Impumurizo Nyakuri Ishobora Kuva Hehe?
“Imana y’Umwami wacu Yesu Kristo, ari yo Se . . . i[duhumuriz]a mu marushwa yacu yose.”—2 AB’I KORINTO 1:3, 4.
1. Ni ibintu ibihe vyoshobora gutuma abantu bumva ko bakeneye cane impumurizo?
INDWARA imugaza yotuma umuntu yumva ko ubuzima bwiwe butakivayo. Vya nyamugigima, ibihuhusi be n’ikigoyi bituma abantu basigara bifumbereje. Indwano yoshobora gutuma abantu bo mu muryango bahasiga ubuzima, inzu zisambuka, canke abantu bata izabo. Akarenganyo koshobora gutuma abantu bumva ko ata na hamwe bafise bitura. Abantu bashikirwa n’amakuba nk’ayo barakeneye impumurizo bimwe bidasanzwe. Iyo mpumurizo ishobora kuva hehe?
2. Ni kubera iki impumurizo Yehova atanga ari ntangere?
2 Abantu bamwebamwe be n’amashirahamwe amwamwe barihatira gutanga impumurizo. Amajambo aranga umutima mwiza arashimwa. Utwigoro two gutabara mu buryo bw’umubiri turafasha kuronsa umuntu ivyo akeneye bimwe vyihutirwa. Ariko Yehova wenyene, ya Mana y’ukuri, ni we ashobora gusubiza mu buryo ibintu vyose vyononekaye akongera agatanga imfashanyo ikenewe kugira ngo ivyago nk’ivyo ntibize vyigere bisubira gushika. Bibiliya iravuga ku bimwerekeye iti: “Imana y’Umwami wacu Yesu Kristo, ari yo Se, iragahezagirwa, Data wa twese w’imbabazi, kand’Imana yirura imibabaro yose, i[duhumuriz]a mu marushwa yacu yose, kugira ngo natwe tubone uko twirura abari mu marushwa yose, tuyibiruza uko natwe twiruwe n’Imana.” (2 Ab’i Korinto 1:3, 4). None Yehova aduhumuriza gute?
Ugushika ku muzi w’ingorane
3. Impumurizo Imana itanga ishika gute ku muzi w’ingorane umuryango w’abantu ufise?
3 Umuryango wose w’abantu wararazwe agasembwa bivuye ku caha ca Adamu, ivyo bikaba bituma haba ingorane zidaharurwa amaherezo zishikana ku rupfu (Abaroma 5:12). Ivyo bintu vyunyurwa n’uko Shetani wa Mucokoranyi ari “umutware w’iyi si” (Yohana 12:31; 1 Yohana 5:19). Yehova ntiyaseruye gusa intuntu afise kubera ibintu bibabaje bihanze umuryango w’abantu. Yararungitse Umwana wiwe w’ikinege kuba incungu kugira abohoze abantu, kandi yaratubwiye yuko dushobora gukurwako ingaruka z’icaha ca Adamu turamutse twizeye Umwana wiwe (Yohana 3:16; 1 Yohana 4:10). Imana kandi yarabuye yuko Yezu Kirisitu, uwahawe ubukuru bwose mw’ijuru no kw’isi, azosangangura Shetani be n’urunkwekwe rwiwe rwose rubi rw’ibintu.—Matayo 28:18; 1 Yohana 3:8; Ivyahishuriwe 6:2; 20:10.
4. (a) Ni igiki Yehova yatanze kugira akomeze ukwizigira kwacu imihango aduha yo kudutabara? (b) Yehova adufasha gute gutahura igihe ugutabarwa kuzozira?
4 Kugira Imana ikomeze ukwizigira kwacu imihango yayo, yarazigamye ibimenyamenya umuyoro vyerekana ko ikintu cose ibura kiranguka (Yosuwa 23:14). Yarashize muri Bibiliya inkuru ivuga ivyo yakoze kugira ibohoze abasavyi bayo mu bintu umuntu buntu yabona ko bitoshoboka (Kuvayo 14:4-31; 2 Abami 18:13–19:37). Vyongeye, Yehova yarerekanye biciye kuri Yezu Kirisitu yuko umugambi wiwe urimwo ugukiza abantu “ubumuga bgose”, harimwo n’ukuzura abapfuye (Matayo 9:35; 11:3-6). Ivyo vyose bizoba ryari? Mu kwishura, Bibiliya ishiramwo indondoro y’imisi y’iherezo y’uru runkwekwe rushaje, uruzokurikirwa n’ijuru risha be n’isi nsha Imana isezerana. Ivyo Yezu yadondoye birahuje n’igihe tubayemwo.—Matayo 24:3-14; 2 Timoteyo 3:1-5.
Impumurizo ku bantu bari mu magorwa
5. Igihe Yehova yahumuriza Isirayeli ya kera, yerekeje ivyiyumviro vyabo ku biki?
5 Turavye uburyo Yehova yafashe Isirayeli ya kera, turamenya ukuntu yabahumurije mu bihe vy’amagorwa. Yarabibukije Imana ari. Ivyo vyarakomeje ukwizigira kwabo imihango yiwe. Yehova yaratumye abamenyeshakazoza biwe berekana mu buryo butomoye itandukaniro riri hagati yiwe, we Mana y’ukuri akaba n’Imana nzima, hamwe n’ibigirwamana bidashobora kwifasha ubwavyo canke ngo bifashe ababisenga (Yesaya 41:10; 46:1; Yeremiya 10:2-15). Igihe Yehova yabwira Yesaya ngo “ni muhūmurize abantu banje, ni mubahūmurize”, yaratumye uwo mumenyeshakazoza wiwe akoresha ibigereranirizo be n’indondoro y’ibikorwa vyiwe vy’irema kugira ashimike ku vy’ukuba Yehova ahambaye bwa Mana yonyene y’ukuri.—Yesaya 40:1-31.
6. Ni ibimenyetso ibihe rimwe na rimwe Yehova yatanga vyerekana igihe ukubohorwa kwobereyeko?
6 Rimwe na rimwe, Yehova yaratanga impumurizo mu kudoma urutoki ku gihe abantu biwe bobohoreweko, caba ari ica hafi canke ica kure. Mu gihe bari bimirije kubohorwa bakava mu Misiri, yabwiye ba Bisirayeli bariko bakandamizwa ati: “Hasigaye icago kimwe nzorekurira kuri Farawo no ku Banyegiputa: hanyuma azobarekura mugende.” (Kuvayo 11:1). Igihe amahanga atatu agize urunani yatera Ubuyuda mu gihe c’umwami Yehoshafati, Yehova yababwiye yuko yobatabaye ‘bukeye’ (2 Ngoma 20:1-4, 14-17). Ariko, ukubohorwa kwabo bakava i Babiloni kwanditswe na Yesaya hagisigaye imyaka 200, kandi ibindi bintu vy’ido n’ido bijanye na kwo, vyatanzwe biciye kuri Yeremiya hagisigaye nk’imyaka 100 ngo ukwo kubohorwa kube. Ese ukuntu ubwo buhanuzi bwari uburemesha ku basavyi b’Imana igihe ukubohorwa kwari kwegereje!—Yesaya 44:26–45:3; Yeremiya 25:11-14.
7. Akenshi mu mihango y’ukubohorwa haba harimwo ibiki, kandi ivyo vyagira ico bikoze gute ku bantu b’abizerwa muri Isirayeli?
7 Birahambaye kubona iyo mihango yahumuriza abasavyi b’Imana kenshi yaba irimwo amakuru yerekeye Mesiya (Yesaya 53:1-12). Uko amaruka yagenda akurikirana, ivyo vyaraha icizigiro abantu b’abizerwa mu gihe baba bahanganye n’ibigeragezo vyinshi. Muri Luka 2:25 dusoma uku: ‘Muri Yeruzalemu hari umuntu yitwa Simeyoni; uyo yari umuntu agororotse kandi yubaha Imana, yari arorereye ukwirurwa kw’Abisirayeli [canke uguhumurizwa; ku bwa ngingo kukaba kwari ukuza kwa Mesiya], kandi impwemu yera yari kuri we.’ Simeyoni yari azi icizigiro cerekeye Mesiya kiri mu Vyanditswe, kandi ukwitega iranguka ry’ico cizigiro ni kwo kwayobora ubuzima bwiwe. Ntiyatahura ukuntu corangutse, kandi ubwiwe ntiyabandanije kubaho kugira yibonere iranguka ry’ubukiriro bwari bwarabuwe, mugabo yaranezerewe igihe yabona umwe Imana ‘yokoresheje mu gukiza’.—Luka 2:30.
Impumurizo yatanzwe biciye kuri Kirisitu
8. Imfashanyo Yezu yatanze yari itandukaniye he n’ivyo abantu benshi biyumvira ko bakeneye?
8 Igihe Yezu Kirisitu yarangura ubusuku bwiwe bwo kw’isi, ntiyama na nantaryo atanga imfashanyo abantu biyumvira ko bakeneye. Bamwebamwe bari bashashaye Umumesiya yobakuyeko agakandamizo k’Abaroma. Mugabo Yezu ntiyashigikiye amahinduka yo mu vy’intwaro; yababwiye yuko ‘ivya Kayisari babiha Kayisari’ (Matayo 22:21). Umugambi w’Imana ntiwarimwo gusa kubohora abantu bakava ku kuganzwa n’intwaro kanaka y’ivya politike. Abantu bashaka kugira Yezu umwami, mugabo we yavuze yuko ‘yotanze ubugingo bwiwe kw’incungu ya benshi’ (Matayo 20:28; Yohana 6:15). Nticari co gihe c’uko agirwa umwami, kandi ubukuru bwo kuganza yari kubuhabwa na Yehova, ntiyari kubuhabwa n’iryo gugu ry’abantu ryababaye.
9. (a) Ni ubutumwa buhumuriza ubuhe Yezu yamamaje? (b) Yezu yerekanye gute ukuntu ubwo butumwa bujanye n’ingorane abantu ubwabo bariko bahangana? (c) Ubusuku bwa Yezu bwashizeho ishimikiro ry’iki?
9 Impumurizo Yezu yazanye yari igizwe n’‘inkuru nziza y’ubwami bw’Imana’. Ubwo bwari ubutumwa Yezu yamamaza aho yaja hose (Luka 4:43). Yarashimitse ku kuntu ubwo butumwa bujanye n’ingorane za misi yose abantu bafise mu kwerekana ico we, amaze kuba Umutegetsi Mesiya yokoreye umuryango w’abantu. Yarahaye abacumukura imvo nshasha yo kubaho, mu gutuma impumyi zihumuka na ba nyamuragi bavuga (Matayo 12:22; Mariko 10:51, 52), mu gukiza ibimuga (Mariko 2:3-12), mu gukiza Abisirayeli bagenziwe indwara ziteye iseseme (Luka 5:12, 13), hamwe no mu kubakurako izindi ndwara zisinzikaza (Mariko 5:25-29). Yaratabaye cane abagize umuryango batuntuye, mu kuzura mu bapfuye abana babo (Luka 7:11-15; 8:49-56). Yarerekanye ubushobozi afise bwo gutegeka ibihuhusi bikaze be no mu kuronsa igugu ry’abantu imfungurwa ryari rikeneye (Mariko 4:37-41; 8:2-9). Vyongeye, Yezu yarabigishije ingingo ngenderwako zijanye no kubaho zashobora kubafasha guhangana n’ingorane bari basanganywe bikabagendera neza, kandi zikaba zokwujuje imitima y’abantu ukwizigira ubutegetsi bugororotse buzoba burongowe na Mesiya. Ku bw’ivyo, uko Yezu yarangura ubusuku bwiwe, ntiyahumuriza gusa abumviriza bafise ukwizera, ariko kandi yarashizeho ishimikiro ryo kuremesha abantu mu myaka ibihumbi yokurikiye.
10. Ni igiki gishoboka bivuye ku nkuka ya Yezu?
10 Hashize imyaka irenga 60 Yezu atanze ubuzima bwiwe kw’inkuka hanyuma akazurirwa ubuzima bwo mw’ijuru, intumwa Yohani yarahumekewe kwandika ati: “Bana banje bato, mbandikiye ivyo kugira ngo ntimukore icaha. Kandi ni hagira umuntu akora icaha, dufise Umwitsa kuri Data wa twese, ni Yesu Kristo umugororotsi, kand’uwo ni we mpongano y’ivyaha vyacu, mugabo s’iy’ivyacu twenyene, ariko n’iy’ivy’abari mw isi bose.” (1 Yohana 2:1, 2). Kubera ivyiza biva ku nkuka y’ubuzima bw’umuntu butagira agasembwa bwa Yezu, turahumurizwa cane. Turazi yuko dushobora guharirwa ivyaha, kugira ijwi ryiza ryo mu mutima, kugiranira n’Imana ubucuti bwemewe no kugira icizigiro c’ubuzima budahera.—Yohana 14:6; Abaroma 6:23; Abaheburayo 9:24-28; 1 Petero 3:21.
Impwemu yera irahumuriza
11. Ni iyindi ntunganyo iyihe y’uguhumuriza Yezu yasezeranye imbere y’uko apfa?
11 Igihe Yezu yari kumwe n’intumwa ziwe ku mugoroba wa nyuma imbere y’urupfu rwiwe rwo kwitangako inkuka, yaravuze n’iyindi ntunganyo yo kubahumuriza Se wiwe wo mw’ijuru yari yarashizeho. Yezu yavuze ati: “Nzosaba Data, na we azobaha uwundi [m]witsa [uwuhumuriza: mu kigiriki, pa·raʹkle·tos], ngw az’abane namwe ibihe bidashira, ni [yo m]pwemu [y’]ukuri.” Yezu yabakuye amazinda ati: ‘Umwitsa, ari yo mpwemu yera . . . azobigisha vyose, kand’azobibutsa ivyo nababariye vyose.’ (Yohana 14:16, 17, 26). Impwemu yera yabahumurije none gute?
12. Uruhara impwemu yera yagize rwo gufasha abigishwa ba Yezu kwibuka ivyo yababwiye, rwafashije gute guhumuriza benshi?
12 Intumwa zari zarigishijwe vyinshi na Yezu. Birumvikana ko batari kwigera bibagira ivyo babonye, mugabo none boba bari kwibuka koko ivyo yavuze? Boba bari kwibagira inyigisho zihambaye kubera ubushobozi bwabo bwo kwibuka budatunganye? Yezu yabakuye amazinda yuko impwemu yera ‘yobibukije ivyo yari yarababariye vyose’. Ku bw’ivyo, haciye nk’imyaka umunani Yezu apfuye, Matayo yarashoboye kwandika Injili ya mbere, iyo yashizemwo ya Nsiguro yo ku musozi ya Yezu yeza umutima, ibigereranirizo vyinshi vyerekeye Ubwami yatanze be n’ivyo yavuze ido n’ido vyerekeye ikimenyetso c’ukuhaba kwiwe. Haciye nk’imyaka irenga 50, intumwa Yohani yarashoboye kwandika inkuru yo kwizigirwa yuzuyemwo ibintu vy’ido n’ido bivuga imisi ya nyuma y’ubuzima bwa Yezu bwo kw’isi. Ese ukuntu izo nkuru zahumetswe zamye ari iziremesha gushika no muri iki gihe cacu!
13. Impwemu yera yakoze gute nk’umwigisha ku bakirisu bo mu ntango?
13 Impwemu yera, aho kwibutsa gusa abigishwa amajambo ya Yezu, yarabigishije yongera irabayobora gushika aho batahura neza umugambi w’Imana. Igihe Yezu yari akiri kumwe n’abigishwa biwe, yarababwiye ibintu batatahuye neza ico gihe. Ariko rero mu nyuma, Yohani, Petero, Yakobo, Yuda be na Paulo, basunitswe n’impwemu yera, baranditse basigura ibindi bintu vyagiye biraba mu bijanye n’umugambi w’Imana. Gutyo, impwemu yera yakoze nk’umwigisha, irabakura amazinda mu buryo ngirakimazi yuko bariko bayoborwa n’Imana.
14. Ni mu buryo butari bumwe ubuhe impwemu yera yafashije abasavyi ba Yehova?
14 Ingabire z’impwemu z’ugukora ibitangaro zarafashije kandi gutomora yuko Imana yari yarakuye ubutoni bwayo kuri Isirayeli yo mu buryo bw’umubiri, ibushira kw’ishengero rya gikirisu (Abaheburayo 2:4). Ivyamwa iyo mpwemu yama mu buzima bw’abantu na vyo nyene cari ikintu gihambaye mu bijanye n’ukumenya abari abigishwa ba Yezu vy’ukuri (Yohana 13:35; Ab’i Galatiya 5:22-24). Vyongeye, iyo mpwemu yarakomeje abari bagize iryo shengero kugira babe ivyabona bashize amanga kandi badatinya.—Ivyakozwe 4:31.
Imfashanyo mu gihe c’umukazo ukomeye
15. (a) Ni imikazo iyihe abakirisu bo mu bihe vya kera n’ivya none bamye bahangana? (b) Ni kubera iki abatanga indemesho rimwe na rimwe na bo nyene bokenera kuyihabwa?
15 Abantu bose bihebeye Yehova kandi bakaba ari intahemuka kuri we, barahura n’uruhamo rwo mu buryo bunaka (2 Timoteyo 3:12). Ariko rero, abakirisu benshi barashikiwe n’umukazo ukomeye cane. Mu bihe vya none, hari abaturubitswe n’inkozi z’ikibi bongera batabwa mu makambi y’itunatuniro, mu mabohero no mu makambi y’ibikorwa vy’umuruho, aho bafatwa bunyamaswa. Intwaro zaragiyemwo mu vyo kubahama zivuye inyuma, canke zirareka abantu b’inkozi z’ikibi barabakorera ibikorwa vy’ubukazi ntizibahane. Vyongeye, abakirisu barahanganye n’ingorane z’amagara zikomeye, canke barashikirwa n’amagume akomeye mu rugo. Imikazo yoshobora kandi gushikira umukirisu ahumuye yama afasha abo basangiye ukwizera kwihanganira ibihe bigoye. Mu bihe nk’ivyo, hari aho uwo yama atanga indemesho yoba na we nyene akeneye kuyihabwa.
16. Igihe Dawidi yari mu mukazo ukomeye, yaronse imfashanyo gute?
16 Igihe umwami Sauli yariko akurikirana Dawidi kugira amwice, Dawidi yahindukiriye Imana ngo imutabare. “Mana, umviriza ugusenga kwanje”, ukwo ni ko yayinginze avuga. “Mu gitūtu c’amababa yawe ni ho ngira mpungire”. (Zaburi 54:2, 4; 57:1). Dawidi yoba yararonse imfashanyo? Egome yarayironse. Muri ico gihe, Yehova yarakoresheje umumenyeshakazoza Gadi be n’umuherezi Abiyatari kugira bahe ubuyobozi Dawidi yongera arakoresha Yonatani umuhungu wa Sauli, kugira akomeze uwo musore (1 Samweli 22:1, 5; 23:9-13, 16-18). Yehova yararetse kandi Abafilisitiya baratera igihugu, gutyo bituma Sauli areka kumukurikira.—1 Samweli 23:27, 28.
17. Igihe Yezu yari mu mukazo ukomeye, ni hehe yarondereye imfashanyo?
17 Yezu Kirisitu ubwiwe yaragiye mu mukazo ukomeye uko iherezo ry’ubuzima bwiwe ryegereza. Yari azi neza ukuntu inyifato yiwe yogize ico ikoze kw’izina rya Se wiwe wo mw’ijuru be n’insobanuro iyo nyifato yogize kuri kazoza k’umuryango w’abantu wose. Yarasenganye ubwira, mbere n’igihe yari “arushirije kwicwa n’umubabaro”. Imana yaritwararitse ivy’uko Yezu aronka imfashanyo yari akeneye muri ico gihe kigoye.—Luka 22:41-44.
18. Ni impumurizo iyihe Imana yahaye abakirisu bo mu ntango bahamwa bimwe bikomeye?
18 Harabaye uruhamo rukaze cane ku bakirisu inyuma y’aho ishengero ryo mu kinjana ca mbere rishingiwe, ku buryo bose bavuye i Yeruzalemu bagashwiragira ukuyemwo intumwa. Abagabo n’abagore barakurwa mu zabo baburutwa. Ni impumurizo iyihe Imana yabahaye? Ni ugukurwa amazinda n’Ijambo ryayo yuko bari bafise “itunga riru[shirije] . . . kuba ryiza”, ni ukuvuga intoranwa itazoshira yo kuba kumwe na Kirisitu mw’ijuru (Abaheburayo 10:34; Abanyefeso 1:18-20). Uko babandanya kwamamaza, bariboneye ikimenyamenya c’uko impwemu y’Imana yari kumwe na bo, kandi ivyabashikiye vyarabahaye iyindi mvo yo kunezerwa.—Matayo 5:11, 12; Ivyakozwe 8:1-40.
19. Naho Paulo yashikiwe n’uruhamo rukaze, yumvise amerewe gute ku vyerekeye impumurizo Imana itanga?
19 Mu nyuma, Sauli (Paulo), uwahora abahama bimwe bikaze, na we nyene yarahamwe kubera ko yari yarabaye umukirisu. Kw’izinga ry’i Kupuro, hari umunyamareba yagerageje gutangira ubusuku bwa Paulo akoresheje uruyeri be n’ukugoreka ibintu. I Galatiya, Paulo yaratewe amabuye, bamusiga ari intere (Ivyakozwe 13:8-10; 14:19). I Makedoniya, yarakubiswe inkoni (Ivyakozwe 16:22, 23). Inyuma y’aho agiriwe ibiranga ubukazi n’umugwi w’abantu i Efeso, yanditse ati: “Twa[ra]remerewe cane, biruta uko dushobora, bigatuma twihebura ko tutagikiza amagara yacu: kandi tumenyeshwa mu mitima yuko duciriwekw iteka ryo gupfa.” (2 Ab’i Korinto 1:8, 9). Ariko muri iryo kete nyene, ni ho Paulo yanditse ya majambo ahumuriza asubirwamwo mu ngingo ya kabiri y’iki kiganiro.—2 Ab’i Korinto 1:3, 4.
20. Ni ibiki turimbura mu kiganiro gikurikira?
20 Ushobora gute kujamwo mu gutanga impumurizo nk’iyo? Hariho abantu benshi muri iki gihe cacu bakenera guhumurizwa igihe batuntuye, vyaba bivuye ku vyago bishikira abantu ibihumbi n’ibihumbi, canke ku marushwa abashikira bo ubwabo. Mu kiganiro gikurikira, turimbura ukuntu dushobora guhumuriza abantu bo muri iyo mice ibiri.
Woba uvyibuka?
• Ni kubera iki impumurizo iva ku Mana ifise agaciro gahambaye kuruta izindi zose?
• Ni impumurizo iyihe itangwa biciye kuri Kirisitu?
• Impwemu yera yagaragaye gute ko ihumuriza?
• Tanga uburorero bw’impumurizo Imana yatanze igihe abasavyi bayo bari mu mukazo ukomeye.
[Amafoto ku rup. 15]
Bibiliya iratwereka ko Yehova yatanze impumurizo mu kubohoza abasavyi biwe
[Amafoto ku rup. 16]
Yezu yaratanze impumurizo mu kwigisha, mu gukiza no mu kuzura abapfuye
[Ifoto ku rup. 18]
Yezu yararonse imfashanyo iva mw’ijuru