ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w99 1/5 rup. 9-14
  • Inzira Rudende Ijana mu Buzima Budahera

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Inzira Rudende Ijana mu Buzima Budahera
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Uruhara Yezu Kirisitu Afise
  • Rwa Rubuto Rwasezeranywe
  • Ico ya Ncungu Irangura
  • Icizigiro c’Akaroruhore
  • Nushitse Ivyo Imana Isaba
  • Yezu Kirisitu Ni Intumwa y’Imana?
    Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi
  • Uwo Abamenyeshakazoza Bose Bashingiye Intahe
    Senga Imana yonyene y’ukuri
  • Ico Imana Yagize ngo Irokore Abantu
    Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera
  • Incungu ya Kirisitu—Ni Yo Nzira Imana Ikirizamwo
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
w99 1/5 rup. 9-14

Inzira Rudende Ijana mu Buzima Budahera

“Ni jewe nzira n’ukuri n’ubu[zima].”—YOHANA 14:6.

1, 2. Yezu inzira ijana mu buzima budahera yayigereranije n’iki, kandi ico kigereranirizo ciwe kivuze iki?

MURI ya Nsiguro yiwe rurangiranwa yo ku Musozi, Yezu agereranya inzira ijana mu buzima budahera n’ibarabara umuntu yinjiramwo aciye mw’irembo. Urabona yuko Yezu ashimika ku vy’uko iyo nzira ijana mu buzima atari iyoroshe, mu kuvuga ati: “Muce mw irembo ripfunganye; kukw irembo ryagutse, n’inzira y’igihamo, ari vyo bijana abantu mu mahonero, kand’abahaca ni benshi. Arikw irembo ripfunganye, n’inzira ntoya, ni vyo bija mu bu[zima budahera], kand’abahabona ni bake.”—Matayo 7:13, 14.

2 Woba utahura ico ico kigereranirizo gisobanura? None ntigihishura yuko hariho ibarabara canke inzira imwe rudende ijana mu buzima, kandi ko bizodusaba kuba maso kugira ngo twirinde guta iyo nzira ijana mu buzima? Uti none iyo nzira rudende ijana mu buzima budahera ni iyihe?

Uruhara Yezu Kirisitu Afise

3, 4. (a) Bibiliya yerekana gute uruhara ruhambaye Yezu afise mu vy’ubukiriro bwacu? (b) Ni ryari Imana yahishuye ari bwo bwa mbere ko abantu boshobora kuronka ubuzima budahera?

3 Birumvikana ko Yezu afise uruhara ruhambaye ku bijanye n’iyo nzira, nk’uko intumwa yiwe Petero yabimenyesheje ati: “Nta wundi agakiza kabonerwamwo, kukw ata rindi zina musi y’ijuru [atari irya Yezu] ryāhawe abantu dukwiye gukirizwamwo.” (Ivyakozwe 4:12) Intumwa Paulo na we nyene yavuze ati: “Ingabire y’Imana n’ubu[zima] budashira, bubonerwa muri Kristo Yesu Umwami wacu.” (Abaroma 6:23) Yezu ubwiwe yarahishuye yuko inzira rudende ijana mu buzima budahera ica kuri we, kubera ko yavuze ati: “Ni jewe nzira n’ukuri n’ubu[zima].”—Yohana 14:6.

4 Birahambaye cane rero ko twemera uruhara Yezu afise mu vy’ugutuma ubuzima budahera bushoboka. Nimuze rero twihweze twitonze uruhara afise. Adamu amaze gucumura, woba uzi igihe Yehova Imana yamenyeshereje yuko umuryango w’abantu woshoboye kugira ubuzima budahera? Yavyerekanye Adamu akimara kugwa. Nimuze ubu twihweze ukuntu indinganizo yerekeye Yezu Kirisitu bwa Mukiza w’abantu yabuwe ari bwo ubwa mbere.

Rwa Rubuto Rwasezeranywe

5. Dushobora kugenekereza gute ya nzoka yakwegakwega Eva?

5 Yehova Imana akoresheje imvugo ngereranyo, yarerekanye uwo Mukiza yasezeranywe uwo ari we. Ivyo yabigize igihe yakatira urubanza “ya nzoka” yari yavuganye na Eva maze ikamugerageza ngo agambararire Imana mu kurya ca camwa cari kibujijwe. (Itanguriro 3:1-5) Birumvikana ko iyo nzoka itari inzoka buyoka. Cari ikiremwa c’impwemu gifise ububasha, Bibiliya ikaba ikidondora ko ari “ya nzoka ya mbere, yitwa Murwanizi, irindi ni [She]tani.” (Ivyahishuriwe 12:9) Shetani yakoresheje ico gikoko co hasi, akivugiramwo mu gukwegakwega Eva. Ni co gituma igihe Imana yariko irakatira urubanza Shetani, yamubwiye iti: “Nzoshira inyankane hagati yawe n’uyu mugore, no hagati y’uruvyaro rwawe n’urwiwe: [Urubuto rw’umugore] ruzogukomeretsa umutwe, nawe uzorukomeretsa igitsintsiri.”—Itanguriro 3:15.

6, 7. (a) Wa mugore yibarutse rwa “rubuto” ni nde? (b) Rwa rubuto rwasezeranywe ni nde, kandi arangura iki?

6 Uwo “mugore” Shetani afitiye inyankane, canke urwanko ni nde? Nk’uko “ya nzoka ya mbere” idondorwa mu Vyahishuriwe ikigabane ca 12, ni ko na wa mugore Shetani yanka agenekerezwa muri ico kigabane. Urabona ko ku murongo wa 1 avugwa yuko “yambaye izuba, ukwezi [kukaba kuri] musi y’ibirenge vyiwe, mu mutwe yambaye igitsibo c’inyenyeri cumi na zibiri.” Uwo mugore agereranya ishirahamwe ry’Imana ryo mw’ijuru rigizwe n’abamarayika b’intahemuka, wa “mwana w’umuhungu” yibarutse na we akagereranya Ubwami bw’Imana, muri bwo Yezu Kirisitu akaba ari we atwara ari Umwami.—Ivyahishuriwe 12:1-5.

7 None urwo ‘rubuto’ rw’umugore, ari rwo ruvyaro rwiwe, ruvugwa mw’⁠Itanguriro 3:15 ruzofyonyora Shetani ‘mu mutwe’ gutyo rukaba rumugaritse, ni nde? Ni wa wundi Imana yarungika akava mw’ijuru kugira ngo avyarwe n’isugi mu buryo bw’igitangaro, egome, wa muntu Yezu. (Matayo 1:18-23; Yohana 6:38) Ikigabane ca 12 c’Ivyahishuriwe gihishura yuko urwo Rubuto Yezu Kirisitu, kubera ko azoba ari Umutegetsi wo mw’ijuru yazutse, yogiye imbere mu gutsinda Shetani, kandi nk’uko mu Vyahishuriwe 12:10 habivuga, yoshinze “ubgami bg’Imana yacu n’ububasha bga Kristo wayo.”

8. (a) Ni ikintu gishasha ikihe Imana yatunganije mu bijanye n’umugambi yari ifise mu ntango? (b) Ni bande bagize intwaro nshasha y’Imana?

8 Ubwo Bwami buri mu minwe ya Yezu Kirisitu ni ikintu rero gishasha Imana yatunganije ku bijanye n’umugambi wiwe wo mu ntango w’uko abantu binovora ubuzima budahera kw’isi. Shetani amaze kugarariza, Yehova yaciye ahaguruka kugira akureho ingaruka mbi z’ubukozi bw’ikibi zose akoresheje iyo ntwaro nshasha y’Ubwami. Igihe Yezu yari kw’isi, yarahishuye yuko atobaye wenyene muri iyo ntwaro. (Luka 22:28-30) Hari abandi borobanuwe mu muryango w’abantu kandi abo bomusanze mw’ijuru kugira ngo bafatanye gutwara, bikazotuma baba umuce w’inyongera wa rwa rubuto rw’umugore. (Ab’i Galatiya 3:16, 29) Muri Bibiliya, igitigiri c’abo basangirangingo ba Yezu—bose bakazoba bakuwe mu bantu b’abanyavyaha kw’isi—kirashikirizwa ko ari 144 000.—Ivyahishuriwe 14:1-3.

9. (a) Ni kuki vyari bikenewe ko Yezu aseruka kw’isi ari umuntu? (b) Yezu yasanganguye gute ibikorwa vya Diyabule?

9 Ariko rero imbere yuko ubwo Bwami bushobora gutangura kuganza, vyari ngombwa ko umuce nyamukuru w’urwo rubuto, ari we Yezu Kirisitu, aseruka kw’isi. Kubera iki? Kubera yuko yagenywe na Yehova Imana ngo abe we Muntu ‘yosanganguye [canke yokuyeho] ibikorwa vy’Umurwanizi.’ (1 Yohana 3:8) Muri ivyo bikorwa vya Shetani harimwo kwa gukwegera Adamu mu gicumuro, ari co kintu cakwegeye abakomoka kuri we bose igihano c’icaha be n’urupfu. (Abaroma 5:12) Yezu yakuyeho ico gikorwa ca Diyabule mu gutanga ubuzima bwiwe bwa ncungu. Gutyo, yaratanze ishingiro ry’ukubohorwa kw’umuryango w’abantu ngo ukizwe igihano c’icaha n’urupfu, kandi arugurura inzira ijana mu buzima budahera.—Matayo 20:28; Abaroma 3:24; Abanyefeso 1:7.

Ico ya Ncungu Irangura

10. Yezu na Adamu bari bafitaniye isano gute?

10 Kubera ko ubuzima bwa Yezu bwakuwe mw’ijuru bukimurirwa mu nda y’umugore, yavutse ari umuntu atagira agasembwa, atandujwe n’icaha kiva kuri Adamu. Yari ashoboye kubaho ibihe bidahera kw’isi. Na Adamu nyene yaremwe ari umuntu atagira agasembwa afise icizigiro co kuzogira ubuzima budahera kw’isi. Intumwa Paulo yari afise mu muzirikanyi ivy’uko abo bantu babiri bafitaniye isano igihe yandika ati: “Umuntu wa mbere Adamu yabaye [“ubugingo buzima,” NW]; Adamu wo hanyuma [Yezu Kirisitu] yabaye impwemu itanga ubu[zima]. Umuntu wa mbere yandurutse mw ivu, n’uw’umukungugu: umuntu wa kabiri yandurutse mw ijuru.”—1 Ab’i Korinto 15:45, 47.

11. (a) Ni igiki Adamu na Yezu bakoze ku muryango w’abantu? (b) Dukwiye kubona gute inkuka Yezu yatanze?

11 Isano riri hagati y’abo babiri—ari bo bagabo babiri batagira agasembwa bonyene babaye kw’isi—riraserurwa n’ico Bibiliya ivuga c’uko Yezu “yitanze kw incungu [bikwiranye ku bwa] bose.” (1 Timoteyo 2:6) Yezu yari akwiranye na nde? Emwe, yari akwiranye na Adamu igihe yari akiri umuntu atagira agasembwa! Igicumuro Adamu wa mbere yakoze catumye umuryango w’abantu iyo uva ukagera ucirirwa urwo gupfa. Ya ncungu yatanzwe na “Adamu wo hanyuma” iratanga ishimikiro ry’ukurokorwa tukava mu caha n’urupfu kugira dushobore kubaho ibihe bidashira. Ese ukuntu incungu Yezu yatanze ari iy’agaciro! Intumwa Petero yavuze ati: “Ivyo mwacungujwe . . . [si] ibishira, nk’ifeza cank’izahabu.” Ahubwo Petero yasiguye ati: “Mwacungujwe amaraso y’igiciro kinini, nk’ay’umwagazi w’intama utagira agasembga cank’ibara, ni yo ya Kristo.”—1 Petero 1:18, 19.

12. Bibiliya idondora gute ikurwaho ry’igihano twakatiwe c’urupfu?

12 Bibiliya iradondora mu buryo bw’akaroruhore ukuntu igihano co gupfa cakatiwe umuryango w’abantu kizokurwaho, mu kuvuga iti: “Nk’uko gucirwa urubanza kwazanywe n’igicumuro kimwe [ica Adamu] ku bantu bose, ngo batsindwe, ni ko ya ngabire yazanywe n’igikorwa kigororotse kimwe [ingendo y’ukutadohoka yose Yezu yagize, iyashikanye ku rupfu rwiwe] ku bantu bose, ngo batsindanishirizwe baronke ubu[zima]. Kandi nk’uko kutumvira Imana kw’umuntu umwe [Adamu] kwatumye benshi bacika abanyavyaha, ni ko kuyumvira kw’umwe [Yezu] kuzotuma benshi bacika abagororotsi.”—Abaroma 5:18, 19.

Icizigiro c’Akaroruhore

13. Ni kuki abantu batari bake biyumvira ko badashobora kubaho ibihe bidashira?

13 Ico kintu catunganijwe n’Imana gikwiye gutuma tugira agahimbare kenshi! Ubwo ntiwezwa umutima n’uko Umukiza yatanzwe? Igihe abantu babazwa iki kibazo ngo “Icizigiro co kubaho ibihe bidahera coba kigushimisha?” mw’itohoza rimwe ryari ryagizwe n’ikinyamakuru co mu gisagara gikomeye co muri Amerika, vyaratangaje kubona ibice 67,4 kw’ijana vy’abishuye kuri ico kibazo bishuye bati: “Ntikinshimisha.” Ni kuki bavuze yuko badashaka kubaho ibihe bidahera? Bigaragara yuko ari kubera ko muri iki gihe ubuzima kw’isi burimwo ingorane nyinshi. Umuntu umwe yavuze ati: “Sindyoherwa n’iciyumviro c’ugusa n’uwufise imyaka 200.”

14. Ni kuki kubaho ibihe bidahera bizoba bihimbaye mu buryo butagira agahaze?

14 Yamara Bibiliya ntiriko iravuga ivyerekeye kubaho ibihe bidahera mw’isi abantu basinzikazwa n’indwara, ubusaza be n’ibindi vyago. Oya, kubera yuko Yezu we Mutware w’Ubwami bw’Imana, azokuraho mwene izo ngorane zose zatewe na Shetani. Nk’uko Bibiliya ibivuga, Ubwami bw’Imana “buzomara bukomvomvore” intwaro z’agahotoro zose zo muri iyi si. (Daniyeli 2:44) Muri ico gihe, mu kwishura rya sengesho Yezu yigisha abayoboke biwe, ivyo Imana ‘igomba bizogirwa kw’isi nk’uko bigirwa mw’ijuru.’ (Matayo 6:9, 10) Mw’isi nshasha y’Imana, isi imaze gukurwako ububi bwose, inyungu ziva ku ncungu ya Yezu zizokora mu buryo bwuzuye. Egome, ababikwiriye bose bazosubira kugira amagara atagira akanenge!

15, 16. Mw’isi nshasha y’Imana ibintu bizoba vyifashe gute?

15 Iki gisomwa ca Bibiliya kizoshika ku vyerekeye abantu bazoba baba mw’isi nshasha y’Imana, kivuga giti: “Umubiri wiwe uzotonyanga itōto kurusha uw’umwana; azokwiyubura, abe nko mu misi yo mu buto bgiwe.” (Yobu 33:25) Irindi sezerano rya Bibiliya rizoranguka. Na ryo ni iri: “Impumyi zizohumūka, n’ibipfamatwi bizozibūrwa. Ico gihe ūcumbagira azosimba nk’impongo, ururimi rw’ikiragi ruririmbe.”—Yesaya 35:5, 6.

16 Iyumvire gato: Ico gihe twaba tuzoba dufise imyaka ingana iki, yaba ari 80, 800 canke mbere tukanayirenza, imibiri yacu izoguma itotahajwe n’amagara meza! Bizomera nk’uko Bibiliya yabisezeranye iti: “Uwaho ntazovuga, ati Ndarwaye.” Muri ico gihe iri sezerano na ryone rizoranguka: “[Imana] izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kand’urupfu ntiruzoba rukiriho, kand’amaborogo no gutaka n’uburibge ntibizoba bikiriho: kukw ivya mbere bishize.”—Yesaya 33:24; Ivyahishuriwe 21:3, 4.

17. Dushobora kwitega ko abantu bazorangura ibiki mw’isi nshasha y’Imana?

17 Muri iyo si nshasha, tuzoba dushoboye gukoresha ubwonko bwacu bw’igitangaza mu buryo Umuremyi wacu yari yashatse ko tubukoresha igihe yaburema bufise ubushobozi bwo kwiga ibintu bitagira uko bingana. Iyumvire vyonyene ibintu vy’akaroruhore tworangura! N’abantu b’abanyagasembwa barahinguye bakoresheje ibintu biri mu bubiko bw’iyi si, ibikoresho vyose tubona—nka telefone zidakoresha urutsinga, utwuma two guhanahana amakuru, amamikoro, amasaha, orodinateri, indege n’ibindi tutodondagura ngo turangize. Muri ivyo vyose nta na kimwe cahinguwe mu bintu bakuye mu kindi kibanza ca kure mu kirere. Kubera ko tuzoba turaririye kubaho ibihe bidashira, ivyo tuzoba dushoboye guhingura mw’Iparadizo yo kw’isi igiye kuza ntibizogira uko bingana!—Yesaya 65:21-25.

18. Ni kuki ubuzima butazokwigera burambira abantu mw’isi nshasha y’Imana?

18 Vyongeye, ubuzima ntibuzorambira. N’ubu honyene turarindirana igishika cinshi ibifungurwa tuza kwihereza naho twoba tumaze gufungura incuro ibihumbi mirongo. Mu gihe ata gasembwa tuzoba dufise, tuzonezererwa ivyimburwa biryoshe vyo kuri iyo si y’Iparadizo ku rugero rurushirije. (Yesaya 25:6) Ikindi, tuzogira agahimbare kadahera ko kubungabunga ibikoko injojo vyo kw’isi no kwitegereza ibirengazuba vyayo, imisozi yayo, inzuzi zayo be n’imibande yayo iteye igomwe. Vy’ukuri, mw’isi nshasha y’Imana ubuzima ntibuzokwigera buba nk’ukuguma muri vya bindi nyene!—Zaburi 145:16.

Nushitse Ivyo Imana Isaba

19. Ni kuki ari ibintu vyumvikana kwemera ko hari ibintu umuntu yosabwa kugira ngo aronke ingabire y’Imana y’ubuzima?

19 Woba wokwitega kuzoronka ingabirano ihambaye y’Imana y’ubuzima budahera mw’Iparadizo ata n’akigoro na gato ugize? Ntivyumvikana none hagize ikintu Imana igusaba? Cane nyene birumvikana. Nkako, Imana ntipfa gusa kuduterera iyo ngabirano. Irayiduha, ariko dutegerezwa gusumburuka maze tukayakira. Egome, akigoro karakenewe. Kumbure wobaza ca kibazo nyene wa mutware w’umutunzi akiri muto yabaza Yezu ngo “Nkore iki, ngo nze ndagwe ubu[zima] budashira?” Canke ushobora kubaza ico kibazo mu buryo busa n’ukuntu wa murinzi w’ibohero w’Umunyafilipi yabajije intumwa Paulo ati: “Nkwiye gukora iki ngo nkire?”—Matayo 19:16; Ivyakozwe 16:30.

20. Ikintu nyamukuru umuntu asabwa kugira ngo aronke ubuzima budahera ni igiki?

20 Mw’ijoro rya buca Yezu apfa, yarerekanye ikintu c’ishimikiro gisabwa, igihe mw’isengesho yatuye Se wo mw’ijuru yagira ati: “Ubu ni bgo bu[zima] budashira, ko bamenya wewe, Imana yonyene y’ukuri, n’uwo watumye, Yesu Kristo.” (Yohana 17:3) None si ikintu cumvikana kuba dusabwa kumenya Yehova, we yatumye ubuzima budahera bushoboka, hamwe no kumenya uwadupfiriye, Yezu Kirisitu? Yamara, kwironsa ubwo bumenyi si co gusa gisabwa.

21. Twokwerekana dute ko dushitsa ca gisabwa co kugaragaza ukwizera?

21 Bibiliya ivuga kandi iti: “Uwemera [Um]wana arafise ubuzima budahera.” Ica yongerako iti: “Ūtumvira Umwana ntazobona ubu[zima], arik’uburake bg’Imana buguma kuri we.” (Yohana 3:36, Ubwuzure Bushasha) Urashobora kwerekana yuko ugaragaza ukwizera Umwana mu kugira ivyo uhindura mu buzima bwawe no mu kubuhuza n’ivy’Imana igomba. Utegerezwa gushiburira kure ingendo yose igayitse ushobora kuba wahora ukurikirana maze ugahagurukira gukora ibishimisha Imana. Bikenewe ko ukora ivyo intumwa Petero yabwirije ati: “Mwihane, muhindukire, ivyaha vyanyu bihanagurwe, ibihe vyo guhēmbūka bibone ingene biza, bivuye mu nyonga z’Umwami Imana.”—Ivyakozwe 3:19.

22. Kugera ikirenge mu ca Yezu harimwo no gukora ibiki?

22 Ntitukigere twibagira yuko ata kindi cotuma dushobora kuronka ubuzima budahera atari ukugaragaza ukwizera Yezu. (Yohana 6:40; 14:6) Twerekana ko tugaragaza ukwizera Yezu mu ‘kugera ikirenge mu ciwe.’ (1 Petero 2:21) Kugira ivyo birimwo iki? Urabona, igihe Yezu yariko aratura Imana isengesho yasemereye ati: “Ehe ndaje . . . nzanywe no gukora ivy’ugomba, Mana.” (Abaheburayo 10:7) Ni ngirakamaro cane ko wigana Yezu mu kwemera gukora ivyo Imana igomba no kwegurira ubuzima bwawe Yehova. Umaze kubigira, biba bikenewe ko ugereranya ukwo kwiyegurira Imana mw’ibatisimu yo mu mazi; na Yezu yarishikanye kugira ngo abatizwe. (Luka 3:21, 22) Uteye izo ntambwe uzoba ukoze ikintu cumvikana koko. Intumwa Paulo yavuze yuko “urukundo rwa Yesu rutugōbēra.” (2 Ab’i Korinto 5:14, 15) Rutugobera mu buryo ki? Urukundo ni rwo rwavyuriye Yezu umutima wo gutanga ubuzima bwiwe ku bwacu. Ivyo none ntivyotugobera kwitaba mu kugaragaza ko tumwizera? Ego cane, vyari bikwiye kutugobera gukurikira akarorero karanga urukundo yaduhaye mu kwitanga afasha abandi. Kirisitu yabereyeho gukora ivyo Imana igomba; dutegerezwa nk’ukwo nyene kuba tutakibaho ku bwacu.

23. (a) Abaronka ubuzima bakwiye kwongerwa ku ki? (b) Abari mw’ishengero rya gikirisu basabwa iki?

23 Ibintu ntibiherera aho. Bibiliya ivuga yuko igihe abantu 3 000 babatizwa kuri Pentekote yo mu 33 G.C, bari ‘bongeweko.’ Bongewe kuki? Luka asigura ati: “Bashishikara cane mu vyo intumwa zigisha, no kugira ubumwe, no kumanyagura umutsima no gusenga.” (Ivyakozwe 2:41, 42) Ni vyo, barakoranira hamwe kugira batohoze Bibiliya bongere bifatanye n’abandi, gutyo rero bakaba biyongereye kw’ishengero rya gikirisu, ni ukuvuga babaye abo muri ryo. Abakirisu ba mbere baritaba amakoraniro badahorereza kugira ngo bahabwe inyigisho z’ivy’Imana. (Abaheburayo 10:25) Ivyabona vya Yehova muri iki gihe na bo nyene ivyo barabikora, kandi bashaka kukuremesha ngo nawe uze mukoranire hamwe.

24. “Ubuzima nyakuri” ni iki, kandi buzoshika gute kandi ryari?

24 Abantu amamiliyoni muri iki gihe bariko barakurikira ya nzira yaga ijana mu buzima. Kugira ngo umuntu agume muri iyo nzira yaga, bimusaba akigoro nyako! (Matayo 7:13, 14) Intumwa Paulo ivyo yaravyerekanye mu kamo nkoramutima yateye ati: “Wame urwana intambara nziza yo kwizera, ucakire ubu[zima] budashira, ubgo wahamagariwe.” Birakenewe ko umuntu arwana iyo ntambara kugira ngo ‘acakire ubuzima nyakuri.’ (1 Timoteyo 6:12, 19) Ubwo buzima si ubu buzima bwa none bwuzuye uburibwe n’imibabaro be n’imicumukuro twakwegewe n’igicumuro ca Adamu. Ahubwo ni ubuzima mw’isi nshasha y’Imana bugiye gushika, uru runkwekwe rw’ibintu rumaze gukurwaho, aho inkuka y’incungu ya Kirisitu izokoreshwa ku bw’abakunda bose Yehova Imana n’Umwana wiwe. Nimuze twese duhitemwo ubuzima—“ubuzima nyakuri”—ni ukuvuga ubuzima budahera mw’isi nshasha y’akaroruhore y’Imana.

Wokwishura Gute?

◻ Ya nzoka, wa mugore na rwa rubuto bivugwa mw’⁠Itanguriro 3:15 ni ba nde?

◻ Yezu yari afitaniye gute isano na Adamu, kandi inkuka yatumye hashoboka iki?

◻ Ni ibiki ushobora kwitega n’igishika bizotuma isi nshasha y’Imana ikubera iyuzuye akanyamuneza?

◻ Bikenewe ko dushitsa ibihe bisabwa kugira ngo tuzobe mw’isi nshasha y’Imana?

[Ifoto ku rup. 10]

Ku bato n’abakuze, Yezu ni we nzira rudende ijana mu buzima butagira iherezo

[Ifoto ku rup. 11]

Mu gihe Imana ubwayo yashinze, abashaje bazosubira kugira ingoga zo mu buto

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika