukirisu abatijwe. Nk’akarorero, ku muntu yakuze agira ubushegabo, kuguma atyorotse bishobora kuba urugamba rugumye. Abandi barinze kugigana n’ururwanyo rudacureha baterwa n’abaharurwa b’urugo batizeye. Nya marushwa yaba maki, abakurikirana ubuzima bw’ukwiyegurira Imana badata ubwizerwe barashobora kwemera ikintu kimwe ata nkeka. Mu buryo bw’umwumwe wese, bazokwibonera impumurizo n’imfasho biva ku Mana.
‘Ya Mana Ihumuriza Imibabaro Yose’
5. Turetse vya bigeragezo vyinshi vyacumukuza Paulo, ni ibiki kandi vyamushikiye?
5 Umwe mu bashitswe rwose n’impumurizo Imana itanga yari umuposolo Paulo. Inyuma y’igihe kidasanzwe c’ibigeragezo vyamushikiye muri Aziya no muri Makedoniya, yararemuruwe cane n’ukwumva yuko ikorane ry’i Korinto ryakiriye neza ikete ryiwe ry’igikangīro. Ivyo vyatumye abandikira ikete rigira kabiri, ari ryo ririmwo iyi nseruro y’ishemezo ikurikira: “Imana y’Umwami wacu Yesu Kristo, ari yo Se, iragahezagirwa, Data wa twese w’imbabazi, kand’Imana [ihumuriza] imibabaro yose, [iduhumuriza] mu marushwa yacu yose.”—2 Ab’i Korinto 1:3, 4.
6. Ni icigwa giki dukura mu majambo Paulo yanditse dusanga mu 2 Ab’i Korinto 1:3, 4?
6 Ayo majambo yahumetswe arimwo vyinshi utoraba. Reka tuyihweze. Igihe Paulo aserurira Imana ishemezo canke ikurabwatsi, canke akayitura insabo mu makete yiwe, dukunda gusanga ashiramwo kandi ugushikwa na Yezu kwiwe kugera ibwina, we Mutwe w’ikorane rikirisu. (Abaroma 1:8; 7:25; Abanyefeso 1:3; Abaheburayo 13:20, 21) Ni co gituma Paulo iyo nseruro y’ishemezo ayitura “Imana y’Umwami wacu Yesu Kristo, ari yo Se.” (Impiriko ni izacu.) Maze, ari bwo bwa mbere mu vyandiko vyiwe, arakoresha izina ry’Ikigiriki rihibanuwe ngo “imbabazi.” Iryo zina rivuye mw ijambo rikoreshwa mu guserura intuntu iyo uwundi ariko aracumukura. Gutyo Paulo adondora inyiyumvo zen’ikibabarwe, izo Imana igirira uwo ari we wese mu basuku bayo b’abizerwa bariko bacumukuzwa n’amarushwa—inyiyumvo zen’ikibabarwe zitumá Imana ikora mu buryo bw’ikigongwe ku neza yabo. Ubuhereza, Paulo yahanga amaso Yehova nka we sôko ry’iyo nsinzoke nyipfuzwa mu kumwita “Data wa twese w’imbabazi.”—Impiriko ni izacu.
7. Ni kuki vyovugwa ko Yehova ari ‘Imana ihumuriza imibabaro yose’?
7 “Imbabazi” z’Imana zanzukamwo indemururo ku wuba ariko acumukuzwa n’amarushwa. Paulo rero abandanya adondora Yehova ko ari “Imana [ihumuriza] imibabaro yose.” Gutyo, impumurizo dushobora kuronkera ku buntu bw’abizeye bagenzacu yaba nki, dushobora guhanga amaso Yehova nka we sôko. Nta mpumurizo nyakuri iramba idaturuka ku Mana. Ndetse, ni na yo yaremye umuntu mw ishusho yayo, gutyo bigatuma dushobora kuba abahumuriji. Kandi impwemu yera y’Imana ni yo ivyurira abasuku bayo kuranga imbabazi ku bakeneye guhumurizwa.
Barigishijwe Kuba Abahumuriji
8. Naho Imana atari yo sôko ry’ibigeragezo bidushikira, ni ingaruka nzananyungu iyihe ukurindirako amarushwa kwacu kugira kuri twebwe?
8 Naho Yehova Mana arekura vya bigeragezo bitari bimwe bishikira abasuku bizerwa biwe, ntabwo yigera aba sôko rya mwen’ivyo bigeragezo. (Yakobo 1:13) Ariko rero, impumurizo aturonsa igihe turindirako amarushwa ishobora kutwigisha kurushiriza kuvyurirwa ikigongwe n’ivyo abandi bakeneye. Bigaheza bikanzukamwo iki? ‘Kugira ngo natwe tubone uko duhumuriza imibabaro abari mu marushwa yose, tubahumuriza biciye ku mpumurizo twebwe ubwacu duhūmurishwa n’Imana.’ (2 Ab’i Korinto 1:4) Gutyo Yehova aratwigisha kuba abasangira impumurizo yiwe ba kirumara tukayisangira n’abizeye bagenzacu hamwe n’abo tubonanira mu gikorwa ngenerwa cacu uko twigana Kirisitu kandi ‘tugahumuriza abagandaye bose.’—Yesaya 61:2; Matayo 5:4.
9. (a) Ni igiki kizodufasha kurindirako ubucumukure? (b) Abandi bahumurizwa gute igihe twebwe turindiyeko n’ubwizerwe amarushwa?
9 Paulo yararindiyeko imicumukuro myinshi, abikesheje impumurizo igwiriye yaronse ku Mana biciye kuri Kirisitu. (2 Ab’i Korinto 1:5) Na twebwe nyene turashobora kwironkera impumurizo nini mu kuzirikana ku nsezeranwa nyagaciro z’Imana, mu kuzamba dusaba inshigikiro y’impwemu yera yiwe, no mu kwibonera inyishu Imana iduha ku mazambo yacu. Gutyo tuzokomezwa kugira tubandanye gushigikira ububesegaba bwa Yehova no guhinyuza ya Diyǎbule ko ari imbêshi. (Yobu 2:4; Imigani 27:11) Iyo twarindiyeko n’ubwizerwe amarushwa y’ubwoko bwose, ivugangwa ryose dukwiye, nka kumwe kwa Paulo, kuriha Yehova uwo impumurizo yiwe ishoboza Abakirisu kuguma ari abizerwa munsi y’ibigeragezo. Ukurindirako kw’Abakirisu bizerwa kuragira ingaruka mpumuriza ku kivukano, kugatuma abandi biyemeza ‘kurindirako imibabaro imeze nk’iyacu.’—2 Ab’i Korinto 1:6.
10, 11. (a) Ibintu bimwebimwe vyateye ubucumukure ikorane ry’i Korinto ha kera ni ibiki? (b) Paulo yahumurije ate ikorane ry’i Korinto, kandi ni icizigiro giki yaseruye?
10 Abanyakorinto baragize umugabane wabo w’imicumukuro iza ku Bakirisu b’ukuri bose. Vyongeye, bari bakeneye impanuro kugira bace umusambanyi atihana. (1 Ab’i Korinto 5:1, 2, 11, 13) Ukunanirwa gukora ivyo no guheza amaruru n’amacakubiri vyari vyasīze iceyi ikorane. Ariko amaherezo barakurikije impanuro ya Paulo hanyuma barerekana ukwihana nyakwo. Ni co gituma yabakeje n’igishika kandi akavuga icese yuko ukuntu bakiriye iryo kete yabandikiye kwamuhumurije. (2 Ab’i Korinto 7:8, 10, 11, 13) Biboneka yuko uwo mucibwe na we nyene yari yihanye. Ni ho Paulo yabahanura ‘kumuharira no kumuhumuriza, kugira ngo ntagire umubabaro birenze.’—2 Ab’i Korinto 2:7.
11 Ikete rya Paulo rigira kabiri ritegerezwa vy’ukuri kuba ryarahumurije ikorane ry’i Korinto. Kandi uwo wari umwe mu migabo yari afise. Yasiguye uku: “Ivyo tubazigako birashikamye, kuko tuzi yuko, ko musangiye natwe iyo mibabaro, dusangiye n’uku[yihumurizwa].” (2 Ab’i Korinto 1:7) Mu gusozera ikete ryiwe, Paulo yahimirije ati: ‘Mubandanye . . . guhumurizwa, . . . kandi ya Mana y’urukundo n’amahoro izobana namwe.’—2 Ab’i Korinto 13:11.
12. Ni inkenero nki Abakirisu bose bafise?
12 Ese icigwa gihambaye dushobora gukura muri ivyo! Abaharurwa bose b’ikorane rikirisu barakeneye ‘gusangira impumurizo’ Imana itanga ibicishije mw Ijambo ryayo, ku mpwemu yera yayo no kw iyungungane ryayo ryo kw isi. N’abacibwe nyene bashobora gukenera guhumurizwa niba bihanye bagahubūra ingendo yabo y’ugukora ikibi. Gutyo, “wa mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge” (NW) yarashinze intunganyo ndangambabazi y’ukubasahiriza. Rimwe mu mwaka, abakurambere babiri bashobora kugendera abacibwe bamwebamwe. Bano bashobora kuba batakiranga agatima k’ukugarariza canke kuba batakija mu caha gikomeye, bagashobora kuba bakeneye gufashwa ngo batere intambwe zikenewe kugira bagarukanwe.—Matayo 24:45; Ezekiyeli 34:16.
Amarushwa Paulo Yaboneye Muri Aziya
13, 14. (a) Paulo yadondoye ate igihe c’amarushwa akomakomeye yaboneye muri Aziya? (b) Ni inzeduka nki Paulo yoba yariko yiyumvira?
13 Ubwoko bw’ubucumukure bwari bwashikiye ikorane ry’i Korinto gushika ico gihe ntibwoshoboye kugereranywa n’amarushwa menshi Paulo yabwirijwe kurindirako. Gutyo, yarashoboye kubibutsa ati: “[Ntitu]gomba yuko mutamenya amarushwa yatubayeko muri Asiya, ko twaremerewe cane, biruta uko dushobora, bigatuma twihebura ko tutagikiza amagara yacu: kandi [twariyumvisemwo] yuko duciriwekw iteka ryo gupfa, kugira ngo ntitwiyizigire ubgacu, ariko twizigire Imana izura abapfuye: yadukijije urupfu rukomeye rurtyo, kand’izodukiza; ni yo twizigira yukw izokwama irudukiza.”—2 Ab’i Korinto 1:8-10.
14 Abahanga mu vya Bibiliya bamwebamwe bemera yuko Paulo yariko avuga umugumuko wabaye i Efeso, uwari gushobora guhitana ubuzima bwa Paulo n’abo vyari bisangiye urugendo babiri b’Abanyamakedoniya, Gayo na Arisitariko. Abo Bakirisu babiri barafashwe ku nguvu batwarwa mu kibuga c’ibirori cari gipakiyemwo isinzi ry’abantu ‘bǎmaze nk’amasaha abiri basemerera, bati Arutemi [imanakazi] y’Abanyefeso irahambaye.’ Amaherezo umukuru umwe wo muri ico gisagara yarashoboye gutururuza iryo shengero. Iryo hanamirwa ry’ubuzima bwa Gayo na Arisitariko ritegerezwa kuba ryarababaje Paulo bimwe bikomeye. Kukaba nkako, yashaka kwinjira ngo ategêze kumwe n’iryo sinzi ry’abakimbīrizi, ariko yaragaruwe kugira ntahakwe ubuzima bwiwe muri ubwo buryo.—Ivyakozwe n’intumwa 19:26-41.
15. Ni inyifato y’ibintu nki ibabaje gushika kure yoba idondowe mu 1 Ab’i Korinto 15:32?
15 Ariko rero, Paulo ashobora kuba yariko adondora inyifato y’ibintu ibabaje gushika kure rwose kuruta iyo nzeduka duhejeje kuvuga. Mw ikete rya mbere Paulo yandikiye Abanyakorinto, yabajije ati: “Asangwa narwaniye n’ibikōko muri Efeso, ndi mu buryo bg’abantu gusa, bimmarira iki?” (1 Ab’i Korinto 15:32) Ivyo bishobora kuba bisobanura yuko ubuzima bwa Paulo butari bwahanamiwe gusa n’abantu bigenza runyamaswa, ariko n’ibikôko bukôko vy’ibinyeshamba, mu kibuga c’ibirori c’i Efeso. Inkozi z’ikibi rimwe na rimwe zahanishwa uguhatwa kinguvu ngo barwane n’inyamaswa, bugingo amasinzi anyotewe ugusesa amaraso yaba ariko yirorerera. Niba Paulo yashaka kuvuga yuko yari yarahanganye n’inyamaswa bunyamaswa, ategerezwa kuba yarakingiwe ugupfa nabi ku mwanya wa nyuma, mu buryo bw’igitangaro, nka kumwe nyene Daniyeli yakurwa mu menyo y’intambwe butambwe.—Daniyeli 6:22.
Uturorero Muri Iki Gihe
16. (a) Ni kuki Ivyabona vya Yehova benshi bashobora kuvuga ko babona amarushwa nk’ayo Paulo yabonye? (b) Ni ibiki dushobora kwemera tudakeka ku biraba abǎpfuye bazira ukwizera kwabo? (c) Ni ingaruka nziza nki yahabaye igihe Abakirisu baponyoka bigoranye bagakira urupfu?
16 Abakirisu benshi ba kino gihe barashobora kugira ico bapfana n’amarushwa yacumukuje Paulo. (2 Ab’i Korinto 11:23-27) Muri iki gihe na ho nyene, Abakirisu barashikiwe n’ “amarushwa . . . biruta uko [ba]shobora,” kandi benshi barahanganye n’inyifato z’ibintu aho ‘bihebura ku vy’ukurokora amagara yabo.’ (2 Ab’i Korinto 1:8) Bamwe baguye mu minwe y’abagandagura ikivunga bo n’abahamyi b’ibimwenyi. Turashobora kwemera tudakeka yuko ububasha mpumuriza bw’Imana bwabashoboje kurindirako n’uko bǎpfuye imitima n’imizirikanyi bishinze ubutanyiganyiga kw iranguka ry’icizigiro cabo, kino caba icizigiro c’ijuru canke c’isi. (1 Ab’i Korinto 10:13; Ab’i Filipi 4:13; Ivyahishuriwe Yohana 2:10) Mu bindi bihe, Yehova yarahinanuye ibintu abavukanyi bacu bararokorwa bakizwa urupfu. Nta mazinda, abǎrokowe mwen’ukwo barakujije ukwizigira kwongerekanye, mu “[M]ana izura abapfuye.” (2 Ab’i Korinto 1:9) Mu nyuma, barashoboye kuvugana injijuko nini kuruta, bugingo basangira n’abandi ubutumwa bw’Imana buhumuriza.—Matayo 24:14.
17-19. Ni ibiki vyashitse biranga ko abavukanyi bacu mu Rwanda babaye abasangiye impumurizo iva ku Mana?
17 Ubuheruka, Abavukanyi bacu dukunda bo mu Rwanda baraciye mu bintu bimeze nk’ivyo Paulo na bagenziwe babonye. Abatari bake barahasize ubuzima, ariko utwigoro twa Shetani twarananiwe guhonya ukwizera kwabo. Ahubwo, abavukanyi bacu muri ico gihugu bariboneye impumurizo y’Imana mu buryo bwinshi umwumwe ukwiwe. Muri rya honyabwoko ryo ku Batutsi n’Abahutu baba mu Rwanda, hariho Abahutu bahatswe ubuzima bwabo barondera gukingira Abatutsi, hamwe n’Abatutsi bakingiye Abahutu. Bamwe bishwe n’intagondwa bazizwa ugukingira abizeye bagenzabo. Akarorero, hari umuvukanyi w’Umuhutu yitwa Gahizi yishwe inyuma y’aho anyegereje Icabona w’Umututsikazi yitwa Chantal. Umugabo wa Chantal, uno akaba Umututsi, ari we Jean, yanyegejwe ahandi hantu n’umuvukanyikazi w’Umuhutu yitwa Charlotte. Jean hamwe n’uwundi muvukanyi w’Umututsi bagumye banyegejwe mu gifumbiro kinini bamarayo imisi 40, bakavayo gusa mw ijoro, kumara akanya gatogato. Ico gihe cose, Charlotte yarabaronsa ibifungurwa akongera akabakingira naho nyene yaba hambavu y’ikambi y’ingabo z’Abahutu. Kuri uru rupapuro, uhabona ipica ya Jean na Chantal basubiye hamwe, bakaba bakurira ubwatsi abasenzi bagenzabo b’Abahutu kubona bano ‘bârahatswe gucibwa amazosi kubera bo,’ kumwe nyene Purisikila na Akwila bagirira umuposolo Paulo.—Abaroma 16:3, 4.
18 Uwundi Cabona w’Umuhutu, Rwakabubu, yarashemejwe n’ikinyamakuru Intaremara kubera ugukingira abizeye bagenziwe b’Abatutsi.a Cavuze icese kiti: “Hariho na Rwakabubu, umwe mu Vyabona vya Yehova, yabandanije kunyegeza abantu irya n’ino mu bavukanyi biwe (uko ni ko abasangiye ukwizera bītana). Yaramara umusi wose uko ungana abagemurira ibifungurwa n’amazi yo kunywa naho nyene arwaye asima. Ariko Imana yaramugize uwukomeye mu buryo budasanzwe.”
19 Rimbūra kandi inyabubiri imwe y’Abahutu bubatse bari abashimishwe, bitwa Nicodeme na Athanasie. Imbere y’uko ihonyabwoko ryaduka, iyo nyabubiri y’abubakanye bari bahoze batohoza Bibiliya kumwe n’Icabona w’Umututsi yitwa Alphonse. Baremeye guhakwa ubuzima bwabo, barahisha Alphonse mu nzu iwabo. Mu nyuma bǎratahuye yuko inzu kitari ikibanza kitagira inkomanzi, kubera ko ababanyi babo b’Abahutu bari bazi ivya nya mugenzi wabo w’Umututsi. Ku bw’ico, Nicodeme na Athanasie banyegeza Alphonse mu kinogo, mu kigo iwabo. Iryo ryari icenga ryiza, kuko nya babanyi bǎtanguye kuza kurondera Alphonse hafi buri musi. Bugingo Alphonse yari aryamye muri nya kinogo mu kiringo c’imisi 28, yarazirikana ku nkuru za Bibiliya nk’imwe ya Rahabu, uwanyegeje Abisirayeli babiri mw idari ry’inzu yiwe i Yeriko. (Yosuwa 6:17) Ubu Alphonse arabandanya ubusuku bwiwe mu Rwanda bw’ugukora bwa mukwiririji w’inkuru nziza, akaba akura ubwatsi kubona abatohoji ba Bibiliya biwe barahatswe ubuzima bwabo kubera we. Nicodeme na Athanasie bobo? Ubu ni Ivyabona vya Yehova babatijwe bakaba barongōra inyigo za Bibiliya zirenga 20 bagirana n’abantu bishimisha.
20. Yehova yahumurije gute abavukanyi bacu mu Rwanda, ariko ni inkenero nki ihozako abenshi muri bo bafise?
20 Ico gihe ihonyabwoko mu Rwanda ryatangura, hǎri abavugiraheru 2 500 b’inkuru nziza muri ico gihugu. Naho abashika amajana bahasize ubuzima canke bagateshwa igihugu bagahunga, igitigiri c’Ivyabona carongerekanye gushika ku 3 000 birenga. Ico ni igihinyuza c’uko atari ivy’imbeshere Imana yahumurije abavukanyi bacu. Hovugwa iki ku mpfuvyi nyinshi n’abapfakazi benshi bo mu Vyabona vya Yehova? Birumvikana ko abo bagicumukuzwa n’amarushwa bakaba kandi bakeneye impumurizo ihozako. (Yakobo 1:27) Amosozi yabo azohanagurwa buhere izuka niryaba honyene, mw isi nshasha y’Imana. Naho ari ukwo, babikesheje ugukorerwa n’abavukanyi babo no kubera ko ari abasenzi ba ‘ya Mana ihumuriza imibabaro yose,’ barashoboye kwirwanako mu buzima.
21. (a) Ni hehe handi abavukanyi bacu bakeneye bimwe bibi impumurizo iva ku Mana, kandi uburyo bumwe twese dushobora gufashamwo ni ubuhe? (Raba uruzitiro “Impumurizo mu Myaka Ine y’Intambara.”) (b) Inkenero dufise y’impumurizo izotururuzwa bimwe birumye ryari?
21 Ahandi hantu henshi, nko muri Eritreya, Singapuru, n’ahahoze ari Yugosilaviya, abavukanyi bacu barabandanya gusukurira Yehova n’ubwizerwe hakabe amarushwa. Nidufashe abavukanyi mwen’abo mu gutura intakambo tudahorereza kugira bashobore kuronka impumurizo. (2 Ab’i Korinto 1:11) Kandi, turindireko n’ubwizerwe gushika igihe Imana izobicisha kuri Yezu “[iga]hanagura amosozi yose ku maso [yacu]” mu nyuro yuzuye bidahaze. Maze tuzokwibonera ku rugero rurumye, ya mpumurizo Yehova azotanga muri ya si nshasha yiwe y’ubutungane.—Ivyahishuriwe Yohana 7:17; 21:4; 2 Petero 3:13.
[Akajambo k’epfo]
a Umunara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 1 Nzero 1995, urupapuro 26, wariganye ivyashikiye umwigeme wa Rwakabubu, ari we Debora, uwo izambo ryiwe ryakoze ku mutima akagwi k’abasoda b’Abahutu rigakiza nya muryango kugandagurwa.
Woba Ubizi?
◻ Ni kuki Yehova yitwa ‘Imana ihumuriza imibabaro yose’?
◻ Amarushwa dukwiye kuyabona dute?
◻ Dukwiye gusangira impumurizo na bande?
◻ Inkenero dufise y’impumurizo izotururuzwa bimwe birumye gute?
[Ifoto ku rup. 31]
Jean na Chantal, naho ari Ivyabona b’Abatutsi, Ivyabona b’Abahutu bǎrabanyegeje ahantu hatandukanye, muri ca gihe c’ihonyabwoko ryo mu Rwanda
[Ifoto ku rup. 31]
Ivyabona vya Yehova barabandanya gusangira n’ababanyi babo ubutumwa bw’impumurizo bw’Imana mu Rwanda