“Uwo Muramukunda Naho Mutigeze Kumubona”
“Uwo muramukunda naho mutigeze kumubona; kandi n’ubu, naho mutaramubona, muramwizera, bibatera kunezerwa akanyamuneza k’ubgiza katovugwa.”—1 PETERO 1:8.
1. Naho nyene muri iki gihe kw isi ata n’umwe yabonye Yezu, abantu b’abanyedini bagwa bavyuka gute kugira berekane ko bamwibandako?
NTA n’umwe ariho kw isi muri iki gihe arigera abona Yezu Kirisitu. Yamara, abantu amamiliyoni bavuga ko bamukunda. Buri mwaka kw igenekerezo ry’9 Nzero, i Manila muri Filipine, igishusho kigereranya umutumba wa Yezu Kirisitu yikoreye umusaraba kirakwegwa mu mabarabara mu ciswe umwiyerekano w’idini y’abanyagihugu witabwa n’isinzi ry’abantu ukagirwamwo n’ibirori vyinshi kuruta iyindi, muri ico gihugu. Iryo shengero rikitakita, rirasunikana kandi rikagundana; mbere nya bantu bakuriranako mu kwigora busare ngo bakore kuri ico gishusho. Abenshi bahaza kugira baratire ijisho ivyo, canecane bakwegerwa n’urugendo rwo kuri uyo musi mukuru. Yamara, bamwe muri bo nta gukeka ni abantu biyumvamwo ata buryarya ko bakwegerewe kuri Yezu. Bwa kimenyamenya c’ivyo, bashobora kwambara umusaraba canke bagashobora kuja mu misa badahorereza. Ariko none, ugusenga ibimana mwen’ukwo kwoba gushobora kubonwa ko ari insengo y’ukuri?
2, 3. (a) Ni bande mu bakurikizi ba Yezu vy’ukuri bamubonye kandi bakamwumviriza? (b) Ni bande bandi mu kinjana ca mbere bakunze Yezu kandi bakamwizera, naho nyene batigeze bamubona amaso mu yandi?
2 Mu kinjana ca mbere, hari abantu ibihumbi n’ibihumbi, mu maporovense y’Abaroma y’i Yudaya, Samariya, Pereya, na Galilaya ubwabo biboneye koko kandi bakumva Yezu Kirisitu. Baramwumviriza uko yaba ariko arasigura ibintu-kuri vy’inshwangamuramutima vyerekeye Ubwami bw’Imana. Bariboneye imbonankubone ibitangaro yakoze. Bamwe muri abo bǎracitse abayoboke biwe bamwibandako, bǎjijutse ko ari we yari “Kristo, Umwana w’Imana nzima.” (Matayo 16:16) Ariko rero, abo intumwa Petero yandikiye ikete ryiwe rya mbere ryahumetswe ntibari babaye muri abo.
3 Abo Petero yabwira bari mu maporovense y’Abaroma y’i Ponto, Galatiya, Kapadokiya, Aziya na Bituniya—yose akaba yari mu karere ko muri Turukiya ha none. Abo Petero yabandikiye ati: “Uwo muramukunda naho mutigeze kumubona; kandi n’ubu, naho mutaramubona, muramwizera, bibatera kunezerwa akanyamuneza k’ubgiza katovugwa.” (1 Petero 1:1, 8) Bashitse gute ku kumenya Yezu Kirisitu kugeza aho bamukunda kandi bakagaragaza ko bamwizera?
4, 5. Ni gute abo bantu batigeze babona Yezu bize bihagije ibimwerekeye, bakiga kumukunda no kumwizera?
4 Biragaragara ko bamwe bari i Yeruzalemu igihe intumwa Petero yashinga icabona kw isinzi ry’abantu bitavye umusi mukuru wa Pentekote mu 33 G.C. Inyuma y’uwo musi mukuru abayoboke benshi bagumye i Yeruzalemu kugira baharonkere yindi nyigisho bahabwa n’intumwa. (Ivyakozwe n’intumwa 2:9, 41, 42; gereranya na 1 Petero 1:1.) Ku ngendo z’ubumisiyonari zikurikirana, intumwa Paulo yashishikaye igikenurwa kirangwa umwete no mu bantu baba mu karere Petero yarungikiye mu nyuma ikete ryiwe rya mbere ryo muri Bibiliya ryahumetswe ryitiriwe izina ryiwe.—Ivyakozwe n’intumwa 18:23; 19:10; Ab’i Galatiya 1:1, 2.
5 Ni kuki abo bantu batari bwigere babona Yezu bakwegerewe rwose na we mwen’ukwo? Muri iki gihe, ni kuki amamiliyoni bo ku mubumbe wose bamukunda bimwe bigera ibwina?
Ibintu Bumvise
6. (a) Iyo uja kwumva Petero ariko ashinga icabona kuri Pentekote mu 33 G.C. ku vyerekeye Yezu, ni igiki wari kwiga? (b) Ivyo vyanyurīriye gute abantu bashika nk’3 000 bari bahari?
6 Iyo uja kuba wari i Yeruzalemu igihe Petero yagambira iryo sinzi ry’abantu bari ku musi mukuru mu 33 G.C., ni igiki wari kwiga ku vyerekeye Yezu? Nta mazinda namba, ibitangaro yakoze vyarerekanye ko yarungitswe n’Imana. Ko naho nyene abantu banyacaha bishe Yezu, atari akiri mu mva mugabo ko yazuwe hanyuma akaduzwa mw ijuru iburyo bwa Se. Ko Yezu ari we vy’ukuri yari Kirisitu, umwe Mesiya abamenyeshakazoza bandika ivyiwe. Ko biciye kuri Yezu Kirisitu, impwemu yera yasutswe ku bakurikizi biwe kugira bace bashobora gushinga icabona ku bantu bava mu mahanga menshi ku vyerekeye ibintu vy’akumiza Imana yariko irakora ibicishije ku Mwana wayo. Imitima ya benshi bumvirije Petero muri ico gihe vy’ukuri yaravyuriwe ingiro, hanyuma abantu bashika nk’3 000 barabatizwa baba abayoboke bakirisu. (Ivyakozwe n’intumwa 2:14-42) Iyo uja kuba uhari, woba wari kugira ikintu mwen’ico gihambaye?
7. (a) Iyo uja kuba uri i Antiyokiya igihe intumwa Paulo yakwiririzaho, ni igiki wari gushobora kwiga? (b) Ni kuki bamwe mw ishengero ry’abantu bacitse abizera kandi bagasabikanya inkuru nzinza n’abandi?
7 Iyo uja kuba uri mu bari bahari igihe intumwa Paulo yigishiriza i Antiyokiya mw iporovense y’Abaroma y’i Galatiya, ni igiki kindi woba wari gushobora kwiga cerekeye Yezu? Wari kwumva Paulo asigura ko ivy’uko Yezu yaciriwe urubanza rw’ugupfa n’abategetsi b’i Yeruzalemu vyari vyaramenyeshejwe imbere y’igihe n’abamenyeshakazoza. Wari kwumva kandi ikimenyamenya c’izuka gitangwa n’abavyiboneye. Nta mazinda wari kujorezwa n’insiguro ya Paulo y’ivy’uko mu kuzura Yezu mu bapfuye, Yehova yemeje icese ko uwo vy’ukuri yari Umwana w’Imana. Mbega kandi umutima wawe ntiwari gushwangamurwa n’ukwiga ivy’uko kwa guharirwa ivyaha kwashobotse biciye ku kwizera Yezu gushoboye kujana mu buzima budashira? (Ivyakozwe n’intumwa 13:16-41, 46, 47; Abaroma 1:4) Mu kwerekana ko ivyo bumvise biri n’ico bivuze, bamwe i Antiyokiya baracitse abayoboke, barasangira n’abandi inkuru nziza bashirutse ubute, naho nyene kugira ivyo vyǎsigura ko bohanganye n’uruhamo rukaze.—Ivyakozwe n’intumwa 13:42, 43, 48-52; 14:1-7, 21-23.
8. Iyo uja kuba uri kw ihwaniro ry’ikorane ry’i Efeso igihe baronka ikete Paulo yabandikiye, ni igiki wari kwiga?
8 Bite ho iyo uja kuba wifatanije n’ikorane rikirisu ry’i Efeso, mw iporovense y’Abaroma yo muri Aziya, igihe ryaronka ikete ryahumetswe Paulo yandikiye abayoboke baho? Wari kuryigiramwo iki ku vyerekeye uruhara rwa Yezu mu ntēgo y’Imana? Muri iryo kete Paulo yarasiguye ko biciye kuri Kirisitu ibintu vyose mw ijuru no kw isi vyosubiye kunywanishwa n’Imana, ko ingabire Imana yatanze ibicishije kuri Kirisitu ishika no ku bantu bo mu mahanga yose, ko abantu bari barapfuye mu nyonga z’Imana kubera ibigabitanyo vyabo bariko bagirwa bazima biciye ku kwizera Kirisitu, n’uko iyo ntunganyo yatumye bisubira gushoboka ko abantu bacika abana bakundwa b’Imana.—Abanyefeso 1:1, 5-10; 2:4, 5, 11-13.
9. (a) Ni igiki gishobora kugufasha kugira umenye niba wewe ubwawe utahura ico ivyo Paulo yandikiye Abanyefeso bivuze? (b) Abavukanyi bo mu maporovense y’Abaroma bavugwa na Petero bǎnyurīriwe gute n’ivyo bize vyerekeye Yezu?
9 Ugukenguruka ivyo vyose kwoba kwari kwimbika ibwina urukundo ufitiye Umwana w’Imana? Urwo rukundo rwoba rwari kugira akosho ku buzima bwawe bwa misiyose, nk’uko iyo ntumwa Paulo yabitanzeko indemesho mu kigabane ca 4 gushika mu ca 6 mu Banyefeso? Ugukenguruka mwen’ukwo kwoba kwari gutuma usuzuma witonze ibintu ubwawe ushira imbere y’ibindi mu buzima? Ubitumwe n’urukundo ufitiye Imana hamwe n’ugukurira ubwatsi Umwana wayo, woba wari gushira mu buryo ibikenewe kugira ugukora ivyo Imana igomba kube vy’ukuri co kintu nyamukuru mu buzima bwawe? (Abanyefeso 5:15-17) Ku biraba uburyo Abakirisu muri Aziya, Galatiya, no mu yandi maporovense y’Abaroma bashitswe ku mutima n’ivyo bariko bariga, intumwa Petero yabandikiye ibi: “[Yezu Kirisitu] muramukunda naho mutigeze kumubona; . . . muramwizera, bibatera kunezerwa akanyamuneza k’ubgiza katovugwa.”—1 Petero 1:8.
10. (a) Ni igiki vy’ukuri caterereye ku rukundo Abakirisu ba mbere bakunze Yezu? (b) Natwe nyene dushobora kugira ico twungutse gute?
10 Hariho ikindi kintu caterereye vy’ukuri ku rukundo abo Bakirisu ba mbere Petero yabarira, biyumvamwo ko bafitiye Umwana w’Imana. Ico co cari igiki? Mu gihe Petero yandika ikete ryiwe rya mbere, nka zibiri zozo mu njili—iya Matayo n’iya Luka—zariko zirazungurukanwa mu bantu. Abakirisu bo mu kinjana ca mbere batari bigeze babona Yezu, barashobora gusoma izo nkuru zo mu njili. Na twebwe nyene turabishoboye. Injili si amakuru yadendekeranijwe; zirimwo ibintu vyose biranga inkuru y’akahise ikwiye kwishimirwa kuruta izindi zose. Izo nkuru zahumetswe turazisangamwo vyinshi vyimbika ibwina urukundo dufitiye Umwana w’Imana.
Agatima Yerekanye
11, 12. Ni igiki usanga mu gatima Yezu yeretse abandi bantu gituma nawe uca umukunda?
11 Mu nkuru yanditswe yerekeye ubuzima bwa Yezu, turiga ivy’ukuntu yagiriranira ibintu n’abandi bantu. Agatima yerekanye karashika ku mutima abantu n’ubu mbere haciye imyaka irenga 1 960 apfuye. Umuntu wese ariho araremerewe n’ingaruka z’icaha. Amamiliyoni atari make baraba ingwampōrero z’akarenganyo, barakubagurwa n’indwara, canke kubera izindi mpamvu bakiyumvamwo ko badendebuwe n’umwiheburo. Ku bantu mwen’abo bose, Yezu avuga ati: “Ni muze kuri jewe mwese abananiwe n’abaremerewe, ndabaruhura; mwikoreze ingata yanje, munyigireko; kuko nd’umugwaneza, niyoroheje mu mutima; namwe muzoronka uburuhukiro bg’imitima yanyu. Kukw ingata yanje itababaza, n’umutwaro wanje uhwahutse.”—Matayo 11:28-30.
12 Yezu yaragiriye aboro, abashonje hamwe n’abatuntuye, umwitwarariko unyurîra. Igihe inyifato z’ibintu zatuma biba nkenerwa, yaragaburira mbere amasinzi y’abantu ku gitangaro. (Luka 9:12-17) Yaratumye bidegemvya bava mu buja bw’imigenzo ya kera. Yarubatse kandi ukwizera bafitiye intunganyo Imana yashizeho y’ugushira iherezo ku gacinyizo ko mu vya politike n’ivy’ubutunzi. Yezu ntiyahotoye umuzirikanyi w’abari basanzwe baracinyijwe. Afise ikibabarwe n’urukundo, yarashize hejuru n’ubukerebutsi ingenzabuhoro. Yarahorosheje abari bameze nk’amarenga ajanjaguwe hamwe n’abari bameze nk’imuri ziyenze zigomba kuzima. Kuva ico gihe kubandanya gushika ubu, izina ryiwe riratanga icizigiro, mbere no mu mitima y’abatigeze bamubona.—Matayo 12:15-21; 15:3-10.
13. Ni kuki uburyo Yezu yagirira ibintu abanyavyaha bukwegera abantu?
13 Yezu ntiyigeze ashigikira ubukozi bw’ikibi, yamara abakoze amakosa mu buzima mugabo bakagaragaza ko bihanye kandi bakamuhindukirira ngo abafashe, yaraberetse ko abatahura. (Luka 7:36-50) Yaricara hanyuma agasangira ivyibo n’abantu bakengerwa mu kibano iyo abonye ko ivyo bishobora gutanga akaryo ko kubafasha mu vy’impwemu. (Matayo 9:9-13) Agatima yerekana katumye abantu amamiliyoni ivyabo vyifashe mwen’ukwo batari bwigere babona Yezu, bavyurirwa gushika ku kumumenya no kumwizera.
14. Ni igiki ushima mu buryo Yezu yafasha abantu barwaye, abatishoboye, n’abagandaye?
14 Uburyo Yezu yagirira ibintu abantu barwaye canke abatishoboye buratanga ikimenyamenya cigishika n’imbabazi vyiwe hamwe n’ububangukirwe afise bw’ugutanga intabāro. Nuko, igihe umurwayi yuzuweko n’imibembe yamwegera akamwinginga ngo amufashe, Yezu ntiyamwiyobagije. Kandi ntiyabwiye uwo muntu ko naho amwumviye ikigongwe, iyo ndwara yari imaze kurengerana, n’uko ata na kimwe cobaye kikigirwa kugira afashwe. Uwo muntu yaratakamvye ati: “Mugenzi, ukunze, woshobora kumpumanura.” Ata kugonanwa, Yezu yararamvuye ukuboko akora kuri uwo munyamibembe, avuga ati: “Ndakunze, humanuka.” (Matayo 8:2, 3) Ikindi gihe hari umugore yarondeye gukizwa, mu gukora ku buyonga bw’impuzu yiwe yihishije. Yezu yamugiriye ibintu mu buryo buranga ubuntu, kandi bweza umutima. (Luka 8:43-48) Kandi igihe yahura n’abari ku rugendo bareruye uwapfuye, yaravyuriwe ikigongwe n’umupfakazi atuntuye, uwo umuhungu wiwe w’ikinege yari yasandavye. Naho Yezu yari yanse gukoresha ububasha yahawe n’Imana ngo yironse ibifungurwa, nta camubujije kubukoresha kugira azure uwo muntu yari yapfuye, araheza amusubiza nyina.—Luka 4:2-4; 7:11-16.
15. Ugusoma inkuru zerekeye Yezu n’ukuzizirikana bigira ico bikoze gute kuri wewe?
15 Uko dusoma izo nkuru kandi tukazirikana agatima Yezu yagaragaje, urukundo rwacu rurimbikwa ibwina kubera uwo yeguye hasi ubuzima bwiwe bw’umuntu ngo tubone kubaho ibihe bidashira. Naho nyene tutigeze tumubona, turiyumvamwo ko adukwegēra kandi tugashaka kugera ikirenge mu ciwe.—1 Petero 2:21.
Ukwisunga Imana Kwiwe Kurimwo Ukwicisha Bugufi
16. Yezu ubwa mbere na mbere yerekeje ikebu kuri nde, kandi ni ibiki yaturemesheje kugira?
16 Kuruta ibindi vyose, Yezu yarerekeje ikebu ryiwe n’iryacu kuri Se wo mw ijuru, Yehova Imana. Yarerekanye ibwirizwa riruta ayandi yose mu Mateka, avuga ati: “Mukundishe Uhoraho Imana yanyu imitima yanyu yose n’ubugingo bganyu bgose n’ubgenge bganyu bgose.” (Matayo 22:36, 37) Yakebuye abayoboke biwe ati: “Mwamane ukwizera Imana.” (Mariko 11:22) Igihe bariko bahangana n’agasuzumisho k’ukwizera kwabo gahambaye, yabihanikije ati: ‘Shishikare gusenga.’—Matayo 26:41.
17, 18. (a) Yezu yerekanye gute ukwishimira Se kwiwe kurimwo ukwicisha bugufi? (b) Ni kuki ivyo yagize biri n’akamaro kanini kuri twebwe?
17 Yezu ubwiwe yaratanze akarorero. Isengesho ryari umuce munini w’ubuzima bwiwe. (Matayo 14:23; Luka 9:28; 18:1) Aho igihe c’ugutora intumwa ziwe gishikiye, Yezu ntiyishimikije gusa ukuntu ubwiwe abona ibintu, naho nyene abamarayika bose bo mw ijuru bari bahoze bari munsi y’ubuhagarikizi bwiwe. Yicishije bugufi, yaramaze ijoro rizima asenga Se. (Luka 6:12, 13) Igihe yahangwa n’ugufatwa hamwe n’urupfu rubabaza, Yezu yarongeye ahindukirira Se, arasenga arakovya. Ntiyagize iciyumviro c’uko azi neza Shetani n’uko yokworohewe n’ugutsinda ico ari co cose uwo mubi yodendekeranije. Yezu yaratahura ingene vyari bikenewe rwose ko atonanirwa. Ese ukwagirizwa Se yogiriwe kubera ukunanirwa kwa Yezu! Kandi ese ukuntu rwobaye uruhombo ku bwoko-muntu, ubwo ikizigizigi c’ubuzima bwogikesheje inkuka yategerezwa gutanga!
18 Yezu yarasenze yisubiriza—igihe yari kumwe n’intumwa ziwe mu nzu yo hejuru i Yeruzalemu, aranabigirana ubwira gusumba ari mw itongo ry’i Getsemane. (Matayo 26:36-44; Yohana 17:1-26; Abaheburayo 5:7) Igihe yariko acumukura ku giti c’ugukanagirizwako, ntiyatutse abamucokōra. Ahubwo, yarasengeye abariko bakora ibintu ku bw’ukutamenya, ati: “Data, n’ubaharire, kuko batazi ico bakora.” (Luka 23:34) Umuzirikanyi wiwe yagumye awerekeje kuri Se, “yiha Īdaca urwa nkunzi.” Amajambo ya nyuma yavugiye ku giti c’ugukanagirizwako yabaye isengesho yatuye Se. (1 Petero 2:23; Luka 23:46) Ese ukuntu dukura ubwatsi kubera Yezu yishimiye Yehova vyuzuye, agasozerana ubwizerwe igikorwa Se yari yamushinze! Naho tutarigera tubona Yezu Kirisitu, ese ukuntu tumukunda bimwe bigera ibwina kubera ivyo yagize!
Uguserura Urukundo Tumufitiye
19. Mu guserura urukundo dufitiye Yezu, ni ibimogorero ibihe dukwiye kwirinda kubera yuko bitabereye na gato?
19 Dushobora gute gutanga ikimenyamenya c’uko urukundo rwacu rutagarukira mu majambo masa? Kubera yuko Se, uwo Yezu yakunze, yihanije ugukora ibishusho n’uguca bifatwa nk’uko bikwiye kwibandwako, nta gukeka nta teka twoba duteye Yezu twambaye igishusho mwen’ico ku mugufu dushira mw izosi canke mu kugisengeta tugicana mu mabarabara. (Kuvayo 20:4, 5; Yohana 4:24) Nta cubahiro twoba duhaye Yezu tugiye mu bikenurwa vy’idini, mbere tukabijamwo kenshi buri mushamvu, niba tutabayeho mu buryo buhuye n’inyigisho ziwe mu misi yindi y’umushamvu. Yezu yavuze ati: “Ūri n’[amabwirizwa ya]nje aka[y]itondera, uwo ni we ankunda, kand’ūnkunda azokundwa na Data.”—Yohana 14:21, 23; 15:10.
20. Ni ibintu bimwebimwe ibihe vyokwerekana ko vy’ukuri dukunda Yezu?
20 Ni amabwirizwa nyabaki yaduhaye? Ubwa mbere na mbere, gusenga Imana y’ukuri, Yehova, we musa. (Matayo 4:10; Yohana 17:3) Kubera uruhara afise mu ntēgo y’Imana, Yezu yarigishije kandi ko dutegerezwa kugaragaza ukwizera ko ari Umwana w’Imana n’uko dutegerezwa kuvyerekana mu kwirinda ubukozi bw’ikibi no mu kugendera mu muco. (Yohana 3:16-21) Yaduhanuye kurondera imbere y’ibindi Ubwami bw’Imana hamwe n’ukugororoka kwayo, ivyo tukabishira imbere y’umwitwarariko w’inkenero z’ivy’umubiri. (Matayo 6:31-33) Yatubwirije gukundana nk’uko yadukunze. (Yohana 13:34; 1 Petero 1:22) Kandi yadutumye kuba ivyabona ku vyerekeye intēgo y’Imana, nk’uko we nyene ubwiwe yari ari. (Matayo 24:14; 28:19, 20; Ivyahishuriwe Yohana 3:14) Naho nyene batigeze babona Yezu, muri iki gihe Ivyabona vya Yehova bashika imiliyoni zitanu urukundo nziraburyarya bamufitiye ruratuma bubahiriza ayo mabwirizwa. Ukuba batarabona Yezu amaso mu yandi ntibiregeza na buhoro inyiyemezo yabo y’ukugamburuka. Baribuka ico Umukama wabo yabwiye intumwa Toma, ati: “Wijejwe n’uk’umbonye. Hahirwa abatarinze kubona, yamara bakizera.”—Yohana 20:29.
21. Twungukira gute ku kwitaba Icibutso c’urupfu rwa Yezu, ico uyu mwaka kizogirwa ku Wiyinga, kw igenekerezo 23 Ntwarante?
21 Turizigiye ko uzoba uri muri bamwe kw isi iyo iva ikagera bazotororokanira ku Ngoro z’Ubwami z’Ivyabona vya Yehova inyuma y’ikirengazuba ku Wiyinga, igenekerezo rya 23 Ntwarante 1997, kugira basubire kuzirikana inseruro nyamukuru y’urukundo Imana yakunze abantu kandi ngo bibuke urupfu rwa wa Mwana wiwe w’intahemuka, Yezu Kirisitu. Ibivugwa n’ibigirwa muri ico gihe bikwiye kwimbika ibwina urukundo dufitiye Yehova n’Umwana wiwe kandi bigakuza icipfuzo cacu c’ukugumya amabwirizwa y’Imana.—1 Yohana 5:3.
Wokwishura Iki?
◻ Abo igitabu ca mbere ca Petero candikiwe bashitse gute ku kumenya no ku gukunda Yezu?
◻ Bimwebimwe mu bintu Abakirisu ba mbere bumvise bigushika ku nyota ni ibihe?
◻ Ni igiki dusanga mu gatima Yezu yerekanye cimbika ibwina urukundo umufitiye?
◻ Ni kuki ukwishimira Imana kwa Yezu kurimwo ukwicisha bugufi ari ngirakamaro rwose kuri twebwe?
◻ Twoshobora gute kwerekana urukundo dufitiye Yezu Kirisitu?
[Amafoto ku rup. 28, 29]
Turiyumvamwo ko dukwēgerwa kuri Yezu kubera agatima yerekanye