Ubuzima Bwawe—Bufise Intēgo Nki?
“Umutima wanje [narawurongōresheje] ubgenge, . . . kugira ngo mbone ivyo abana b’abantu bakwiye guko[ra] . . . imisi yose y’ukubaho kwabo.”—UMUSIGUZI 2:3.
1, 2. Ni kuki atari bibi ko umuntu yibabara mu buryo buri ku rugero?
WEWE uribabaye, si ko? Ivyo ni ibintu bisanzwe. Ni co gituma dufungura buri musi, tukaryama iyo turushe, kandi tugakunda kuba kumwe n’abagenzi be n’abo dukunda. Rimwe na rimwe turakina udukino, tukoga, canke tukagira ibindi bintu bituryohera, tukagaragaza ko twibabaye ku rugero.
2 Ukwibabara mwen’ukwo kurahuye n’ivyo Imana yatumye Salomo yandika: “Nta kigirira umuntu ikimazi kurusha kurya no kunywa, no kunezeresha umushaha wiwe ivyiza mu butame bgiwe.” Salomo yishimikije ivyo yiboneye, yongeyeko ati: “Ivyo na vyo nabonye ko biva mu kuboko kw’Imana. None ni nde ashobora kurya, canke ni nde ashobora kugira umunezero kurusha jewe?”—Umusiguzi 2:24, 25.
3. Ni ibibazo nshushabwenge ibihe abenshi basanga bitishurika?
3 Yamara urazi ko ubuzima atari ukurya, ukunywa, ukuryama, n’ukugira iciza kinaka vyonyene. Turagira imibabaro, tugahebuzwa ivyo twaziga, canke tukagira amaganya. Vyongeye dusa n’abafatiriwe cane ku buryo tutazirikana ku nsobanuro y’ubuzima bwacu. Ivyo none si ko bimeze no kuri wewe? Vermont Royster, uwahoze ari umuteguramakuru w’ikinyamakuru The Wall Street Journal, aho amariye kwitegereza ubumenyi n’ubuhanga bigera kure abantu bafise, yanditse ati: “Ngiki ikintu kijoreza. Twiyumviriye umuntu ubwiwe, tukitegereza ibigoye gutahura vyiwe, ikibanza afise muri iri hangāre, nta vyinshi tumenya kuruta aho ubuzima bwǎtangura. Turacasigaranye ibibazo vy’ukumenya abo turi bo n’igituma turiho hamwe n’iyo turiko turaja.”
4. Ni kubera iki umwe wese muri twebwe akwiye kurondera gushobora kwishura ibibazo bitwerekeye?
4 Wewe ibi bibazo wovyishura ute: Turi bande? Ni kuki turi ngaha? Kandi turiko tuja hehe? Mu kwa Mukakaro guheze, Umushingantahe Royster yarasandavye. Wibaza none ko gushika ico gihe yoba yari yararonse inyishu zimumara inyota? Vyongeye, Hoba hariho uburyo ushobora kubironkera inyishu? Kandi ivyo bishobora kugufasha gute ngo ugire ubuzima burimwo ubuhirwe kandi buri n’insobanuro kuruta? Reka turabe.
Isôko rya Mbere na Mbere ry’Uguca mu Kajisho
5. Ni kuki dukwiye guhanga amaso Imana igihe turondera uguca mu kajisho kugira dutahure ibibazo vyerekeye insobanuro y’ubuzima?
5 Hamwe twoba twirwanako twenyene túrondera intēgo y’ubuzima bwacu, kumbure twotunganirwa buhoro canke tukananirwa, nk’uko vyagendeye abagabo n’abagore benshi, eka n’abo usanga amashure n’uruma baregeranije. Ariko ntitwatawe ngo twibeko. Umuremyi wacu yaratanze imfashanyo. Iyo uvyiyumviriye none, si we Sôko nyasôko ry’uguca mu kajisho hamwe n’ubwenge, uwuriho “uhereye ibihe bidashira, ugashitsa ibihe bidashira,” kandi akagira ubumenyi butagira agahaze bw’ivy’ihangāre na kahise? (Zaburi 90:1, 2) Yararemye abantu, akaba kandi yaritegereje ivyo umuntu yagize vyose, ari na co gituma rero ari We dukwiye kuronderako uguca mu kajisho, atari ku bantu b’abanyamakemwa usanga ubumenyi bafise hamwe n’ivyo batahura biri n’aho bitarenga.—Zaburi 14:1-3; Abaroma 3:10-12.
6. (a) Umuremyi yatanze gute uguca mu kajisho gukenewe? (b) Salomo amara iki muri ivyo?
6 Naho tudashobora kwitega ko Umuremyi atwongorera impishuro yinaka ku vyerekeye insobanuro y’ubuzima, yaratanze isôko ry’uguca mu kajisho—Ijambo ryiwe yahumetse. (Zaburi 32:8; 111:10) Igitabu c’Umusiguzi ni ic’agaciro bidasanzwe muri ivyo. Imana yarahumekeye umwanditsi waco, ku buryo “ubgenge bga Salomo bgāruta ubg’abanyabgenge bose b’i burasirazuba.” (1 Abami 3:6-12; 4:30-34) “Ubgenge bga Salomo” bwarajoreje umwamikazi umwe yari yamugendeye ku buryo uno aheba akavuga yuko ivyo bari baramubwiye bitashika n’igice coco, n’uko abumviriza ubwenge bwa Salomo bogize ubuhirwe vy’ukuri.a (1 Abami 10:4-8) Na twebwe nyene turashobora kwunguka uguca mu kajisho tukagira n’ubuhirwe tubikuye ku bwenge buva ku Mana, ubwo Umuremyi wacu yatanze akoresheje Salomo.
7. (a) Salomo yasozereye avuga iki ku vyerekeye imirimo myinshi ikorerwa munsi y’ijuru? (b) Ni igiki kigereranya amarimbura Salomo yagize ata kwibesha?
7 Umusiguzi kiragaragaza ubwenge buva ku Mana, buno bukaba bwarashitse Salomo ku mutima no mu bwonko. Salomo yarihweje “i[vyari vyarakorewe] musi y’ijuru vyose,” kuko yari abifitiye umwanya, amatungo n’uguca mu kajisho. Yasanze vyinshi muri vyo “ar’ubusa, ar’uguhahamira umuyaga,” iyo ikaba ari indimburo yavyo yahumetswe dukwiye kugumiza mu ciyumviro igihe twiyumvira ivy’intēgo yacu mu buzima. (Umusiguzi 1:13, 14, 16) Salomo yariko avugisha ukuri, ata kwibesha. Nk’akarorero, zirikana ivyo yavuze mu Musiguzi 1:15, 18. Urazi ko mu binjana n’ibindi abantu bagerageje ubwoko butari bumwe bw’intwaro, hakagira ibihe bagerageza vy’ukuri gushira mu buryo ingorane no gusununura ubuzima bw’umuntu. Mugabo none hoba hari abǎgoroye vy’ukuri ibintu “bigoramanze” vy’uru runkwekwe runyamakemwa? Kandi ushobora kuba warabonye ko uko ubumenyi umuntu afise buba bwinshi kuruta ari ko arushiriza gutahura ko mu gihe-buzima kigufi bidashoboka ko akosora ibintu mu buryo bwuzuye. Abenshi iyo bamenye ko ibintu biri ukwo baraterwa ishavu, ariko twebwe si ngombwa ngo biridutere.
8. Ni inzinguzingu nki zahabaye kuva kera cane?
8 Ikindi turi bwihweze ni inzinguzingu zisubiriza ziri n’ico zikora kuri twebwe, nk’uguseruka n’ukurenga kw’izuba canke ingendo z’umuyaga n’amazi. Zari zihari mu misi ya Musa, Salomo, Napoléon, na basogokuruza. Kandi zirabandanya. Nk’ukwo nyene, “urwaruka rumwe ruragenda, rukabisa urundi.” (Umusiguzi 1:4-7) Umuntu we abona ko ata kinini cahindutse. Abantu ba kera n’abubu baragize imirimo, ivyizigiro, ibihahamiro hamwe n’ibirangurwa vyogereranywa na vyo. Naho nyene mu bantu hoba hari uwironkesheje izina bimwe vya rurangiranwa canke akaba yariserukije mu bwiza canke mu bubangukirwe, uwo muntu ubu none ari hehe? Yaragiye, kumbure n’ukwibagiranwa aribagiranwa. Ukwo si ukwibaza ibintu nabi. Hariho abantu benshi badashoboye no kudondagura ba sekuruza babo canke ngo bavuge aho bano bavukiye n’aho bafubwe. Uca ubona igituma Salomo, ata kwibesha, yasanze hari ubusa mu vyo umuntu ajako agakora no mu twigoro agira.—Umusiguzi 1:9-11.
9. Dushobora gufashwa dute mu kwironkera uguca mu kajisho kutarimwo ukwibesha, ku vyerekeye uko ivy’abantu vyifashe?
9 Aho kudushavuza, ukwo guca mu kajisho kuva ku Mana kutwereka ukuntu mu bisanzwe ivy’abantu vyifashe, kurashobora gukora iciza kuri twebwe, kugatuma twirinda guha agaciro katari ko amahangiro canke ibikurikirano bidateba guhita canke kwibagiranwa. Gukwiye kudufasha kurimbura ivyo turiko dukūra mu buzima n’ivyo turiko tugerageza kurangura. Nk’akarorero, hakuba abibabaza, turashobora kuronkera umunezero mu gufungura no mu kunywa ku rugero. (Umusiguzi 2:24) Vyongeye, nk’uko tuja kubibona, Salomo arashika ku nsozero nziza cane kandi yizêza. Muri make, ni uko dukwiye gukenguruka rwose ubucuti dufitaniye n’Umuremyi wacu, we ashobora kudufasha ngo tugire kazoza k’ubuhirwe, karimwo intēgo, ibihe bidashira. Salomo yarashimitse ati: “Vyose vyarumviswe: indunduro yavyo n’iyi: Wubahe Imana, witondere ivyagezwe na yo; kukw ivyo ari vyo bibereye rwose umuntu wese.”—Umusiguzi 12:13.
Intēgo Ibonérwa mu Nzingunzingu z’Ubuzima
10. Ni mu buryo ki Salomo yagereranije ibikoko n’abantu?
10 Ubwenge buva ku Mana bwabonekeye mu Musiguzi burashobora kandi kudufasha mu kurimbura intēgo yacu mu buzima. Gute? Mu buryo bw’uko Salomo yashimikiye ata kwibesha, ku bindi bintu vy’ukuri twoba twiyumvira gake. Kimwe kirimwo amasano ari hagati y’abantu n’ibikoko. Yezu abakurikizi biwe yabasanishije n’intama, yamara abantu ubusanzwe ntibahimbarwa n’ukugereranywa n’ibikoko. (Yohana 10:11-16) Hariho n’ibindi birukuri ntaharirwa Salomo yashize ahabona: “Imana ibagerageze [abana b’abantu], no kugira ngo babone ubgabo ko bameze nk’ibikōko gusa. Kukw iherezo ry’abana b’abantu ari ryo herezo ry’ibikōko: iherezo ni rimwe: nk’uko bapfa ni ko bipfa; . . . kand’umuntu nta co asumbije ibikōko; kuko vyose ar’ubusa. . . . vyose biva mu mukungugu, kandi vyose bizosubira mu mukungugu nyene.”—Umusiguzi 3:18-20.
11. (a) Uruzinguzingu rw’ubuzima rw’ikigereranyo rw’igikoko rushobora kudondorwa gute? (b) Wiyumva ute ku vyerekeye uwo mwihwezo w’ibintu?
11 Iyumvire igikoko gihora kikunezera kuraba, ngirango nk’inkezi canke urukwavu. (Gusubira mu vyagezwe 14:7; Zaburi 104:18; Imigani 30:26) Canke ushobora kwiyumvira ubwoko bw’imbeba yitwa écureuil; kw isi hari ubwoko bwazo burenga 300. Inzinguzingu y’ubuzima bwayo imeze ite? Iyo ivutse, nyina wayo irayonsa mu mayinga makeyi. Vuba mu nyuma iramera ubwoya kandi igashobora kuja hanze. Urashobora kuyibona itambatamba yiga kurondera ibifungurwa. Ariko ikunda gusa n’iyiriko irikinira, inezerererwa ubuto bwayo. Imaze gukura ikamara nk’umwaka gutyo, irarondera ingore. Maze rero itegerezwa kwubaka icari canke uburumba hanyuma ikarera abo ivyaye. Iyo mbeba iramutse ironse utwamwa, imise n’intete bikwiye, izayo zishobora gukura vuba na vuba hanyuma zikagira umwanya w’ukwagura inzu yazo. Mugabo mu myaka mikeyi gusa, ico gikoko kirasaza kandi kikaja kirabonerwa n’inzeduka be n’indwara. Nko ku myaka cumi, kirasandaba. Iyo ni yo nzinguzingu ya nya mbeba écureuil, uretse ko ubwoko bwazo butandukaniye ku tuntu dutoduto.
12. (a) Ata kwibesha, ni kuki uruzinguzingu rw’ubuzima rw’abantu benshi rumeze nk’urw’igikoko gisanzwe? (b) Twoshobora kwiyumvira iki ubutaha nitwabona igikoko twari dufise mu ciyumviro?
12 Abantu benshi iyo nzinguzingu ku gikoko ntiboyiharira, kandi ntibahaye baritega ko iyo mbeba igira intēgo irimwo ubwenge mu buzima. Yamara rero, ubuzima bw’abenshi nta kintu kinini butandukaniyeko n’ubwo, si vyo? Baravuka hanyuma bakabungabungwa igihe bakiri inzoya. Barafungura, bagakura, bagakina bakiri bato. Bidatevye baragera mu bigero, bakarondera uwo bubakana, hanyuma bagahiga aho baba hamwe n’uburyo bubaronsa ibifungurwa. Iyo bibakundiye, bashobora gukura vuba na vuba hanyuma bakâgura uburaro bwabo (icari) bashobora kurereramwo abo bavyaye. Ariko imyaka mirongo irarengana bidatevye, hanyuma bagasaza. Bashobora gupfa inyuma y’imyaka 70 canke 80 niba badapfuye imbere yayo, bagapfa buzuye “ubutame n’umubabaro.” (Zaburi 90:9, 10, 12) Hari aho ubutaha wokwiyumvira ivyo birukuri binyura ubwenge, igihe uzobona iyo mbeba (canke ikindi gikoko wiyumvira).
13. Ni iherezo riki rigaragara ku bantu no ku bikoko?
13 Uca rero ubona icatumye Salomo agereranya ubuzima bw’abantu n’ubw’ibikoko. Yanditse ngo: “Ikintu cose cashingiwe igihe caco, . . . har’igihe co kuvuka n’igihe co gupfa.” Ico kintu ca kabiri gishika, ni ukuvuga urupfu, ni kimwe ku bantu no ku bikoko, “nk’uko bapfa, ni ko bipfa.” Yongeyeko ati: “Vyose biva mu mukungugu, kandi vyose bizosubira mu mukungugu nyene.”—Umusiguzi 3:1, 2, 19, 20.
14. Abantu bamwebamwe bagerageza gute guhindura uruzinguzingu rw’ubuzima rwa bose, ariko biraheza bikamara iki?
14 Ukwo kurimbura ibintu ata kwibesha si ngombwa ngo tukubone nk’ukwiyumvira kwihebuza. Ni ko, hari abagerageza guhindura uko ivyabo vyifashe, nko mu gukora bakarenzako kugira bisununure mu vy’umubiri gusumvya ivy’abavyeyi babo. Bashobora gukurikirana imyaka y’ukwiga amashure isumbirije kugira ubuzima bwabo buzobe ubwisumbuye, bongera bagerageza kwagura uburyo batahura ubuzima. Canke bashobora kwitunira ivy’ukwinonora imitsi canke bakipfunga ibiribwa bimwebimwe ngo babone kugira amagara meza kuruta, kugira ubuzima bwabo burambe na kandi gatoyi gusumba. Kandi utwo twigoro turashobora kuzana inyungu zimwezimwe. Mugabo ni nde yomenya ko utwigoro mwen’utwo tuzokwererwa? Naho twokundirwa nyene, vyomara igihe kingana iki?
15. Ni indimburo nyakuri nki yerekeye ubuzima bw’abantu benshi usanga ari iyibereye?
15 Salomo yabajije ati: “Ko har’ibintu vyinshi bigwiza ibitagira ikimazi, none vyungura umuntu iki? None ni nde yomenya ico umuntu akwiye mu kubaho kwiwe, imisi yose y’ukubaho kwiwe kw’ubusa, amara ari nk’igitûtu? None ni nde yobarira umuntu ibizoba inyuma yiwe musi y’izuba?” (Umusiguzi 6:11, 12) Kubera ko urupfu rusa n’urudatevya kurangiza utwigoro umuntu agira, hoba vy’ukuri hariho akandi kunguko k’ukugwa tuvyuka kugira turonke ibintu vy’umubiri bisumbirije, canke k’ugukurikira imyaka myinshi y’amashure kugira canecane dutunge ibisumbirije? Kandi kubera ko ubuzima ari bugufi gutya, bugahita nk’igitûtu, bamwe bategera yuko ata mwanya uriho w’ukwongera gushira utwigoro ku rindi hangiro rya kimuntu iyo bumvise bananiwe; eka mbere umuntu ntanamenya neza ibizoshikira abana “inyuma yiwe.”
Ubu Ni Igihe c’Ukwihesha Izina Ryiza
16. (a) Twoshobora gukora ibiki ibikoko bidashobora gukora? (b) Ni ukundi kuri ukuhe gukwiye kugira ico gukoze ku kwiyumvira kwacu?
16 Twebwe abantu ntituri nk’ibikoko, turafise ubushobozi bwo kuzirikana, duti ‘Ukubaho kwanje gusobanuye iki? Yoba gusa ari uruzinguzingu rwagezwe, rugizwe n’igihe c’ukuvuka n’igihe c’ugupfa?’ Muri ivyo, ibuka kwa kuri kwo mu majambo ya Salomo ku vyerekeye umuntu n’igikoko: “Vyose bizosubira mu mukungugu.” Ivyo vyoba none bisobanura ko urupfu ari ngombwa ngo ruce ruheza ukubaho kw’umuntu? Urabona, Bibiliya iraranga ko abantu badafise ubugingo budahwera burokoka iyo umubiri upfuye. Abantu ni ubugingo, kandi ubugingo bucumura burapfa. (Ezekiyeli 18:4, 20) Salomo yabitondanuye uku: “Abariho baba bazi ko bazopfa; arikw abapfuye nta co baba bakizi, kandi nta mpēra baba bakibona; kuko kwibukwa kwabo kuba kwaramaze kwibagirana. Ikintu cose ukuboko kwawe kwerekeje gukora ugikorane inkomezi zawe; kukw ata gikorwa cank’inama cank’ukumenya cank’ubgenge i kuzimu ah’urāriye kuja.”—Umusiguzi 9:5, 10.
17. Mu Musiguzi 7:1, 2 hakwiye gutuma tuzirikana ibiki?
17 Uravye ico kirukuri c’intazibukīrwa, rimbura aya majambo: “Ukuvugwa neza [“izina ni ryiza,” NW] kuruta amavuta atāmirana y’igiciro kinini, kand’umusi wo gupfa uruta uwo kuvukako. Ni vyiza kuja mu nzu y’abagandaye kuruta kuja mu nzu y’intumire: kukw ari ryo herezo ry’abantu bose, kand’ūkiriho abishirak’umutima.” (Umusiguzi 7:1, 2) Ntituri buharire ko urupfu rwabaye “ryo herezo ry’abantu bose.” Nta muntu arashobora kunywa umuti élixir, gufata umukoroge wa vitamine, kwipfunga ibiribwa bimwebimwe canke kwinonora imitsi ngo biheze bitume abaho ibihe bihoraho. Kandi ubusanzwe “kwibukwa kwabo kuba kwaramaze kwibagirana” ata gihe kirekire kihaciye bapfuye. None ni kubera iki ukugira izina “kuruta amavuta atāmirana y’igiciro kinini”?
18. Ni kubera iki dushobora kwemera tudakēka, yuko Salomo yǐzera izuka?
18 Nk’uko twabibonye, Salomo yavuze ibintu uko biri. Yari azi ivya basogokuruza biwe Aburahamu, Isaka na Yakobo, abategerezwa kuba bari bârihesheje izina ryiza ku Muremyi wabo. Kubera ko Yehova Mana yari yaramenyanye neza na Aburahamu, yasezeranye kumuhezagira we hamwe n’urubuto rwiwe. (Itanguriro 18:18, 19; 22:17) Egome, Aburahamu yaragize izina ryiza ku Mana, acika umukunzi wayo. (2 Ngoma 20:7; Yesaya 41:8; Yakobo 2:23) Aburahamu yari azi yuko ubuzima bwiwe hamwe n’ubw’umuhungu wiwe butari gusa igihimba c’uruzinguzingu rutigera ruhera rw’ukuvuka n’ugupfa. Oya ntivyari ivyo gusa. Bǎri n’icizigiro kitagiramwo amazinda c’ugusubira kubaho, atari kubera ko bari bafise ubugingo budahwera, ariko kubera ko bozuwe. Aburahamu yari yarajijutse ko ‘Imana ishobora kuzura Isaka mu bapfuye.’—Abaheburayo 11:17-19.
19. Ni uguca mu kajisho guki dushobora kuronkera kuri Yobu ku vy’insobanuro y’ibiri mu Musiguzi 7:1?
19 Urwo ni rwo rupfunguzo rw’ugutahura ukuntu “ukuvugwa neza kuruta amavuta atāmirana y’igiciro kinini, kand’umusi wo gupfa uruta uwo kuvukako.” Cokimwe na Yobu yari yabayeho imbere yiwe, Salomo yari yarajijutse yuko Umwe yarema ubuzima bw’umuntu ashobora kubugarukana. Abǎpfuye arashoboye kubasubiza bazima. (Yobu 14:7-14) Wa mwizerwa Yobu yavuze ati: “[Wewe Yehova] wompamagaye nkakwitaba; wobaye wipfuza igikorwa c’amaboko yawe.” (Yobu 14:15) Vyiyumvire nawe! Umuremyi wacu arafitiye ‘icipfuzo’ abasuku biwe bǎpfuye. (“Wobaye ushaka kubona igikorwa c’iminwe yawe.”—La Bible de Jérusalem.) Uyo Muremyi arashobora kuzura abantu akoresheje ya nkuka y’incungu ya Yezu Kirisitu. (Yohana 3:16; Ivyakozwe n’intumwa 24:15) Birumvukana, abantu barashobora gutandukana n’ibikoko bisa bipfa.
20. (a) Ni ryari umusi w’ugupfa uba ari mwiza kuruta umusi w’ukuvuka? (b) Izuka rya Lazaro rishobora kuba ryakoze iki kuri benshi?
20 Ivyo bisobanura yuko umusi w’ugupfa ushobora kuba mwiza kuruta umusi umuntu avukirako, niba nya muntu ico gihe aba yarihesheje izina ryiza kuri Yehova, we ashoboye kuzura abizerwa bǎpfuye. Salomo Mukuru, Yezu Kirisitu, ivyo yarabigaragaje. Nk’akarorero, yarazuye wa mugabo mwizerwa Lazaro, amusubiza muzima. (Luka 11:31; Yohana 11:1-44) Nk’uko ushobora kuvyiyumvira, benshi mu biboneye Lazaro asubira kuba muzima vyarabakoze ku mutima cane, barizera Umwana w’Imana. (Yohana 11:45) Woba wibaza yuko bǐyumvamwo ko batagira intēgo mu buzima, ntibagire iciyumviro namba ku vyerekeye abo bari bo n’iyo bariko baja? Ahubwo nyabuna barashoboye kubona yuko atari ngombwa ngo babe ari nk’ibikoko bisa, bimwe bivuka, bikabaho igihe, hanyuma maze bigapfa. Intēgo yabo mu buzima yari ifatanye rwose n’ukumenya Se wa Yezu be n’ugukora ukugomba kwiwe. Weho bite? Iki kiyago coba cagufashije kubona, canke kubona bitomotse kuruta, ukuntu ubuzima bwawe bushobora kandi bukwiye kugira intēgo nyayo?
21. Ni umuce uwuhe w’ivy’ugutora insobanuro mu buzima bwacu tugomba kwongera kwihweza?
21 Yamara, ukugira intēgo nyakuri kandi iri n’ico isobanuye mu kubaho bisigura ibiruta kwiyumvira ivyerekeye urupfu n’ukuzosubira kubaho mu nyuma. Birashiramwo n’ivyo turiko dukora imisi yose mu buzima bwacu. Salomo kandi ivyo yarabitomoye mu Musiguzi, nk’uko tugiye kubibona mu gihimbu gikurikira.
[Akajambo k’epfo]
a “Inyiganano zivuga ivy’Umwamikazi w’i Sheba zirashimika ku bwenge bwa Salomo, kandi iyo nkuru kenshi yitwa ngo ni igitito (1 Abm. 10:1-13). Ariko amakikuzo yerekana yuko [uwo mwamikazi] yagendeye Salomo ajanywe vy’ukuri n’ivy’urudandaza n’uko ari ivyumvikana neza; ivy’uko iyo nkuru ari yo ntibikwiye kwirirwa birakekeranywa.”—The International Standard Bible Encyclopedia (1988), Isemo ya IV, urupapuro 567.
Mbega Uravyibuka?
◻ Ni mu buryo ki ibikoko n’abantu vyogereranywa?
◻ Ni kubera iki urupfu rushimika ku vy’uko ahanini imyigoro n’imirimo vy’umuntu ari ivy’ubusa?
◻ Bishoboka bite ko umusi w’ugupfa uba mwiza kuruta umusi w’ukuvuka?
◻ Ukugira intēgo iri n’insobanuro mu buzima guhagaze ku bucuti nyabaki?
[Amafoto ku rup. 10]
Mu buryo buri n’ico buvuze, ubuzima bwawe butandukanye gute n’ubw’ibikoko?