ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w05 1/1 rup. 12-17
  • Baramenyerejwe gushinga intahe inogangije

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Baramenyerejwe gushinga intahe inogangije
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Imyaka itatu y’ukumenyerezwa
  • Kwitwararika abantu
  • Urukundo ni rwo rutuvyurira umutima wo gukora
  • Tugume twitwararika ibihambaye
  • Ntiduhungabanywe n’ukurwanywa
  • Ikizozana ivyiza vyamaho
  • Gira ico wigiye ku karorero ka Yezu
  • “Uwo Muramukunda Naho Mutigeze Kumubona”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
  • “Nimugende muhindure abantu abigishwa”
    “Ingo unkurikire”
  • Kirisitu ni we ubuhanuzi bushimikirako
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Yezu Kristu ni nde?
    Bibiliya itwigisha iki?
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
w05 1/1 rup. 12-17

Baramenyerejwe gushinga intahe inogangije

“Muzoba ivyabona vyo kunshingira intahe i Yerusalemu, n’i Yudaya hose, n’i Samariya, no gushitsa ku mpera y’isi”.​—IVYAKOZWE 1:8.

1, 2. Igikorwa ca Petero cari ikihe, kandi ni nde yari yarakimushinze?

“YEZU Umunyanazareti . . . [y]atuge[ze] kumenyesha abantu no gushinga intahe [“inogangije”, NW] kw ari we Imana yashinze kuba Umucamanza w’abariho n’abapfuye” (Ivyakozwe 10:38, 42). Intumwa Petero yakoresheje ayo majambo mu gusigurira Koruneliyo n’umuryango wiwe igikorwa yari yarashinzwe co kuba umwamamaji w’inkuru nziza.

2 Ni ryari Yezu yatanze ico gikorwa? Petero ashobora kuba yari afise mu bwenge ivyo Yezu yavuze amaze kuzuka, imbere gato y’uko aduga mw’ijuru. Ico gihe, Yezu yabwiye abigishwa biwe b’intahemuka ati: “Muzoba ivyabona vyo kunshingira intahe i Yerusalemu, n’i Yudaya hose, n’i Samariya, no gushitsa ku mpera y’isi” (Ivyakozwe 1:8). Ariko rero, imbere gato y’aho, Petero yari yamenye yuko yobwirijwe kubwira abandi ivyerekeye ukwizera yari afise muri Yezu, narirya yari umwigishwa wiwe.

Imyaka itatu y’ukumenyerezwa

3. Ni igitangaro ikihe Yezu yakoze, kandi ni ubutumire ubuhe yahaye Petero na Andereya?

3 Yezu amaze amezi atari make abatijwe mu 29 G.C., yaramamaje aho Petero na mwenewabo Andereya bakorera igikorwa co kuroba ku Kiyaga c’i Galilaya. Bari bakesheje ijoro ryose baroba mugabo ntibagira ico bafata. Naho vyari ukwo, Yezu yababwiye ati: “Igira mw idamba, muterere insenga zanyu murobe”. Aho bakoreye ivyo Yezu avuze, “baroba ifi nyinshi cane, insenga zabo zigomba gucika”. Petero abonye ico gitangaro, aratekerwa n’ubwoba, mugabo Yezu aramuhumuriza ati: “Nta co utinya, uhereye none uzoroba abantu”.​—Luka 5:4-10.

4. (a) Yezu yateguye gute abigishwa biwe kugira bashinge intahe? (b) Ubusuku bw’abigishwa ba Yezu bwoshitse ku rugero rungana iki ubugereranije n’ubwa Yezu?

4 Petero na Andereya, tudasize inyuma Yakobo na Yohana bene Zebedayo, ubwo nyene baciye basiga ubwato bwabo bakurikira Yezu. Mu kiringo c’imyaka nk’itatu, baraherekeje Yezu mu ngendo yaza aragira zo kwamamaza inkuru nziza, gutyo baramenyerezwa kuba abamamaji b’inkuru nziza (Matayo 10:7; Mariko 1:16, 18, 20, 38; Luka 4:43; 10:9). Ku mpera z’ico kiringo, ku wa 14 Nisani 33 G.C., Yezu yababwiye ati: “Ūnyizera, ibikorwa jewe nkora na we azobikora: kand’azokora ibibiruta” (Yohana 14:12). Abigishwa ba Yezu boshinze intahe inogangije nk’uko Yezu yari yarayishinze, mugabo bobo bobigize ku rugero runini gusumba. Nk’uko batatevye kubimenya, bo hamwe n’abandi bose bobaye abigishwa inyuma y’aho boshinze intahe mu “mahanga yose”, gushika ku “nsozero y’urunkwekwe rw’ibintu”.​—Matayo 28:19, 20, NW.

5. Ni mu buryo ubuhe dushobora kwungukira ku kuntu Yezu yamenyereje abayoboke biwe?

5 Tubayeho mu “nsozero y’urunkwekwe rw’ibintu” (Matayo 24:3, NW). Mu buryo butandukanye n’abigishwa bo mu ntango, ntidushobora guherekeza Yezu ngo tumwihweze ariko arabwira abandi inkuru nziza. Mugabo turashobora kwungukira ku kuntu yamenyereje abigishwa biwe mu gusoma muri Bibiliya ingene yamamaje hamwe n’inyobozo yahaye abayoboke biwe (Luka 10:1-11). Ariko rero, iki kiganiro kiraza guca irya n’ino ikindi kintu gihambaye rwose Yezu yeretse abigishwa biwe, na co kikaba ari inyifato ibereye ku bijanye n’igikorwa co kwamamaza.

Kwitwararika abantu

6, 7. Ni kamere iyihe ya Yezu yatumye bimugendera neza mu busuku bwiwe, kandi dushobora kumwigana gute?

6 Ni kubera iki Yezu vyamugendeye neza mu gushinga intahe? Imvo imwe ni uko yitwararika rwose abantu akongera akabitaho bimwe bikomeye. Umwanditsi wa Zaburi yari yarabuye yuko Yezu “[y]ogiri[ye] akagongwe uworoshe n’umukene” (Zaburi 72:13). Nta gukeka Yezu yarashikije ubwo buhanuzi. Bibiliya ivuga ku bijanye n’igihe kimwe iti: “Abonye ishengero, rimutera akagongwe, kuko bāri bagowe, basābagiye nk’intama zitagira umwungere” (Matayo 9:36). Mbere n’abanyavyaha katwa bariyumvamwo ko abitwararika, bigatuma bamwiyegereza.​—Matayo 9:9-13; Luka 7:36-38; 19:1-10.

7 Bizotugendera neza muri iki gihe nitwitwararika abantu muri ubwo buryo nyene. Imbere yo kuja mu busuku, ni kubera iki utofata akanya ko kuzirikana ku kungene abantu bakeneye cane ubutumwa ugira ubashire? Niwiyumvire ingorane bashobora kuba bafise zizotorerwa umuti n’Ubwami bwonyene. Niwiyemeze kuba umuntu abona ko ibintu bizogenda neza kuri bose, kubera ko utazi uwuzokwakira neza ubutumwa. Hari aho wosanga umuntu uza kuvugisha ubukurikira yari amaze igihe asaba Imana ko hogira umuntu nkawe yoza kumufasha!

Urukundo ni rwo rutuvyurira umutima wo gukora

8. Mu kwigana Yezu, ni igiki kivyurira abayoboke biwe umutima wo kwamamaza inkuru nziza?

8 Inkuru nziza Yezu yamamaje yari ijanye n’iranguka ry’ukugomba kwa Yehova, ukwezwa kw’izina rya Yehova, hamwe n’ukwemezwa kw’ukugaba n’ukuganza kwa Yehova, ivyo bikaba ari vyo bibazo bihambaye kuruta ibindi vyose bihanze abantu (Matayo 6:9, 10). Kubera Yezu yakunda Se wiwe, yaravyuriwe umutima wo kuguma ari intadohoka gushika kw’iherezo no gushinga intahe inogangije yerekeye Ubwami, ubwo Bwami bukaba ari bwo buzotorera umuti ivyo bibazo (Yohana 14:31). Kubera yuko ivyo bintu nyene ari vyo bivyurira ingiro abayoboke ba Yezu bo muri iki gihe, barashiruka ubute igihe barangura ubusuku. Intumwa Yohani yavuze ati: “Ugukunda Imana [ni] uku, n’uko twitondera ivyagezwe vyayo”, harimwo na rya bwirizwa ryo kwamamaza inkuru nziza no guhindura abantu abigishwa.​—1 Yohana 5:3; Matayo 28:19, 20.

9, 10. Uretse urukundo dukunda Imana, ni urundi rukundo uruhe rutuvyurira umutima wo gushinga intahe inogangije?

9 Yezu yabwiye abayoboke biwe ati: “Ni mwankunda, muzokwitondera ivyagezwe vyanje. Ūri n’ivyagezwe vyanje akavyitondera, uwo ni we ankunda” (Yohana 14:15, 21). Gutyo rero, ugukunda Yezu bikwiye kutuvyurira umutima wo gushingira intahe ukuri no kwitondera ibindi bintu Yezu yageze. Kuri kimwe mu bihe Yezu yiyeretse abigishwa aho amariye kuzuka, yabwiye Petero ati: “Ahura imyagazi y’intama zanje. . . . Ragira intama zanje. . . . Ahura intama zanje”. Ni ibiki vyobaye bikwiye kuvyurira Petero umutima wo gukora ico gikorwa? Yezu yarerekanye inyishu igihe yabaza Petero yisubiriza ati: “Mbeg’urankunda? . . . Mbeg’urankunda? . . . Mbeg’urannogera?”. Ego cane, urukundo Petero yakunda Yezu be n’ukuntu yamunogera, vyari kumuvyurira umutima wo gushinga intahe inogangije, akarondera “intama” za Yezu, agaheza akazibera umwungere wo mu vy’impwemu.​—Yohana 21:15-17.

10 Muri iki gihe, twebwe ubwacu ntituzi Yezu nk’uko Petero yari amuzi. Naho ari ukwo, turatahura neza rwose ivyo Yezu yadukoreye. Imitima yacu isunikwa na rwa rukundo rwinshi rwatuma “arogorera [canke, “ahonjereza”, NW] umuntu wese urupfu” (Abaheburayo 2:9; Yohana 15:13). Twumva tumerewe nk’uko Paulo yumva amerewe igihe yandika ati: “Urukundo rwa Kristo ru[ra]tugōbēra. . . . [Yapfiriye] bose [k]ugira ngw abariho babeho batacinezereza, ariko babeho banezereza uwabapfiriye, akabazukira” (2 Ab’i Korinto 5:14, 15). Twerekana yuko duha agaciro kanini urukundo Yezu yadukunze be n’uko natwe tumukunda, mu kurangurana umwete ca gikorwa co gushinga intahe inogangije (1 Yohana 2:3-5). Ntitwokwigera twipfuza gukora ico gikorwa co kwamamaza mu buryo bwo guheza umwuga, nk’aho twoba tubona inkuka Yezu yatanze nk’iyifise agaciro gasanzwe.​—Abaheburayo 10:29.

Tugume twitwararika ibihambaye

11, 12. Ni igiki cazanye Yezu mw’isi, kandi ni mu buryo ki ari co yagumye yitwararitse?

11 Igihe Yezu yari imbere ya Ponsiyo Pilato, yavuze ati: “Iki ni co navukiye, kand’iki ni co canzanye mw isi, n’ukugira ngo nshingire intahe ukuri” (Yohana 18:37). Yezu nta kintu na kimwe yaretse ngo kimubuze gushingira intahe ukuri. Ivyo ni vyo Imana yashaka ko akora.

12 Shetani ntiyabuze kugerageza Yezu muri ivyo. Haciye igihe gitoyi Yezu abatijwe, Shetani yaramwemereye kumugira umuntu ahambaye mw’isi, ngo amuhe “ubgami bgose bgo mw isi n’ubgiza bgabgo” (Matayo 4:8, 9). Haciye igihe, Abayuda barashatse kumugira umwami (Yohana 6:15). Hari abohava biyumvira yuko hari kuboneka akarusho iyo Yezu yemera ivyo bari bamwemereye, kumbure bakibwira yuko iyo aza kuba umwami ng’aha kw’isi, yari gushobora kugirira ivyiza vyinshi abantu. Ariko rero, Yezu yaramiriye kure mwene ivyo vyiyumviro. Icari gihambaye kuruta ibindi vyose kuri we kwari ugushingira intahe ukuri.

13, 14. (a) Ni ibiki bitashoboye gukura Yezu ku gikorwa ciwe cari gihambaye kuruta ibindi vyose? (b) Naho Yezu yari mworo, ni ibiki yaranguye?

13 Ikindi kandi, ivyo kurondera itunga ntivyatesheje Yezu kugira ico yikorera. Ivyo vyatumye ataba umutunzi. Washaka, ntiyari anafise inzu yiwe bwite abamwo. Igihe kimwe yavuze ati: “Imbgebge ziri n’imyobo, n’ibiguruka mu kirēre biri n’ivyari; arik’Umwana w’umuntu we ntagira ah’arambika umusaya” (Matayo 8:20). Igihe Yezu yapfa, ikintu kimwe rudende c’agaciro yari atunze canditswe muri Bibiliya wari wa mwinjiro ari yo ya mpuzu abasoda b’Abaroma bafindiye (Yohana 19:23, 24). Ubuzima bwa Yezu bwoba none bwabaye impfagusa? Habe n’intete!

14 Yezu yararanguye ibintu biruta kure n’iyo ivy’umugiraneza atunze kuruta abandi bose yari gushobora kurangura. Paulo yanditse: “Mu[ra]zi ubuntu bg’Umwami wacu Yesu Kristo, yuko naho yar’umutunzi, yahindutse umworo kubganyu, kugira ng’ubgoro bgiwe bubatungishe” (2 Ab’i Korinto 8:9; Ab’i Filipi 2:5-8). Naho Yezu yari mworo, yarugururiye inzira abantu bicisha bugufi ngo bazoronke ubuzima budahera batagira agasembwa. Ese ukuntu tumukurira ubwatsi! Kandi ese ukuntu twigina impera yaronse kubera ko ugukora ivyo Imana igomba yabigize co kintu gihambaye kuruta ibindi vyose!​—Zaburi 40:8; Ivyakozwe 2:32, 33, 36.

15. Ni igiki kirusha agaciro itunga?

15 Abakirisu bihatira kwigana Yezu muri iki gihe na bo nyene ntibareka ngo ivyo kwiruka inyuma y’itunga bibateshe igikorwa cabo (1 Timoteyo 6:9, 10). Baremera icese yuko ubutunzi bushobora gutuma ubuzima bumera neza, mugabo barazi yuko kazoza kabo k’ibihe bidahera kadahagaze namba kw’itunga. Iyo umukirisu apfuye, itunga ryiwe ry’ivy’umubiri ntiriba rikimufitiye akamaro, nka kumwe na ya mpuzu ya Yezu itari ikimufitiye akamaro aho apfiriye (Umusiguzi 2:10, 11, 17-19; 7:12). Iyo umukirisu apfuye, ikintu kimwe rudende c’agaciro nyakuri aba atunze ni ubucuti aba yari afitaniye na Yehova be na Yezu Kirisitu.​—Matayo 6:19-21; Luka 16:9.

Ntiduhungabanywe n’ukurwanywa

16. Yezu yifashe gute igihe yarwanywa?

16 Ukurwanywa ntikwatumye Yezu areka gushingira intahe ukuri. Mbere no kuba yari azi yuko ubusuku bwiwe bwo kw’isi bwotumye apfa urupfu rwo kwitangako inkuka ntivyamuciye intege. Ku vyerekeye Yezu, Paulo yavuze ati: “Kubg’umunezero yashizwe imbere, yihanganiye [“igiti co kubabarizwako”, NW], ntiyagira ikindi isoni za[c]o, avyagira i buryo bg’intebe y’Imana” (Abaheburayo 12:2). Urabona yuko Yezu ‘atagize ikindi isoni zaco’ canke yakengereye isoni. Ivyo abamurwanya bamwiyumvirako nta co vyamubwiye. Ugukora ivyo Imana igomba ni vyo yitwararika imbere ya vyose.

17. Twokwigira iki ku kwihangana kwa Yezu?

17 Mu kwerekana icigwa kiri mu kwihangana kwa Yezu, Paulo aremesha abakirisu ati: “Mushire imitima kur’uyo yihanganiye [“amabi angana artyo yatewe n’abanyabicumuro”, UB], ntimucobogore, ntimudendebukirwe mu mitima yanyu” (Abaheburayo 12:3). Ego ni ko, kwihanganira abaturwanya canke abadutwengera mw’ijigo uko bukeye uko bwije birashobora kuduca intege. Birashobora kuba ibiruhisha kubandanya kunanira ibikwegakwega vyo mw’isi, bikaba vyoshobora no gutuma tunebagurwa n’incuti zacu zituremesha kuba abantu “bahambaye”. Ariko rero, cokimwe na Yezu, duhanga amaso Yehova ngo adushigikire uko dushira Ubwami mu kibanza ca mbere mu buzima bwacu tutanyiganyiga.​—Matayo 6:33; Abaroma 15:13; 1 Ab’i Korinto 2:4.

18. Ni icigwa gihambaye ikihe dushobora kwigira ku majambo Yezu yabwiye Petero?

18 Ivy’uko Yezu yanse ivyomubuza kugira ico yikoreye vyagaragaye igihe yatangura kubwira abigishwa biwe ivyerekeye urupfu rwiwe rwari rwegereje. Petero yaremesheje Yezu “kwibabarira” (NW) yongera amusubiriza umutima mu nda yuko ivyo ‘bitomushikiye n’intete’. Yezu yaranse kwumviriza ikintu ico ari co cose cari guhava gituma umwiyemezo yafashe wo gukora ivyo Yehova agomba ugoyagoya. Yaciye ahindukirira Petero maze amubwira ati: “Vaho, genda wa shetani we! Unyosha nabi, kuko ivyiyumviro vyawe bidasa n’ivy’Imana, bisa n’ivy’abantu” (Matayo 16:21-23, UB). Ese natwe nyene twokwama nantaryo twiyemeje kwamirira kure ivyiyumviro vy’abantu! Nimuze riho twame nantaryo turongorwa n’ivyiyumviro vy’Imana.

Ikizozana ivyiza vyamaho

19. Naho Yezu yakora ibitangaro, umuce uhambaye kuruta iyindi yose w’ubusuku bwiwe wari uwuhe?

19 Yezu yarakoze ibitangaro vyinshi kugira ngo yerekane yuko yari we Mesiya. Mbere yarazuye abapfuye. Ivyo bikorwa vyarakwegēra amasinzi, mugabo Yezu ntiyaje kw’isi kugira gusa akore ibikorwa vyo gufasha abantu. Yaje gushingira intahe ukuri. Yari azi yuko ivyiza ivyo ari vyo vyose yakora vyo mu buryo bw’umubiri vyari ivy’akanya gato. Mbere n’ababa bazuwe barasubira gupfa. Biciye ku gushingira intahe ukuri, ni ho gusa yari gushobora gufasha bamwebamwe kuzoronka ubuzima budahera.​—Luka 18:28-30.

20, 21. Abakirisu b’ukuri baguma bafise uburimbane ubuhe mu bijanye no gukora ibikorwa vyo gufasha?

20 Muri iki gihe, hari abantu bagerageza kwigana ibikorwa vyiza Yezu yakoze, bakubaka ibitaro canke bagakorera abakene bo kw’isi ibindi bikorwa vy’ubugiraneza. Rimwe na rimwe, ivyo birabatwara amahera menshi cane, kandi nta wobura gushima umutima utarimwo uburyarya babigirana; mugabo imfashanyo iyo ari yo yose batanga yo gutabara, naho yoba nziza gute, ni iy’igihe gito gusa. Ubwami ni bwo bwonyene buzotabara abantu mu buryo buramba. Kubera ico, Ivyabona vya Yehova bibanda ku gushingira intahe ukuri kwerekeye ubwo Bwami, nk’uko Yezu yabigize.

21 Ariko ntiwumve, abakirisu b’ukuri barakora ibikorwa vy’ugufasha. Paulo yanditse ati: “Iyo turonse uburyo, tugirire bose neza, cane-cane ab’inzu y’abizera” (Ab’i Galatiya 6:10). Mu bihe vy’amakuba canke igihe hari umuntu ari mu nkenero, ntitugonanwa ‘kugirira neza’ abantu nkatwe canke abavukanyi bacu bakirisu. Naho ari ukwo, ico dushira imbere y’ibindi vyose, ni ugushingira intahe ukuri.

Gira ico wigiye ku karorero ka Yezu

22. Ni kubera iki abakirisu babwira inkuru nziza abandi bantu?

22 Paulo yanditse ati: “Ntavuze ubutumwa nobona ibara” (1 Ab’i Korinto 9:16). Ntiyamamaza inkuru nziza mu buryo bwo guheza umwuga, kubera ko kuyamamaza vyotumye we ubwiwe hamwe n’abamwumviriza baronka ubuzima (1 Timoteyo 4:16). N’ubusuku bwacu tububona muri ubwo buryo nyene. Dushaka gufasha abantu nkatwe. Dushaka kwerekana urukundo dukunda Yehova. Dushaka kugaragaza urukundo dufitiye Yezu be n’uko tumukengurukira ku bw’urukundo rwinshi yadukunze. Kubera ico, turamamaza inkuru nziza, gutyo tukabaho ‘tutagikorera ivyifuzo vy’abantu, ariko dukora ivy’Imana igomba’.​—1 Petero 4:1, 2.

23, 24. (a) Ni icigwa ikihe twigira kuri ca gitangaro c’amafi? (b) Ni bande muri kino gihe bariko barashinga intahe inogangije?

23 Cokimwe na Yezu, ntitwigera tureka igikorwa cacu nyamukuru igihe abandi badutwengeye mw’ijigo canke igihe biyamirije n’ishavu n’akantu ubutumwa tubabwira. Turakura icigwa kuri ca gitangaro Yezu yakora igihe yasaba Petero na Andereya ngo bamukurikire. Turatahura yuko igihe tugamburukiye Yezu maze mu buryo bw’ikigereranyo tugaterera insenga zacu mbere no mu mazi asa n’ayatagira ico yovamwo, ukuroba kwacu gushobora kuvamwo ikintu. Abarovyi bakirisu benshi bararonse amafi menshi bari bamaze imyaka bakorera mu mazi asa n’ayatimbuka. Abandi barashoboye kwimukira ahashobora kuva amafi menshi gusumba, kandi baraharonkeye amafi menshi. Ivyo dukora vyose muri ivyo, ntituzohagarika guterera insenga zacu. Turazi yuko Yezu ataratangaza yuko hari ahantu na hamwe kw’isi igikorwa co kwamamaza carangiye.​—Matayo 24:14.

24 Ivyabona vya Yehova barenga imiliyoni zitandatu ubu bariko barakorera mu bihugu birenga 230. Inomero y’Umunara w’Inderetsi yo ku wa 1 Ruhuhuma 2005, izoba irimwo raporo y’umwaka yo kw’isi yose y’igikorwa baranguye mu mwaka w’umurimo wa 2004. Iyo raporo izokwerekana imihezagiro myinshi Yehova ahunda igikorwa co kwamamaza. Mu mwanya uru runkwekwe rw’ibintu rusigaje, nimuze tubandanye gushira ku mutima aya majambo ya Paulo akabura agira ati: “Uvuge ijambo ry’Imana, uhore ugavye [canke, “uryihutire”, NW]” (2 Timoteyo 4:2). Nimuze tubandanye gushinga intahe inogangije gushika aho Yehova azovugira yuko ico gikorwa kirangiye.

Guhera muri uyu mwaka, Raporo y’umwaka w’umurimo w’Ivyabona vya Yehova kw’isi yose ntizoja irasohoka mu nomero y’Umunara w’Inderetsi yo ku wa 1 Nzero. Ahubwo izoza irasohoka mu nomero yo ku wa 1 Ruhuhuma.

Woshobora kuvyishura?

• Dushobora kwungukira gute ku kuntu Yezu yamenyereje abigishwa biwe?

• Yezu yari afise inyifato iyihe ku bijanye n’abantu yabwira inkuru nziza?

• Ni igiki kituvyurira umutima wo gushinga intahe inogangije?

• Ni mu buryo butandukanye ubuhe dushobora kuguma dushira imbere ugukora ivyo Imana igomba, nk’uko Yezu yabigize?

[Ifoto ku rup. 15]

Bizotugendera neza mu busuku bwacu nitwitwararika abantu nka kumwe nyene Yezu yabitwararika

[Ifoto ku rup. 16, 17]

Ikintu nyamukuru cazanye Yezu kw’isi kwari ugushingira intahe ukuri

[Amafoto ku rup. 17]

Ivyabona vya Yehova bibanda ku gushinga intahe

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika