Ubutunzi Bwacu mu Nzavya z’Ibumba
“Dufise ubgo butunzi mu nzavya z’ibumba, ng’ubushobozi buhebuje bube ubg’Imana, butavuye kuri twebge.”—2 AB’I KORINTO 4:7.
1. Akarorero ka Yezu gakwiye kuturemesha gute?
IGIHE Yezu yariko arabumbwa na Yehova ngaha kw’isi, ubwiwe yariboneye intege nke z’umuntu. Ese ukuntu akarorero yatanze mu vy’ukuba intadohoka gakwiye kuturemesha! Intumwa itubwira iti: “Ivyo ni vyo mwahamagariwe, kuko na Kristo yabababarijwe, akabasigarana icitegererezo, kugira ngo mugere ikirenge mu ciwe.” (1 Petero 2:21) Mu kwemera akabumbwa gutyo, Yezu yaranesheje isi. Yararemesheje kandi intumwa ziwe ngo batsinde. (Ivyakozwe 4:13, 31; 9:27, 28; 14:3; 19:8) Kandi ese ukuntu yatanze indemesho ikomeye mu gusozera insiguro ya nyuma yabashikirije! Yavuze ati: “Ivyo mbibabgiye kugira ngo mugire amahoro muri jewe. Mw isi muri n’amarushwa, ariko ni muhūmure, jewe naranesheje isi.”—Yohana 16:33.
2. Ni umuco uwuhe dufise uhushanye n’uruhumyi rw’isi?
2 Intumwa Paulo nk’ukwo nyene, amaze gushikiriza itandukaniro riri hagati y’uruhumyi rwazanywe n’“imana y’iki gihe” n’‘umuco w’ubutumwa bgiza,’ yaravuze ivyerekeye igikenurwa c’agaciro turangura ati: “Dufise ubgo butunzi mu nzavya z’ibumba, ng’ubushobozi buhebuje bube ubg’Imana, butavuye kuri twebge. Dusugerezwa impande zose, ariko ntidushika mu mbombane; turazazanirwa, ariko ntituranduka umutima; turahamwa, ariko ntiduhebga; dukubitwa hasi, ariko ntitugwaho.” (2 Ab’i Korinto 4:4, 7-9) Naho turi “inzavya z’ibumba” zifise intege nke, Imana yatubumvye gutyo n’impwemu yayo ku buryo dushobora kunesha buhere isi ya Shetani.—Abaroma 8:35-39; 1 Ab’i Korinto 15:57.
Ukubumbwa Muri Isirayeli ya Kera
3. Yesaya yadondoye gute ibumbwa ry’ihanga ry’Abayuda?
3 Yehova ntabumba umuntu umwumwe gusa, ariko arabumba kandi n’amahanga uko yakabaye. Nk’akarorero, igihe Isirayeli ya kera yemera ikabumbwa na Yehova, yarasagamvye. Ariko amaherezo yarakomantaje umutima ifata ingendo y’ubugambarazi. Ico vyavuyemwo, Umuhinguzi wa Isirayeli yarayizanyeko “ibara.” (Yesaya 45:9) Mu kinjana c’umunani B.G.C., Yesaya yarabwiye Yehova ivy’ivyaha bikomakomeye Isirayeli yakora, avuga ati: “Uhoraho, uri Data wa twese; tur’ibumba, nawe ur’umubumvyi wacu; twese tur’igikorwa c’intoke zawe. . . . ibintu vyacu vyose vyāduhimbara vyārononekaye.” (Yesaya 64:8-11) Isirayeli yari yabumbwemwo urwavya ata kindi rukwiriye atari ugusangangurwa.
4. Ni ikigereranirizo ikihe cakinywe na Yeremiya?
4 Haheze ikinjana, igihe umusi wo gucirirwako iteka wari wegereje, Yehova yabwiye Yeremiya gufata ikarabo hanyuma agaherekeza bamwe mu bakurambere b’i Yeruzalemu ku Mwonga wa Hinomu, amubwiriza ati: “Usābirize iryo karabo imbere y’abo bantu mwajanye, ubabwire, ut’Uku ni k’Uhoraho Nyen’ingabo agize, at’Uko ni ko nzosāvya ubu bgoko n’iki gisagara, nk’uk’umuntu asāvya ikibumbano, kidashobora kwungwa ukundi.”—Yeremiya 19:10, 11.
5. Yehova yaciriye urubanza Isirayeli ku rugero rungana iki?
5 Mu 607 B.G.C., Nebukadinezari yarayogeje Yeruzalemu n’urusengero rwaho yongera ajana Abayuda barokotse mu bunyagano i Babiloni. Ariko haheze imyaka 70 bari mu bunyagano, Abayuda bihanye barashoboye gusubirayo kuja kwubaka Yeruzalemu n’urusengero rwaho. (Yeremiya 25:11) Ariko rero, mu kinjana ca mbere G.C., iryo hanga ryari ryasubiriye guta wa Mubumvyi Mukuru, kandi amaherezo riramenja bimwe bibi mu gukora ikibi gihambaye kuruta, co kugandagura Umwana w’Imana bwite. Mu 70 G.C., Imana yarakoresheje Intwaro Nganzasi y’Uburoma mu gusangangura no kurandura urunkwekwe rw’ibintu rw’Abayuda, isiga Yeruzalemu n’urusengero rwaho ari ubunywenywe. Iryo hanga rya Isirayeli ntiryobaye rigisubira kubumbwa n’iminwe ya Yehova nk’ikintu c’‘ubuninahazwa n’ubgiza.’a
Ukubumba Ihanga ryo mu Buryo bw’Impwemu
6, 7. (a) Paulo adondora gute ibumbwa rya Isirayeli yo mu buryo bw’impwemu? (b) “Inzavya z’ikigongwe” zose hamwe ni zingahe, kandi ico gitigiri cashitsweko gute?
6 Abayuda bemeye Yezu barabumbwe baba abantu bagize ishingiro ry’ihanga rishasha, “Isirayeli y’Imana” yo mu buryo bw’impwemu. (Ab’i Galatiya 6:16, NW) Amajambo Paulo yavuze rero arabereye. Yagize ati: “Cank’umubumvyi ntagera ibumba, mu mugoma umwe kubumbamw’urwavya rumwe rwo gukoresha ivy’icubahiro, n’urundi rwo gukoresha ibiteye isoni? . . . Imana yagomvye kwerekana uburake bgayo, no kumenyesha ubushobozi bgayo, namba yihangananiye imbabazi nyinshi inzavya z’ukuraka, ziteguriwe guhona; kugira ngo yerekanire ubutunzi bg’ubgiza bgayo ku nzavya z’ikigongwe, izo yiteguriye guha ubgiza kera.”—Abaroma 9:21-23.
7 Mu nyuma, Yezu uwazutse yaramenyesheje yuko igitigiri c’izo “nzavya z’ikigongwe” cobaye 144 000. (Ivyahishuriwe 7:4; 14:1) Kubera yuko ico gitigiri cose kitujujwe n’Abisirayeli bo mu buryo bw’umubiri, Yehova yaragaragarije ikigongwe abantu b’abanyamahanga. (Abaroma 11:25, 26) Iryo shengero rishasha rya gikirisu ryaragutse mu buryo bwihuta. Mu myaka 30, inkuru nziza yari “[y]avuzwe mu bāremwe bose bo musi y’ijuru.” (Ab’i Kolosayi 1:23) Ivyo vyasaba ko amashengero yaho atari make yari asabagiye hirya no hino acungerwa mu buryo bubereye.
8. Ni bande bari bagize inama nyobozi ya mbere, kandi uyo mugwi wongerekanye gute?
8 Yezu yarateguye abigishwa 12 kugira ngo bazocike abagize inama nyobozi ya mbere, bo hamwe n’abandi arabamenyereza ku bw’igikenurwa. (Luka 8:1; 9:1, 2; 10:1, 2) Kuri Pentekote yo mu 33 G.C., ishengero rya gikirisu ryarashinzwe, kandi mu gihe kibereye inama nyobozi yaryo yaraguwe hajamwo ‘intumwa n’abagabo b’inararibonye b’i Yerusalemu.’ Mu gihe kirekire Yakobo mwene nyina wa Yezu, naho atari intumwa, bigaragara ko yaronse ibanga ry’ukuba umuhagarikizi. (Ivyakozwe 12:17; 15:2, 6, 13; 21:18) Nk’uko umutohozakahise Eusèbe yabivuze, intumwa ni zo canecane barondera guhama kandi zarasabagiye zija mu tundi turere. Hafatiwe kuri ivyo, ivy’abagize inama nyobozi vyarahinduwe.
9. Ni ibintu bibabaje ibihe Yezu yavuze imbere y’igihe ko vyobayeho?
9 Nko mu mpera z’ikinjana ca mbere, ‘wa mwansi, Diyabule,’ yaratanguye ‘kubiba urwamfu’ mu baragwa b’“Ubgami bgo mw Ijuru” bameze nk’uburo. Yezu yari yaramenyesheje mu buhanuzi yuko ivyo bintu bibabaje vyoretswe bigashika mu gihe c’iyimbura, kw’“iherezo ry’urunkwekwe rw’ibintu.” (NW) Maze, ‘abagororotsi bosubiriye kwaka nk’izuba mu bgami bga Se.’ (Matayo 13:24, 25, 37-43) Ivyo vyobaye ryari?
Kubumba Isirayeli y’Imana Muri Iki Gihe
10, 11. (a) Ibumbwa ryo mu gihe ca none rya Isirayeli y’Imana ryatanguye gute? (b) Ni inyigisho zitandukanye izihe zokwigishijwe mu Bitwa Abakirisu no mu Batohoji ba Bibiliya b’abanyamwete?
10 Mu 1870, Charles Taze Russell yarashinze umugwi w’ugutohoza Bibiliya muri Pittsburgh i Pennsylvanie muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika. Mu 1879, yatanguye gusohora uko ukwezi gutashe ikinyamakuru citwa muri iki gihe Umunara w’Inderetsi. Abo Batohoji ba Bibiliya, nk’uko bahavuye bitwa, ntibatevye gutahura yuko inyigisho Abitwa Abakirisu bari barakwirikiye zari inyigisho za gipagani zitajanye n’Ivyanditswe, nk’ukudahwera kw’ubugingo, umuriro udahera, ipurugatori, imana igizwe n’Ubutatu, be n’ukubatiza inzoya.
11 Ariko igihambaye kuruta ni uko abo bakunzi b’ukuri kwa Bibiliya basubije umutamana inyigisho z’ishimikiro za Bibiliya, nk’ugucungurwa biciye ku nkuka y’incungu ya Yezu be n’ukuzukira ubuzima budahera mw’iparadizo yo kw’isi izoba isasagayemwo amahoro ku ngoma y’Ubwami bw’Imana. Ikirushirije, ico gihe barashimitse ku vy’uko vuba Yehova Imana agiye kugarukira agateka kiwe bwa Mukama Segaba w’ibiriho vyose. Abatohoji ba Bibiliya bemera yuko rya Sengesho ry’Umukama ryari rigiye kwishurwa, irigira riti: “Data wa twese wo mw ijuru, izina ryawe ryubahwe, ubgami bgawe buze, ivyo ugomba bibe mw isi nk’uko biba mw ijuru.” (Matayo 6:9, 10) Bariko barabumbwa n’impwemu yera y’Imana ngo bagirwe ikibano co kw’isi yose kigizwe n’Abakirisu bakunda amahoro.
12. Abatohoji ba Bibiliya baje gutahura gute itariki ihambaye?
12 Itohoza rishika kure ry’igitabu ca Daniyeli ikigabane ca 4 hamwe n’ubundi buhanuzi, ryaratumye abo Batohoji ba Bibiliya banyurwa yuko ukuhaba kwa Yezu bwa Mwami Mesiya gutegerezwa kuba kwegereje. Baratahuye yuko 1914 yobaye itariki ‘ibihe vyashinzwe vy’abanyamahanga’ vyorangiriyeko. (Luka 21:24; Ezekiyeli 21:26, 27) Abatohoji ba Bibiliya baraguye igikenurwa cabo ningoga, bashinga amasomero ya Bibiliya (ayahavuye yitwa amashengero) hirya no hino muri Reta Zunze Ubumwe. Mu ntango z’iki kinjana, igikorwa cabo co kwigisha Bibiliya carashitse i Buraya no muri Ostraliya. Vyaciye bikenerwa ko biyungunganya neza.
13. Abatohoji ba Bibiliya bemewe n’amategeko gute, kandi ni igikorwa kidasanzwe ikihe cakozwe na perezida wa mbere w’Ishirahamwe?
13 Kugira ngo Abatohoji ba Bibiliya bemerwe n’amategeko, Ishirahamwe ryitwa Zion’s Watch Tower Tract Society ryaranditswe mu 1884 muri Reta Zunze Ubumwe, rikaba ryari rifise icicaro i Pittsburgh muri Pennsylvanie. Abayobozi baryo bakora nk’Inama Nyobozi nkuru, bagacungera ivy’ukwamamaza Ubwami bw’Imana ku mubumbe wose. Perezida wa mbere w’Ishirahamwe Charles T. Russell yaranditse imbumbe zitandatu z’ibitabu vyitwa Études des Écritures arongera aragira ingendo ndende z’ukwamamaza inkuru nziza. Yaratanze kandi ku bw’igikorwa c’Ubwami kirangurwa kw’isi yose ubutunzi yari yararundanije imbere y’uko atangura gutohoza Bibiliya. Mu 1916, mu gihe ya Ndwano Ihambaye yariko irabica bigacika mu Buraya, Umuvukanyi Rusell yari arushe yasandabiye mu rugendo rwo kuja kuvuga inkuru nziza. Yari yaratanze ivyiwe vyose kugira ngo intahe yerekeye Ubwami bw’Imana ishobore gukwiragizwa.
14. J. F. Rutherford ‘yarwanye intambara nziza’ gute? (2 Timoteyo 4:7)
14 Joseph F. Rutherford, uwari amaze igihe gitoyi ari umucamanza muri Missouri, yarabaye perezida akurikira. Bivuye ku kuba aburanira ukuri kwa Bibiliya adatinya, abakuru bo mu Bitwa Abakirisu barifatanije n’abanyapolitike mu “[ku]gira ivyagezwe urwitwazo rwo kugira nabi.” Ku wa 21 Ruheshi 1918, Umuvukanyi Rutherford hamwe n’abandi Batohoji ba Bibiliya indwi bari bajejwe amabanga baratawe mu mvuto, babacira ibihano bikorakoranijwe vyo gupfungwa imyaka 10 canke 20. Abatohoji ba Bibiliya baritwaye. (Zaburi 94:20; Ab’i Filipi 1:7) Mu rubanza rwo kwunguruza, bararekuwe ku wa 26 Ntwarante 1919, kandi mu nyuma barambikwa izera, bakurwako ikirego c’ikinyoma c’uko ngo bagumura abantu.b Ivyo vyabashikiye vyarababumvye bacika ababuranizi bakomeye cane baburanira ukuri. Babifashijwemwo na Yehova, baragerageje uburyo bwose bushoboka kugira batsinde urugamba rwo mu buryo bw’impwemu rwo kwamamaza inkuru nziza naho Babiloni Hahambaye yabarwanya. Urwo rugamba ruracabandanya gushika no muri uyu mwaka w’1999.—Gereranya na Matayo, ikigabane ca 23; Yohana 8:38-47.
15. Ni kuki umwaka w’1931 wari uhambaye mu nkuru y’ivyabaye?
15 Mu myaka y’1920 n’iy’1930, Isirayeli y’Imana yasizwe yarabandanije kubumbwa iyobowe na wa Mubumvyi Mukuru. Umuco w’ubuhanuzi uva mu Vyanditswe wararashe, bihesha icubahiro Yehova binashimika ku Bwami bwa kimesiya bwa Yezu. Mu 1931, Abatohoji ba Bibiliya baranezerejwe no kwakira izina rishasha, ni ukuvuga Ivyabona vya Yehova.—Yesaya 43:10-12; Matayo 6:9, 10; 24:14.
16 hamwe n’uruzitiro rwo ku rupapuro 29. Ca gitigiri gikwiye c’144 000 cuzuye ryari, kandi tubifitiye ikimenyamenya ikihe?
16 Mu myaka y’1930, igitigiri c’“[a]bāhamagawe, bātoranijwe, bāyobotse,” ba bandi 144 000, vyagaragaye ko cuzuye. (Ivyahishuriwe 17:14; raba uruzitiro rwo ku rupapuroPlease, insert page number for box.) Ntituzi abo mu basizwe batororokanijwe mu kinjana ca mbere uko bangana. Ntituzi kandi abatororokanijwe bagakurwa muri rwa ‘rwamfu’ mu gihe ca vya binjana vy’umwiza vya bwa buhuni bukomeye bw’Abitwa Abakirisu uko bangana. Mugabo mu 1935, mu bamamaji bose hamwe 56 153 bariho, kw’isi yose abagera ku 52 465 ni bo bagaragaje ko bafise icizigiro c’ijuru mu kwihereza ku bimenyetso vyo ku Cibutso. None abenshi bari bagitororokanywa botahiye iki?
‘Ehe Ishengero Rinini!’
17. Ni ibintu vy’intibagirwa ibihe vyabaye mu 1935?
17 Kw’iteraniro ryabaye kuva ku wa 30 Rusama gushika ku wa 3 Ruheshi 1935 i Washington D.C. muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Umuvukanyi Rutherford yarashikirije insiguro y’akataraboneka yari ifise umutwe uvuga ngo: “Rya Sinzi Rinini.”c Uwo mugwi “ata woshobora ku[wu]harura,” woserutse igihe ba Bisirayeli bo mu vy’impwemu 144 000 borangirije gushirwako ikimenyetso. N’abo nyene bogaragaje ukwizera ubushobozi bw’incungu y’“amaraso ya wa Mwagazi” Yezu, kandi bakarangura igikorwa ceranda mu ndinganizo y’ivy’ugusenga yerekeye urusengero rwa Yehova. Uko bagize umugwi, ‘boje bava muri wa mubabaro mwinshi’ badora, kugira ngo baragwe Iparadizo yo kw’isi aho ‘ata rupfu ruzoba rukiriho.’ Mu myaka mikeyi imbere y’iryo teraniro, uwo mugwi wavugwa ko ari ba Yonadabu.—Ivyahishuriwe 7:9-17; 21:4; Yeremiya 35:10.
18. Ni mu buryo ki umwaka w’1938 wari uhambaye?
18 Umwaka w’1938 wari uhambaye mu vy’ugutomora neza akaranga k’iyo migwi uko ari ibiri. Inomero z’Umunara w’Inderetsi (mu Congereza) zo ku wa 15 Ntwarante no ku wa 1 Ndamukiza 1938, zarashikirije icigwa kigizwe n’ibice bibiri gifise umutwe uvuga ngo “Ubusho Bwiwe,” kandi ziratomora ibibanza bifiswe n’amasigarira y’abasizwe be na bagenzi babo ari bo shengero rinini. Maze inomero zo ku wa 1 no ku wa 15 Ruheshi zari zifise ibiganiro vyo kwiga vyerekeye “Ishirahamwe,” bikaba vyari bishingiye kuri Yesaya 60:17. Amashengero yose yaratewe akamo ngo asabe Inama Nyobozi igene abasuku boyakoreramwo, gutyo habe hinjijwe indinganizo iryohoye, ishinzwe n’Imana kandi ya gitewokarasi. Amashengero yabigenjeje gutyo nyene.
19 hamwe n’akajambo k’epfo. Ni ibintu ibihe vyemeza yuko ihamagarwa ry’“izindi ntama” muri rusangi ubu rimaze imyaka irenga 60 rigirwa?
19 Raporo yo mu gitabu Annuaire des Témoins de Jéhovah 1939, yavuga iti: “Abayoboke basizwe ba Kirisitu Yezu bakiri kw’isi muri iki gihe ni bakeyi, kandi igitigiri cabo ntikizigera kiduga. Mu Vyanditswe abo bitwa ‘amasigarira’ y’uruvyaro rwa Siyoni, ishirahamwe ry’Imana. (Ivyah. 12:17) Ubu Umukama ariko aritororokaniriza ‘izindi ntama,’ zikaba ari zo zizogira ‘isinzi rinini’. (Yoh. 10:16) Abariko baratororokanywa ubu ni abagenzi ba ya masigarira, bakaba bakorana na yo. Kuva iki gihe kubandanya, abagize ‘izindi ntama’ bazokwongerekana gushika aho ‘rya sinzi rinini’ ritororokanirijwe.” Amasigarira y’abasizwe yarabumbwe kugira abungabunge iryo tororokanywa ry’ishengero rinini. N’abo nyene ubu bategerezwa kubumbwa.d
20. Ni amahinduka ayahe mu vy’ukwungunganya ibintu yabaye kuva mu 1942?
20 Muri Nzero 1942, igihe Intambara ya II y’Isi Yose yari ikaze kuruta, Joseph Rutherford yarasandavye maze Nathan Knorr aramusubirira aba perezida. Uwo perezida wa gatatu w’Ishirahamwe baribukirwa cane ku vy’uko yashinze amashure ya gitewokarasi mu mashengero, ashinga n’Ishure rya Gileyadi ryo kumenyereza abamisiyonari. Mw’ikoraniro Ishirahamwe rigira uko umwaka utashe ryabaye mu 1944, yaratangaje yuko amategeko ngenderwako y’Ishirahamwe yariko arasubirwamwo kugira ngo kuba uwo muri ryo ntibishingire ku ntererano y’amahera umuntu atanga, ariko bishingire ku gukomera kwiwe kwo mu buryo bw’impwemu. Mu myaka 30 yakurikiye, igitigiri c’abakora mu ndimiro carongerekanye kw’isi yose kiva ku 156 299 gishika ku 2 179 256. Mu myaka yo kuva mu 1971 gushika mu 1975, hari hakenewe ko hagira ibindi bihinduka mu kuntu ibintu vyungunganijwe. Umuntu umwe akora nka perezida ntiyokwongeye kuba ari we wenyene atanga ubuyobozi buhambaye ku gikorwa c’Ubwami kirangurwa kw’isi yose. Inama Nyobozi, iyihagarikirwa n’umuntu aza arakurakuranwa n’abandi, yaraguwe ijamwo abasizwe 18, ubu nk’ica kabiri cabo bakaba bararangije ubuzima bwabo bwo kw’isi.
21. Ni ibiki vyatumye abagize ubusho buto baba abakwiriye Ubwami?
21 Abagisigaye bo mu busho buto barabumbwe biciye ku myaka mirongo y’ibigeragezo. Bafise umutima rugabo, kubera yuko baronse ata kwihenda ‘icabona c’impwemu.’ Yezu yababwiye ati: “Ni mwebge mwamanye nanje mu vyo nageragejwe. Nanje mbabīkiye ubgami, nk’uko Data yabumbīkiye, ngo muze murīre, munywere ku meza yanje mu bgami bganje: kandi muzokwicara ku ntebe z’icubahiro, mucire imanza imiryango y’Abisirayeli, ukw ar’icumi n’ibiri.”—Abaroma 8:16, 17; Luka 12:32; 22:28-30.
22, 23. Ubusho buto be n’izindi ntama bariko barabumbwa gute?
22 Uko igitigiri c’amasigarira y’abasizwe n’impwemu ari kw’isi caza kiragabanuka, abavukanyi bahumuye mu kwizera bo mw’ishengero rinini barashinzwe ubucungezi bwo mu buryo bw’impwemu ku mashengero nka yose yo kw’isi. Kandi mu gihe aba nyuma mu vyabona basizwe bageze mu zabukuru bazorangiza ubuzima bwabo bwo kw’isi, ba sa·rimʹ ari bo baganwa bo mu zindi ntama bazoba baramenyerejwe neza kugira babandanye kurangura amabanga y’ubuyobozi bagize umugwi wa kizigenza kw’isi.—Ezekiyeli 44:3; Yesaya 32:1.
23 Ubusho buto be n’izindi ntama nyene barabandanya kubumbwamwo inzavya zikoreshwa ibiteye iteka. (Yohana 10:14-16) Icizigiro cacu caba ari ic’“ijuru risha” canke ic’“isi nsha,” ese twokwemera n’umutima wacu wose ubutumire bwa Yehova bugira buti: “Munezerwe, muze muhore muhimbawe n’ivyo ndema; kuko rāba, ndema Yerusalemu [yo mw’ijuru] ngo mpagire umunezero, n’abantu baho ngo mbagire akanyamuneza.” (Yesaya 65:17, 18) Twebwe abantu b’intege nke, nimuze nantaryo dukore twicishije bugufi, tubumbwa na bwa “[bu]shobozi buhebuje”—ari bwo bushobozi bw’impwemu yera y’Imana.—2 Ab’i Korinto 4:7; Yohana 16:13.
[Utujambo tw’epfo]
a Abitwa Abakirisu batakaye mu vy’ukwizera, abagereranywa na Isirayeli ya kera, nibahakure imburizi y’uko bazocirwa na Yehova urubanza nk’urwo nyene.—1 Petero 4:17, 18.
b Umucamanza Manton w’Umugatorika, uwari yaranse kurekura Abatohoji ba Bibiliya ku ngwati, mu nyuma ubwiwe yaratawe mu mvuto yagirizwa ko yariye ibiturire.
c Les Écritures Grecques Chrétiennes—Traduction du monde nouveau, (mu Congereza) yasohowe mu 1950 ikoresha amajambo “isinzi rinini” nk’uburyo bubereye kuruta bwo guhindura ijambo ryahumetswe ry’Ikigiriki.
d Mu 1938, abitavye Icibutso kw’isi yose bari 73 420, muri bo abantu 39 225—ni ukuvuga ibice 53 kw’ijana vy’abari bacitavye—aba ari bo bihereza ku bimenyetso. Mu 1998 abacitavye bariyongereye bashika ku 13 896 312, muri bo 8 756 aba ari bo bakira ku bimenyetso, ikaba ari incahagati iri munsi y’umuntu 1 yihereza ku bimenyetso mu mashengero 10.
Woba Uvyibuka?
◻ Yezu yatubereye gute Karorero mu kuntu yaretse akabumbwa na Se?
◻ Ni ibumbwa irihe ryabaye muri Isirayeli ya kera?
◻ Gushika n’ubu “Isirayeli y’Imana” yabumbwe gute?
◻ Ni intumbero iyihe yatumye “izindi ntama” zibumbwa?
[Uruzitiro ku rup. 28]
Ugusubira Kubumbwa mu Bitwa Abakirisu
Inkuru yashikirijwe n’itororokanirizo ry’amakuru ryitwa Associated Press ivuye i Athènes mu Bugiriki yamenyesheje ibi bikurikira ku wuherutse kugenwa ngo arongore Ishengero rya Orotodogisi ry’Ubugiriki: “Yari akwiye kuba intumwa y’amahoro. Ariko umurongozi w’Ishengero rya Orotodogisi ry’Ubugiriki asa n’uwumeze canecane nk’umujenerali ariko aritegurira urugamba.”
“Ku musi w’Iyurizwa mw’Ijuru rya Bikira Mariya, ari wo musi mukuru w’intwaramiheto z’Ubugiriki, Musenyeri Mukuru Christodoulos aherutse kuvuga ati: ‘Mu gihe bikenewe, turiteguriye gusesa amaraso no gutanga inkuka z’abantu. Twebwe uko tugize ishengero, turasengera amahoro . . . Ariko turahezagira ibirwanisho vyeranda iyo ico gihe bikenewe.’ ”
[Uruzitiro ku rup. 29]
“Ntabacongerwako”
Mu gihe c’ugutanga impapuro z’umutsindo i Gileyadi mu 1970, Frederick Franz ico gihe akaba yari icegera ca perezida w’Ishirahamwe Watch Tower, yarabwiye abanyeshure yuko bishoboka kuri bo, bakaba bose bari abo mu zindi ntama bafise icizigiro c’isi, kubatiza umuntu yoba avuga yuko ari uwo mu masigarira y’abasizwe. Ivyo vyoshoboka? Yasiguye yuko Yohani Umubatizi yari uwo mu zindi ntama mugabo akaba yarabatije Yezu hamwe na bamwe mu ntumwa. Maze yabandanije abaza niba hoba hakiriho ihamagarwa ryo gutororokanya ayandi masigarira. Yavuze ati: “Oya ntabacongerwako! Iryo hamagarwa ryarangiye kera hagati yo mu 1931 no mu 1935! Ntabacongerwako. None abo bashasha bakeyi bihereza ku bimenyetso vyo ku Cibutso ni bande? Niba ari abo mu masigarira, ni abasubirira abandi! Si abongerwa ku basizwe, ariko ni abasubirira abashobora kuba bataye ukwizera.”
[Ifoto ku rup. 25]
Ese ukuntu duha agaciro ubutunzi dufise bw’umurimo!
[Ifoto ku rup. 26]
Isirayeli ya kera yacitse urwavya ata kindi rukwiriye atari gusangangurwa