ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w97 1/2 rup. 22-26
  • “Imana Yadukunze Irtyo”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • “Imana Yadukunze Irtyo”
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • ‘Imana Ni Urukundo’
  • Incungu Yari Iy’Iki?
  • Ikiguzi Cari Kinini Kugeza he?
  • Ico Ituma Gishoboka
  • Incungu ni ingabirano iruta izindi zose Imana yatanze
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
  • Incungu ni ingabire iruta izindi zose
    Bibiliya itwigisha iki?
  • Incungu ya Kirisitu—Ni Yo Nzira Imana Ikirizamwo
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
  • Umugambi wa Yehova uzoranguka ata kabuza
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2017
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
w97 1/2 rup. 22-26

“Imana Yadukunze Irtyo”

“Kw Imana yadukunze irtyo, natwe dukwiye gukundana.”—1 YOHANA 4:11.

1. Kw igenekerezo rya 23 Ntwarante inyuma y’ikirengazuba, ni kuki abantu amamiliyoni bazotororokana mu Ngoro z’Ubwami no mu bindi bibanza vy’amahwaniro ku mubumbe wose?

KU Wiyinga, igenekerezo rya 23 Ntwarante, 1997, inyuma y’ikirengazuba, nta gukeka hariho abantu barenga 13 000 000 kw isi iyo iva ikagera bazotororokanira mu Ngoro z’Ubwami no mu bindi bibanza vy’amahwaniro bikoreshwa n’Ivyabona vya Yehova. Kuki? Kubera yuko imitima yabo yashikiriwe n’inseruro y’urukundo nkuru birushirije Imana yagaragarije ubwoko-muntu. Yezu Kirisitu yarashimikiye kuri ico kimenyamenya gihebuje c’urukundo rw’Imana mu kuvuga ati: “Urukundo Imana yakunze abari mw isi [ni] rwo rwatumye itanga Umwana wayo w’ikinege, ng’ūmwizera wese ntaz’apfe rubi, arikw ahabge [ubuzima] budashira.”—Yohana 3:16.

2. Ni ibibazo nyabaki twebwe twese twoshobora kwibaza tukagira ico twungutse, ku vyerekeye ukuntu twitaba urukundo rw’Imana?

2 Uko twihweza ivy’urukundo Imana yerekanye, twoba tugize neza twibajije tuti, ‘Ubwo vy’ukuri ndakenguruka ivyo Imana yagize? Ubwo uburyo ndiko nkoresha ubuzima bwanje buratangira ikimenyamenya ukwo gukenguruka?’

‘Imana Ni Urukundo’

3. (a) Ni kuki uguserura urukundo atari ikintu kidasanzwe ku Mana? (b) Ububasha n’urwevu vyigaragaza gute mu bikorwa vyiwe vy’irema?

3 Uguserura urukundo ubwavyo si ikintu kidasanzwe ku Mana kubera “Imana ar’urukundo.” (1 Yohana 4:8) Urukundo ni co kintu nyamukuru kiyiranga. Igihe yariko itegura isi ngo umuntu ayibeko, ugukirurutsa imisozi n’ugutororokaniriza amazi mu biyaga no mu mabahari yagize, vyabaye ukugaragaza ububasha kw’agahomerabunwa. (Itanguriro 1:9, 10) Igihe Imana yatuma uruzinguzingu rw’amazi hamwe n’urw’umuhumekwa zitangura gukora, igihe yarema utunyabuzima dutoduto tudaharurwa hamwe n’ibiterwa bitari bimwe kugira bihindure uduhimbahimba two mu butaka ngo ducike ibifungurwa abantu bokwihereje ngo babone kubeshaho ubuzima bwabo, igihe yashiraho urupange rw’ivy’ukumenya ibihe rwo mu mubiri wacu ngo ruhwane n’uburebure bw’umusi n’amezi ku mubumbe w’Isi, ivyo vyagaragaje urwevu ruhambaye birushirije. (Zaburi 104:24; Yeremiya 10:12) Mugabo rero, igitangaje gusumba mbere mu vyaremwe biboneka ni ikimenyamenya c’urukundo rw’Imana.

4. Mu biremwa biboneka, ni ikimenyamenya ikihe c’urukundo rw’Imana twebwe twese dukwiye kubona, tukanagishima?

4 Amarakaraka yacu aratubwira ivy’urukundo rw’Imana iyo turiko turya ibisosa, ivyamwa bihiye, ibigaragara ko bitashizweho kugira bidukomeze gusa ariko kandi kugira bituzanire ukuryoherwa. Amaso yacu arabonera ibimenyamenya ntagakosa vyarwo mu biserukazuba biteye igomwe, kw ijuru ryuzuye inyenyeri mw ijoro ritonganutse, mu mero zitari zimwe hamwe no mu mabara aca ibibatsi y’amashurwe, mu myikino y’amatavu y’ibikoko bikiri bito, no mu mwenyuro zirangwa igishika z’abagenzi. Amazuru yacu aratuma turumenya igihe twimotereza akamoto kamoga k’amashurwe yo mu mpeshi. Amatwi yacu ararwumva uko twumviriza ugusūma kw’amazi yisukanura mu misozi, uguhibongoza kw’inyoni, hamwe n’amajwi y’abo dukunda. Turarwiyumvamwo igihe uwo dukunda atugumbiranye igishika. Ibikoko bimwebimwe birafise ubushobozi bw’ukubona, kwumva, canke bw’ukumoterwa n’ibintu bidashoboye kumotera umuntu. Mugabo ubwoko-muntu, ubwakozwe mw ishusho y’Imana, buri n’ubushobozi bw’ukunyurīrwa n’urukundo rw’Imana mu buryo ata gikoko na kimwe kibishoboye.—Itanguriro 1:27.

5. Yehova yagiriye gute urukundo rw’umurengera Adamu na Eva?

5 Igihe Yehova Imana yarema abantu ba mbere, Adamu na Eva, yabakikurishije ikimenyamenya c’urukundo rwiwe. Yari yarateye ubusitani, iparadizo, aranatuma ibiti vy’ubwoko bwose bimera muri yo. Yari yarashizeho uruzi rw’ukuyivomera kandi ayuzuza inyoni n’ibikoko biteye igomwe. Ivyo vyose yabihaye Adamu na Eva kugira bibabere umuhana. (Itanguriro 2:8-10, 19) Yehova yabagirira ibintu bwa bana biwe, umuce w’umuryango wiwe wo mw ihangāre. (Luka 3:38) Kubera yari yashizeho Edeni bwa ndorerwako, uwo Se wo mw ijuru w’abo bantu babiri ba mbere yarabashize imbere igikorwa gishimishije c’ukwagura Iparadizo ngo ikwire ku mubumbe wose. Isi yose nzima yategerezwa kwuzurwako n’uruvyaro rwabo.—Itanguriro 1:28.

6. (a) Wiyumvira iki ku vyerekeye inzira y’ubugarariji yafashwe na Adamu na Eva? (b) Ni igiki cokwerekana ko turi n’ico twigiye ku vyabereye muri Edeni n’uko twungukiye kuri ubwo bumenyi?

6 Ariko rero mu nyuma gatoyi, Adamu na Eva barahanganye n’agasuzumisho k’ubugamburutsi, agasuzumisho k’ukuba intahemuka. Hatanguye umwe uwundi arakurikira, mu kunanirwa kwerekana ugukenguruka urukundo bari bagiriwe. Ivyo bakoze vyari akabi. Ntawobibarekuriye! Ico vyavuyemwo, ubucuti bafitaniye n’Imana bǎrabuhomvye, baracibwa mu muryango wayo, hanyuma batabwa inyuma ya Edeni. Uno musi turaciyumvamwo ingaruka z’icaha cabo. (Itanguriro 2:16, 17; 3:1-6, 16-19, 24; Abaroma 5:12) Mbega none twoba turi n’ico twigiye kuri ivyo vyabaye? Twebwe turiko twitaba dute urukundo rw’Imana? Ubwo ingingo dufata buri musi zoba zerekana ko dukenguruka urukundo rwayo?—1 Yohana 5:3.

7. Nanzi ngo ivyo Adamu na Eva bagize, Yehova yeretse gute urukundo uruvyaro rwabo?

7 Mbere n’ukubura ubukengurutsi gukomeye kw’abavyeyi-bantu bacu ba mbere ku vyo Imana yari yabagiriye vyose ntikwapfubiranije urukundo rw’Imana. Ku bw’ikibabarwe ifitiye abantu batari bwavuke—dushizemwo twebwe turiho ubu—Imana yararetse Adamu na Eva barārutsa urugo imbere y’uko bapfa. (Itanguriro 5:1-5; Matayo 5:44, 45) Iyo itaza kubigira, nta n’umwe muri twebwe yovutse. Mu kuja arahishura ukugomba kwiwe, Yehova yarashizeho kandi ishingiro ry’icizigiro ku bo mu ruvyaro rwa Adamu bose bogaragaje ukwizera. (Itanguriro 3:15; 22:18; Yesaya 9:6, 7) Iyo ntondeko yiwe yarimwo n’uburyo bwotumye abantu bo mu mahanga yose bashobora kwigarurira ico Adamu yari yatakaje, ni ukuvuga, ubuzima bukemutse ari abaharurwa bemewe b’umuryango wo mw ihangāre w’Imana. Ivyo yabigize mu gutanga incungu.

Incungu Yari Iy’Iki?

8. Ni kuki Imana itoshoboye gusa kuvumera itegeko ry’uko naho nyene Adamu na Eva botegerejwe gupfa, ata n’umwe wo mu ruvyaro rwabo w’ingamburutsi yopfuye?

8 Ubwo vy’ukuri vyari bikenewe ko igiciro c’incungu iri mu mero y’ubuzima bw’umuntu kirihwa? Mbega Imana ntiyari gushobora gusa kuvumera ingingo y’uko naho nyene Adamu na Eva botegerejwe gupfa kubera ubugarariji bwabo, abo mu ruvyaro rwabo bose bokwubashe Imana boshoboye kubaho ibihe bidashira? Ku mbono y’ibintu y’umuntu itagera kure, ivyo bishobora kwumvikana ko vyobaye bitegereka. Mugabo rero, Yehova ni ‘inkunzi y’ubugororotsi n’ubutungane.’ (Zaburi 33:5) Adamu na Eva inyuma y’ugucika abanyavyaha ni ho gusa bibarutse abana; nuko nta n’umwe muri abo bana yavutse akemutse. (Zaburi 51:5) Bose bari bafise iragi ry’icaha, nayo igihano c’icaha kikaba ari urupfu. Iyo Yehova aja kwiyobagiza ivyo, ni akarorero bwoko ki ivyo vyoshiriyeho abaharurwa b’umuryango wiwe wo mw ihangāre? Ntiyari kwiyobagiza ingingo ngenderwako ziwe bwite zigororotse. Yarubahirije ibisabwa n’ubutungane. Nta n’umwe yogize impamvu zemewe z’ukunebagura uburyo Imana itunganije ibibazo vyavyuwe.—Abaroma 3:21-23.

9. Nk’uko vyavugwa n’ingingo ngenderwako z’Imana z’ivy’ubutungane, ni incungu bwoko ki yari ikenewe?

9 Ico gihe ishingiro ryiza ryoshoboye gute gushirwaho kugira harokorwe abo mu ruvyaro rwa Adamu bokweretse Yehova ubwubashi mvarukundo? Umuntu w’inkemuke apfuye urupfu rw’ukwitangako inkuka ni ho ubutungane bwoshoboye gutuma agaciro k’ubwo buzima bukemutse gatanga ugupfukapfuka ivyaha vy’abokwizeye kandi bakemera iyo ncungu. Kubera yuko icaha c’umuntu umwe, Adamu, ari co cabaye inyendamuvano yatumye umuryango w’abantu wose baba abanyavyaha, amaraso asheshwe y’uwundi muntu w’inkemuke, afise agaciro nk’ak’ay’uwa mbere, yoshoboye gushiraho uburimbane bw’umunzane w’ubutungane. (1 Timoteyo 2:5, 6) Ariko none umuntu mwen’uyo yovuye hehe?

Ikiguzi Cari Kinini Kugeza he?

10. Ni kuki uruvyaro rwa Adamu rutashobora gutanga iyo ncungu yari ikenewe?

10 Mu ruvyaro rw’umunyacaha Adamu, nta n’umwe yariho ashoboye gutanga ivyari bikenewe kugira hacungurwe ibizigizigi vy’ubuzima Adamu yari yatakaje. “Nta n’umwe ashobora gucungura mugenzi we na gatoya, canke guha Imana incungu yiwe: kukw incungu y’ubugingo bgabo ar’iy’igiciro, n’iyo kurekwa ibihe bidashira. Nta womucungura ngw az’abeho ibihe vyose, yoye kubona rwa rwobo.” (Zaburi 49:7-9) Ah’ukureka ubwoko-muntu ngo bubure uko bubigira, Yehova ubwiwe n’ikigongwe n’akantu yarashizeho intunganyo.

11. Yehova yabicishije ku buryo nyabaki kugira atange ubuzima bw’umuntu bukemutse bwari bukenewe ngo bube incungu ibereye?

11 Yehova ntiyarungitse umumarayika kw isi ngo vyitwe ko apfuye mu kwegura umubiri uhindagurika mu gihe abandanya kubaho ari impwemu. Ahubwo, mu gukora igitangaro Imana yonyene, yo Muremyi yari gushobora gukora, yarimuriye inguvu-buzima n’indorerwako y’ubumuntu vy’umwana wo mw ijuru, abishira mu nda y’umugore, Mariya umukobwa wa Heli, wo mu muryango wa Yuda. Inguvu nkorakazi y’Imana, impwemu yera yayo, yarakingiye ikura ry’uwo mwana mu nda ya nyina, araheza avuka ari umuntu w’inkemuke. (Luka 1:35; 1 Petero 2:22) Uwo rero yari afise igiciro gikenewe kugira atange incungu yobaye ishitsa bimwe vyuzuye ivyo ubutungane bw’Imana busaba.—Abaheburayo 10:5.

12. (a) Ni mu buryo ki Yezu Kirisitu ari we ‘Mwana w’ikinege’ w’Imana? (b) Ivy’uko Imana yarungitse uwo ngo atange iyo ncungu vyashimitse gute ku rukundo idufitiye?

12 Ni uwahe mu mamiliyaridi y’abana biwe bo mw ijuru Yehova yashinze iryo banga? Umwe adondorwa n’Ivyanditswe ko ari “Umwana [wiwe] w’ikinege.” (1 Yohana 4:9) Iyo mvugo ikoreshwa kugira hadondorwe, si ico yacitse aho avukiye bwa muntu, mugabo ico yari ari mw ijuru imbere y’ivuka ryiwe rya kimuntu. Ni we wenyene Yehova yiremeye ubwiwe adafashanije n’uwo ari we wese wundi. Ni we Mfura y’ivyaremwe vyose. Ni umwe yakoreshwa n’Imana kugira ibindi biremwa vyose bibeho. Abamarayika ni abana b’Imana, nk’uko na Adamu yari umwana w’Imana. Mugabo Yezu adondorwa ko afise “ubgiza bumeze nk’ubg’Umwana w’ikinege ava kwa Se.” Avugwa ko aba “mu gikiriza ca Se.” (Yohana 1:14, 18) Ubucuti afitaniye na Se ni ubukomeye, ubw’akabanga, kandi burangwa igishika. Urukundo rwa Se yarusangiye n’ubwoko-muntu. Mu Migani 8:30, 31 haraserura ukuntu Se wiwe yiyumva amerewe ku biraba uwo Mwana hamwe n’ukuntu Umwana yiyumva amerewe ku biraba ubwoko-muntu: “Imisi yose naramuhimbara [Yehova], nama niginagura imbere [yiwe]; . . . [Jewe] [Yezu, Umukozi w’Umuhanga wa Yehova, uwitirirwa urwevu] mpimbarwa n’abana b’abantu.” Uwo Mwana w’igiciro bisumbirije ni we Imana yarungitse kw isi kugira atange incungu. Ese ukuntu rero aya majambo Yezu yamenyesheje ari n’ico avuze: “Urukundo Imana yakunze abari mw isi [ni] rwo rwatumye itanga Umwana wayo w’ikinege”!—Yohana 3:16.

13, 14. Inkuru ya Bibiliya yerekeye ukugerageza kwa Aburahamu ngo atange Isaka bwa nkuka, ni igiki ikwiye kudufasha gutegera ku biraba ivyo Yehova yakoze? (1 Yohana 4:10)

13 Kugira dufashwe gutahura ico ivyo bivuze, hagisigaye igihe kirekire imbere y’uko Yezu aza kw isi, Imana yabwirije Aburahamu ubu haraciye imyaka 3 890, iti: “Enda jana umwana wawe, umwana wawe w’ikinege ukunda, Isaka nyene, uje mu gihugu c’i Moriya; umutangireyo kw ikimazi co kwoswa, ku musozi nzokubarira.” (Itanguriro 22:1, 2) N’ukwizera n’akantu, Aburahamu yaragamburutse. Niwishire mu kibanza ca Aburahamu. Bite iyaba yari umwana wawe, umwana wawe w’ikinege ukunda cane? Ni inyiyumvo nki wogize uriko usatura inkwi z’ikimazi c’ukwoswa, ukagira urugendo rw’imisi mikeyi uja mu gihugu c’i Moriya, hanyuma ukarambika umwana wawe ku gicaniro?

14 Ni kuki umuvyeyi munyembabazi yogira inyiyumvo mwen’izo? Mw Itanguriro 1:27 havuga ko Imana yaremye umuntu mw ishusho yayo. Inyiyumvo zacu z’urukundo n’imbabazi ziraranga, mu buryo bushingiwe akarimbi, urukundo n’ikibabarwe vy’Imana ubwayo. Ku vyerekeye Aburahamu, Imana yararengutse, kugira Isaka ntatangweko ikimazi vy’ukuri. (Itanguriro 22:12, 13; Abaheburayo 11:17-19) Ariko rero, ku bimwerekeye ubwiwe, Yehova amaherezo ntiyigumije ngo ahagarike gutanga incungu, naho nyene vyagizwe ku giciro kinini kuri we ubwiwe hamwe n’Umwana wiwe. Ivyagizwe ntivyabaye kubera ukugoberwa kunaka kugirirwa Imana, mugabo ahubwo ni ukubera ko yari inseruro y’ubuntu tutabereye budasanzwe. Ubwo turabukenguruka bimwe vyuzuye?—Abaheburayo 2:9.

Ico Ituma Gishoboka

15. Incungu yagize ingaruka nki ku buzima bw’abantu, mbere no muri uru runkwekwe rw’ibintu rwa none?

15 Iyo ntunganyo mvarukundo yashizweho n’Imana iragira ingaruka ngerabwina ku buzima bw’abayemerana ukwizera. Ubwa mbere bari baronkowe ku Mana bivuye ku caha. Nk’uko Ijambo ryayo ribivuga, bari ‘abansi bayo kubera imizirikanyi yabo yari ku bikorwa bibi.’ (Ab’i Kolosayi 1:21-23) Mugabo ‘baruzuye n’Imana biciye ku rupfu rw’Umwana wayo.’ (Abaroma 5:8-10) Kubera bahinduye uburyo bwabo bw’ukubaho kandi bakaba baremeye kwa guharirwa Imana ituma gushoboka ku bizera inkuka ya Yezu, baratoneshejwe bahabwa imburanyamutima idahumanye.—Abaheburayo 9:14; 1 Petero 3:21.

16. Ni imihezagiro nyabaki ikomorerwa ubusho buto kubera ukwizera incungu kwabo?

16 Ku gitigiri gitoyi c’abo, ari bwo busho buto, Yehova yarabashikanyeko ubutoni batabereye bw’ugufadikanya n’Umwana wiwe mu Bwami bwo mw ijuru, ngo babone kurangura ya ntēgo ya mbere na mbere Imana yari ifitiye isi. (Luka 12:32) Abo bakuwe “mu miryango yose no mu ndimi zose no mu moko yose no mu mahanga yose, . . . [ngo babe] abaherezi bayo, kandi bazoba abami mw isi.” (Ivyahishuriwe Yohana 5:9, 10) Kuri abo, intumwa Paulo yanditse ibi: “Mwāhawe impwemu yo kubahindura abana b’Imana, idutakisha ngo Abba, Data. [Im]pwemu ubg[ayo] [i]bgiririkanya n’impwemu yacu, ar’icabona, yuko tur’abana b’Imana. Ariko ko tur’abana bayo, tur’abaragwa; tur’abaragwa b’Imana, tur’abaraganwa na Kristo.” (Abaroma 8:15-17, impirikano ni izacu.) Mu guhindurwa n’Imana bakaba abana bayo, barakomorerwa bwa bucuti bw’igikundiro Adamu yatakaza; mugabo abo bana bazokomorerwa uduteka twiyongeyeko tw’ubusuku bwo mw ijuru—ikintu Adamu atigeze aronka. Ntibitangaje kubona intumwa Yohani yavuze ati: “Murābe urukundo uko rungana Data wa twese yatugiriye, ko twitwa abana b’Imana”! (1 Yohana 3:1) Kuri mwen’abo Imana ntiyaseruye gusa urukundo rushingiye ku ngingo (a·gaʹpe) ariko kandi igishika kirangwa ikibabarwe (phi·liʹa), ari na co kiranga umugozi ufatanije abagenzi b’inziraburyarya.—Yohana 16:27.

17. (a) Abagaragaza ukwizera incungu bose, ni akaryo nyabaki bahabwa? (b) Ni igiki “ukwidegemvya kw’ubgiza bg’abana b’Imana” kuzoba kuvuze kuri bo?

17 No ku bandi nyene—abagaragaza bose ko bizera intunganyo ndangabuntu Imana yashinze y’ugutanga ubuzima biciye kuri Yezu Kirisitu—Yehova arabugururira akaryo k’ukwunguka bwa bucuti bw’igiciro kinini Adamu yatakaza. Intumwa Paulo yasiguye ati: “Ivyaremwe [ibiremwa-muntu bǎkomotse kuri Adamu] vyiteze uguhishurwa kw’abana b’Imana [ni ukuvuga, birindiriye igihe bizogaragara ko ba bana b’Imana baraganwa na Kirisitu Ubwami bwo mw ijuru bariko bakora ibintu ku neza y’ubwoko-muntu] biguhahamiye cane. Kukw ivyaremwe vyagezwe kuganzwa n’ibitagira ikimazi [ni ukuvuga ko vyavukanye icaha bikitega gupfa, kandi nta buryo bwari buhari bw’ugushobora kwirokora], kandi si vyo vyavyigombeye, ariko vyagizwe n’Iyageze ko biganzwa birtyo, kugira ngo vyizigire [vyizigizwa n’Imana] yuko na vyo bizocungurwa ngo ntibibe ibija vyo kubora, bizohabga ukwidegemvya, gufatana n’ubgiza bg’abana b’Imana.” (Abaroma 8:19-21) Ukwo kwidegemvya kuzoba kuvuze iki? Ko bazoba babohowe ukubohērwa n’icaha n’urupfu. Bazogira ugukemuka kw’umuzirikanyi n’umubiri, Iparadizo bwa muhana wabo, n’ubuzima buhoraho, muri bwo bakazonezerererwa ubukemuke bwabo, baserure ugukenguruka bafitiye Yehova, we Mana imwe nsa y’ukuri. Kandi none ivyo vyose vyashobotse gute? Biciye ku nkuka y’incungu y’Umwana w’ikinege w’Imana.

18. Kw igenekerezo rya 23 Ntwarante inyuma y’ikirengazuba, tuzoba turiko tugira iki, kandi kubera iki?

18 Kw igenekerezo rya 14 Nisani, mu 33 G.C., mu nzu yo hejuru i Yeruzalemu, Yezu yarashinze Icibutso c’urupfu rwiwe. Ukwibuka buri mwaka urupfu rwiwe vyacitse igishikiragihe gihambaye mu buzima bw’Abakirisu b’ukuri bose. Yezu ubwiwe yategetse ati: ‘Murabandanya mukora mutyo kugira ngo kibe icibutso canje.’ (Luka 22:19) Mu 1997 Icibutso kizogirwa inyuma y’ikirengazuba kw igenekerezo rya 23 Ntwarante (irishika igihe irya 14 Nisani ritanguye). Kuri uwo musi, nta kintu na kimwe kizoba ngirakamaro kuruta ukuba ariho turi ku bw’ico gihe c’Icibutso.

Wokwishura Gute?

◻ Ni mu buryo ki Imana yagiriye urukundo rw’umurengera ubwoko-muntu?

◻ Ni kuki ubuzima bw’umuntu w’inkemuke bwari bukenewe kugira uruvyaro rwa Adamu rucungurwe?

◻ Kugira Yehova atange iyo ncungu vyamurihishije igiciro kinini ikihe?

◻ Ni igiki incungu ituma gishoboka?

[Ifoto ku rup. 22]

Imana yaratanze Umwana wayo w’ikinege

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika