ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w98 1/11 rup. 27-32
  • Nugume Wironderera Ubukiriro!

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nugume Wironderera Ubukiriro!
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Igikorwa “co Kwubaka” Dukorera Muri Twebwe
  • Abami b’i Buyuda Barihitiyemwo
  • Yehova Arakwizigiye!
  • ‘Yagumye yumiye kuri Yehova’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Akarorero wokwigana—Hezekiya
    Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 2
  • Nuhitemwo neza mu buto bwawe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
  • Ukunda Ijambo ry’Imana Ukungana Iki?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
w98 1/11 rup. 27-32

Nugume Wironderera Ubukiriro!

‘Bakunzi banje, . . . nimugume mwironderera ubukiriro bwanyu, mubigirane icubahiro n’ubwoba.’—AB’I FILIPI 2:12, UB.

1, 2. Ni ivyiyumviro bikwiye hose ibihe vyatumye abantu benshi biyumvira ko ataco bohindura ku kuntu ubuzima bwabo bugenda?

“WOBA wavutse umeze utyo?” Ico kibazo giherutse kwandikwa ku gipfukisho c’ikinyamakuru kimwe gikundwa cane. Munsi y’uwo mutwe mukuru, hari aya majambo: “Kamere, inyifato, eka mbere n’amahitamwo yo mu buzima. Ivyatohojwe bishasha vyerekana yuko ahanini ivyo bintu biri mu tugingo mbikakamere.” Amajambo mwene ayo ashobora gutuma bamwe biyumvira yuko badafise ikintu kinini bohindura ku buzima bwabo bwite.

2 Abandi barahagarika umutima yuko ukuba abavyeyi babo batabareze neza canke ngo abigisha babo babigishe neza biri n’ukuntu vyatumye bagira ubuzima butagiramwo agahimbare. Bashobora kwiyumvira yuko bategerezwa gukora amakosa abavyeyi babo bakoze, bagakora ibintu bakurikiza agatima kabi cane nk’ako bagize, bakagaragaza ko atari abizerwa kuri Yehova—muri make, bakagira amahitamwo mabi. Ivyo vyoba ari vyo Bibiliya yigisha? Nta gukeka ko hari abanyedini bakovya bavuga yuko hari ibintu Bibiliya yigisha bisa n’ivyo, ni ukuvuga ya nyigisho y’uko ibishikira umuntu aba yaravyandikiwe n’Imana. Nk’uko iyo nyigisho ivyerekana, ngo Imana yashinze kuva kera cane ikintu cose gishika mu buzima bwawe.

3. Ni ubutumwa ubuhe buremesha Bibiliya ifise ku vyerekeye ubushobozi dufise bwo kwitunganiriza kazoza kacu?

3 Ivyo vyiyumviro bitandukanye vyose biguma bihurira ku ikintu kimwe, na co ni iki ngo: Ni gake wokwihitiramwo kandi ni gake wogira ico uhinduye ku kuntu ubuzima bwawe bwomera. None ayo si amajambo avuna umutima? Kandi ukuvunika umutima ntigutuma ingorane zunyuka? Mu Migani 24:10 havuga hati: “Ni wadendebukirwa ku musi w’ivyago inkomezi zawe zizoba zari nke.” Ariko rero, turaremeshwa no kumenya yuko, nk’uko Bibiliya ibivuga, dushobora ‘kwironderera ubukiriro bwacu.’ (Ab’i Filipi 2:12) Dushobora gute gukomeza umwizero dufitiye iyo nyigisho idahebuza yo mu Vyanditswe?

Igikorwa “co Kwubaka” Dukorera Muri Twebwe

4. Naho muri 1 Ab’i Korinto 3:10-15 havuga ivyerekeye kwubakisha ibikoresho birinda umuriro, ni igiki ivyo bidashaka kuvuga?

4 Rimbura ikigereranirizo Paulo yatanze dusanga muri 1 Ab’i Korinto 3:10-15. Aho, avuga ivyerekeye igikorwa co kwubaka Abakirisu bakora, kandi ico kigereranirizo ciwe kirashobora gukoreshwa ku gikenurwa twikoreramwo n’ico dukorera mu bandi. Yoba yashaka kuvuga yuko nimba umwigishwa amaherezo ahisemwo gukorera Yehova kandi akaguma ari umwizigirwa canke ntabe umwizigirwa, biraba gusa abamwigishije bakamumenyereza? Oya. Paulo yariko arashimika ku kamaro k’uko umwigisha akora igikorwa co kwubaka kirushirije kuba ciza uko bishoboka. Ariko, nk’uko twavyize mu kiganiro c’imbere y’iki, ntiyariko aravuga yuko ata hitamwo umutohoji, ari we mwigishwa, afise kuri ico kibazo. Ni vyo, ikigereranirizo ca Paulo gishimika ku gikorwa dukorera mu bandi, si ukwiyubaka. Ivyo bigaragazwa n’uko Paulo avuga ivyerekeye igikorwa c’ukwubaka kititwararitswe neza, yuko gisanganguka mu gihe umwubatsi ubwiwe arokoka. Naho ari ukwo, rimwe na rimwe Bibiliya ikoresha iyo mvugo nyene ishaka kuvuga ivyerekeye igikorwa twikoreramwo.

5. Ni Ivyanditswe ibihe vyerekana yuko Abakirisu bategerezwa kurangurira muri bo igikorwa co “kwubaka”?

5 Nk’akarorero, rimbura Yuda 20, 21. Hagira hati: “Mweho, bakundwa, mwiyubake ku kwizera kwanyu kwera cane, musengera [mu mpwemu yera], mwizigamire mu rukundo rw’Imana.” Aha Yuda akoresha rya jambo nyene ry’Ikigiriki risobanura “kwubaka,” rimwe Paulo akoresha muri 1 Ab’i Korinto ikigabane ca 3, ariko bisa n’uko ico Yuda ashaka kuvuga ari uko twiyubakira ku mushinge w’ukwizera kwacu. Igihe Luka yandika ivy’ikigereranirizo Yezu yatanze c’umuntu yubakiye inzu yiwe ku rutare, kw’ijambo ‘umushinge’ akoresha rya jambo nyene ry’Ikigiriki Paulo akoresha muri ca kigereranirizo ciwe cerekeye inyubakwa y’Umukirisu. (Luka 6:48, 49) Vyongeye, Paulo akoresha imvugo ngereranyo y’ugushingira ku ‘mushinge’ igihe yahimiriza Abakirisu bagenziwe ngo bagire iterambere mu vy’impwemu. Ni vyo, Ijambo ry’Imana ryigisha yuko turangurira muri twebwe igikorwa co “kwubaka.”—Abanyefeso 3:15-19; Ab’i Kolosayi 1:23; 2:7.

6. (a) Tanga akarorero k’ukuntu umwigishwa w’Umukirisu wese aboneka bivuye ku gikorwa c’abubaka bashize hamwe. (b) Umwigishwa ajejwe irihe banga?

6 Igikorwa co kwubaka Umukirisu coba ari gikorwa c’umuntu umwe? Niwiyumvire ko ufashe ingingo yo kwubaka inzu. Ugiye ku muhinga kugira ngo agucapire amapura. Naho ufise umugambi wo kwikorera vyinshi mu bikorwa, ukoresheje umwubatsi kugira mukorane yongere akugire inama ku vyerekeye uburyo bwiza kuruta wokoresha. Mu gihe yubatse umushinge ukomeye, akagufasha gutahura ya mapura, akakugīra inama y’ibikoresho vyiza gusumba wogura, mbere akanakwigisha vyinshi mu vy’ubwubatsi, ntiwobura kwemera yuko yakoze bigashimwa. Ariko, vyogenda gute igihe wotera akagere impanuro aguha, ukagura ibikoresho bizimbutse, canke bidakomeye, mbere ntunakurikize amapura ya wa muhinga? Nta nkeka ko inzu iramutse isenyaguritse utotera imiragwe wa mwubatsi canke wa muhinga acapa amapura! Ni nk’ukwo nyene, umwigishwa w’Umukirisu wese aboneka bivuye ku gikorwa c’abubatsi bashize hamwe. Yehova ni we muhinga karuhariwe mu vy’ugucapa amapura. Arashigikira Umukirisu w’intahemuka yigisha akongera akubaka umwigishwa mu ‘gukorana n’Imana.’ (1 Ab’i Korinto 3:9) Yamara, umwigishwa na wene arabifisemwo uruhara. Mu bisanzwe, ni we abazwa ivy’ingendo y’ubuzima akurikirana. (Abaroma 14:12) Niba ashaka kugira kamere nziza za gikirisu, ategerezwa kwita ku rutare kugira ngo azironke, aziyubakemwo.—2 Petero 1:5-8.

7. Ni ingorane izihe Abakirisu bamwebamwe bahangana na zo, kandi ni igiki gishobora kubahumuriza?

7 Ivyo none vyoba bisobanura ko utugingo ngegakamere, ibidukikije n’ukuntu abigisha bacu bameze ataco bivuze? Eka namba. Ijambo ry’Imana riremera icese yuko kimwe cose muri ivyo gihambaye kandi gifise ico kigira. Impengamiro nyinshi nyacaha kandi mbi usanga umuntu azivukana, kandi ziragoye cane kurwanya. (Zaburi 51:5; Abaroma 5:12; 7:21-23) Indero itangwa n’abavyeyi be n’ukuntu i muhira vyifashe birashobora kugira akosho gakomeye ku wukiri muto—bigashobora kumwosha neza canke nabi. (Imigani 22:6; Ab’i Kolosayi 3:21) Yezu yaratsindishije indongozi z’idini y’Abayuda kubera akosho kabi inyigisho yabo yagira ku bandi. (Matayo 23:13, 15) Muri iki gihe, ibintu mwene ivyo biragira ico bigize kuri twese. Nk’akarorero, bamwe mu basavyi b’Imana barahangana n’amakuba aturuka ku ngorane bagize mu bwana bwabo. Abo bantu bakeneye ko tubagaragariza ubuntu n’impuhwe. Barashobora kandi guhumurizwa n’ubutumwa bwa Bibiliya bw’uko badategerezwa gusubiramwo amakosa y’abavyeyi babo canke ngo bahemuke. Rimbura ukuntu ico kintu cagaragajwe na bamwe mu bami bo mu Buyuda bwo mu gihe ca kera.

Abami b’i Buyuda Barihitiyemwo

8. Ni akarorero kabi akahe Yotamu yeretswe na se, ariko ni ihitamwo irihe yagize?

8 Uziya yabaye umwami w’i Buyuda akiri umusore w’imyaka 16, hanyuma atwara imyaka 52. Mu kiringo kinini c’iyo myaka, “[yabandanije gu]kora ivyo Uhoraho abona kw ari vyiza, nk’ivyo se Amaziya yakoze vyose.” (2 Abami 15:3) Yehova yaramuhezagiye mu kumuronsa urukurikirane rw’intsinzi zikomakomeye mu vya gisirikare. Ariko rero ikibabaje ni uko izo ntsinzi zatumye Uziya yishira hejuru. Yacitse umwibone maze agarariza Yehova mu kwosereza imibavu ku gicaniro co mu rusengero, kikaba cari igikorwa kijejwe abaherezi. Uziya yarakangiriwe mugabo avyakirana uburake. Ni ho rero yaciye acishwa bugufi—aterwa imibembe, kandi yategerejwe kumara imisi yari asigaje kubaho ari ukwa wenyene. (2 Ngoma 26:16-23) Umuhungu wiwe Yotamu ivyo vyose yavyakiriye ate? Vyari vyoroshe ko uwo musore yoshwa na se kandi agashobora kubikira Yehova inzika kubera igihano amuhaye. Abanyagihugu muri rusangi bari gushobora kumwosha bimwe bibi kubera yuko babandanije imigenzo mibi yo mu vy’idini. (2 Abami 15:4) Ariko Yotani yarihitiyemwo. ‘Yabandanije gukora ivyo Yehova abona kw ari vyiza.’—2 Ngoma 27:2.

9. Tumwetumwe mu twosho twiza Ahazi yagize ni utuhe, ariko ubuzima bwiwe bwahavuye bugenda gute?

9 Yotamu yatwaye imyaka 16, aguma ari umwizerwa kuri Yehova muri ico gihe cose. Ahazi Umuhungu wiwe rero yari yahawe akarorero keza ntangere k’umuvyeyi w’umwizerwa. Kandi hari ibindi bintu vyiza vyosha Ahazi. Yaragize umugisha wo kubaho mu gihe ba bahanuzi b’abizerwa Yesaya, Hoseya na Mika bashikiriza ubuhanuzi n’umwete muri ico gihugu. Yamara yahisemwo nabi. “Ntiyako[ze] ivyo Uhoraho abona kw ari vyiza, nk’uko sekuruza Dawidi yakora.” Yarakoze ibishushanyo vya Bayali yongera arabisenga kandi mbere atanga bamwe mu bahungu biwe mu muriro bwa bimazi ngo boserezwe imana z’abapagani. Naho yagize ibintu bimwosha vyiza cane, yarananiwe bimwe bikomeye n’ivyo kuba umwami n’umusavyi wa Yehova.—2 Ngoma 28:1-4.

10. Ahazi yari umuvyeyi ameze gute, ariko umuhungu wiwe Hezekiya yagize ihitamwo irihe?

10 Ku vyerekeye ugusenga gutyoroye, biragoye kwiyumvira umuvyeyi yoza ari mubi kuruta Ahazi. Ariko rero, umuhungu wiwe Hezekiya ntiyari gushobora kwihitiramwo se! Ba bana b’abahungu Ahazi yakerera agashikanira Bayali bwa bimazi kumbure bari benewabo na Hezekiya. None ivyo bintu biteye ubwoba vyashitse mu kubaho kwa Hezekiya vyoba vyaratumye ategerezwa kuba umuhemu kuri Yehova mu buzima bwiwe? Aho kuba gutyo, Hezekiya yacitse umwe mu bami bake b’i Yudaya babaye rurangiranwa vy’ukuri: yari umugabo w’umwizerwa, w’umunyabwenge, kandi yakundwa cane. “Uhoraho yabana na we.” (2 Abami 18:3-7) Kukaba nkako, turafise impamvu yotuma twemera yuko Hezekiya ari we yanditse ahumekewe ya Zaburi y’119, igihe yari akiri umuganwa w’umusore. Niba ari ukwo, ntibigoye kubona igituma ashobora kuba yaranditse aya majambo ngo: “Umutima wanje ushongeshejwe n’umubabaro.” (Zaburi 119:28) Naho Hezekiya yari afise ibintu bimutesha umutwe bikamubabaza, yararetse Ijambo rya Yehova aba ari ryo rimuyobora mu buzima. Zaburi y’119:105 ivuga iti: “Ijambo ryawe n’itara rimurikira ibirenge vyanje.” Ni vyo, Hezekiya yarihitiyemwo—yahisemwo neza.

11. (a) Naho Manase yagize akosho keza gaturuka kuri se, yagararije Yehova ku rugero rungana iki? (b) Manase yahisemwo iki amaja mu mpera z’ubuzima bwiwe, kandi ivyo dushobora kuvyigirako iki?

11 Ikintu gitangaje rero ni uko muri umwe mu bami b’i Buyuda beza kuruta hamutsemwo umwe mu bami babaye babi bihebuje. Manase umuhungu wa Hezekiya yararemesheje ugusenga ibigirwamana, ubupfumu, n’ubukazi bw’agahomerabunwa ku rugero rutaribwigere rushikwako. Iyo nkuru ivuga yuko ‘Yehova yabandanije kuburira Manase n’abantu biwe’ kumbure biciye ku bahanuzi. (2 Ngoma 33:10) Inkuru mpererekano y’Abayuda ivuga yuko Manase yaciye ahimbaguza Yesaya. (Gereranya n’Abaheburayo 11:37.) Ivyo vyaba ari vyo canke atari vyo, Manase yarananiwe kwumvira imburizi iva ku Mana. Kukaba nkako, yaratanze bamwe mu bana biwe bwite baraturirwa babona bwa nkuka, nk’uko sekuruza wiwe Ahazi yari yarabigize. Yamara, mu mpera y’ubuzima bwiwe uwo mugabo w’inkozi y’ikibi yarahuye n’amakuba, arihana hanyuma arahindura inzira ziwe. (2 Ngoma 33:1-6, 11-20) Akarorero kiwe katwigisha yuko umuntu yagize amahitamwo y’agaterabwoba atari ukuvuga ko aba yagiye akagirire. Arashobora guhinduka.

12. Ni amahitamwo abiri anyuranye ayahe Amoni n’umuhungu wiwe Yosiya bagize ku biraba ugukorera Yehova?

12 Amoni umuhungu wa Manase yari gushobora kwigira vyinshi ku kwihana kwa se. Ariko yahisemwo nabi. Mu vy’ukuri Amoni “[y]agenda arushiriza gucumura” gushika aho amaherezo agandagurwa. Umuhungu wiwe Yosiya we yagize ibintu vyeza umutima. Biboneka yuko Yosiya yahisemwo gukura icigwa ku vyashikiye sekuru. Yagiye ku ngoma agifise imyaka umunani gusa. Igihe yari agifise imyaka 16, yatanguye kurondera Yehova maze mu nyuma aba umwami w’akarorero kandi w’umwizerwa. (2 Ngoma 33:20–34:5) Yarahisemwo—ahitamwo neza.

13. (a) Dushobora kwigira iki ku bami b’i Buyuda duhejeje kwihweza? (b) Indero itangwa n’abavyeyi ihambaye ku rugero rungana iki?

13 Uyu mwihwezo mugufi w’abami indwi b’i Buyuda uratwigisha icigwa gikomeye. Hamwehamwe dusanga abami babi ruhebwa bavyaye abana beza ntangere, abami beza ntangere na bo baravyara abana babi ruhebwa. (Gereranya n’Umusiguzi 2:18-21.) Ivyo ntibigabanya akamaro k’indero abavyeyi batanga. Mu vy’ukuri abavyeyi barera abana babo bakurikije inzira ya Yehova baraha uruvyaro rwabo akaryo keza ntangere ko gucika abasuku ba Yehova b’abizerwa. (Gusubira mu Vyagezwe 6:6, 7) Ariko hari abana bamwebamwe, naho usanga abavyeyi babo b’abizerwa barigoye gute, bahitamwo gukurikira ingendo idakwiriye. Abandi bana, naho abavyeyi babo bashobora kubagirako akosho kabi gute, bahitamwo gukunda Yehova no kumukorera. Bivuye ku muhezagiro wiwe, baratuma ubuzima bwabo bwererwa. Woba rimwe na rimwe wibaza ukuntu weho bizokugendera? Rimbura rero ibintu Yehova ubwiwe yivugira vyemeza yuko ushobora guhitamwo neza!

Yehova Arakwizigiye!

14. Tumenya dute ko Yehova atahura aho tugeza?

14 Yehova abona ikintu cose. Mu Migani 15:3 havuga hati: “Inyonga z’Uhoraho zir’ahantu hose, zītegereza ababi n’abeza.” Umwami Dawidi yavuze ivyerekeye Yehova ati: ‘Nk’ir’urusoro, inyonga zawe zarambona, mu gitabo cawe handitsemw’ibihimba vyarwo vyose, ku vyerekeye imisi vyashingiwe hatarabaho n’umwe.’ (Zaburi 139:16) Yehova rero arazi utugeso tubitubi ugerageza kurwanya, twaba ari utwo warazwe canke ukaba watugize bivuye ku bindi bintu udashoboye kurwanya. Aratahura neza ico ivyo vyagize kuri wewe. Aratahura aho ugeza kuruta mbere uko wewe ubwawe ubitahura. Kandi ni munyembabazi. Ntiyigera na rimwe atwitegako ibintu biruta ivyo mu vy’ukuri dushobora gukora.—Zaburi 103:13, 14.

15. (a) Isoko rudende ry’impumurizo ku bababajwe nkana n’abandi ni irihe? (b) Yehova atera iteka umwe wese muri twebwe mu kuduha ubuhe bushobozi?

15 Ku rundi ruhande, Yehova ntatubona nk’abantu basinzikajwe n’ivyashitse batagira gitabara. Niba hari ibintu bibi vyadushikiye mu bihe vyahera, twoshobora guhumurizwa n’uko Yehova vy’ukuri yanka inyifato yose mwene iyo ibabaza igirwa n’ibigirankana. (Zaburi 11:5; Abaroma 12:19) Ariko, turamutse tumuteye umugongo kandi tugahitamwo nabi tubizi, yoba none azodukingira ngo ingaruka zavyo ntizidushikeko? Burumvikana ko atazobigira. Ijambo ryiwe rigira riti: “Umuntu wese azokwiyikorerera uwiwe mutwaro.” (Ab’i Galatiya 6:5) Yehova aratera agateka ikiremwa ciwe cose gifise ubwenge mu kugiha ibanga ryo gukora ibigororotse no kumukorera. Ni nk’uko Musa yabwiye ihanga rya Isirayeli ati: “Uyu musi ntanze ijuru n’isi kw ivyabona bizobāgiriza, yuko mbashize imbere ubu[zima] n’ubupfu, umugisha n’umuvumo; nuko ni muhitemw’ubu[zima], kugira ngo mubone kubaho, mwe n’uruvyaro rwanyu.” (Gusubira mu Vyagezwe 30:19) Yehova arizigiye yuko natwe dushobora guhitamwo neza. Ivyo tubizi dute?

16. Dushobora gute kwererwa mu ‘kwironderera ubukiriro’?

16 Raba ivyo intumwa Paulo yanditse ati: ‘Bakunzi banje, . . . nimugume mwironderera ubukiriro bwanyu, mubigirane icubahiro n’ubwoba, kuko Imana ari yo ibakoreramwo ugushaka n’ugukora ku buntu nyene.’ (Ab’i Filipi 2:12, 13, UB) Ijambo ry’Ikigiriki ryo mu ntango ryahinduwe ngo ‘gushitsa’ aha risigura kunonosora ikintu. Nta n’umwe rero muri twebwe ategerezwa kunanirwa canke kwidohora. Yehova Imana ategerezwa kuba yizigiye ko dushobora kunonosora igikorwa yadushinze—ari co kitujana ku kurokoka—atari ukwo ntiyari guhumeka amajambo nk’ayo. Ariko tubishobora gute? Ntitubishobozwa n’inkomezi zacu bwite. Iyo ubwacu tuba dukomeye bihagije, ‘gutinya no guhinda agashitsi’ ntivyari kuba bikenewe. Ahubwo riho, Yehova ‘aradukoreramwo,’ impwemu yiwe yera igakorera mu muzirikanyi wacu no mu mutima wacu ngo idufashe ‘kugira umutima ukunze no gukora.’ Ko dufise iyo mfashanyo irangwa urukundo, hoba hariho none impamvu n’imwe yotuma tudahitamwo neza mu buzima kandi tukabaho tuvyisunga? Eka nta yo!—Luka 11:13.

17. Dushobora guhindura ibiki muri twebwe, kandi ni gute Yehova adufasha kubigira?

17 Ntituzobura intambamyi dutegerezwa gusimba—kumbure ubuzima twaciyemwo burangwa n’utugeso tubitubi hamwe n’utwosho twonona bishobora kugoreka ukwiyumvira kwacu. Ariko rero, tubifashijwemwo n’impwemu ya Yehova, turashobora kuzisimba! Nk’uko Paulo yavyandikiye Abakirisu b’i Korinto, Ijambo ry’Imana rirafise ubushobozi buhagije bwo gushingura “akarimbi.” (2 Ab’i Korinto 10:4) Kukaba nkako, Yehova arashobora kudufasha kugira amahinduka y’ubutisubirako muri twebwe. Ijambo ryiwe riduhimiriza “[kwiyambura] wa muntu wa kera” no “[kw]ambara wa muntu musha, yaremwe mw ishusho y’Imana mu kugororoka no mu kwera kw’ukuri.” (Abanyefeso 4:22-24) Impwemu ya Yehova yoba vy’ukuri ishobora kudufasha kugira amahinduka mwene ayo? Ego cane! Impwemu y’Imana irama ivyamwa muri twebwe—ari zo kamere z’akaroruhore kandi z’igiciro, izo twese dushaka gutsimbataza. Iya mbere muri izo ni urukundo.—Ab’i Galatiya 5:22, 23.

18. Ni ihitamwo irihe umuntu wese afise ubwenge ashobora kugira ata wumugobereye, kandi ivyo bikwiye kudufasha kwiyemeza gukora iki?

18 Aho ni ho hari kwa kuri guhambaye kandi guhabuza umuntu. Yehova Imana arafise urukundo rutagira uko rungana, kandi twaremwe mw’ishusho yiwe. (Itanguriro 1:26; 1 Yohana 4:8) Turashobora rero guhitamwo gukunda Yehova. Kandi urwo rukundo ni rwo dukesha kazoza kacu, si ubuzima twarimwo mu bihe vyashize, utugeso twanduye, cabure impengamiro yo gukora ibibi twarazwe. Gukunda Yehova Imana ni co kintu Adamu na Eva bari bakeneye kugira bagume muri Edeni ari abizerwa. Urukundo nk’urwo ni rwo umwe wese muri twebwe akeneye kugira azorokoke Harumagedoni yongere arengane ca kigeragezo c’imperuka ku mpera ya ya Ngoma ya Kirisitu y’Imyaka Igihumbi. (Ivyahishuriwe 7:14; 20:5, 7-10) Umwe wese muri twebwe, uko ivyacu vyoba vyifashe kwose, arashobora gutsimbataza urukundo nk’urwo. (Matayo 22:37; 1 Ab’i Korinto 13:13) Nimuze twiyemeze gukunda Yehova no kwubakira kuri urwo rukundo ibihe bidahera.

Uvyibazako Iki?

◻ Ni ivyiyumviro bikwiye hose ibihe biteye kubiri n’inyigisho nziza ya Bibiliya yerekeye ibanga umwumwe wese afise?

◻ Ni igikorwa c’ukwubaka ikihe Umukirisu wese akwiye kurangura muri we?

◻ Uturorero tw’abami b’i Buyuda twerekana gute ko umuntu wese yihitiramwo?

◻ Yehova adukura amakenga gute yuko dushobora guhitamwo neza mu buzima, naho twoba dukikijwe n’utwosho tubi?

[Ifoto ku rup. 29]

Kazoza kawe koba kagengwa n’utugingo mbikakamere?

[Ifoto ku rup. 31]

Naho se w’Umwami Yosiya yamusigiye akarorero kabi, we yahisemwo gukorera Imana

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika