ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w05 1/1 rup. 18-23
  • Twarize kwizigira Yehova n’umutima wacu wose

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Twarize kwizigira Yehova n’umutima wacu wose
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Yatwara ubwato akaba n’umwamamaji
  • Duhigwa n’Abanazi
  • Ca gipolisi c’Abanazi kitwoma inyuma
  • Kwamamaza mw’ikambi ry’itunatuniro ata gutezura
  • Nirerana abakobwa babiri
  • Baja i Sachsenhausen
  • Umuryango wacu uza wasubira hamwe
  • ‘Jeho nizigira Yehova’
  • Mbega nokwishura iki Yehova?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Narizigiye ubwitwararitsi bwa Yehova buranga urukundo
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Naho ndi umunyantegenke, ndafise inkomezi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Tubifashijwemwo na Yehova, twararokotse intwaro z’agahotoro
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
w05 1/1 rup. 18-23

Inkuru y’ubuzima

Twarize kwizigira Yehova n’umutima wacu wose

NK’UKO VYAVUZWE NA NATALIE HOLTORF

Hari muri Ruheshi 1945. Umusi umwe muri ukwo kwezi, hari umugabo afise umubiri weyutse yaserutse aho twaba maze araza yitonze ahagarara imbere y’umuryango. Agakobwa kanje k’agahererezi kitwa Ruth kasa n’akagize ubwoba, gaca gasemerera gati: “Mama, imbere y’umuryango hariho umuntu ntazi!”. Ntikari kazi yuko uwo muntu katazi yari se, ni ukuvuga umunega wanje nikundira Ferdinand. Imyaka ibiri imbere y’aho, Ruth amaze imisi itatu gusa avutse, Ferdinand yari agiye ahantu avuye i muhira, arafatwa, maze aruhukira mw’ikambi ry’itunatuniro ry’Abanazi. Mugabo ico gihe noneho, Ruth yari agiye yabona se wiwe, umuryango wacu na wo urasubira hamwe. Twe na Ferdinand twari dufise ibintu vyinshi vyo kuyaga!

FERDINAND yavutse mu 1909 mu gisagara ca Kiel mu Budagi, nanje nkaba navutse mu 1907 mu gisagara ca Dresden mu Budagi nyene. Igihe nari mfise imyaka 12 y’amavuko, ni ho umuryango wacu wayaga ari bwo bwa mbere n’Abatohoji ba Bibiliya, ukwo kukaba ari kwo Ivyabona vya Yehova bitwa ico gihe. Nshikanye imyaka 19, narahevye idini ryitwa Église évangélique ndaheza negurira ubuzima bwanje Yehova.

Muri ico gihe nyene, Ferdinand yarahejeje ishure ryigisha ivy’ugutwara ubwato maze acika umwe mu bakorera ku bwato. Mu ngendo yagenda aragira, yaribaza ibibazo bijanye n’ukubaho kw’Umuremyi. Ferdinand atahutse, yaragiye kuramutsa mwenewabo, uno akaba yari Umutohoji wa Bibiliya. Ikiyago bagiranye ni co catumye ashwiruka yuko Bibiliya yari ifise inyishu ku bibazo vyariko bimutesha umutwe. Yarahevye ishengero rya Luther, yongera afata ingingo yo guhagarika akazi yakora ku bwato. Amaze umusi wa mbere mu gikorwa co kwamamaza, yaragize icipfuzo gikomeye co gukora ico gikorwa ubuzima bwiwe bwose. Muri iryo joro nyene, Ferdinand yareguriye ubuzima bwiwe Yehova. Yabatijwe muri Myandagaro 1931.

Yatwara ubwato akaba n’umwamamaji

Muri Munyonyo 1931, Ferdinand yaruriye igariyamoshi aja mu Buholande gusahiriza mu gikorwa co kwamamaza muri ico gihugu. Igihe Ferdinand yabwira umuvukanyi yari ahagarikiye igikorwa muri ico gihugu yuko yigeze kuba akora ku bwato, nya muvukanyi yaciye yiha akamo ati: “Emwe, ni wewe nyene twari dukeneye!”. Abavukanyi bari barakotesheje ubwato kugira ngo umugwi w’abatsimvyi (abasuku b’igihe cose) bashobore kubwira inkuru nziza ababa ku nkengera z’amazi mu gice co mu Buraruko bw’ico gihugu. Nya bwato bwari bufise ababukorako batanu, mugabo nta n’umwe muri bo yari ashoboye kubutwara. Ferdinand yaciye rero aba uwujejwe kubutwara ari we mugapitene.

Haciye amezi atandatu, Ferdinand yarasabwe kuba umutsimvyi i Tilburg mu Bumanuko bw’Ubuholande. Muri ico gihe, na jewe nyene narashitse i Tilburg kuhakorera ubutsimvyi, maze ndamenyana na Ferdinand. Mugabo twaciye dusabwa kwimukira i Groningen, mu gice co mu Buraruko bw’ico gihugu. Aho ni ho twubakaniye muri Gitugutu 1932, maze tugirira ngeni ng’aho mu nzu yabamwo abatsimvyi batari bake, muri ico gihe nyene tukarangura n’igikorwa c’ubutsimvyi!

Mu 1935 umwigeme wacu Esther yaravutse. Naho twaronka uduhera dukeya, twiyemeje kubandanya gukora ubutsimvyi. Twimukiye mu kagari kamwe, aho twabaye mu kazu kangana urwara. Igihe naba nasigaye i muhira nitwararika akana kacu, umunega wanje yaca amara umusi wose mu busuku. Umusi ukurikira twaca dukaba, nkaja mu busuku na we agasigara i muhira. Ni uko vyabandanije gushika Esther akuze bihagije ku buryo dushobora kujana mu busuku.

Budakeye na kabiri, mu Buraya haciye hatangura umuvurungano wo mu vya politike. Twaramenye ivyerekeye uruhamo rwariko rushikira Ivyabona mu Budagi, twongera turatahura yuko rwariko rurya abandi rutatwibagiye. Twaribaza ingene twari kuvyifatamwo mu ruhamo rurengeje. Mu 1938 abategetsi bo mu Buholande barashinze itegeko ryabuza abanyamahanga gukora igikorwa co kugendagenda batanga ibitabu bijanye n’idini. Kugira ngo Ivyabona bo mu Buholande badufashe kubandanya ubusuku bwacu, baraduhaye amazina y’abantu bari bagaragaje ko bashimishwa n’igikorwa cacu, maze turashobora kwigana Bibiliya na bamwebamwe muri bo.

Muri ico gihe, hariko harategurwa ihwaniro ry’Ivyabona vya Yehova. Naho tutari dufise amahera yo kugura amatike y’igariyamoshi yari kudushikana aho iryo hwaniro ryari kubera, twashaka kuryitaba. Twaciye rero dufata urugendo rw’imisi itatu turi ku makinga, turi kumwe na ka Esther kicaye mu gatebe kari amaja imbere ku mahembe y’ikinga. Twaza turasaba indaro ku Vyabona baba hampande y’inzira. Ese ukuntu twahimbawe no kwitaba ihwaniro ryacu rya mbere ryahuje abava mu gihugu cose! Iyo porogarama yaradukomeje ku bw’ibigeragezo vyari biraririye gushika. Ikiruta vyose, twaribukijwe kwizigira Imana. Amajambo yo muri Zaburi 31:6 yacitse icivugo cacu. Agira ati: ‘Ariko jeho nizigira Yehova’.

Duhigwa n’Abanazi

Muri Rusama 1940 Abanazi barateye Ubuholande. Haciye igihe gito, abapolisi bo muri ca gipolisi c’Abanazi cakorera mu kinyegero ari co Gestapo baraje i muhira tutari tuvyiteze igihe twariko dupanga ibitabu bishingiye kuri Bibiliya twari twaronse. Ferdinand bamujanye ku biro bikuru vy’ico gipolisi. Twe na Esther twama tuja kumuraba, rimwe na rimwe agasambishwa akongera agakubitirwa mu maso yacu. Muri Kigarama, Ferdinand yararekuwe atari avyiteze, mugabo umwidegemvyo wiwe wamaze igihe gito. Umusi umwe ku mugoroba dutashe, twarabonye umuduga wa ca gipolisi c’Abanazi (Gestapo) iruhande y’inzu. Ferdinand yarashoboye kunyaga amagara, nayo twe na Esther twinjira mu nzu. Abo bapolisi bo muri ca gipolisi c’Abanazi bari baturindiriye, bakaba barondera Ferdinand. Muri iryo joro nyene, abo bapolisi bamaze kugenda, haraje abapolisi b’Abaholande maze bantwara kumbaza ibibazo. Umusi ukurikira, twe na Esther twaragiye kwinyegeza mu nzu y’umugabo n’umugore b’Ivyabona bari baherutse kubatizwa, ni ukuvuga umuryango wa Norder, bano baraturonsa aho tuba bongera baradukingira.

Amaja mu mpera z’ukwezi kwa Nzero 1941, umugabo n’umugore b’abatsimvyi bubakanye baba mu bwato barafashwe. Bukeye, umucungezi w’umuzunguruko (umusuku w’ingenzi) hamwe n’umunega wanje baragiye kuri nya bwato gukurayo ibintu bimwebimwe wa mugore na wa mugabo bari batunze, mugabo abakorana na ca gipolisi c’Abanazi baciye babasimbirako. Ferdinand yarashoboye kubaca mu myanya y’intoke no guhunga ari kw’ikinga ryiwe. Ariko nya mucungezi w’umuzunguruko wewe baciye bamujana kumupfunga.

Abavukanyi bari bahagarikiye igikorwa barasavye Ferdinand gusubirira nya mucungezi w’umuzunguruko. Ivyo vyasobanura yuko yogiye araza i muhira imisi itatu gusa mu kwezi. Iyo yari iyindi ngorane kuri twebwe, mugabo narabandanije gukora ubutsimvyi. Ca gipolisi c’Abanazi cari congereje utwigoro two kurondera Ivyabona, ari co gituma twategerezwa kuguma twimuka. Mu 1942 twimutse incuro zitatu. Amaherezo, twagiye kuba mu gisagara ca Rotterdam, hakaba hari kure cane y’aho Ferdinand yarangurira ubusuku bwiwe bwo mu kinyegero. Ico gihe nari nibungenze iyigira kabiri. Umuryango wa Kamp, uwo na wo ukaba wari ufise abana babiri b’abahungu bari baherutse kujanwa mu makambi y’itunatuniro, waradutwaye iwabo n’umutima mwiza.

Ca gipolisi c’Abanazi kitwoma inyuma

Umwana wacu Ruth agira kabiri yavutse muri Mukakaro 1943. Inyuma y’ivuka rya Ruth, Ferdinand yarashoboye kumarana natwe imisi itatu, mugabo inyuma y’aho vyabaye ngombwa ko agenda, kandi hociye igihe kirekire tudasubiye kumubona. Haciye nk’indwi zitatu, Ferdinand yarafatiwe i Amsterdam. Yarajanywe ku biro vya ca gipolisi c’Abanazi, aho bahavuye batora uwo ari we. Nya gipolisi c’Abanazi caciye gitangura kumusambisha urutavanako barondera ko yotanga amakuru yerekeye ibikorwa vyacu bijanye no kwamamaza. Mugabo ikintu gusa Ferdinand yemeye guhishura n’umutima ukunze, yavuze gusa yuko yari Icabona ca Yehova be n’uko atagira uruhara mu gikorwa ico ari co cose kijanye n’ivya politike. Abakuru ba ca gipolisi c’Abanazi barashavujwe cane no kubona Ferdinand atagiye mu gisoda, kandi yari afise ubwenegihugu bw’Abadagi, maze bamukangisha kumwica nk’umuhemu.

Mu mezi atanu yakurikiye, Ferdinand yarapfungiwe mu gasho, aho yihanganiye iterabwoba bagenda baramugirako bamubwira yuko azoraswa n’umugwi w’abasoda bajejwe kwica inkozi z’ikibi. Yamara, yagumye ari intadohoka kuri Yehova. Ni igiki camufashije kuguma akomeye mu vy’impwemu? Yafashijwe n’Ijambo ry’Imana Bibiliya. Ego ni ko, kubera Ferdinand yari Icabona, ntiyari yemerewe gutunga Bibiliya. Ariko rero, abandi banyororo barashobora gusaba Bibiliya. Kubera ico, Ferdinand yarashwiruye uwo bari bapfunganywe ngo asabe umuryango wiwe urungike Bibiliya, uno muntu na we arabigira. Haciye imyaka, igihe cose Ferdinand yasubiramwo ivyamushikiye, mu maso hiwe haca hakayangana akikugura ati: “Ese ukuntu Bibiliya yampumurije!”.

Mu ntango z’ukwezi kwa Nzero 1944, Ferdinand yarajanywe giturumbuka mw’ikambi ry’itunatuniro ry’i Vught mu Buholande. Mu buryo ata muntu n’umwe yari yiteze, kwimurirwa ng’aho vyarabaye umuhezagiro kuri we kubera ko yahasanze ibindi Vyabona bashika 46. Igihe namenya ivy’ukwimurwa kwiwe, narahimbawe rwose no kumenya yuko yari akiriho!

Kwamamaza mw’ikambi ry’itunatuniro ata gutezura

Ubuzima mw’ikambi bwari bugoye cane. Ugufungura nabi cane, ukubura impuzu zisusurutsa, be n’imbeho y’igikonyozi vyari ibintu vya misi yose. Ferdinand yarafashwe n’indwara ikomeye y’ibigoga (angines). Haciye umwanya muremure atonze hanze mu mbeho y’igikonyozi arindiriye ko na we bomuhamagara, yarinjiye aho bavurira. Abarwayi baba bafise umucanwa wa dogere 40 canke zirenga baremererwa gusigara. Mugabo Ferdinand wewe ntiyemerewe gusigara, kubera yuko yari afise umucanwa wa dogere 39 gusa! Yaciye abwirwa gusubira ku gikorwa. Ariko rero, abanyororo bagenziwe b’abanyempuhwe baramufasha mu kuza baramunyegeza mu mwanya mutomuto ahantu hasusurutse. Yararonka iyindi ntabaro igihe haba hasusurutse. Ikindi kandi, igihe bamwebamwe mu bavukanyi baba baronse imfungurwa bagemuriwe, baca bazisabikanya n’abandi, Ferdinand agaca rero aronka agatege.

Imbere y’uko umunega wanje apfungwa, kwamamaza vyari vyarabaye bwo buzima bwiwe, ari co gituma mw’ikambi yabandanije kubwira abandi ivyo yizera. Abakuru b’ikambi akenshi baramubwira amajambo yo kumushira hasi ku vyerekeye inyabutatu yiwe isa n’umutugutu, ikaba yari ikimenyetso cerekana ko imbohe icambaye ari Icabona. Mugabo amajambo mwene ayo Ferdinand yabona ko ari akaryo ko gutanguza ikiyago na bo. Mu ntango, icibare co kwamamazamwo c’abavukanyi cagarukira ku tuzu ahanini twabamwo Ivyabona. Nya bavukanyi baribaza bati: ‘Dushobora gute gushikira abandi banyororo?’. Ubuyobozi bw’ikambi butanabizi, bwaratanze umuti kuri ico kibazo. Uti gute?

Abavukanyi bari bafise ibitabu bishingiye kuri Bibiliya bari baranyegeje, hamwe na Bibiliya zishika 12. Umusi umwe abarinzi b’ibohero barubuye igitabu kinaka, mugabo ntibashobora kumenya nyeneco. Abakuru b’ikambi baciye bafata ingingo yo gutandukanya Ivyabona. Ku bw’ivyo, abavukanyi bose baciye bashirwa mu tuzu twaba turimwo abanyororo batari Ivyabona. Vyongeye, abavukanyi bategerezwa kwicarana n’abantu batari Ivyabona igihe baba bariko barafungura. Iyo ndinganizo yarabaye umuhezagiro. Ico gihe noneho abavukanyi barashobora gukora ivyo bari bipfuje gukora mu ntango, ni ukuvuga kwamamaza ku bantu benshi bashoboka bo mw’ikambi.

Nirerana abakobwa babiri

Ico gihe, twe n’abakobwa banje babiri twari tukiba i Rotterdam. Mu rushana rwo mu mwaka wa 1943 ushira uwa 1944 ibintu vyari bikomeye bimwe bidasanzwe. Inyuma y’inzu yacu hari umugwi w’abasoda b’Abadagi wakoresha vya muzinga bikorora indege. Imbere yacu hari Ikivuko ca Waal, kikaba ari co canecane indege za rwa runani rw’ibihugu vyarwanya Ubudagi zarondera. Aho ntihari ahantu h’umutekano kuruta ahandi umuntu yari kwinyegeza. Vyongeye, hari umukeno w’ibifungurwa. Kuruta ikindi gihe cose, twarize kwizigira Yehova n’umutima wacu wose.​—Imigani 3:5, 6.

Esther, uwari afise imyaka umunani y’amavuka, yarafasha umuryango wacu mutoya mu kuja gutonda ku murongo ku kigo cari kijejwe kuronsa ba ntahonikora udufungurwa. Ariko rero, igihe yaba ashikiriwe, yasanga ata na kimwe gisigaye. Igihe kimwe yari yagiye kurondera imfungurwa, yagiye abona ari mu gitero c’indege. Narahagaritse umutima igihe numva ibibombe bitanguye guturagurika, mugabo bidatevye amaganya yanje yaciye asubirirwa n’amosozi y’umunezero igihe Esther yagaruka ata co yabaye, eka mbere akaba yari afise ivyamwa vya beterave. Naciye ndamubaza nti: “Vyagenze gute?”. Yishuye umutima uri mu nda ati: “Igihe ibibombe vyatibagurika, nagize neza na neza ivyo dawe yambwiye kugira. Yambariye ati ‘Uzoce wubika inda hasi, ugumeyo, maze usenge’. Kandi vyamfashije!”.

Kubera yuko imvugo yanje yamota ikidagi, kuba Esther ari we yaja kugira utwo agura vyararushiriza kudukingira. Abasoda b’Abadagi ivyo ntibabuze kubibona, bakaba baciye batangura kubaza ibibazo Esther. Mugabo ntiyigeze amena ibanga na rimwe. Mu rugo, narigisha Esther Bibiliya, kandi kubera ko atashobora kuja kw’ishure, naramwigisha gusoma no kwandika hamwe n’ibindi bintu.

Esther yaramfasha kandi mu busuku. Imbere y’uko nja kwigana Bibiliya n’umuntu, Esther yaranyitangira imbere kugira ngo arabe nimba ata kaga kahari. Yarasuzuma yuko ibimenyetso twaba twumvikanyeko na nya mutohoji wa Bibiliya bihari. Nk’akarorero, umuntu naba ngiye kuraba yarashira agakono k’amashurwe mu kibanza kinaka kw’idirisha kugira ngo amenyeshe yuko nshobora kuza. Mu gihe twaba turiko turiga Bibiliya, Esther yaguma hanze areretse ko ata kimenyetso kihari cerekana ko hari ingorane, akaza aratembereza ka Ruth kicaye mu kaduga k’abana, agenda agaruka mw’ibarabara.

Baja i Sachsenhausen

Ferdinand ivyiwe vyari vyifashe gute? Muri Nyakanga 1944, Ferdinand hamwe n’abandi barajanywe ku nguvu ku gituro c’amagariyamoshi, aho abanyororo barundwa mu bikontineri vy’imizigo bikwegwa na gariyamoshi vyaba bibarindiriye, kimwekimwe cose kikaba capakirwamwo abanyororo 80. Mu gikontineri kimwekimwe cose harimwo indobo imwe yo kwitabariramwo hamwe n’iyindi imwe yarimwo amazi yo kunywa. Urwo rugendo rwamaze imisi itatu n’amajoro atatu, bakaba bagenda bahagaze! Basa n’abataronka akayaga. Nya bikontineri vyari vyugaye biriko gusa udutoboro hirya no hino. Ubushuhe, inzara, hamwe n’inyota, tutavuze umunuko bategerezwa kwihanganira, nta wobona ingene abidondora.

Igariyamoshi yari ibatwaye yahavuye ihagarara kuri rya kambi ry’itunatuniro ryakorerwamwo amabi atagira izina ry’i Sachsenhausen. Abanyororo bose baratswe ibintu vyose bari bagifise, kiretse za Bibiliya ntonto 12 Ivyabona bari bitwaje!

Ferdinand n’abandi bavukanyi umunani barungitswe mw’ikambi ry’itunatuniro ry’i Rathenow ryagabwa na Sachsenhausen kugira ngo bakore mw’ihingurwa ry’ibikoresho vy’intambara. Naho akenshi babakangisha kubica, abo bavukanyi baranse gukora ico gikorwa. Kugira ngo baremeshanye kuguma bashikamye, mu gatondo bihwereza hamwe icanditswe, nk’akarorero Zaburi 18:2, kugira ngo baze kukizirikanako ku murango. Ivyo vyarabafasha kuzirikana ku bintu vy’impwemu.

Amaherezo, umuturagaro wa vya muzinga warabaye ikimenyetso c’uko inteko za rwa runani rw’ibihugu vyarwanya Ubudagi be n’iz’Abarusiya zariko ziregereza. Abarusiya ni bo babanje gushika mw’ikambi Ferdinand be na bagenziwe barimwo. Barahaye abanyororo imfungurwa nkeyi baraheza babategeka kuva muri iryo kambi. Mu mpera za Ndamukiza 1945, igisoda c’Abarusiya carabemereye gutaha.

Umuryango wacu uza wasubira hamwe

Ku wa 15 Ruheshi, Ferdinand yarashitse mu Buholande. Abavukanyi b’i Groningen bamwakiranye igishika cinshi. Ntiyatevye kumenya yuko twari tukiriho, twibereye ahantu hamwe muri ico gihugu, maze turamenyeshwa yuko yari yagarutse. Imisi yahaciye turindiriye ko ashika yatubereye nk’imyaka. Mugabo amaherezo, umusi umwe twagiye twumva ka Ruth gasemerera gati: “Mama, imbere y’umuryango hariho umuntu ntazi!”. Yari umunega wanje akaba na sebibondo nikundira!

Hariho ingorane umuyoro zari zikeneye gutorerwa umuti imbere y’uko twongera kuba umuryango nya muryango. Ntitwari dufise aho tuba, kandi ingorane nyamukuru yari iyo gusubira kuronka uburenganzira bwo kubandanya kuba ng’aho. Kubera ko twari Abadagi, haraciye imyaka myinshi abategetsi b’Ubuholande badufata nk’ibicibwa. Ariko rero, amaherezo twarashoboye kwicara hamwe no gusubirana ubuzima twari tumaze igihe tunyotewe rwose, na bwo bukaba bwari ubwo gukorera Yehova uko tugize umuryango.

‘Jeho nizigira Yehova’

Mu myaka yakurikiye, igihe cose twe na Ferdinand twaba turi kumwe na bamwebamwe mu bagenzi bacu babayeho muri iyo misi y’amagume cokimwe natwe, twaca twibuka ukuntu Yehova yaturongoye abigiranye urukundo muri ivyo bihe vyari bigoye (Zaburi 7:1). Twaranezerewe kubona mu myaka n’iyindi Yehova yaremeye ko tugira uruhara mu guteza imbere inyungu z’Ubwami. Ikindi kandi, twarakunda kuvuga ingene twahimbawe no kubona twarakoresheje ubuto bwacu mu murimo mweranda wa Yehova.​—Umusiguzi 12:1.

Ikiringo c’ukurwanywa n’abanazi giheze, twe na Ferdinand twamaze imyaka irenga 50 dukorera Yehova turi kumwe imbere y’uko arangiza ubuzima bwiwe bwo kw’isi ku wa 20 Kigarama 1995. Mu misi mike, nzoba mfise imyaka 98 y’amavuka. Nta musi urenga ntashimiye Yehova kubona abana bacu baradushigikiye rwose muri iyo myaka igoye no kubona ngishobora gukora ivyo nshoboye mu murimo ndamurangurira ku bw’ukuninahazwa kw’izina ryiwe. Ndakenguruka ibintu vyose Yehova yankoreye, kandi mu mutima wanje ndipfuza kubandanya kubaho nisunga ca civugo canje, ari co c’iki: ‘Ariko jeho nizigira Yehova’.​—Zaburi 31:6.

[Amafoto ku rup. 19]

Ndi kumwe na Ferdinand muri Gitugutu 1932

[Amafoto ku rup. 19]

Bwa bwato bwakoreshwa mu kwamamaza inkuru nziza bwitwa “Almina” hamwe na ba bantu bakora kuri bwo

[Ifoto ku rup. 22]

Aha nari kumwe na Ferdinand hamwe n’abana

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika