ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w99 1/3 rup. 3-5
  • Imiryango Mininiminini Yunze Ubumwe mu Murimo w’Imana

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Imiryango Mininiminini Yunze Ubumwe mu Murimo w’Imana
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Imiryango Mininiminini Muri Iki Gihe
  • Abavyeyi Bategerezwa Kuba Ari Abantu Bakomeye mu vy’Impwemu
  • Ugukorera Hamwe nk’Ikipe
  • Uguseruriranira Akari ku Mutima be n’Uguhuza Imigambi
  • Ukwiheka Kuri Yehova
  • Ntukigere Urambirwa!
  • Kwubaka Urugo Rukomeye mu vy’Impwemu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
  • Nimwigishe abana banyu gukunda Yehova
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Bavyeyi, nimuronse umuryango wanyu ivyo ukeneye
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Bavyeyi, nimwigishe abana banyu gukunda Yehova
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2019
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
w99 1/3 rup. 3-5

Imiryango Mininiminini Yunze Ubumwe mu Murimo w’Imana

“ABANA NI BO NGABIRE UHORAHO AGABA, IMBUTO ZO MU NDA NI ZO MPĒRA ATANGA. NK’UKW IMYAMPI YO MU NTOKE Z’UMUHIZI IRI, NI KW ABANA BO MU BUSORE BAMERA. HAHIRWA ŪFISE UMUTANA BUZUYEMWO.”—ZABURI 127:3-5.

EGOME, nk’uko vyerekanwa n’uwo mwanditsi wa Zaburi, abana barashobora kuba umuhezagiro uva kuri Yehova. Kandi nk’uko nyene umuhigi ahimbarwa no kumenya ukuntu atumbereza imyampi iri mu mutana wiwe, ni ko n’abavyeyi bahimbarwa igihe bayoboye abana babo mu nzira ijana mu buzima budahera.—Matayo 7:14.

Kera imiryango yaba ifise ‘imitana yuzuye’ abana benshi yari myinshi mu gisata ca Yehova. Iyumvire nk’akarorero imyaka bari baramaze ari inyagano mu Misiri: “Abisirayeli bararondoka, baravyara cane, baragwira, baba igisata; buzura ico gihugu.” (Kuvayo 1:7) Tugereranije igitigiri c’Abisirayeli bari binjiye mu Misiri n’igitigiri c’abavuyeyo, biratwereka yuko imiryango yari ifise abana cumicumi twovuga ko yaba igereranye mu bunini!

Mu nyuma, Yezu yakuriye mu muryango wosa n’uko ari munini ku bantu benshi muri iki gihe. Turetse Yezu yari imfura, Yozefu na Mariya bari bafise abandi bana bane b’abahungu hamwe n’abakobwa. (Matayo 13:54-56) Ivy’uko bari bafise abana benshi cane kumbure vyosigura ukuntu Mariya na Yozefu bashoboye gutangura urugendo rwo gusubira inyuma bavuye i Yeruzalemu ntibamenye yuko muri uwo mugwi wabo Yezu atarimwo.—Luka 2:42-46.

Imiryango Mininiminini Muri Iki Gihe

Muri iki gihe, hari Abakirisu benshi bahitamwo kuvyara ku rugero babitumwe n’impamvu zo mu vy’impwemu, mu vy’ubutunzi, mu vy’imibano, n’izindi. Naho biri ukwo, mu mihingo myinshi bashima kwigirira imiryango mininiminini. Nk’uko bivugwa n’ikinyamakuru The State of the World’s Children 1997, intara abantu barondoka cane kuruta izindi ni muri Afirika yo mu bumanuko bwa Sahara. Ngaho, umugore asanzwe usanga avyara abana batandatu.

Ku bavyeyi b’Abakirisu bafise imiryango mininiminini, kurera abana babo ku buryo bakunda Yehova si ikintu coroshe, ariko hariho benshi babishobora. Kubishobora biva ku kuba umuryango uhurikiye hamwe mu gusenga gutyoroye. Amajambo intumwa Paulo yabwiye ishengero ry’i Korinto arerekeye cane imiryango y’Abakirisu yo muri iki gihe. Yanditse ati: “Ariko ndabinginga, bene Data, . . . mwese mube imvugarimwe, kandi n’ibice ntibiremwe muri mwebge, ariko mutunganywe rwose hamwe, muhūje umutima n’inama.” (1 Ab’i Korinto 1:10) None ubumwe mwene ubwo bushobora gushikwako gute?

Abavyeyi Bategerezwa Kuba Ari Abantu Bakomeye mu vy’Impwemu

Ikintu nyamukuru ni uko abavyeyi bategerezwa kuba ari abantu bayobokera Imana bagaherezako. Zirikana ivyo Musa yabwiye Abisirayeli. Yavuze ati: “Ni mwumve, yemwe Bisirayeli: Uhoraho Imana yacu ni we Uhoraho wenyene; kandi mukundishe Uhoraho Imana yanyu imitima yanyu yose, n’ubugingo bganyu bgose, n’inkomezi zanyu zose. Ayo mabgirizwa mbageze uyu musi, az’ahore ku mitima yanyu: muze mugire umwete wo kuyigisha abana banyu; muze muyahoze mu kanwa iyo mwicaye mu nzu, n’iyo muriko muragenda mu nzira, n’iyo muryamye, n’iyo muvyutse.”—Gusubira mu Vyagezwe 6:4-7.

Urabona yuko Musa yadomye urutoke ku vy’uko amabwirizwa y’Imana bikenewe ko aba “ku mitima” y’abavyeyi. Ico gihe ni ho gusa abavyeyi bokworoherwa no kwama baha abana babo inyigisho yo mw’Ijambo ry’Imana. Nkako, igihe abavyeyi bakomeye mu vy’impwemu, usanga bafitiye igishika ukwigisha abana babo ibintu vy’impwemu.

Kugira ngo umuntu abe uwukomeye mu vy’impwemu kandi akunde Yehova n’umutima wiwe wose, birakenewe cane ko asoma, akazirikana Ijambo ry’Imana, vyongeye akarishira mu ngiro ubudahorereza. Umwanditsi wa Zaburi yanditse yuko umuntu ahimbarwa n’ivyagezwe vya Yehova kandi agasoma muri vyo “ku murango no mw ijoro,” ico gihe “azoba nk’igiti gitewe hafi y’imigezi y’amazi, cama igihe caco, ibibabi vyaco ntivyuma: ic’azokora cose kizomubera ko.”—Zaburi 1:2, 3.

Nka kurya nyene igiti cama ivyamwa vyiza igihe kivomerwa ubudahengeshanya, ni na kwo kandi imiryango igaburirwa mu buryo bw’impwemu yama ivyamwa vy’ukuyobokera Imana, ivyo na vyo bigashemeza Yehova. Umuryango umeze gutyo ni nk’uwa Uwadiegwu, uwuba muri Afirika y’Uburengerazuba. Naho Uwadiegwu n’umukenyezi wiwe bafise abana umunani, bompi ni abatsimvyi b’intahorereza, ni ukuvuga abakozi b’igihe cose b’Ivyabona vya Yehova. Avuga ati: “Umuryango wacu umaze imyaka irenga 20 utadohoka ku nyigisho ya Bibiliya y’umuryango idahorereza. Twarigishije abana Ijambo ry’Imana guhera mu bwana, atari gusa mu gihe c’inyigisho yacu y’umuryango, ariko no mu gihe turi mu gikenurwa hamwe no mu bindi bihe. Abana bacu bose ni abamamaji b’inkuru nziza y’Ubwami, kandi umuhererezi w’imyaka itandatu ni we gusa atarabatizwa.”

Ugukorera Hamwe nk’Ikipe

Bibiliya ivuga iti: “Ubgenge ni bgo bgubaka urugo.” (Imigani 24:3) Mu muryango, ubukerebutsi mwene ubwo buravamwo igikorwa c’ikīpe (umugwi). Umukuru w’ikīpe y’umuryango ni serugo; ni we mutwe w’urugo yagenywe n’Imana. (1 Ab’i Korinto 11:3) Intumwa Paulo uwahumekewe n’Imana yarashimitse ku kuntu ibanga ry’ukuba seguro ritoroshe, igihe yandika ati: “Umuntu n’atātunga [mu vy’umubiri no mu vy’impwemu] abo mu nzu y’i wabo, cane-cane abiwe, azoba yihakanye ukwizera, kand’azoba abaye hanyuma y’ūtizera.”—1 Timoteyo 5:8.

Duhuje n’iyo mpanuro yo mw’Ijambo ry’Imana, birakenewe ko abanega b’Abakirisu bitwararika ugukomera kw’abakenyezi babo mu vy’impwemu. Mu gihe abakenyezi bacokeshwa n’ibikorwa vyo mu rugo, bazogwabira mu vy’impwemu. Mu gihugu kimwe co muri Afirika, hari Umukirisu yari aherutse kubatizwa yidoze mu kubwira abakurambere bo mw’ishengero ryiwe yuko umukenyezi wiwe asa n’uwutanezwe ivy’impwemu. Abakurambere bavuze yuko umukenyezi wiwe akeneye gufashwa mu buryo buboneka. Ivyo vyatumye uwo munega atangura kumufasha ibikorwa vyo mu rugo. Yaranafashe umwanya wo kumufasha kuryohora ugusoma kwiwe hamwe n’ubumenyi afise bw’ivya Bibiliya. Ivyo uwo mukenyezi yavyakiriye neza, kandi ubu umuryango wose uko ungana urunze ubumwe mu murimo w’Imana.

Ba sebibondo kandi barakwiye kwitwararika ugukomera kw’abana babo mu vy’impwemu. Paulo yanditse ati: “Namwe ba se, ntimukaratse abana banyu, ariko mubarere, mubahana mubahanūra, uk[o Yehova] agomba.” (Abanyefeso 6:4) Igihe abavyeyi bakurikije iyo nkeburo y’ukutaratsa abana babo, bakanakurikira iryo bwirizwa ryerekeye ukubarera, abana baraheza bakumva ko bagize umuce w’ikipe y’umuryango. Ivyo biratuma abana boshobora kworoherwa gufashanya be no kuremeshanya kugira ngo bashikire amahangiro y’ivy’impwemu.

Mu gikorwa c’ikipe harimwo no gushinga abana amabanga yo mu vy’impwemu igihe baba bashoboye kuyarangura. Serugo umwe, akaba ari umukurambere w’Umukirisu afise abana 11, ahora avyuka kare mu gitondo hanyuma akarongorera inyigisho abatari bake muri bo imbere y’uko aja ku kazi. Abana bakuru aho bamariye kubatizwa, bagiye barakuranwa mu gufasha barumuna babo, hakaba harimwo ukubafasha mu kubigisha Bibiliya. Serugo arabihagarikira, akabashimira ku twigoro bagira. Batandatu muri bo barabatijwe, kandi abandi barabandanya kwihata ngo bashikire iryo hangiro.

Uguseruriranira Akari ku Mutima be n’Uguhuza Imigambi

Ikintu gikenewe cane ku miryango y’abahurikiye hamwe ni uguseruriranira akari ku mutima kurangwa urukundo be n’uguhuza imigambi yo mu buryo bw’impwemu. Uwitwa Gordon, umukurambere w’Umukirisu aba muri Nijeriya, ni se w’abana indwi bafise imyaka iva kuri 11 gushika kuri 27. Batandatu muri bo ni abatsimvyi cokimwe n’abavyeyi babo. Umuhererezi, akaba aherutse kubatizwa, ntahorereza kuja muri ca gikorwa co guhindura abantu abigishwa ari kumwe n’abandi bo mu muryango. Abahungu babiri bakuze ni abakozi b’ishengero.

Gordon ubwiwe ararongora inyigisho ya Bibiliya y’umwe wese mu bana biwe. Turetse ivyo, uwo muryango urafise porogarama nkarishabwenge yo kwiga Bibiliya. Imisi yose mu gitondo baratororokanira hamwe ngo barimbure igisomwa ca Bibiliya hanyuma bakitegurira amakoraniro y’ishengero.

Umwe mu migambi yashiriweho umwe wese mu bagize umuryango ni ugusoma ibiganiro vyose vyo mu binyamakuru Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous! Baherutse kwongerako ugusoma Bibiliya mu vyo bama bakora imisi yose. Mu gihe baganira ku vyo basoma, abagize uwo muryango bararemeshanya kubandanya ako kamenyero.

Inyigisho y’umuryango ishingiye kuri Bibiliya bagira uko umushamvu utashe yarashinzwe neza ku buryo ata wukenera kuvyibutswa: umwe wese aba ayirindiranye igishika. Uko imyaka yagiye irahaca, ni ko ibigize iyo nyigisho y’umuryango, ukuntu itunganijwe hamwe n’igihe imara vyagiye birahindurwa hakurikijwe imyaka abana bamaze hamwe n’ivyo bakeneye. Uwo muryango wariyegereje abandi basavyi b’Imana b’abizerwa, kandi ivyo vyarakoze ikintu c’ingirakamaro ku bana.

Uko bagize umuryango, bakorera ibintu hamwe kandi bakibikira umwanya wo kwisamaza. Rimwe mu ndwi, baragorobeza mu muryango umwe, bagapfindana, bakagira utujajuro turyoshe, bagacuraranga, bakigana udukuru, be n’ukwiruhura gusanzwe. Rimwe na rimwe, baraja gutembera nko ku kiyaga be n’ahandi hantu hahimbaye.

Ukwiheka Kuri Yehova

Muri ivyo bivuzwe aho haruguru vyose nta na kimwe gikuraho ingorane ziterwa n’ukurera abana benshi. Umukirisu umwe yavuze ati: “Ntivyoroshe na buhorobuhoro kubera umuvyeyi mwiza abana umunani. Bisaba kugira imfugurwa nyinshi z’umubiri n’izo mu buryo bw’impwemu zo kubagaburira; ntegerezwa gukora ngatama kugira ngo nce amahera ahagije yo kubatunga. Abana bakuru bageze mu myaka y’ubuyabaga, kandi abo umunani bose bari mw’ishure. Ndazi yuko ukubarera mu buryo bw’impwemu ari ngirakamaro cane, yamara bamwe mu bana banje ni intumva n’ibigaba. Barambabaza, mugabo nanje ndazi yuko hari ibihe ngira ibintu bibabaza umutima wa Yehova, kandi akangirira ikigongwe. Ntegerezwa rero kwihangana nkabandanya gukosora abana banje gushika bagaruye umutima.

“Ndagerageza gukurikira akarorero ka Yehova mu vy’ukuntu atwihanganira kubera ko yipfuza yuko bose bashika ku kwihana. Ndigana n’umuryango wanje, kandi bamwe mu bana banje bakaba bariko barihata kugira ngo bashike ku kubatizwa. Sinishimikiza inkomezi zanje bwite kugira ngo ivyo ndondera ndabishikeko; inkomezi zanje zokora bike. Ndagerageza kwama niyegereza Yehova mw’isengesho no gushira mu ngiro wa mugani uvuga uti: ‘Wizigize Yehova umutima wawe wose, kandi ntiwishimikize ubgenge bg’iwawe: umumenye mu ngendo zawe zose, na we azogorora inzira zawe.’ Yehova azomfasha kurera neza abana banje.”—Imigani 3:5, 6.

Ntukigere Urambirwa!

Rimwe na rimwe ukurera abana vyoshobora gusa n’igikorwa c’impfagusa, mugabo ntuze wigere urambirwa! Komera ku muheto! Nimba abana bawe badashima canke ngo bakire neza utwigoro uriko uragira ubu, ivyo boshobora kuzobigira mu nyuma. Bifata igihe kugira ngo umwana akure abe Umukirisu yama icamwa c’impwemu.—Ab’i Galatiya 5:22, 23.

Monica, uwuba muri Kenya, ni umwe mu bana cumi bavukana. Avuga ati: “Abavyeyi banje batwigishije ukuri kwa Bibiliya kuva mu bwana. Dawe yarigana natwe ibisohokayandikiro vya gikirisu uko umushamvu utashe. Kubera akazi akora, iyo nyigisho ntiyama igirwa kuri wa musi nyene. Rimwe na rimwe, iyo yaba atashe avuye ku kazi, yasanga turiko turakinira hanze akatubwira yuko mu minuta itanu dutegerezwa kwinjira tukagira inyigisho yacu ya Bibiliya. Duhejeje inyigisho yacu ya Bibiliya, twaremeshwa kubaza ibibazo canke kuganira ingorane izo ari zo zose.

“Yararaba neza ko abana twifatanya ari abakunda ivy’Imana. Dawe ntiyahorereza kuza kuturaba kw’ishure no kubaza abigisha bacu ivyerekeye uko twigenza. Igihe kimwe yari yaje kuturaba bamubwira ko bakurwanje batatu bari barwanye n’abandi bahungu, n’uko hari ibihe bigenza nabi. Dawe yarabahaniye ukwo kwigenza nabi, mugabo kandi arafata umwanya wo gusigura yifashishije Ivyanditswe igituma bakeneye kwigenza nk’abayobokera Imana.

“Abavyeyi bacu baratwereka akamaro ko kwitaba amakoraniro mu gutegura ibihimba vyayo turi kumwe. Twaramenyerejwe ngo tuzobe abakenuzi mu kuza turagira ibiringo vy’imyimenyerezo i muhira. Guhera mu bwana twaraherekeza abavyeyi bacu mu murimo wo mu ndimiro.

“Muri iki gihe, bakurwanje batatu b’abahungu ni abatsimvyi b’imenamushike, mwenewacu w’umukobwa ni umutsimvyi w’intahorereza, mwenewacu wundi w’umukobwa na we, uwubatse akaba afise n’abana, ni Icabona w’umunyamwete. Barumunabanje babiri b’abakobwa, umwe w’imyaka indwi uwundi icenda, ni abamamaji batarabatizwa. Utwana tubiri dutoduto na two turiko turamenyerezwa. Maze imyaka ibiri nkora ku biro vy’ishami vyo muri Kenya vy’Ivyabona vya Yehova. Ndakunda kandi ngashima abavyeyi banje kubera ko ari abantu bakomeye mu vy’impwemu; baduha akarorero keza.”

Igitigiri c’abana ufise uko kiri kwose, ntukigere na rimwe urambirwa kubafasha mu nzira ija mu buzima budahera. Uko Yehova ahezagira utwigoro twawe, uzoshobora kuvuga amajambo yavuzwe n’intumwa Yohani ku vyerekeye abana biwe bo mu buryo bw’impwemu, ari yo y’aya: “Nta wundi munezero mfise uruta uyu, kwumva kw abana banje bagendera mu kuri.”—3 Yohana 4.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika