Bavyeyi, nimubere akarorero keza abana banyu
“ABATOHOZA ivy’inyifato z’abantu barashobora guhagarika ubushakashatsi bamazemwo ikinjana barondera uburyo bwiza kuruta ubundi bwose bwo kurera umwana agakura ameze neza, atari kubera ko babutoye, ariko kubera ko butabaho”. Ivyo vyavuzwe muri raporo yo mu kinyamakuru kimwe (Time) yariko igira ico ivuze ku gitabu kijanye n’ivy’ukurera abana. Ico gitabu cemeza yuko imico abana biga, ahanini atari imico y’abavyeyi babo, ahubwo ari iy’urunganwe rwabo.
Nta wohakana yuko akosho k’urunganwe atari inguvu ikomeye umuntu ategerezwa kunyinyana na yo (Imigani 13:20; 1 Ab’i Korinto 15:33). Umwanditsi w’ibinyamakuru umwe yitwa William Brown yavuze ati: “Niba hari ikintu gihambaye rwose ku miyabaga ku buryo kimeze nk’Imana, ni ukugira nk’ivyo abandi bagira. . . . Ku miyabaga, kuba uwutandukanye n’abandi ni ikintu kibi cane kiruta urupfu”. Mu gihe abavyeyi badatumye i muhira haba ahantu harangwa igishika be n’ahantu haryoshe canke ngo bamarane umwanya uhagije n’abana babo, ivyo bikaba ari ibintu bikunze gushika mw’isi ya kino gihe aho abantu usanga bafise vyinshi bacurumbamwo, ni nk’aho baba bugururiye urugi akosho k’urunganwe kugira ngo kagirire nabi abana babo.
Vyongeye, muri iyi “misi y’iherezo”, umuryango urageramiwe n’ibitero kubera yuko, nk’uko Bibiliya yari yarabivuze, abantu basigaye baratwawe no kwironderera amahera, ibibahimbara be n’inyungu zabo bwite. Wumva none twoba dukwiye gutangazwa no kubona abana bacika “[a]batumvira abavyeyi, intashima, abanegura ivy’Imana, [a]badakunda n’ababo”?—2 Timoteyo 3:1-3.
Imvugo ngo ‘gukunda ababo’, nk’uko ikoreshwa muri Bibiliya, ishaka kuvuga urukundo rwo mu muryango. Urwo rukundo ni ubucuti busanzwe buri hagati y’abagize umuryango butuma abavyeyi bitwararika abana babo, abana na bo bakumira ku bavyeyi babo. Yamara, mu gihe abavyeyi badafise urwo rukundo, abana baca baronderera ahandi abotuma bumva mu mutima ko bafashwe mu mugongo. Akenshi babaronderera mu bo mu runganwe rwabo, kumbure bagaca bakurikira imico yabo n’inyifato yabo. Yamara, ivyo akenshi birashobora kwirindwa mu gihe abavyeyi bareka ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zikaba ari zo ziyobora ubuzima bwo mu rugo rwabo.—Imigani 3:5, 6.
Umuryango ni indinganizo yatangujwe n’Imana
Imana imaze gushira hamwe Adamu na Eva ngo babe umugabo n’umugore, yabategetse iti: “Ni murondoke, mugwire, mwuzure isi”. Mu nyuma, hahavuye habaho umuryango, ni ukuvuga sebibondo, inabibondo n’abana (Itanguriro 1:28; 5:3, 4; Abanyefeso 3:14, 15). Kugira Yehova afashe abantu kurera abana babo, yatumye imice nyamukuru imwimwe y’ibanga ry’ubuvyeyi iba ikintu gisanzwe kibarimwo. Ariko rero, abantu si nk’ibikoko kubera ko bo bakeneye n’iyindi mfashanyo, ari na co gituma Yehova yabahaye inyobozo zanditse. Muri zo harimwo ubuyobozi bujanye n’inyifato runtu, ivy’ugusenga be n’ivy’ugutoza abana indero mu buryo bubereye.—Imigani 4:1-4.
Imana yabwiye canecane ba sebibondo iti: “Ayo mabgirizwa mbageze uyu musi, az’ahore ku mitima yanyu: muze mugire umwete wo kuyigisha abana banyu; muze muyahoze mu kanwa iyo mwicaye mu nzu, n’iyo muriko muragenda mu nzira, n’iyo muryamye, n’iyo muvyutse” (Gusubira mu vyagezwe 6:6, 7; Imigani 1:8, 9). Urabona ko abavyeyi botegerejwe kubanza gushira amabwirizwa y’Imana mu mitima yabo bwite. Ni kubera iki ivyo vyari bihambaye? Kubera ko inyigisho ivyurira vy’ukuri abandi umutima wo kugira ico bakoze itava ku munwa, ariko iva ku mutima. Igihe abavyeyi bigisha ibivuye ku mutima, ni ho gusa bazokora abana babo ku mutima. Mwene abo bavyeyi bazobera kandi akarorero keza abana babo, abo usanga babona ningoga uburyarya.—Abaroma 2:21.
Abavyeyi bakirisu basabwa kwigisha abana babo “inyigisho n’ugutozwa indero n’impanuro be n’inkeburo vy’Umukama” kuva bakiri bato cane (Abanyefeso 6:4, The Amplified Bible; 2 Timoteyo 3:15). Uti kuva bakiri bato cane? Me! Inabibondo umwe yanditse ati: “Rimwe na rimwe twebwe abavyeyi turakengera abana. Turafatira mu rwara ubushobozi bafise. Ubushobozi bwo, bari na bwo. Twebwe abavyeyi dutegerezwa kubukoresha”. Ni vyo, abana bararyoherwa no kwiga, kandi bigishijwe n’abavyeyi bibanga Imana, na bo nyene bariga gukundana. Abana nk’abo barumva ata nkomanzi kandi batekaniwe bari mu turimbi bashiriweho. Ku bw’ivyo, abavyeyi baroranirwa barihatira kuba abagenzi barangwa urukundo b’abana babo, abantu bazi kuyaga, be n’abigisha bihangana yamara bashikama, bagatuma mu rugo haba ahantu heza abana babo bokurira nezaa.
Kingire abana banyu
Mw’ikete umuyobozi umwe w’ishure arajwe ishinga n’indero y’abana wo mu Budagi yarungikiye abavyeyi, yanditse ati: “Twashaka kubaremesha mwebwe bavyeyi bakundwa ngo ubwanyu murushirize kugira uruhara mu ndero y’abana banyu no kudafata ibanga mu vy’ukuri ribega mu bijanye n’ugukura kwabo muri kamere, ngo murizeze televiziyo canke ibarabara”.
Gufata umwana ukamuzeza televiziyo canke ibarabara, ku bwa ngingo ni ukureka impwemu y’isi ikagira akosho ku ndero y’umwana (Abanyefeso 2:1, 2). Iyo mpwemu y’iyi si irarwanya bimwe vyibonekeje impwemu y’Imana, kandi nka kurya kw’umuyaga ukaze, irafata imbuto z’ivyiyumviro vy’‘isi, vy’abantu, vy’amadayimoni’ ikazijana ikazirunda ari nyinshi cane mu mizirikanyi no mu mitima vy’abantu bataramenya utuntu n’utundi canke b’ibipfu (Yakobo 3:15). Ivyo vyiyumviro bimeze nk’urwamfu bishwara umutima biraheza bikawonona. Yezu yarerekanye ingaruka ivyo umuntu abiba mu mutima bigira, mu kuvuga ati: “Umunyangeso nziza akūra ivyiza mw itunga ryiza ryo mu mutima wiwe, n’umunyangeso mbi akūra ibibi mw itunga ribi: ibibōgabōba mu mutima ni vyo akanwa kiwe kavuga” (Luka 6:45). Ku bw’ivyo, Bibiliya idukebura iti: “Rinda umutima wawe kurusha uko worinda ikindi cose, kukw ari ho ubugingo bududubiriza”.—Imigani 4:23.
Ariko ntiwumve, abana ni abana, kandi bamwebamwe usanga bakunda gukomantaza imitima, mbere ugasanga bigira ibiro biteze (Itanguriro 8:21). Ni igiki none abavyeyi bashobora gukora? Bibiliya ivuga iti: “Ubupfu buba buhambiriwe ku mutima w’umwana, arikw inkoni y’uguhana izobgirukanira kure yiwe” (Imigani 22:15). Hari ababona ko ico ari ikintu kitaranga impuhwe cataye igihe. Mu vy’ukuri, Bibiliya iriyamiriza ubukazi n’ukuryagagurana vy’ubwoko bwose. Iyo “nkoni”, naho rimwe na rimwe iba ari inkoni bukoni, igereranya ubukuru abavyeyi bafise bukoreshwa mu buryo butarimwo ukurekerana ibintu, yamara burimwo urukundo kandi bubereye, bakabukoresha babitumwe n’uko bitaho ineza y’ibihe bidahera y’abana.—Abaheburayo 12:7-11.
Nimwisamaze muri kumwe n’abana banyu
Birazwi yuko kugira abana bakure neza, bakenera gukina no kwisamaza. Abavyeyi b’inkerebutsi barafatira ku turyo baronka kugira bakomeze ubucuti buri hagati yabo n’abana babo mu kwisamaza bari kumwe na bo igihe cose bishoboka. Gutyo, abavyeyi ntibashobora gusa kuyobora abana babo mu bijanye n’uguhitamwo uburyo bwo kwisamaza bubereye, ariko kandi barashobora no kubereka ko bashima cane kuba kumwe na bo.
Sebibondo umwe asanzwe ari Icabona avuga yuko yakunda gukinana agapira n’umuhungu wiwe igihe yaba yavuye ku kazi. Inabibondo umwe na we yibuka yuko gukina udukino dukinirwa ku tubaho cari ikintu yakunda kugira ari kumwe n’abana biwe. Umukobwa yamaze kugera mu bigero aribuka ukuntu mu muryango wabo bakunda kunyonga amakinga bari kumwe. Abo bana bose ubu ni abantu bakuze, mugabo urukundo bakunda abavyeyi babo, be n’urwo bakunda Yehova, ruracakomeye nka mbere, kumbure rukaba runakomeye kuruta.
Mu vy’ukuri, igihe abavyeyi berekana mu mvugo no mu ngiro ko bakunda abana babo be n’uko bashaka kuba kumwe na bo, birabakora ku mutima rwose ku buryo baguma bavyibuka mu buzima bwabo. Nk’akarorero, benshi mu basohotse ivyigwa vy’umugwi umwe witavye Ishure ry’ivya Bibiliya ry’i Gileyadi rya Watchtower biganye yuko icipfuzo bafise co gukurikirana ubusuku bw’igihe cose cavuye ku karorero abavyeyi babo baberetse no ku ndemesho babahaye. Ese ukuntu iyo ari intoranwa nziza igitangaza ku bana be n’umuhezagiro ku bavyeyi! Ego ni ko, si abana bose bazoshobora kwinjira mu busuku bw’igihe cose nibakura, mugabo bose ntibazobura kwungukira ku bavyeyi babo batinya Imana, bacika abagenzi somambike n’ivyitegererezo vyiza vy’abana babo. N’ikindi kandi, ntibazobura gutera iteka abo bavyeyi.—Imigani 22:6; Abanyefeso 6:2, 3.
Abavyeyi birerana abana barashobora kuroranirwa
Muri iki gihe, abana benshi bakurira mu ngo usanga zirimwo umuvyeyi umwe. Naho ivyo usanga bituma kurera abana birushiriza kuba urugamba, abavyeyi birerana abana barashobora kuroranirwa. Mwene abo bavyeyi barashobora kuremeshwa n’akarorero ko muri Bibiliya k’umukirisukazi w’Umuyuda wo mu kinjana ca mbere yitwa Ewunike. Kubera ko Ewunike yari yubakanye n’umugabo atizera, uwo mugabo ashobora kuba atamufata mu mugongo mu vy’impwemu. Yamara ivyo ntivyabujije ko yerekana akarorero keza mu kwigisha Timoteyo. Akosho keza yagize kuri Timoteyo kuva akiri umwana, gafatanije n’aka Lowisi inakuru wa Timoteyo, kabaye agakomeye cane kuruta akosho kabi ako ari ko kose gashobora kuba karava ku bo mu runganwe rwa Timoteyo.—Ivyakozwe n’intumwa 16:1, 2; 2 Timoteyo 1:5; 3:15.
Abakiri bato benshi bo muri iki gihe bakuze bafise umuvyeyi atizera canke bakuriye mu rugo rurimwo umuvyeyi umwe, baragaragaza kamere nziza nk’izo umusore Timoteyo yari afise. Nk’akarorero, umusuku umwe w’igihe cose w’imyaka 22 yitwa Ryan hamwe na mukuruwe be na mushikiwe amukurira, bakuriye mu rugo rwarimwo umuvyeyi umwe. Se wabo yari umuntu yari yariziziwe n’inzoga, akaba yataye umuryango igihe Ryan yari afise imyaka ine. Ryan yibutse ibi: “Mawe yari yiyemeje ko umuryango wacu ubandanya gukorera Yehova, kandi yarumiye kuri uwo mwiyemezo n’umutima wiwe wose”.
Ryan yavuze ati: “Nk’akarorero, mawe yaritwararika ivy’uko twebwe abana twifatanya n’abo mu runganwe rwacu botugirako akosho keza. Ntiyigera areka ngo twifatanye n’abantu Bibiliya ivuga ko ari abagenzi babi, baba abo hanze y’ishengero canke abo mw’ishengero. Yaratwigishije kandi kubona mu buryo bubereye ivy’ukwiga amashure”. Naho nyina wa Ryan kenshi yaba afise vyinshi akora kandi akaba yarushe bitewe n’akazi, ivyo ntivyamubuza kwitwararikana urukundo abana biwe. Ryan yavuze ati: “Yama ashaka kuba kumwe natwe no kuyaga natwe. Yari umwigisha yihangana yamara ashikamye, yakora uko ashoboye kwose kugira arabe neza yuko uko tugize umuryango twigira hamwe Bibiliya tudahorereza. Ku bijanye n’ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya, kuri we ‘kudohoka’ vyari kure nk’ukwezi”.
Ryan atereje amaso inyuma, arabona ko umuntu yagize kuri we no kuri batoyi biwe akosho gakomeye kuruta utundi twose two mw’isi, yabaye umuvyeyi wabo yakunda koko Imana n’abana biwe. Rero, mwebwe bavyeyi bakirisu, mwaba mwubatse canke muri abapfakazi, abo mwubakanye baba bizeye canke batizeye, ntimuteshwe ngo mute kubera ugucika intege canke ugusubira inyuma kw’igihe gito kw’abana banyu uko mwihatira kubigisha. Rimwe na rimwe, cokimwe na wa mwana w’igishushungwe, abakiri bato bamwebamwe boshobora guta ukuri. Mugabo, bamaze kubona ukuntu mu vy’ukuri isi ari ibihendamaso be n’ukuntu mu vy’ukuri ata gishika irangwamwo, boshobora kugaruka. Vyemere, “umugororotsi agendera mu gutungana kwiwe, hahirwa abana biwe azosiga”.—Imigani 20:7; 23:24, 25; Luka 15:11-24.
[Utujambo tw’epfo]
a Ushaka ikiganiro gisigura ido n’ido ivyo vyiyumviro, raba mu gitabu Akabanga ko Kuronka Agahimbare mu Rugo, urupapuro rwa 55-59, casohowe n’Ivyabona vya Yehova.
[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 11]
Abavyeyi ba Yezu bacaguwe n’Imana
Igihe Yehova yarungika Umwana wiwe Yezu kuvukira kw’isi ari umuntu, yaracaguye abavyeyi b’uwo Mwana wiwe avyitondeye. Igishimishije, yacaguye umugabo n’umugore baciye bugufi kandi bitaho ivy’impwemu batarera Yezu bamufyinisha, ariko bamwigishije Ijambo ry’Imana be n’akamaro ko gukorana ubwira no kuba umuntu yitaho ibintu (Imigani 29:21; Gucura intimba 3:27). Yozefu yarigishije Yezu umwuga w’ububaji, kandi nta nkeka ko Yozefu na Mariya basaba imfura yabo Yezu ngo abafashe mu bijanye no kwitwararika abandi bana bari bafise, bano bakaba batari munsi ya batandatu.—Mariko 6:3.
Urashobora kwiha ishusho y’umuryango wa Yozefu uriko urakorera hamwe mu gihe ca Pasika kugira witegurire urugendo wari usanzwe ugira ku mwaka ku mwaka uja i Yeruzalemu, rukaba rwari urugendo rw’ibilometero 200 kugenda no kugaruka, bagira badakoresheje uburyo bwa none bw’ukwiyunguruza. Nta gukeka ko umuryango ugizwe n’abantu icenda canke barenga wategerezwa kwitegura neza kugira ngo ushobore kugira urugendo rurerure nk’urwo (Luka 2:39, 41). Naho bitari vyoroshe, nta gukeka ko Yozefu na Mariya baha agaciro ivyo bihe, kumbure bakabifatirako n’akaryo ko kwigisha abana babo ibijanye n’ibintu vyo muri Bibiliya vyari vyarabaye kera.
Yezu akiri kumwe n’abavyeyi biwe, “yama abumvira”, igihe cose akabandanya “agwiza ubgenge no gukura no gushimwa n’Imana n’abantu” (Luka 2:51, 52). Ni vyo, Yozefu na Mariya barerekanye ko Yehova yabizigiye bikwiriye. Ese ukuntu basigiye akarorero keza abavyeyi muri kino gihe!—Zaburi 127:3.