ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w97 1/5 rup. 8-13
  • Rondera Amahoro Nyakuri Kandi Uyakurikire!

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Rondera Amahoro Nyakuri Kandi Uyakurikire!
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Abantu Barashobora Gucika Indemeshamahoro
  • Abariko Bakurikira Amahoro
  • Ihinduka Rinini Rwose Kuruta
  • Ubutegetsi bw’Umuganwa w’Amahoro
  • Amahoro Nyakuri—Ava kw Isôko Nyabaki?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
  • Dusukure nk’Intwarabutumwa z’Amahoro Mvamana
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
  • Amahoro—Woyaronka gute?
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2018
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
w97 1/5 rup. 8-13

Rondera Amahoro Nyakuri Kandi Uyakurikire!

“Ūgomba gukunda ubu[zima], no kubona imisi myiza, . . . [n]azibukīre ibibi, akore ivyiza; arondere amahoro, ayakurikire, kugira ngw ayashikire.”—1 PETERO 3:10, 11.

1. Ni amajambo rurangiranwa ya Yesaya ayahe ari n’ukuntu azotegerezwa kugira ico avuyemwo?

“INKOTA zabo bazozivunjamw’amasuka, n’amacumu bazoyavunjamw’inkero; nta hanga rizobangurira irindi hanga inkota, kandi ntibazokwiga kurwana ukundi.” (Yesaya 2:4) Naho nyene iki canditswe rurangiranwa cashizwe ahabona hafi y’icicaro gikuru co kw isi c’Ishirahamwe Mpuzamakungu mu gisagara ca New York, iryo yungungane ry’isi ntiryashoboye na gato gushitsa ayo majambo. Ariko rero, kubera ari igice c’ijambo ritananirwa rya Yehova Mana, ayo mamenyeshwa ntazobura kugira ico avamwo.—Yesaya 55:10, 11.

2. Nk’uko bivugwa muri Yesaya 2:2, 3, ni ibiki bitegerezwa ‘kuba mu misi y’iherezo’?

2 Amajambo dusanga muri Yesaya 2:4 vy’ukuri ni igice c’ikimenyeshakazoza gitangaje, ikimenyeshakazoza cerekeye amahoro nyakuri—kandi kiriko kiraranguka ubu muri iki gihe cacu. Imbere y’ukwamamaza ivyo vyizero binyurira vy’ugukurwaho kw’intambara n’ibirwanisho vy’intambara, ico kimenyeshakazoza kivuga giti: “Mu misi y’iherezo umurwa wubatswekw ingoro y[a Yehova] uzogasara ku mpinga z’imisozi, uzoshirwa hejuru y’iyindi mirambi; kand’amahanga yose azosendanisha aja kuri wo. Amoko menshi azojayo, abarirane, ati Ni muze tudūge, tuje ku murwa w[a Yehova], ku ngoro y’Imana ya Yakobo, kugira ngw itwigishe ivy’inzira zayo, natwe tuzigenderemwo; kukw i Siyoni ari ho hazova ivyagezwe, n’i Yerusalemu hakava ijambo ry[a Yehova].”—Yesaya 2:2, 3.

Abantu Barashobora Gucika Indemeshamahoro

3. Umuntu ashobora guhinduka gute akava mu kuba indemesharugamba akaba indemeshamahoro?

3 Menya yuko imbere y’uko abantu bashobora gukurikira inzira ndemeshamahoro, bategerezwa gucishirizwa ubwenge mu nzira za Yehova. Ukwitaba inyigisho ya Yehova kurangwa ubugamburutsi kurashobora guhindura ukuntu umuntu yiyumvira n’ukuntu akora ibintu, ku buryo uwahoze ari indemesharugamba acika indemeshamahoro. Iryo hinduka rishika gute? Abaroma 12:2 havuga hati: “Ntimushushanywe n’ivy’iki gihe, yamara muhinduke rwose [mu muzirikanyi], kugira ngo mumenye neza ivy’Imana igomba, ni vyo vyiza bishimwa, bitunganye rwose.” Duhindura umuzirikanyi wacu, ni kwo kuwutera kuja mu nzira imeze ukundi, mu kuwuzuza ingingo ngenderwako n’ingingo ntanganyigisho zo mw Ijambo ry’Imana. Urwigo rwa Bibiliya rudahorereza ruradufasha kugira iryo hinduka kandi rukadushoboza kwihinyuriza ubwacu ivyo Yehova atugombako ivyo ari vyo, gutyo tugashobora kubona bimwe birashe inzira dutegerezwa kujana.—Zaburi 119:105.

4. Umuntu ashobora kwambara ate kamere-muntu nshasha y’indemeshamahoro?

4 Ukuri kwa Bibiliya ntiguhindura gusa uburyo bwacu bw’ukwiyumvira, ariko kandi kurahindura ibikorwa na kamere-muntu vyacu. Kuradufasha kugira ibi intumwa Paulo yaduhimirije gukora: “Mwiyambure wa muntu wa kera, abozwa n’ukwifuza kw’uruhendo; mugahinduka basha mu [nguvu ikoresha umuzirikanyi wanyu], mukambara wa muntu musha, yaremwe mw ishusho y’Imana mu kugororoka no mu kwera kw’ukuri.” (Abanyefeso 4:22-24) Iyo nguvu ikoresha umuzirikanyi iri imbere muri twebwe. Irahindurwa hanyuma igacika nyabubasha uko urukundo dukunda Yehova n’amateka yiwe rukura, kandi ikatugira abantu bakomeye mu vy’impwemu kandi b’indemeshamahoro.

5. ‘Ibwirizwa rishasha’ Yezu yahaye abayoboke biwe riterera gute mu mahoro arangwa hagati muri bo?

5 Inkenero y’iryo hinduka irabonekera muri iri tegeko Yezu yahaye abayoboke biwe mu masaha ya nyuma yamaze ari kumwe na bo: “Ndabaha [ibwirizwa rishasha]: ni mukundane; nk’uko nabakunze, abe ari ko namwe mukundana. Ni mwagiriranira urukundo, ni ho bose bazomenya ko mur’abigishwa banje.” (Yohana 13:34, 35) Urwo rukundo nk’urwa Kirisitu kandi rutigungirako rurunga abayoboke mu bumwe bukemutse. (Ab’i Kolosayi 3:14) Abashima kwemera n’ukubaho bisunga iryo ‘bwirizwa rishasha’ ni bo gusa bazonezererwa ayo mahoro Imana isezerana. Hoba hariho abantu bakora ivyo muri iki gihe?

6. Ni kuki Ivyabona vya Yehova banezererwa amahoro, ibihushanye n’ivy’abantu b’iyi si?

6 Ivyabona vya Yehova barihatira kugaragaza urukundo mu kivukano cabo gikwiye kw isi yose. Naho bava mu mahanga yose yo kw isi, ntibaja mu mahane y’iyi si, mbere nyene n’iyo bariko bakandamizwa na politike hamwe n’amadini. Bwa gisata cunze ubumwe, barigishwa na Yehova, kandi bari n’amahoro. (Yesaya 54:13) Baguma bitaramuye mu vy’amatati ya gipolitike, kandi ntibaja mu ntambara. Bamwebamwe bari bahoze ari abakoramabi barahevye ukwo kuntu bari babayeho. Bǎracitse Abakirisu b’inkundamahoro, barigana akarorero ka Kirisitu Yezu. N’umutima wabo wose barakurikira iyi mpanuro ya Petero: “Ūgomba gukunda ubu[zima], no kubona imisi myiza, n’abuze ururimi rwiwe, rwoye kuvuga ikibi, n’iminwa yiwe yoye kuvuga ivy’uguhendana: kand’azibukīre ibibi, akore ivyiza; arondere amahoro, ayakurikire, kugira ngw ayashikire.”—1 Petero 3:10, 11; Abanyefeso 4:3.

Abariko Bakurikira Amahoro

7, 8. Tanga uturorero tw’abantu bahevye kurwana intambara bacika abarondera amahoro nyakuri. (Igana utundi ushobora kuba uzi.)

7 Nk’akarorero, hariho uwitwa Rami Oved, uwahoze ari intwazangabo mu mugwi wanonosoye ivy’ukurwanya ba gaterabwoba. Yari yamenyerejwe kwica abansi biwe. Yaremerana ubwira ubwiratirehanga bwiwe bwa gisirayeli gushika umusi yǔbura yuko abarabi batashaka yuko yabira umugore yakunda kubera gusa yari Umunyâziyakazi, umupagani. Yaratanguye kurondera ukuri muri Bibiliya. Maze yarabonanye n’Ivyabona vya Yehova. Ugutohoza Bibiliya kwiwe yagiranye n’Ivyabona kwaramwumvishije yuko atoshoboye gusubira kuba umwiratirehanga w’ishaka ry’umurengera. Urukundo rwa gikirisu rusigura uguheba intambara n’ibirwanisho n’ukwiga gukunda abantu b’ubwoko ubwo ari bwo bwose. Ibaze ukuntu yatangaye igihe yaronka ikete rirangwa ubuntu ritangurwa n’aya majambo ngo, “Muvukanyi Wanje Rami”! Icari ikidasanzwe muri ivyo cari igiki? Nya mwanditsi yari Icabona w’Umunyapalestinakazi. “Niyumviriye ko ivyo ari akatêméreka,” bivugwa na Rami, “kubera ko Abanyapalestina bǎri abansi banje, buno na ho umwe muri bo akaba yariko anyita ngo ‘Muvukanyi Wanje.’ ” Rami n’umukenyezi wiwe ubu barakurikira amahoro nyakuri mu nzira y’Imana.

8 Akandi karorero ni aka Georg Reuter, uwakoze mu ntwaramiheto z’Abadagi zǎshwaye Uburusiya mu gihe c’Intambara ya II y’Isi Yose. Yahavuye ahebuzwa n’umugambi uhambaye wa Hitler w’ukuganza isi. Aho agarukiye avuye mu ntambara, yaratanguye gutohoza Bibiliya ari kumwe n’Ivyabona vya Yehova. Yanditse ati: “Amaherezo, ibintu vyari bihaye bicika ibitomotse kuri jewe. Naratahuye yuko Imana atǎri iy’ugusiba kubera ugusesa amaraso kwose kwahabaye . . . Narize yuko intēgo yiwe yari ugusasagaza iparadizo ikwiye kw isi hamwe n’imigisha idashira ku bantu. . . . Hitler yarishimye ku vyerekeye ivyo yise ‘Inganji y’Imyaka Igihumbi’ ariko yategetse [imyaka] 12 gusa—kandi ese ingaruka nterakinya vyavuyemwo! Uwushobora gusasagaza kandi azosasagaza ingoma y’imyaka igihumbi kuri iyi si ni Kirisitu si Hitler . . .” Ubu haraciye imyaka nka 50 Georg asukura bwa ntumwa y’amahoro nyakuri mu gikenurwa c’igihe cose.

9. Ivyashikiye Ivyabona vya Yehova mu Budagi igihe c’intwaro y’Abanazi vyagaragaje gute ko ari abarindutsi yamara bakaba n’indemeshamahoro?

9 Ukutadohoka hamwe n’ubwitaramure vy’Ivyabona vya Yehova mu Budagi mu gihe c’intwaro y’Abanazi birabandanya gushingira intahe urukundo bakunda Imana n’amahoro n’ubu nyene haciye imyaka irenga 50. Agatabu kǎsohowe n’Ishinguriro ryo muri Reta Zunze Ubumwe ry’Utwa Kera ry’Ivya rya Yogeza Ryagirwa n’Abanazi i Washington, D.C., kavuga icese gati: “Ivyabona vya Yehova bǎrarindiyeko uruhamo rw’akarwirirane mu gihe ca ya ntwaro y’Abanazi. . . . Uburindutsi abenshi cane bashize ahabona mu kwanka [kwihakana idini yabo], bahanganye n’umukanagizo, ugufatwa nabi mu makambi y’itunatuniro, kandi rimwe na rimwe bakicwa, bwaratumye bahabwa icubahiro n’abo mu gihe cabo benshi.” Nya gatabo kongerako gati: “Mu gihe c’ihabuzwa ry’ayo makambi, Ivyabona vya Yehova bǎrabandanije igikenurwa cabo, banyagara mu bǎrokotse, babagiramwo abakebanuke.”

Ihinduka Rinini Rwose Kuruta

10. (a) Ni ihinduka rinini irihe rikenewe kugira amahoro nyakuri aze? (b) Ivyo vyadondowe gute mu gitabu ca Daniyeli?

10 Ivyo vyoba bisigura yuko Ivyabona vya Yehova bemera yuko bashobora kuzanira amahoro isi nzima babicishije ku gukebanura igice kinini c’abantu bayibako ngo bemere kwa kwitaramura kw’Abakirisu? Oyaye! Kuko kugira amahoro agarukanwe kw isi, hakenewe ihinduka rinini rwose kuruta. Iryo ni nyabaki? Ubutegetsi bw’abantu bubiba amacakubiri, bucinyiza kandi butwaza igikenye, butegerezwa gusubirirwa n’Ubwami bw’Imana, bumwe Yezu yigisha abayoboke biwe gusenga ngo buze. (Matayo 6:9, 10) Mbega none ivyo bizobaho gute? Mu ndoto ihumetswe n’Imana, umumenyeshakazoza Daniyeli yaramenye ko mu misi y’iherezo, Ubwami bw’Imana, bwa buye amahero ‘ridasituwe n’amaboko y’umuntu’ bwomenaguye igishushanyo kinini kigereranya ubutegetsi bwa gipolitike bw’abantu kw isi. Nuko yaratangaje ati: “Ku ngoma z’abo bami, Imana yo mw ijuru izohagurutsa ubundi bgami butazokwigera buhangūra, kand’ingoma y’inganji yabgo nta ho izonyagwa n’irindi hanga; ariko buzomara bukomvomvore ubgami bgose bg’abo bami; yamara bgo buzohangama gushitsa ibihe vyose.”—Daniyeli 2:31-44.

11. Yehova azoshitsa ihinduka rikenewe kugira habe amahoro abicishije ku buryo nyabaki?

11 Iryo hinduka ntasigaza mu vy’ukuntu isi yifashe rizohaba kubera iki? Kubera yuko Yehova yaraganye yuko azohumanura isi mu kuyikuramwo abo bose bariko bayitosekaza bongera bayisakambura. (Ivyahishuriwe Yohana 11:18) Iryo hinduka rizoba ku ntambara itunganye ya Yehova arwanya Shetani n’isi nkorakibi yiwe. Dusoma ibi mu Vyahishuriwe Yohana 16:14, 16: “[Nya mvugo zihumanye kandi zihumetswe ni] impwemu z’abadayimoni, zikora ibimenyetso, zija ku bami [ni ukuvuga, abategetsi ba gipolitike] bo mw isi yose, ngo zibakoranirize ku ntambara yo ku musi uhambaye w’Imana ishobora vyose. Zibakoraniriza ahantu hitwa Haru-Magedoni mu Giheburayo.”

12. Arumagedoni izoba imeze gute?

12 Yamara none, Arumagedoni izoba imeze gute? Ntizoba imeze nk’agatikizo ruhonyanganda canke icago giterwa n’abantu. Oyaye, iyo ni intambara y’Imana y’uguheza intambara zose z’abantu n’ukuzimanganya abo bose bakorereza intambara mwen’izo. Iyo ni intambara y’Imana y’ukuzanira amahoro nyakuri abo bose bakunda amahoro. Egome, Arumagedoni iriko yegereza nk’uko Yehova yabishingiye intēgo. Ntizotinda. Umumenyeshakazoza wiwe Habakuki yarahumekewe ngo yandike ibi: “Ivyerekanywe bifise igihe vyashingiwe, kandi vyihutira kugishikako, ntibizobesha; naho vyotebagana, ubirorēre, kuko bitazobura kuza, ntibizoteba.” (Habakuki 2:3) Kubera inyiyumvo zacu za kimuntu, irashobora gusa n’uko itevye, ariko Yehova agumana urutonde nkurikizwa rwiwe. Arumagedoni izokwaduka kw isaha Yehova yashinze imbere y’igihe.

13. Imana izogirira ibiki ya nyagirizwamabi, Shetani ya Diyǎbule?

13 Ico gikorwa c’agahambaye kizoboneshereza inzira amahoro nyakuri! Mugabo kugira amahoro nyakuri asasagazwe ubudahungabanywa, hari ikintu kindi gitegerezwa gukorwa—ikurwaho ry’umwe atuma haba amacakubiri, urwanko n’amahane. Kandi ivyo ni vyo nyene Bibiliya imenyesha ko bizoca biranguka—ni ukuvuga ibohwa rya Shetani, wa musomborotsi w’intambara akaba na se w’ibinyoma. Intumwa Yohani yarabonye ico gishikiragihe mu nzozi menyeshakazoza, nk’uko vyanditswe mu Vyahishuriwe Yohana 20:1-3: “Mbona umumalayika amanuka avuye mw ijuru, afise urupfunguzo rw’i kuzimu, afise n’ikinyororo mu minwe. Afata ca gisato, ni co ya nzoka ya mbere, ni yo Murwanizi irindi ni Satani, akiboha ngo kimare imyaka igihumbi, agikororera i kuzimu, arahadadira, ashirakw ikimenyetso kikirumanya, kugira ngo nticongere kuzimiza amahanga, gushitsa ah’iyo myaka igihumbi izoshirira.”

14. Igikorwa c’intsinzi ca Yehova c’ugutsinda Shetani gishobora kudondorwa gute?

14 Iyo si indoto; ni umuhango w’Imana—kandi Bibiliya ivuga iti: ‘Ntibishoboka yuko Imana ibesha.’ (Abaheburayo 6:18) Nuko Yehova yarashoboye kuvuga abicishije ku mumenyeshakazoza wiwe Yeremiya ati: “Nd[i Yehova] nkunda kugira imbabazi no guca iziroranye n’izigororotse mw isi: kukw ivyo ari vyo bimpimbara, ni jewe [Yehova] mbivuze.” (Yeremiya 9:24) Yehova akora ibintu mu butungane no mu bugororotsi, kandi arahimbarwa n’amahoro azozana kw isi.

Ubutegetsi bw’Umuganwa w’Amahoro

15, 16. (a) Ni nde acagurwa na Yehova ngo ategeke bwa Mwami? (b) Ubwo butegetsi budondorwa gute, kandi ni bande bazobugiramwo uruhara?

15 Kugira agaragaze icese ko amahoro nyakuri azoza kuri abo bose bazoba babayeho mu gihe c’intondeko yiwe y’Ubwami, Yehova yahaye ubutegetsi Umuganwa w’Amahoro nyawe, Yezu Kirisitu, nk’uko vyamenyeshejwe muri Yesaya 9:6, 7, aho dusoma ibi: “Umwana [ya]tuvukiye, duhawe umwana w’umuhungu; ubutware buzoba ku bitugu vyiwe: azokwitwa Igitangaza, Umujanama, Imana y’ubushobozi, Data wa twese ahoraho, Umu[ganw]a w’amahoro. Ukugwira kw’ubutware bgiwe n’amahoro ntibizogira iherezo, . . . Umwete w[a Yehova] Nyen’ingabo uzoshitsa ivyo.” Umwandikamazaburi na we yaranditse bumenyeshe kazoza ibi vyerekeye ubutegetsi burangwa amahoro bwa Mesiya: “Mu misi yiwe abagororotsi bazororanirwa, kandi hazosēndēra amahoro, gushitsa ah’ukwezi kuzoviraho.”—Zaburi 72:7.

16 Vyongeye, abavukanyi basigwampwemu ba Kirisitu 144 000 bazoba bategekana na we mw ijuru. Abo ni abaraganwa na Kirisitu, ari na bo Paulo yandikiye ibi biberekeye: “Imana Nyen’amahoro izofyonyorera Satani vuba musi y’ibirenge vyanyu. Ubuntu bg’Umwami wacu Yesu Kristo bubane namwe.” (Abaroma 16:20) Egome, abo bazogira uruhara bari mw ijuru, mu ntsinzi ya Kirisitu kuri wa musomborotsantambara, Shetani ya Diyǎbule!

17. Ni igiki dutegerezwa kugira ngo tubone gutorana amahoro nyakuri?

17 Ubu rero ikibazo ni iki, Ni igiki utegerezwa kugira, ngo ubone gutorana amahoro nyakuri? Amahoro nyakuri ashobora kuza gusa mu buryo bushizweho n’Imana, kandi kugira uyaronke utegerezwa gutera intambwe zibereye. Utegerezwa kwemera nya Muganwa w’Amahoro kandi ukamuhindukirira. Ivyo bisigura yuko utegerezwa kwemera Kirisitu mu ruhara rwiwe rw’Umurokozi n’Umutangancungu w’abantu banyacaha. Yezu ubwiwe yaravuze aya majambo rurangiranwa: “Imana ya[ra]kunze [cane rwose] abari mw isi [ku buryo] itanga Umwana wayo w’ikinege, ng’ūmwizera wese ntaz’apfe rubi, arikw ahabge ubu[zima] budashira.” (Yohana 3:16) Woba ugomba kugaragaza ukwizera ufitiye Kirisitu Yezu bwa Mukozi yagennywe n’Imana w’ukuzana amahoro nyakuri n’agakiza? Nta rindi zina munsi y’ijuru rishobora gusasagaza amahoro n’ukuyatsimbataza. (Ab’i Filipi 2:8-11) Kuki? Kubera ko Yezu ari we Mucagurwa w’Imana. Ni we ntwarabutumwa nkuru y’amahoro iruta izǎciye kw isi zose. Woba uzokwumviriza Yezu kandi ugakurikira akarorero kiwe?

18. Ni igiki dukwiye gukora kugira twitabe ya majambo ya Yezu yanditswe muri Yohana 17:3?

18 Yezu yavuze ati: “Ubu ni bgo [buzima budashira], ko bamenya wewe, Imana yonyene y’ukuri, n’uwo watumye, Yesu Kristo.” (Yohana 17:3) Iki ni co gihe c’ukwironsa ubumenyi ntagakosa mu kwitaba amahwaniro y’Ivyabona vya Yehova ku Ngoro y’Ubwami udahorereza. Ayo mahwaniro ntanganyigisho azokuvyurira gusangira n’abandi ubumenyi bwawe n’icizigiro ufise. Na wewe nyene urashobora gucika intumwa ivuga ivy’amahoro y’Imana. Urashobora kunezererwa amahoro ubu mu kwizigira Yehova Mana, nk’uko vyavuzwe muri Yesaya 26:3 dukurikije impibanuro New International Version: “Uzogumiza mu mahoro akemutse uwo umuzirikanyi wiwe ushikamye, kubera ko akwizigira.” Mbega ukwiye kwizigira nde? “Ni mwizigire [Yehova] ibihe vyose: kuk[o Ya Yehova] ari we gitandara c’amah’ibihe bidashira.”—Yesaya 26:4.

19, 20. Ni igiki kirindiriye abo muri iki gihe barondera amahoro kandi bakayakurikira?

19 Ubu nuhitemwo ubuzima budashira mw isi nshasha y’Imana, y’amahoro. Mu Vyahishuriwe Yohana 21:3, 4, Ijambo ry’Imana riradushwirura riti: “Eh[e! I]hema ry’Imana riri kumwe n’abantu, kand’izogerēra muri bo, na bo bazoba abantu bayo, kand’Imana ubgayo izobana na bo, izoba Imana yabo. Izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kand’urupfu ntiruzoba rukiriho, kand’amaborogo no gutaka n’uburibge ntibizoba bikiriho: kukw ivya mbere bishize.” None ako si ko kazoza karangwa amahoro wipfuza cane?

20 Maze niwibuke ico Imana yaraganye. “Abagwaneza bazoragwa [isi], bazonezererwa amahoro y’umusēsekara. Witegereze ūtunganye rwose, urābe umugororotsi: kukw amaherezo y’ūmeze artyo ar’amahoro.” (Zaburi 37:11, 37) Uwo musi w’agahimbare niwaza, ese twovuga dushima duti, “Amahoro nyakuri aza yashika! Tuyakesha Yehova Mana, we sôko ry’amahoro nyakuri!”

Woshobora Gusigura?

◻ Ni igiki gishobora gufasha umuntu kugira ivyo ahinduye mu vyiyumviro no mu ngiro?

◻ Ivyabona vya Yehova, umwumwe ukwiwe canke bose hamwe, běrekanye gute urwo bakunda amahoro nyakuri?

◻ Yehova azogirira ibiki abo bose bakorereza urwanko n’intambara?

◻ Ubutegetsi bwa wa Muganwa w’Amahoro buzogirira iki abantu?

[Amafoto ku rup. 9]

Amajambo ya Yesaya ntashitswa n’Ishirahamwe Mpuzamakungu O.N.U., mugabo ashitswa n’abakira inyigisho ya Yehova

[Amafoto ku rup. 10]

Abo bagabo babiri baragize ivyo bahinduye kugira bakurikire amahoro

Rami Oved

Georg Reuter

[Ifoto ku rup. 11]

Amahoro nyakuri azosasagara mu gihe c’ubutegetsi bw’Umuganwa w’Amahoro

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika