Ingene wokingira abana bawe ukoresheje ubukerebutsi buva ku Mana
IMISI yose imibiri yacu yama iriko irirwanira. Hari imikorobo n’imigera isinzi imibiri yacu itegerezwa kurwanya. Duhiriwe duhishije, benshi muri twebwe bavukanye abasoda b’umubiri badukingira ibitero nk’ivyo, gutyo bakaturinda indwara nyinshi ziterwa n’imikorobo.
Mu buryo nk’ubwo nyene, abakirisu bategerezwa kurwanya ivyiyumviro be n’imico biteye kubiri n’Ivyanditswe, bakongera bakarwanya imikazo ishobora kwonona amagara yacu yo mu vy’impwemu (2 Ab’i Korinto 11:3). Kugira ngo tunanire ivyo bintu bitera ku musi ku musi imizirikanyi be n’imitima yacu, turakeneye gutsimbataza uburyo bwo kwirwanira mu vy’impwemu.
Abana bacu ni bo canecane bakeneye mwene ubwo buryo bwo kwirwanira, narirya batavukana uburyo bwo kwirwanira mu vy’impwemu bushobora gutangira impwemu y’iyi si (Abanyefeso 2:2). Uko abana bakura, biraba ngombwa ko abavyeyi babafasha gutsimbataza uburyo bwabo bwite bwo kwirwanira. None ubwo buryo bwo kwirwanira buhagaze ku ki? Bibiliya isigura iti: “Uhoraho atanga ubwenge, . . . az[o]zigam[a] urugendo rw’abayoboke biwe” (Imigani 2:6, 8). Ubwenge canke ubukerebutsi buva ku Mana burashobora kuzigama urugendo rw’abakiri bato, abohava batwarwa n’ukwifatanya n’abantu kwobagirira nabi, akosho k’urunganwe canke ukwinezereza kubi, mu gihe bataronse ubwo bukerebutsi. Abavyeyi bokurikira gute ubuyobozi bwa Yehova bakongera bakinjiza mu bana babo ubukerebutsi buva ku Mana?
Kurondera kwifatanya n’abantu mu buryo bwubaka
Ni ikintu cumvikana kubona imiyabaga ikunda kwifatanya n’iyindi miyabaga nka bo. Mugabo bifatanije gusa n’abantu batazi utuntu n’utundi, ntibizobafasha kuronka no gukoresha ubukerebutsi buva ku Mana. Hari umugani umwe ugabisha uti: “Ubupfu buba buhambiriwe ku mutima w’umwana” (Imigani 22:15). None abavyeyi bamwebamwe bafashije gute abana babo gushira mu ngiro ubukerebutsi buva ku Mana muri iki kibazo kijanye n’ukwifatanya n’abandi?
Sebibondo umwe yitwa Dona yavuze ati: “Abahungu bacu bǎmara umwanya utari muto bari kumwe n’abagenzi bo mu runganwe rwabo, mugabo ahanini uwo mwanya bawumara i muhira iwacu, turi kumwe na bo. Ntitwigera tubankira gukoresha inzu yacu, akaba ari co gituma yama yuzuye abakiri bato, tukabagaburira tukongera tugatuma bumva ko bisanze. Vyaratunezera kwihanganira urwamo n’uruyogoyogo mu nzu, kazima twaba turonkeje abana bacu ahantu hatekanye, aho bokwumva ko baryohewe”.
Brian na Mary bafise abana batatu bameze neza, mugabo baremera batarya umunwa yuko kubarera bitamye vyoroshe. Bavuze bati: “Mw’ishengero ryacu nta bakiri bato wasangamwo bariko basozera ubuyabaga bwabo bokwifatanije n’umukobwa wacu Jane. Ariko rero, Jane yari afise umugenzi umwe akiri muto yitwa Susan, uno akaba yari umuntu aryoherwa no kuba ari kumwe n’abandi kandi yamana akamwemwe. Mugabo abavyeyi biwe bamuha umwidegemvyo mwinshi gusumba uwo twaha Jane. Susan yari arekuriwe gutaha ijoro kuruta Jane no kwambara impuzu ngufingufi kuruta izo Jane yambara. Vyongeye, Susan yari anarekuriwe kwumviriza imiziki iteye amakenga be no kuraba amasinema atabereye. Jane yaramaze igihe bimugora gutahura akamaro k’ukuntu twebwe twabona ibintu. We yabona ko abavyeyi ba Susan badusumvya gutahura, mugabo twebwe tukaboneka nk’abantu bakaze. Igihe Susan yashikirwa n’ivyago ni ho gusa Jane yaciye atahura yuko igitsure cacu cari camukingiye. Ese ingene duhimbawe cane kuba tutacitse inkokora mu kwumira ku vyo twabona ko bikwiriye ku mukobwa wacu”.
Nk’uko vyashikiye Jane, abakiri bato benshi bariboneye yuko biranga ubukerebutsi gusaba ubuyobozi abavyeyi babo muri ico kibazo kijanye n’abo bifatanya. Hari umugani uvuga uti: “Ūtega ugutwi ngo yumve uguhanūrwa kumushitsa ku bugingo azobana n’abanyabgenge” (Imigani 15:31). Ubuyobozi buva ku Mana butuma abakiri bato barondera kwifatanya n’abagenzi bubaka.
Uko twovyifatamwo igihe duhatiwe kugira nk’abandi
Akosho k’urunganwe ni ikintu gikwegana cane n’ukwifatanya n’abandi. Uko bukeye uko bwije, akosho ko kugira ivyo abandi bagira karabangamira uburyo abana bacu bafise bwo kwirwanira. Narirya usanga abakiri bato barondera gushimwa n’abo mu runganwe rwabo, akosho k’urunganwe karashobora kubatsindagira mw’iforoma y’ivyo isi ishima.—Imigani 29:25.
Bibiliya iratwibutsa yuko “isi irikw irashirana n’ivyifuzo vyayo” (1 Yohana 2:17). Ku bw’ivyo, abavyeyi ntibakwiye kureka abana babo ngo boshwe bimwe birenze urugero n’ivyiyumviro vy’isi. Bashobora gute gufasha abana babo kwiyumvira rukirisu?
Uwitwa Richard yavuze ati: “Umukobwa wanje yaguma ashaka kwambara nk’izo abandi bakiri bato baba bambaye. Ku bw’ivyo, twaramufashije kuzirikana ku bwiza n’ububi bw’ico yaba adusavye cose, tubigiranye ukwihangana. Mbere no ku bijanye n’imideri twabona ko ata co itwaye, twarakurikije impanuro twaronse mu myaka nk’ingahe iheze, iyavuga iti: ‘Umuntu w’inkerebutsi ntaba uwa mbere mu kwambara umuderi mushasha, canke ngo abe uwa nyuma mu kuwuheba’”.
Umuvyeyi yitwa Pauline yarwanije akosho k’urunganwe mu bundi buryo. Yibutse ibi: “Naritaho ivyo abana banje bakunda nkongera nkama ngenda mu cumba cabo kugira ngo tube turayaga. Ivyo biyago birebire twagirana vyatumye nshobora kuyobora ivyiyumviro vyabo no kubafasha kurimbura ingene bohindura ukuntu bobona ibintu”.
Kubera akosho k’urunganwe katazohera, wosanga rero abavyeyi bazokwama barwana urugamba kugira ngo ‘bashingure ivyiyumviro vy’isi’ bongere bafashe abana babo ivyiyumviro vyabo ‘babifate mpiri’, bakabigomorera Kirisitu’ (2 Ab’i Korinto 10:5). Mugabo ‘bashishikaye gusenga’, abavyeyi n’abana bazokomezwa kugira ngo bashitse ico gikorwa gihambaye.—Abaroma 12:12; Zaburi 65:2.
Ivyo kwinezereza biri n’akosho gakaze
Ikintu kigira gatatu kiri n’akosho gishobora kugora abavyeyi, ni ivyo kwinezereza. Mu bisanzwe, abana barakunda gukina. N’abana bakuze usanga bashashaye kurondera ibibasamaza (2 Timoteyo 2:22). Mugabo igihe bashikije ico cipfuzo mu buryo butaranga ubukerebutsi, birashobora kugabanya ubukomezi bafise bwo kwirwanira mu vy’impwemu. Akaga karimwo kaza ahanini mu buryo bubiri.
Ubwa mbere, uburyo bwo kwisamaza bwinshi usanga burangwa n’ingingo mfatirwako z’isi ziri hasi cane mu bijanye n’inyifato runtu (Abanyefeso 4:17-19). Yamara, usanga buratwa mu buryo buryohera abantu kandi bubakwegēra. Ivyo birateye akaga ku bana bacu bashobora kutabona imitego irimwo.
Ubwa kabiri, umwanya bamara bariko barisamaza na wo nyene urashobora gutera ingorane, uravye ukuntu ungana. Kuri bamwe, kwisamaza vyabaye co kintu nyamukuru mu buzima bwabo, ugasanga kibatwara umwanya n’inguvu umurengera. Umugani umwe utugabisha yuko ‘atari vyiza kurya ubuki bwinshi cane’ (Imigani 25:27). Nk’ukwo nyene, ukwisamaza birenze urugero birashobora kugabanya akayabagu umuntu afitiye imfungurwa zo mu buryo bw’impwemu, bikamushikana no ku kuba umunebwe mu bwenge (Imigani 21:17; 24:30-34). Abakiri bato baryoherwa mu vy’iyi si vyose bizobagora ‘gucakira ubuzima nyakuri’, ni ukuvuga ubuzima budashira mw’isi nshasha y’Imana (1 Timoteyo 6:12, 19). Abavyeyi bamwebamwe bavyifashemwo gute?
Mari Carmen, akaba ari nyina w’abakobwa batatu, yavuze ati: “Twashaka ko abakobwa bacu bisamaza mu buryo bwiza bakongera bakinezereza. Ni co gituma twakunda gusohoka uko tugize umuryango, kandi bakamarana umwanya n’abagenzi babo bo mw’ishengero. Ariko ivyo kwisamaza twabigumiza mu kibanza cavyo. Twabigereranya na mwene twa dufungurwa umuntu arenza ku vyo yariye. Utwo dufungurwa tuba tunovera mugabo si zo mfungurwa nyamukuru. Barize gushiruka ubute i muhira, kw’ishure no mw’ishengero”.
Don na Ruth ntibǎreka ngo ivyo kwisamaza bibe ibipfa kwizana. Basiguye bati: “Umusi wa gatandatu twari twawugize ‘umusi ugenewe umuryango’. Mu gitondo twama tuja mu busuku bwo mu ndimiro, ku muhingamo tukaja kwoga, hanyuma ku mugoroba tukihereza imfungurwa zaba zateguriwe uwo musi”.
Ivyavuzwe n’abo bavyeyi birerekana akamaro ko kugira uburimbane mu bijanye n’ugutunganya ivy’ukwisamaza kwiza, no mu kubiha ikibanza bikwiriye mu buzima bw’umukirisu.—Umusiguzi 3:4; Ab’i Filipi 4:5.
Niwizigire Yehova
Ariko ntiwumve, gutsimbataza uburyo bwo kwirwanira mu vy’impwemu bifata imyaka myishi. Nta muti wo mu buryo bw’igitangaro uhari abana bonywa ngo bace baronka ubukerebutsi, ugasunikira abana kwizigira Umuvyeyi wabo wo mw’ijuru. Nyabuna abavyeyi bakwiye ‘kubandanya kubarera, babahana babahanura, uko Umwami wacu agomba’ (Abanyefeso 6:4). Ukwo ‘guhanura’ kubandanya, gusobanura ugufasha abana kubona ibintu nk’uko Imana ibibona. Ivyo abavyeyi bobishikako gute?
Kwiga Bibiliya mu muryango ubudahorereza ni ikintu cotuma abavyeyi babishikako. Iyo nyigisho ‘irahumura amaso abana kugira babone ibitangaza vyo mu vyagezwe vy’Imana’ (Zaburi 119:18). Diego yafatanye uburemere bwinshi inyigisho y’umuryango, ku buryo vyatumye afasha abana biwe kurushiriza kwiyegereza Yehova. Yavuze ati: “Naritegurira inyigisho mu buryo bunogangije. Mu kugira ubushakashatsi mu bitabu bishingiye ku Vyanditswe, narize gutuma abana basa n’ababona abantu bavugwa muri Bibiliya. Naremesha abana kwigereranya n’abantu b’intahemuka bavugwa muri Bibiliya. Ivyo vyatumye abana banje baguma bibuka neza ibihimbara Yehova”.
Abana barashobora kandi kwiga mu bihe akaryo kaba kizanye. Musa yahimirije abavyeyi kubwira abana babo ivyerekeye ivyibutswa vya Yehova ‘iyo bicaye mu nzu, n’iyo bariko baragenda mu nzira, n’iyo baryamye, n’iyo bavyutse’ (Gusubira mu vyagezwe 6:7). Sebibondo umwe yasiguye ati: “Umuhungu wanje arakenera akanya ko guserura akamubakiye no guserura ukuntu yiyumva. Igihe tuba turiko turatemberana canke turiko turakorera hamwe igikorwa kinaka, araheza agaserura akari ku mutima. Muri ivyo bihe, turagira ibiyago vyiza bitwungura twempi”.
Amasengesho aturwa n’abavyeyi na yo nyene arakora abana ku mutima. Igihe bumva abavyeyi biyegereza Imana bicishije bugufi kugira bayisabe imfashanyo n’imbabazi, biratuma abana ‘bemera yuko iriho’ (Abaheburayo 11:6). Abavyeyi benshi bihora bigendera neza, barashimika ku kamaro ko gusengera hamwe mu muryango, bagashira mw’isengesho ibibazo bijanye n’ishure canke ibindi bintu biraje ishinga abana babo. Sebibondo umwe yavuze yuko umukenyezi wiwe yama atura isengesho ari kumwe n’abana imbere y’uko baja kw’ishure.—Zaburi 62:8; 112:7.
“Twame dukora ivyiza, ntiducobogore”
Abavyeyi bose barakora amakosa kandi barashobora kwicuza ingene bavyifashemwo mu bintu bimwebimwe. Naho ari ukwo, Bibiliya iduhimiriza kuguma tugerageza, “twame dukora ivyiza, ntiducobogore”.—Ab’i Galatiya 6:9.
Ariko rero, abavyeyi boshobora kwumva botana n’akabando igihe rimwe na rimwe bishitse ntibatahure na gato igituma abana babo bigenjeje ukunaka. Vyoshobora kworoha gushika ku ciyumviro c’uko abana b’ubu batandukanye n’ab’ikindi gihe be n’uko bagoye. Mugabo abana b’iki gihe barafise ubugoyagoye nk’ubwo ababayeho imbere yabo bari bafise, bakaba kandi bashikirwa n’inyosha mbi nk’izabashikira, naho nyene akosho gatuma bagambarara wosanga karongerekanye. Kubera ico, sebibondo umwe amaze gukosora umuhungu wiwe, yaciye yorosha amajambo yiwe mu kwongerako ati: “Erega umutima wawe ico wipfuza gukora ni co umutima wanje wipfuza gukora igihe nangana nawe”. Abavyeyi bashobora kuba batazi vyinshi ku bintu bigezweko abakiri bato bamenyereye, nk’ibijanye na orodinateri, mugabo barazi neza ivyerekeye impengamiro z’umubiri munyagasembwa.—Matayo 26:41; 2 Ab’i Korinto 2:11.
Kumbure abana bamwebamwe barashobora kudahuta banezerwa n’ubuyobozi bahawe n’abavyeyi babo, eka mbere bakagarariza indero batozwa. Ariko rero, no muri ico gihe nyene ukwihangana kurakenewe. Naho mu ntango batohuta bakiriza yompi ivyo babwirwa canke bakagambarara, abana benshi mu nyuma baragira ico bahinduye (Imigani 22:6; 23:22-25). Umukirisu akiri muto yitwa Matthew, ubu akaba akorera ku biro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova, yiganye ati: “Nkiri umuyabaga, nabona ko ivyo abavyeyi banje bambuza gukora kwari ukundenganya. Niyumvira nti: Ubundi hoho, ko abavyeyi b’abagenzi banje babemerera gukora ikintu kinaka, ni kubera iki abavyeyi banje bobo batokinyemerera? Kandi vyarantera umwikomo koko igihe vyashika bakampana mu kunyankira yuko nja kugendera mu bwato, ico kikaba cari ikintu nakunda cane. Ariko rero, nsubiye kuvyiyumvira, ndatahura yuko indero abavyeyi banje bantoje yabaye ngirakamaro be n’uko yari ikenewe. Ndakenguruka kubona barampaye ubuyobozi nari nkeneye mu gihe kibereye”.
Vyemere, naho abana bacu boba rimwe na rimwe bategerezwa kuba bari ahantu hateye akaga mu vy’impwemu, baba bagishobora gukura bakaba abakirisu beza. Nk’uko Bibiliya ibisezerana, ubukerebutsi buva ku Mana burashobora kubaha uburyo bwo kwirwanira mu vy’impwemu. “Kuk’ubgenge buzokwinjira mu mutima wawe, kand’ukumenya kuzohimbara ubugingo bgawe. Amakenga azogushibamira, ugutahura kuzokuzigama, ngo bigukize inzira y’ikibi”.—Imigani 2:10-12.
Kumara amezi icenda wibungenze si ikintu coroshe. Kandi imyaka 20 izokurikira ivuka yoshobora kuba kimwe mu bintu bigutera imibabaro be n’umunezero. Mugabo kubera yuko abavyeyi bakirisu bakunda abana babo, barakora ivyo bashoboye vyose kugira ngo babakingire bakoresheje ubukerebutsi buva ku Mana. Ku vyerekeye abana babo, biyumva nk’uko ya ntumwa Yohani yari igeze mu zabukuru yiyumva ku biraba abana biwe bo mu buryo bw’impwemu. Yavuze ati: “Nta wundi munezero mfise uruta uyu, kwumva kw abana banje bagendera mu kuri”.—3 Yohana 4.
[Akajambo k’epfo]
a Amazina amwamwe muri iki kiganiro yarahinduwe.
[Ifoto ku rup. 24]
“Ntitwigera tubankira gukoresha inzu yacu, akaba ari co gituma yama yuzuye abakiri bato”
[Ifoto ku rup. 25]
Niwiteho ivyo abana bawe bakunda
[Ifoto ku rup. 26]
“Naritegurira inyigisho mu buryo bunogangije”