ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w99 1/5 rup. 4-9
  • Ubuzima Budahera Bwoba vy’Ukuri Bushoboka?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ubuzima Budahera Bwoba vy’Ukuri Bushoboka?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Twaremewe Kubaho Ibihe Bidahera
  • Icipfuzo co Kubaho Ibihe Bidahera
  • Dukwiye Kwizigira Nde?
  • Ubwo Vyoba vy’Ukuri Biri mu Mugambi w’Imana?
  • Umugambi w’Imana Ntiwahindutse
  • Turashobora kubaho ibihe bidahera
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2022
  • Kubaho Ibihe Bidashira Si Indoto
    Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi
  • Wokora iki kugira uzobeho ibihe bidahera?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Urashobora kuba kw’isi ibihe bidahera
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2018
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
w99 1/5 rup. 4-9

Ubuzima Budahera Bwoba vy’Ukuri Bushoboka?

“Mwigisha, nkore iciza ki ngo ndonke ubu[zima] budashira?”—MATAYO 19:16.

1. Umuntu yovuga iki ku vyerekeye igihe cacu co kubaho?

UMWAMI w’Ubuperesi Xerxes wa Mbere, muri Bibiliya akaba yitwa Ahasuwerusi, yariko aragenzura ingabo ziwe imbere yuko haba urugamba mu mwaka w’480 B.G.C. (Esiteri 1:1, 2) Nk’uko umutohozakahise w’Umugiriki Herodote yabivuze, igihe uwo mwami yabona ingabo ziwe yarakoroye amosozi. Kubera iki? Xerxes yavuze ati: “Birantuntuza iyo nzirikanye ukuntu ubuzima bw’umuntu bumara igihe gito. Kuko muri aba bagabo bose, mu myaka ijana iri imbere nta n’umwe azoba akiriho.” Kumbure na wewe nyene wariboneye yuko ubuzima bumara igihe gito bimwe biteye akagongwe, n’uko kandi ata n’umwe yipfuza gusaza, kurwara, no gupfa. Iyo tuba hoho twoshoboye kwinovora ubuzima dufise amagara n’agahimbare biranga ubuto!—Yobu 14:1, 2.

2. Abantu batari bake bafise icizigiro ikihe, kandi ku ki?

2 Birahambaye kubona ikinyamakuru kimwe, The New York Times Magazine, co ku wa 28 Nyakanga 1997 cari kirimwo ikiganiro kivuga ngo “Bashaka Kubaho.” Casubiyemwo ivyavuzwe n’umushakashatsi umwe yitangaje ati: “Ndizera vy’ukuri yuko twoba ari twe yaruka rya mbere rizobaho ibihe bidahera!” Kumbure nawe nyene woba wizera yuko ubuzima budahera bushoboka. Ushobora kwiyumvira gutyo kubera yuko Bibiliya isezerana ko dushobora kubaho ibihe bidahera ngaha kw’isi. (Zaburi 37:29; Ivyahishuriwe 21:3, 4) Yamara abantu bamwebamwe bemera ko ubuzima budahera bushoboka bavyemejwe n’izindi mvo atari izo dusanga muri Bibiliya. Turimbuye nkeyi muri izo mvo biraza kudufasha gutahura yuko ubuzima budahera bushoboka koko.

Twaremewe Kubaho Ibihe Bidahera

3, 4. (a) Ni kuki hari bamwebamwe bemera yuko twari dukwiye gushobora kubaho ibihe bidahera? (b) Dawidi yavuze iki ku vyerekeye ukuntu yaremaremwe?

3 Imvo imwe ituma abatari bake bemera yuko abantu bari bakwiye gushobora kubaho ibihe bidahera, ijanye n’ukuntu turemwe mu buryo butangaje. Nk’akarorero, ukuntu twaremaremewe mu mbanyi z’abavyeyi bacu vy’ukuri kuratangaje. Hari umuhanga karuhariwe mu vy’ugusaza yanditse ati: “Ubushobozi bw’irema bumaze gukora vya bitangaro bidukura kw’isamwa bikadushikana kw’ivuka, maze bikadushikana no ku gukura kw’ibiranga ko turi ab’igitsina kanaka, hanyuma bikadushikana mu bigero, bwahisemwo kudashiraho ubuhinga bwobaye busa n’ubworoshe cane bwohagarika ugusaza, bwotuma ivyo bitangaro bibandanya ubudahera.” Egome, turimbuye ukuntu turemwe mu buryo bw’igitangaro, hari ikibazo gica gisigara kidatorewe inyishu. Na co si ikindi ni iki: Ni kuki dutegerezwa gupfa?

4 Haraciye imyaka ibihumbi n’ibihumbi umwanditsi wa Bibiliya Dawidi azirikanye kuri ivyo bitangaro nyene, naho atashobora kubona bubone mu mbanyi nk’uko abanyasiyansi bashobora kubigira muri iki gihe. Nk’uko Dawidi yavyanditse, yarazirikanye cane ivyerekeye iremwa ryiwe bwite igihe ‘yateranirizwa mu nda ya nyina.’ Yavuze yuko muri ico gihe ‘amafyigo yiwe yaremwe.’ Yaravuze kandi ivyerekeye iremwa ry’ ‘amagufa’ yiwe, nk’uko yabivuze, akaba ari igihe “[y]aremerwa mu mpisho.” Dawidi yaciye avuga ivy’igihe ‘yari umusoro’ maze avuga ivyerekeye uwo musoro wari mu mbanyi ya nyina ati: “Mu gitabo cawe handitsemw[o ibihimba vyawo vyose, NW].”—Zaburi 139:13-16.

5. Ni ibihe bitangaro bihaba igihe tuba turiko turaremaremerwa mu mbanyi?

5 Biragaragara yuko ata mugero nyamugero wandikishijwe iminwe wariho werekeye ingene Dawidi yogiye araremaremerwa mu mbanyi ya nyina. Mugabo, igihe Dawidi yazirikana ku kuntu “amafyigo” yiwe, ‘amagufa’ yiwe be n’ibindi bihimba vy’umubiri wiwe vyaremwe, kuri we vyasa nk’aho ivyo bihimba vyakura bikurikije umugero munaka—ni ukuvuga yuko ikintu cose ari nk’aho coba cari “canditse.” Vyari nk’aho akagingo ngengabuzima kavamwo umwana kari mu mbanyi ya nyina kari gafise icumba kinini cuzuye ibitabu birimwo amabwirizwa yerekeye ido n’ido ry’ukuntu uruyoya rukwiye kuremaremwa, kandi ayo mabwirizwa agoye akaza arahanahanwa ku kagingo ngengabuzima kose gaserutse. Ni co gituma ikinyamakuru kimwe, Science World, gikoresha imvugo mberanya ngo “akagingo ngengabuzima kose kari mu musoro uriko urakura gafise akumba kuzuye imigero.”

6. Nkuko Dawidi yavyanditse, ni ikimenyamenya ikihe kiriho c’uko “twaremwe mu buryo butangaje”?

6 Woba umaze kwiyumvira ivy’ukuntu imibiri yacu ikora mu buryo bw’igitangaro? Umuhinga mu vy’ibifise ubuzima yitwa Jared Diamond yavuze ati: “Dusubiriza utugingo ngengabuzima tugize amara yacu rimwe mu misi mike, utugize uruhago tukadusubiriza rimwe mu mezi abiri, utugingo dutukura turi mu bigize amaraso yacu na two tukadusubiriza rimwe mu mezi ane.” Yasozereye ati: “Kubera ibidukikije, ku musi ku musi umubiri wacu urasambuka ukongera ukungwa.” Mu vy’ukuri ivyo bisobanura iki? Bisobanura yuko imyaka twobaho yaba ingana iki—yaba ari 8, 80 canke mbere 800—umubiri wacu uguma ufise ubuto. Igihe kimwe hari umunyasiyansi yagereranije ibintu ati: “Mu mwaka, hafi ibice 98 kw’ijana vy’uduceduce twitwa atome turi muri twebwe ubu tuzoba tumaze gusubirirwa n’utundi umuntu akūra mu mpemu ahema, mu bifungurwa afungura no mu binyobwa anywa.” Koko, nk’uko Dawidi yabivuze mu gushemeza Imana, ‘Twaremwe mu buryo butangaje.’—Zaburi 139:14.

7. Abantu bamwebamwe bishimikije ukuntu umubiri wacu uremye bashitse ku kihe ciyumviro?

7 Umuhanga umwe atohoza ivy’ugusaza yishimikije ukuntu imibiri yacu iremwe yavuze ati: “Ntibiboneka neza igituma umuntu yosaza.” Vy’ukuri bisa n’uko twari dukwiye kubaho ibihe bidahera. Ni na co gituma abantu bagerageza gushikira iyo ntumbero babicishije ku buhinga bwabo. Nta gihe kirekire kihaciye Muganga Alvin Silverstein yanditse n’ukujijuka kwinshi mu gitabu ciwe citwa Conquest of Death (Ugutsinda Urupfu) ati: “Tuzoserangura ico ari co ubuzima. Tuzotahura . . . ukuntu umuntu asaza.” Ivyo bitange iki? Yabuye ati: “Nta bantu ‘bashaje’ bazoba bakiriho kubera yuko ubumenyi buzotuma urupfu rutsindwa buzozana n’ubuto bw’ibihe vyose.” Dufatiye ku kuntu muri iki gihe siyansi iguma irondera guserangura uko umuntu aremye, ubwo none twovuga yuko iciyumviro co kubaho ibihe bidahera ari ikidashoboka? Hariho iyindi mvo inakomeye gusumba yotuma umuntu yemera ko ubuzima budahera bushoboka.

Icipfuzo co Kubaho Ibihe Bidahera

8, 9. Mu nkuru y’ivyabaye yose, abantu bamye bafise ikihe cipfuzo?

8 Woba umaze kubona yuko kubaho ibihe bidahera ari icipfuzo gisanzwe kiri mu muntu? Hari umuganga yanditse mu kinyamakuru kimwe co mu Budagi ati: “Icipfuzo co kubaho ibihe bidahera kumbure catanguranye n’umuntu.” Mu gusigura ukwemera kw’Abanyaburaya ba kera bamwebamwe igitabu kimwe, The New Encyclopædia Britannica, kivuga giti: “Abantu babikwiriye bazobaho ibihe bidahera mu ngoro ikayangana isakajwe inzahabu.” Kandi, ese iyo abantu bageze mu kwigora ngo bashitse ico cipfuzo nyamukuru c’ukubaho ibihe bidahera!

9 Igitabu kimwe, The Encyclopedia Americana, kivuga ko mu Bushinwa, ubu haraheze imyaka irenga 2 000, “abami b’abami hamwe n’abantu [banyarucari] nyene, barongowe n’abapatiri bo mw’idini rya Tao, baranjanjwe ku bikorwa bakora kugira bironderere umuti wo kudapfa”—kikaba ari ikintu bita iriba ry’ubuto. Nkako, mu bihe vyahise vyose hamye hari abantu bemera yuko baramutse bariye uruvange rw’ibintu binaka canke mbere bakanywa ku mazi manaka ngo boshoboye kugumana ubuto.

10. Mu gihe ca none, abantu bagerageje ibiki kugira ngo bashikire ubuzima buramba?

10 Utwigoro abantu bagira mu gihe ca none kugira ngo bashitse ico cipfuzo bavukana muri bo co kubaho ibihe bidahera na two nyene turibonekeza. Akarorero twovuga kazwi hose ni wa mugenzo wo gukonjesha umuntu yahitanywe n’indwara. Ivyo babikora bizigiye kuzomusubiza muzima mu gihe kinaka co muri kazoza, umuti uvura iyo ndwara niwuburwa. Hari umuntu umwe ashigikira uwo mugenzo yanditse ati: “Mu gihe twosanga icizero cacu kitabaye impfagusa, hanyuma tukamenya ukuntu twokiza canke twosana ivyononekara vyose—dushizemwo n’ubumuga buterwa n’ubusaza—ico gihe ‘abapfa’ ubu bazogira ubuzima butazokwigera buhera muri kazoza.”

11. Ni kuki abantu bipfuza kubaho ibihe bidahera?

11 Urashobora kwibaza uti ni kuki ico cipfuzo co kubaho ibihe bidahera gishinze imizi mu vyiyumviro vyacu? Kwoba ari kubera ko ‘[Imana] yashize ivyiyumviro vy’uguhoraho mu mutima w’umuntu’? (Umusiguzi 3:11) Iki ni ikibazo umuntu akwiye kuzirikana avyitondeye! Iyumvire: Ni kuki twovukanye muri twebwe icipfuzo co kubaho ibihe vyose—ni ukuvuga ibihe bidashira—iyo Umuremyi wacu atari kuba afise umugambi w’uko ico cipfuzo kiranguka? Ikindi kandi, ubwo vyoba biranga urukundo aturemanye ico cipfuzo co kubaho ibihe bidahera maze akatuzerutsa mu kutigera atureka ngo tukirangure?—Zaburi 145:16.

Dukwiye Kwizigira Nde?

12. Abantu bamwebamwe bafise ikihe cizigiro, mugabo woba wemera ko gifise ishingiro rikomeye?

12 Icizigiro cacu co kuronka ubuzima budahera dukwiye kugishira hehe, canke ku ki? Mbega twizigire ubuhinga bw’abantu bwo mu kinjana ca 20 canke ica 21? Hari ikiganiro co mu kinyamakuru kimwe, The New York Times Magazine, gifise umutwe uvuga ngo “Bashaka Kubaho” cavuze ivyerekeye “ikigirwamana citwa ubuhinga” kivuga kandi ivyerekeye “igishika abantu bafitiye ivyo ubuhinga bushobora kurangura.” Hari umushakashatsi mbere bavuze ko “yizigiranye akamwemwe . . . yuko hari igihe ubuhinga bwo gutuma utugingo ndangakamere twiyongera buzoboneka hatararengerana kugira bi[du]kize mu guhagarika ubusaza, kumbure buhindure ibintu aho kugenda umuntu asaza agende aba muto.” Ariko vy’ukuri, utwigoro abantu bagira ntitwigeze na gato dushobora guhagarika ubusaza canke ngo dutsinde urupfu.

13. Ukuntu ubwonko bwacu bumeze kwerekana gute ko twari twagenewe kubaho ibihe bidahera?

13 Ivyo vyoba bisobanura yuko ata nzira iriho yo kuronka ubuzima budahera? Eka namba! Inzira iriho! Ibigize ubwonko bwacu bw’agatangaza, ubufise ubushobozi buhakwa kutagira umupaka mu vy’ukwiga ibintu, burakwiye kudushwirura kuri ico kintu. Umushakashatsi mu vyerekeye uduceduce twitwa molekile, ari we James Watson, ubwonko bwacu yabwise “ikintu gihanitse kuruta ivyo tumaze kwubura mu vyaremwe bidukikije vyose.” Umuhinga mu vy’udutsidutsi nkoreshabwenge Richard Restak na we yavuze ati: “Mu vyaremwe vyose tuzi nta n’ikintu na kimwe coruha cegereza kumera nka bwo.” Ni kuki twogira ubwonko bufise ububasha bwo kubika no kwiga ibintu bihakwa kutagira aho bigarukira, tukagira n’umubiri waremewe gukora ibihe bidahera niba tutari twaremwe ngo tubeho ibihe bidahera?

14. (a) Ku vyerekeye ubuzima bw’umuntu, abanditsi ba Bibiliya bashika ku kihe ciyumviro? (b) Ni kuki dukwiye kwizigira Imana ntitwizigire umuntu?

14 None iciyumviro kimwe rudende cumvikana kandi c’ukuri dukwiye gushikako ni ikihe? None ico ciyumviro si uko twabumbwe kandi tukaremwa na Muhinguzi ashobora vyose kandi w’umunyabwenge kugira ngo tubeho ibihe bidahera? (Yobu 10:8; Zaburi 36:9; 100:3; Malaki 2:10; Ivyakozwe 17:24, 25) Kubw’ivyo rero, ntitwokwumvira n’ubukerebutsi none rya bwirizwa ryahumetswe n’Imana ry’umwanditsi wa Zaburi rigira riti: “Ntimukishimire abahambaye, cank’umwana w’umuntu n’umwe, ata co yoshobora gukiza”? Ni kuki ata muntu twokwizigira? Nk’uko uwo mwanditsi wa Zaburi yavyanditse, ni kubera yuko “impwemu ziwe zimuvamwo, akisubirira mw ivu ryiwe; uwo musi nyene imigabo yiwe igashira.” Mu vy’ukuri, naho abantu boshoboye kubaho ibihe bidashira, imbere y’urupfu ntaco bashoboye. Uwo mwanditsi wa Zaburi asozera avuga ati: “Hahirwa . . . [uw]izigira Uhoraho Imana yiwe.”—Zaburi 146:3-5.

Ubwo Vyoba vy’Ukuri Biri mu Mugambi w’Imana?

15. Ni igiki cerekana yuko umugambi w’Imana ari uw’uko tubaho ibihe bidahera?

15 Mugabo ushobora kubaza uti: Ubwo vy’ukuri umugambi wa Yehova woba ari uw’uko twinovora ubuzima budahera? Egome! Incuro nyishi Ijambo ryiwe rirabisezerana. Bibiliya iradukura amakenga iti: “Ingabire y’Imana n’ubu[zima] budashira.” Umusavyi w’Imana Yohani yanditse ati: “Iri ni ryo sezerano [Imana ubwayo] yadusezeraniye, n’ubu[zima] budashira.” Ntibitangaje rero kubona hari umugabo akiri muto yabajije Yezu ati: “Mwigisha, nkore iciza ki ngo ndonke ubu[zima] budashira?” (Abaroma 6:23; 1 Yohana 2:25; Matayo 19:16) Nkako, intumwa Paulo yaranditse ivyerekeye “[icizigiro c’ubuzima] budashira, ubgo Imana itazi kubesha yasezeranye kera, ibihe vyose bitarabaho.”—Tito 1:2.

16. Ni mu buryo ki Imana yoba yarasezeranye ubuzima budahera “ibihe vyose bitarabaho”?

16 Ivy’uko Imana yasezeranye ubuzima budahera “ibihe vyose bitarabaho” bisobanura iki? Hari abiyumvira yuko intumwa Paulo yashaka kuvuga ko imbere yuko wa mugabo Adamu n’umugore wiwe Eva ba mbere baremwa, Imana yari yarashinze umugambi w’uko abantu bobaho ibihe bidashira. Ariko rero, niba Paulo yoba yariko yerekeza ku gihe abantu bari bamaze kuremwa n’igihe Yehova yavumera umugambi wiwe, biracagaragara ko ivyo Imana igomba birimwo no guha abantu ubuzima budahera.

17. Ni kuki Adamu na Eva batawe hanze ya rya tongo rya Edeni, kandi ni kuki abakerubi bashizwe kw’iyinjiriro ryaryo?

17 Bibiliya ivuga yuko mw’itongo rya Edeni, “Uhoraho Imana [yamejeje] . . . igiti c’ubu[zima].” Vyavuzwe ko icatumye Adamu atabwa hanze y’iryo tongo ari kugira ngo ‘ntashobore gutuma ukuboko, ngo yamure no ku giti c’ubuzima, akarya, akazobaho’—ego, akabaho ibihe bidahera! Yehova amaze kwirukana Adamu na Eva mw’itongo rya Edeni, yahashize “abakerubi bo n’inkota yaka umuriro, itangatan[ga] impande zose, ngw itangīre inzira ija kuri ca giti c’ubu[zima].”—Itanguriro 2:9; 3:22-24.

18. (a) Kurya kuri ca giti c’ubuzima vyobaye bivuze iki kuri Adamu na Eva? (b) Kurya kuri ico giti vyagereranya iki?

18 Iyo Adamu na Eva bemererwa kurya kuri ico giti c’ubuzima, ivyo vyobaye bivuze iki kuri bo? Emwe, bobaye batewe agateka ko kubaho ibihe bidahera mw’Iparadizo! Incabwenge umwe mu vya Bibiliya yiyumviriye ati: “Ico giti c’ubuzima gitegerezwa kuba cari gifise ububasha bunaka bwotumye umubiri w’umuntu utagira ubumuga butewe n’ubusaza, canke butuma udashikirwa na kwa kwononekara guteba kugashikana umuntu ku gupfa.” Avuga mbere yuko ngo “mw’iparadizo hariyo ivyatsi vyari bifise ubushobozi bwo gukinga ingaruka” ziterwa n’ubusaza. Yamara, Bibiliya ntivuga yuko ca giti c’ubuzima ubwaco cari gifise ubushobozi bwo gutanga ubuzima. Ahubwo, ico giti cagereranya gusa icemezo c’Imana c’uko yohaye ubuzima budahera uwokwemerewe kurya ku camwa caco.—Ivyahishuriwe 2:7.

Umugambi w’Imana Ntiwahindutse

19. Ni kuki Adamu yapfuye, kandi ni kuki na twebwe uruvyaro rwiwe dupfa?

19 Igihe Adamu yacumura, yaritakarije uburenganzira bwo kuronka ubuzima budahera, abutakariza n’uruvyaro rwiwe rwose rutaribwavuke. (Itanguriro 2:17) Igihe yacika umucumuzi bivuye ku kugambarara kwiwe, yabaye umunyakanenge, umunyagasembwa. Kuva ico gihe, umubiri wa Adamu ni nk’aho wari ugenewe kuzopfa. Nk’uko Bibiliya ibivuga, “ingero y’icaha n’urupfu.” (Abaroma 6:23) Ikindi, uruvyaro runyagasembwa rwa Adamu na rwo nyene rwabaye urugenewe kuzopfa, si ubuzima budahera. Bibiliya isigura iti: ‘Icaha cazanywe mw isi n’umuntu umwe [Adamu], urupfu ruzanwa n’icaha, nuko urupfu rushika ku bantu bose, kuko bose bākoze ivyaha.’—Abaroma 5:12.

20. Ni igiki cerekana yuko abantu bari bagenewe kubaho ibihe bidahera ngaha kw’isi?

20 Mugabo vyogenze bite iyo Adamu adacumura? Vyogenze bite iyo atagambararira Imana gutyo agahabwa uruhusha rwo kurya kuri ca giti c’ubuzima? Ingabire y’Imana y’ubuzima budahera yoyinovoreye hehe? Mw’ijuru? Ekaye! Imana nta kintu na kimwe yigeze ivuga c’uko Adamu yojanwe mw’ijuru. Igikorwa yari yarashinzwe cari ico ngaha kw’isi. Bibiliya isigura yuko “[Yehova Imana yamejeje] igiti cose c’igikundiro kibereye kuribga,” irongera kandi iti: “Uhoraho Imana ajana wa muntu, amushira mur’iryo tongo ryo muri Edeni, ngw aririme, arizigame.” (Itanguriro 2:9, 15) Eva amaze kuremwa ngo abe umutambukanyi wa Adamu, uko ari babiri barashinzwe ibindi bikorwa ngaha kw’isi. Imana yababwiye iti: “Ni murondoke, mugwire, mwuzure isi muyiganze; mugabe amafi yo mu kiyaga, n’ibiguruka mu kirere, n’ibifise ubu[zima] vyose bigendagenda kw isi.”—Itanguriro 1:28.

21. Ba bantu ba mbere bari bafise icizigiro ikihe c’igitangaza?

21 Iyumvire ivyizigiro vy’akaroruhore ayo mabwirizwa y’Imana yugururiye Adamu na Eva! Boreze abana b’abahungu n’abakobwa bafise amagara meza atagira agasembwa mw’Iparadizo yo kw’isi. Uko abana babo bakunda bogiye barakura, bogize na bo uruhara mu vy’ukurondoka no mu gukora igikorwa gihimbaye muri rya tongo kugira babungabunge iyo Paradizo. Kubera ko boganje ibikoko vyose, abantu bohimbawe cane. Iyumvire umunezero wo kwagura imipaka ya rya tongo rya Edeni kugira ngo amaherezo isi yose uko ingana ibe iparadizo! Wewe wonezererewe ubuzima muri ubwo buraro bw’akaroruhore bwo kw’isi ufise abana batagira agasembwa, udahagaritse umutima na gato ngo uzosaza canke ngo uzopfa? Umutima wawe niwishure kuri ico kibazo.

22. Ni kuki dushobora kwemera tudakeka yuko Imana itahinduye umugambi ifitiye isi?

22 None rero, igihe Adamu na Eva bagambarara maze bagatabwa hanze y’iryo tongo rya Edeni, Imana yoba yaciye ihindura umugambi wayo w’uko abantu babaho ibihe bidahera mw’Iparadizo ngaha kw’isi? Nta na gato! Kuko Imana igize ivyo kwoba ari ukwemera ko inaniwe mu vyerekeye ubushobozi bwayo bwo kurangura umugambi yari ifise mu ntango. Turashobora kwemera tudakeka yuko Imana ishitsa ivyo isezerana, nk’uko yo ubwayo ibimenyesha iti: “Ijambo ryanje riva mu kanwa kanje [ni ko] rizomera: ntirizogaruka ubusa, ariko rizoshitsa ivyo ngomba, rizosozera ico naritumye.”—Yesaya 55:11.

23. (a) Ni igiki cemeza yuko Imana ifise umugambi w’uko abafise agatima ko gukunda ubugororotsi babaho ibihe bidahera kw’isi? (b) Tugiye kwihweza iki?

23 Ivy’uko umugambi w’Imana utahindutse biragaragazwa muri Bibiliya, aho Imana isezerana iti: “Abagororotsi bazoragwa [isi], ba[y]ibemw’ibihe bidashira.” Mbere na Yezu Kirisitu nyene muri ya Nsiguro yiwe yo ku Musozi yavuze yuko abatekereza bazoragwa isi. (Zaburi 37:29; Matayo 5:5) Yamara none dushobora gute kuronka ubuzima budahera, kandi dukwiye gukora iki kugira ngo tubwinovore? Ivyo birihwezwa mu kiganiro gikurikira.

Wokwishura Ute?

◻ Ni kuki abantu batari bake bemera yuko ubuzima budahera bushoboka?

◻ Ni igiki gikwiye kudushwirura yuko twagenewe kubaho ibihe bidahera?

◻ Mu ntango Imana yari ifitiye umugambi uwuhe abantu n’isi?

◻ Ni kuki dushobora kwemera tudakeka ko Imana izorangura umugambi yari ifise mu ntango?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika