ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w99 1/8 rup. 9-14
  • Dufashe Abantu Kwiyegereza Yehova

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Dufashe Abantu Kwiyegereza Yehova
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Igituma Twamamaza Inkuru Nziza
  • Uruhara Dufise mu Murimo wa Yehova
  • Ni Ba Nde Yehova Akwegera?
  • Abakozi Bakorana n’Imana
  • Igikorwa co Kwubaka Kizogumaho
  • Ukwubaka Ugukunda Imana na Kirisitu
  • Ubutumwa Dutegerezwa Kumenyekanisha
    Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
  • Mbega Igikorwa Cawe Kizorinda Umuriro?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
  • Nugume wiyegereje Yehova
    Bibiliya itwigisha iki?
  • Woba vy’ukuri ushobora “kwiyegereza Imana”?
    Niwiyegereze Yehova
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
w99 1/8 rup. 9-14

Dufashe Abantu Kwiyegereza Yehova

“Nta wushika kuri Data ntamujanye.”—YOHANA 14:6.

1. Ni ibwirizwa irihe Yezu uwari yazutse yahaye abigishwa biwe, kandi kubera ko Ivyabona vya Yehova baryubahirije vyavuyemwo iki?

YEZU KIRISITU yabwirije abayoboke biwe “[guhindura abantu bo mu] mahanga yose abigishwa, [baka]babatiza mw izina rya Data wa twese n’iry’Umwana n’iry[’im]pwemu [y]era.” (Matayo 28:19) Mu myaka cumi irangiye, Ivyabona vya Yehova barafashije abantu barenga imiliyoni zitatu zose kuza ku Mana, haciye igihe bakababatiza bwa kigereranyo c’ukuyiyegurira kugira ngo bakore ivyo igomba. Ese ukuntu turi n’akanyamuneza ko kubafasha kwiyegereza Imana!—Yakobo 4:8.

2. Naho abantu bashasha benshi bariko barabatizwa, ni ibiki vyabaye?

2 Ariko rero, mu bihugu bimwebimwe aho usanga abigishwa benshi bashasha barabatijwe, ntihabonetse iyongerekana ringana n’igitigiri c’abamamaji b’ivy’Ubwami. Birumvikana, ntidukwiye kwirengagiza ko hariho abasandavye, uko umwaka utashe bikaba bigereranywa yuko haba hapfa nk’umuntu 1 kw’ijana. Yamara, mu myaka mikeyi irangiye, hari abantu batari bake baguye biturutse ku mvo kanaka. Vyatumwe n’iki? Iki kiganiro hamwe n’igikurikira biraza kwihweza ukuntu abantu bakwegerwa kuri Yehova, hamwe n’imvo zishobora gutuma bamwebamwe bagwa.

Igituma Twamamaza Inkuru Nziza

3. (a) Ibanga ryashinzwe abigishwa ba Yezu rihuriranye gute n’irya wa mumarayika avugwa mu Vyahishuriwe 14:6? (b) Ni igiki cabaye uburyo kirumara bwo kuvyurira abantu ugushimishwa n’ubutumwa bw’Ubwami, ariko ni ingorane iyihe iriho?

3 Muri iki “gihe c’iherezo,” abigishwa ba Yezu barajejwe ibanga ryo gukwiragiza ‘ubumenyi nyakuri’ bwerekeye “ubu butumwa bgiza bg’Ubgami.” (Daniyeli 12:4; Matayo 24:14) Ibanga bajejwe rihuriranye n’irya wa mumarayika “[yari] afise ubutumwa bgiza butazoshira bgo kubarira ababa kw isi n’amahanga yose n’imiryango yose n’indimi zose n’amoko yose.” (Ivyahishuriwe 14:6) Muri iyi si yitwararika cane ibintu bitagira ikimazi, muri rusangi uburyo kirumara kuruta bwo gutuma abantu bashimishwa n’Ubwami bw’Imana, be n’ubwo kubafasha kwiyegereza Yehova, ni mu kubabwira ivyerekeye icizigiro c’ubuzima budahera mw’isi y’iparadizo. Naho ivyo vyumvikana, abifatanya n’abasavyi b’Imana kugira gusa ngo bashobore kwinjira mw’Iparadizo, usanga badashikamye muri ya nzira yaga ijana mu buzima.—Matayo 7:13, 14.

4. Nk’uko Yezu hamwe na wa mumarayika aguruka yatiriye ijuru babivuze, umurimo turangura wo kwamamaza inkuru nziza ufise intumbero iyihe?

4 Yezu yavuze ati: “Ubu ni bgo bu[zima] budashira, ko bamenya wewe, Imana yonyene y’ukuri, n’uwo watumye, Yesu Kristo.” (Yohana 17:3) Wa mumarayika aguruka yatiriye ijuru yamamaza “ubutumwa bgiza butazoshira” kandi akabwira ababa kw’isi ati: “Mwubahe Imana, muyihimbaze, kukw igihe c’amateka yayo gishitse, musenge iyaremye ijuru n’isi n’ikiyaga n’amasōko y’amazi.” (Ivyahishuriwe 14:7) Ni co gituma intumbero nyamukuru y’ukwamamaza inkuru nziza kwacu ari ugufasha abantu kwiyegereza Yehova biciye kuri Kirisitu Yezu.

Uruhara Dufise mu Murimo wa Yehova

5. Ni amajambo ayahe Paulo na Yezu bavuze yerekana ko turiko turakora umurimo wa Yehova, atari uwacu?

5 Igihe intumwa Paulo yandikira Abakirisu basizwe bagenziwe, yavuze ivy’ ‘igikorwa co kwuzura’ hanyuma avuga yuko Imana yuzura n’abantu yishimikije inkuka y’incungu ya Yezu Kirisitu. Paulo avuga ko “Imana isa n’ībingingira muri twebge” kandi ngo “tu[ka]binginga mu gishingo ca Kristo, mwuzure n’Imana.” Ese ingene ari iciyumviro ceza umutima! Twaba turi abasizwe b’ “[ivyariho] mu gishingo ca Kristo” canke tukaba turi intumwa zifise icizigiro co kuba kw’isi, dukwiye kutigera twibagira yuko iki ari igikorwa ca Yehova, atari icacu. (2 Ab’i Korinto 5:18-20) Imana mu vy’ukuri ni yo ikwegera abantu kandi ikigisha abaza kuri Kirisitu. Yezu yavuze ati: “Nta n’umwe ashobora kuza kuri jewe Data yantumye atamukwegereye; nanje nzomuzura ku musi w’iherezo. Mu majambo y’abavugishwa n’Imana handitswe, ngo Bose bazoba abigishijwe n’Imana. Uwumvise ivya Data wese akavyiga, aza kuri jewe.”—Yohana 6:44, 45.

6. Yehova ariko aratigitisha gute amahanga mu buryo bw’intangamarara, kandi muri ico gihe nyene ni bande bariko barironkera umutekano mu “ngoro” yiwe y’ugusengeramwo?

6 Muri iyi misi y’iherezo, ni mu buryo ki Yehova akwegera abantu kandi akabugururira “urugi rwo kwizera”? (Ivyakozwe 14:27; 2 Timoteyo 3:1) Uburyo nyamukuru ni mu gutuma Ivyabona vyiwe bamamaza ubutumwa bwiwe bwerekeye ubukiriro hamwe n’ubw’urubanza ruzocirwa iyi si mbi. (Yesaya 43:12; 61:1, 2) Ukwo kwamamaza inkuru nziza kw’isi yose kuriko kuratigitisha amahanga—bikaba ari imburi y’urubanza rw’isangangura rugiye kuba. Muri ico gihe nyene, abantu b’ “igiciro” mu nyonga z’Imana bariko barakurwa mu vy’iyi si, bakaba bariko bironkera umutekano mu “ngoro” yiwe y’ugusenga kw’ukuri. Gutyo rero Yehova ariko ararangura amajambo yiwe y’ubuhanuzi yanditswe na Hagayi, ati: “Nzohindisha amahanga yose agashitsi, kand’ivy’igiciro vyo mu mahanga yose bizoza, nanje nzokwuzuza iyi ngoro ubgiza.”—Hagayi 2:6, 7; Ivyahishuriwe 7:9, 15.

7. Yehova yugurura gute imitima y’abantu kandi akwegera gute abantu kuri we no ku Mwana wiwe?

7 Yehova arugurura imitima y’abo batinya Imana—ni ukuvuga “ivy’igiciro vyo mu mahanga yose”—kugira ngo bashobore ‘gushira umutima ku bintu biriko biravugwa’ n’Ivyabona vyiwe. (Hagayi 2:7; Ivyakozwe 16:14) Nk’uko vyari biri mu kinjana ca mbere, Yehova rimwe na rimwe arakoresha abamarayika kugira ngo ayobore Ivyabona vyiwe ku bantu b’inziraburyarya baba baramutakambiye ngo abafashe. (Ivyakozwe 8:26-31) Uko abantu biga ivyerekeye ibintu vy’igitangaza Imana yabatunganirije biciye ku Mwana wiwe Yezu Kirisitu, urukundo rwa Yehova rurabakwegera kuri we. (1 Yohana 4:9, 10) Ego ni vyo, Imana irakwegera abantu kuri yo no ku Mwana wayo biciye ku “buntu mvarukundo” bwayo canke ku “rukundo rudahemuka” ifise.—Yeremiya 31:3, NW, akajambo k’epfo.

Ni Ba Nde Yehova Akwegera?

8. Ni abantu bwoko ki Yehova akwegera?

8 Yehova akwegera kuri we be no ku Mwana wiwe abamurondera. (Ivyakozwe 17:27) Muri abo harimwo abantu “banihishwa [kandi bakaborogeshwa] n’ibizira vyose bikorerwa” mu Bitwa Abakirisu kandi vy’ukuri bikaba bikorerwa kw’isi iyo iva ikagera. (Ezekiyeli 9:4) ‘Barazi neza ivyo bakeneye mu vy’impwemu.’ (Matayo 5:3) Si ivy’imbeshere, ‘abicisha bugufi bo mw’isi,’ ni bo bazoba koko mw’isi y’iparadizo ibihe bidahera.—Zefaniya 2:3.

9. Yehova ashobora kubona gute nimba abantu ‘bari mu mero nziza y’umutima ituma baronka ubuzima budahera,’ kandi abo abakwegera gute?

9 Yehova arashobora gusoma umutima w’umuntu. Umwami Dawidi yabwiye umuhungu wiwe Salomo ati: “Uhoraho asuzuma imitima yose, akamenya imigabo yose n’ivyiyumviro vyose. Ni wamurondera uzomubona.” (1 Ngoma 28:9) Yishimikije uko umutima w’umuntu umeze be n’umushaha wiwe, canke inyifato agaragaza, Yehova arashobora kubona nimba nya muntu ashobora kwemera ivyo Imana yatunganije kugira ngo tubabarirwe ivyaha tugire n’icizigiro c’ubuzima budahera mw’isi nshasha igororotse y’Imana. (2 Petero 3:13) Biciye kw’Ijambo ryiwe ryamamazwa kandi rikigishwa n’Ivyabona vyiwe, Yehova arakwegera kuri we no ku Mwana wiwe ‘abantu bose bari mu mero nziza y’umutima ituma baronka ubuzima budahera,’ abo na bo ‘bagacika abizera.’—Ivyakozwe 13:48, NW.

10. Ni igiki cerekana ko ukuba Yehova akwegera abantu bamwe ntakwegere abandi bitarimwo ukuba baravyandikiwe imbere y’igihe?

10 None kubona Yehova akwegera bamwe akareka abandi vyoba biva ku vy’uko baba bavyandikiwe imbere y’igihe? Habe n’intete! Abantu Imana ibakwegera bivuye ku vyipfuzo bafise. Irubahiriza uburenganzira bwabo bwo kwihitiramwo. Muri iki gihe Yehova ashira imbere y’ababa kw’isi ihitamwo nk’iryo nyene yari yararishize imbere y’Abisirayeli ubu hakaba haciye imyaka 3 000, igihe Musa yavuga ati: “Uyu musi mbashize imbere ubu[zima] n’amahirwe, bo n’urupfu n’amagorwa; . . . ntanze ijuru n’isi kw ivyabona bizobāgiriza, yuko mbashize imbere ubu[zima] n’urupfu, umugisha n’umuvumo; nuko nimuhitemw’ubu[zima], kugira ngo mubone kubaho, mwe n’uruvyaro rwanyu, mukunde Uhoraho Imana yanyu, mumwumvire, mwifatanye na we akaramata, kukw ari we bu[zima] bganyu n’ukuramba kwanyu.”—Gusubira mu Vyagezwe 30:15-20.

11. Abisirayeli bohisemwo gute ubuzima?

11 Urabona ko Abisirayeli bategerezwa guhitamwo ubuzima ‘mu gukunda Yehova, mu kumwumvira, no mu kwifatanya na we akaramata.’ Igihe ayo majambo yavugwa, Abisirayeli ntibaribwegukire ca Gihugu c’Isezerano. Bari mu Kiyaya c’i Mowabu, biteguriye kujabuka Uruzi Yorodani maze bakinjira i Kanani. Naho vyari ibintu bisanzwe kuri bo kwiyumvira ico gihugu “ciza cāgutse, gitemba amata n’ubūki” bari bagiye kwegukira, ivyipfuzo vyabo vyorangutse ari uko bakunze Yehova, bakamwumvira, kandi bakifatanya na we akaramata. (Kuvayo 3:8) Musa ivyo yarabitomoye, avuga ati: “Nimba mwumviye amabwirizwa ya Yehova Imana yanyu, ayo mbageze uyu musi, kugira ngo mukunde Yehova Imana yanyu, mugendere mu nzira ziwe kandi mwitondere ivyagezwe vyiwe n’amategeko yiwe n’amateka yashinze, niho muzobona kubaho mukagwira, kandi Yehova Imana yanyu ategerezwa kuzobahezagira mu gihugu mugiyemwo ngo mucegukire.”—Gusubira mu Vyagezwe 30:16, NW.

12. Akarorero k’Abisirayeli gakwiye kutwigisha iki ku vyerekeye umurimo turangura wo kwamamaza inkuru nziza no kwigisha?

12 None ivyo bihejeje kuvugwa ntibikwiye kugira ikintu bitwigisha ku vyerekeye umurimo wacu wo kwamamaza inkuru nziza no kwigisha muri iki gihe c’iherezo? Turiyumvira ivyerekeye isi y’Iparadizo igiye kuza kandi tukavuga ivyayo mu gikenurwa cacu. Mugabo rero yaba twebwe canke abantu duhindura abigishwa ntituzobona iranguka ry’uwo muhango nimba twebwe canke bo dukoreye Imana tubitumwe n’ubwikunzi. Nka kumwe kw’Abisirayeli, twebwe n’abantu twigisha dukwiye kwiga ‘gukunda Yehova, kumwumvira, no kwifatanya na we akaramata.’ Nimba twibuka ivyo igihe tuba turiko turarangura igikenurwa cacu, tuzoba vy’ukuri turiko dukorana n’Imana mu gukwegera abantu kuri yo.

Abakozi Bakorana n’Imana

13, 14. (a) Nk’uko muri 1 Ab’i Korinto 3:5-9 havyerekana, ducika gute abakozi bakorana n’Imana? (b) Ni nde akwiye guterwa iteka ku bw’iyongerekana ryose ribonetse, kandi kubera iki?

13 Paulo yaratanze ikigereranirizo c’ugukorana n’Imana mu kuvuga ivyerekeye ukurima umurima. Yanditse ati: “None Apolo n’iki? Kandi Paulo n’iki? Mbega s’abakozi batumye mwizera Imana, nk’ukw Imana yahaye umuntu wese? Ni jewe nateye imbuto, Apolo arazivomera, arikw Imana ni yo yazikujije. Nuk’ūzitera nta co amaze, cank’ūzivomera, atar’Imana ikuza. Ūzitera n’ūzivomera ni bamwe: arik’umuntu wese azogererwa nk’uko yakoze igikorwa ciwe. Kukw Imana ari yo dukorana, namwe mur’indimiro y’Imana, mur’inzu yubakwa n’Imana.”—1 Ab’i Korinto 3:5-9.

14 Kubera ko turi abakozi bakorana n’Imana, dutegerezwa gutera “ijambo ry’ubgami” mu mitima y’abantu tudahemuka, maze tuvomere ugushimishwa ukwo ari kwo kwose kubonetse mu gusubira kubagendera no kurongora inyigisho za Bibiliya twiteguye neza. Nimba ivu, ari wo mutima, ari ryiza, Yehova azogira ibisigaye mu gukuza urubuto rw’ukuri kwa Bibiliya rube igiterwa cimbuka. (Matayo 13:19, 23) Azokwegera uwo muntu kuri we be no ku Mwana wiwe. Gutyo, igihambaye kuruta ni uko iyongerekana ryose ry’igitigiri c’abamamaji b’Ubwami turikesha igikorwa Yehova akora mu mitima y’abantu, agatuma nya rubuto rw’ukuri rukura hanyuma agakwegera abantu mwene abo kuri we no ku Mwana wiwe.

Igikorwa co Kwubaka Kizogumaho

15. Ni ikigereranirizo ikihe Paulo yakoresheje kugira ngo yerekane ukuntu twofasha abandi gutsimbataza ukwizera?

15 Naho tunezerwa ku bw’iyongerekana, turipfuza ata buryarya kubona abantu babandanya gukunda Yehova, bakamwumvira, kandi bakifatanya na we akaramata. Turababara igihe tubonye hari abahororokewe hanyuma bakagwa. Hoba hari ico twogira kugira ngo twirinde ico kintu? Mu kindi kigereranirizo, Paulo arerekana ukuntu dushobora gufasha abandi gutsimbataza ukwizera. Yanditse ati: “Irindi tanguriro [n]ta muntu ashobora kurishiraho, atar’iryashizweho, ni ryo Yesu Kristo. Arikw iryo tanguriro, umuntu ni yaryubakishakw izahabu, cank’ifeza, cank’amabuye y’igiciro kinini, cank’ibiti, cank’ubgatsi, cank’ibishakashaka, igikorwa c’umuntu wese kizoseruka. Wa musi uzogiserura, kuk’uzohishuranwa n’umuriro, kand’igikorwa c’umuntu wese uwo muriro uzokigeza ico kirimwo.”—1 Ab’i Korinto 3:11-13.

16. (a) Vya bigereranirizo bibiri Paulo yakoresheje bifise gute intumbero zitandukanye? (b) Umurimo wacu wo kwubaka ushobora gute kuba impfagusa maze nturinde umuriro?

16 Mu kigereranirizo ca Paulo cerekeye umurima, ikura ry’igiterwa rihagaze ku kugiterana ubwira, ku kuba kivomerwa ubudahengeshanya, be n’umuhezagiro uva ku Mana. Ikindi kigereranirizo iyo ntumwa yatanze kirashimika kw’ibanga ryega umukenuzi w’Umukirisu ryerekeye uko ico igikorwa ciwe co kwubaka kizoba. Yoba yarubakiye ku mushinge ukomeye yubakishije ibikoresho vyiza ntangere? Paulo abura ati: “Umuntu wese ni yiyubare uko [yubaka].” (1 Ab’i Korinto 3:10) Tumaze kuvyura ugushimishwa kw’umuntu mu kumubwira ivyerekeye icizigiro c’ubuzima budahera mw’Iparadizo, inyigisho yacu twoba tuyigumiza gusa ku bumenyi bw’ishimikiro bwo mu Vyanditswe hanyuma maze tugashimika ahanini ku kintu nya muntu ategerezwa gukora kugira ngo aronke ubuzima budahera? Inyigisho yacu yoba ikwiye kuba igizwe gusa n’ibi ngo: ‘Nimba ushaka kubaho ibihe bidahera mw’Iparadizo, ukwiye kwiga, ukaja ku makoraniro, ukongera ukagira uruhara mu murimo wo kwamamaza inkuru nziza’? Nimba ari ukwo, ntituba turiko turubakira ukwizera kw’uwo muntu ku mushinge ukomeye, kandi ivyo twubaka ntivyoshobora kurinda umuriro w’ibigeragezo canke ngo birambe. Kugerageza kwegereza abantu Yehova dukoresheje gusa icizigiro c’ubuzima bwo mw’Iparadizo boronka bamaze imyaka mikeyi bamukorera, bimeze nko kwubakisha “ibiti, cank’ubgatsi, cank’ibishakashaka.”

Ukwubaka Ugukunda Imana na Kirisitu

17, 18. (a) Ni igiki gikenewe cane nimba umuntu ashaka ko ukwizera kwiwe kuramba? (b) Dushobora gute gufasha umuntu ngo Kirisitu abe mu mutima wiwe?

17 Kugira ngo ukwizera kurambe, gukwiye kuba gushingiye ku bucuti twebwe ubwacu dufitaniye na Yehova Imana biciye kuri Yezu Kirisitu. Kubera ko turi abantu b’abanyagasembwa, dushobora gusa gushikira ubwo bucuti dufitaniye n’Imana burangwa amahoro biciye ku Mwana wiwe. (Abaroma 5:10) Niwibuke ko Yezu yavuze ati: “Nta wushika kuri Data ntamujanye.” Mu gufasha abandi kwubaka ukwizera, “irindi tanguriro [n]ta muntu ashobora kurishiraho, atar’iryashizweho, ni ryo Yesu Kristo.” None ivyo birimwo iki?—Yohana 14:6; 1 Ab’i Korinto 3:11.

18 Kwubakira kuri Kirisitu bwa tanguriro bisobanura kwigisha mu buryo umutohoji wa Bibiliya atsimbataza urukundo rugera kure akunda Yezu biciye ku kumenya vy’ukuri uruhara afise rw’Umucunguzi, Umutwe w’ishengero, Umuherezi Mukuru munyarukundo, n’Umwami ari ku ngoma. (Daniyeli 7:13, 14; Matayo 20:28; Ab’i Kolosayi 1:18-20; Abaheburayo 4:14-16) Bisobanura gufata Yezu nk’umuntu nyakuri kuri bo ku buryo acumbika koko mu mitima yabo. Amasengesho dutura Imana ku bwabo akwiye kuba nka kumwe Paulo yatakambira Abakirisu bo muri Efeso. Yanditse ati: “Mpfukamira Data wa twese, . . . ngw abahe, . . . Kristo abe mu mitima yanyu kubg’ukwizera; kugira ngo mugi[r]e imizi ishinzwe mu rukundo, [no ku] mabuye y’itanguriro arwubatsemwo.”—Abanyefeso 3:14-17.

19. Ni igiki gikwiye kuva mu vy’ukwubaka urukundo rwa Kirisitu mu mitima y’abatohoji bacu ba Bibiliya, mugabo ni ibiki bakwiye kwigishwa?

19 Nitwubaka mu buryo ugukunda Kirisitu gutsimbatara mu mitima y’abatohoji tuyobora, birumvikana ko bizovamwo ukwubaka ugukunda Yehova Imana. Urukundo rwa Yezu, inyiyumvo ziwe, be n’impuhwe ziwe bigaragaza neza na neza kamere za Yehova. (Matayo 11:28-30; Mariko 6:30-34; Yohana 15:13, 14; Ab’i Kolosayi 1:15; Abaheburayo 1:3) Urumva rero ko uko abantu bamenya Yezu kandi bakamukunda, bazoshika ku kumenya Yehova no ku kumukunda.a (1 Yohana 4:14, 16, 19) Turakwiye kwigisha abatohoji ba Bibiliya yuko ibintu vyose Kirisitu yakoreye zina muntu yabishobojwe na Yehova, akaba ari co gituma dukwiye gushimira Yehova, tukamushemeza, kandi tukamusenga bwa “Mana itubera agakiza.”—Zaburi 68:19, 20; Yesaya 12:2-5; Yohana 3:16; 5:19.

20. (a) Dushobora gufasha gute abantu ngo biyegereze Imana n’Umwana wayo? (b) Ni igiki tugiye kwihweza mu kiganiro gikurikira?

20 Kubera ko turi abakorana n’Imana, nimuze dufashe abantu kuyegera no kwegera Umwana wayo, tukabafasha gutsimbataza urukundo n’ukwizera mu mitima yabo. Gutyo Yehova azobabera umuntu nyakuri. (Yohana 7:28) Biciye kuri Kirisitu, bazoshobora gukomeza ubucuti bwa hafi n’Imana, kandi bazoyikunda bongere bifatanye na yo akaramata. Umurimo barangurana urukundo ntibazowukora bafatiye ku gihe batorenza, bakazogaragaza ukwizera yuko imihango y’igitangaza ya Yehova izoranguka ku gihe ciwe kibereye. (Gucura Intimba 3:24-26; Abaheburayo 11:6) Ariko rero mu gihe dufasha abandi gutsimbataza ukwizera, ukwizigira, be n’urukundo, dukwiye kwubaka ukwizera kwacu bwite ku buryo kumera nk’ubwato bukomeye nk’amabuye, bushobora kurinda ibihuhusi bikomakomeye. Ivyo turabirimbura mu kiganiro gikurikira.

[Utujambo tw’epfo]

a Igitabu ntangere gifasha mu vy’ukurushiriza kumenya Yezu kandi biciye kuri we tukamenya Se wiwe Yehova ni Yule Mtu Mkuu Zaidi Aliyepata Kuishi, casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

Isubiramwo

◻ Kenshi tuvyurira gute abantu ugushimishwa n’ubutumwa bw’Ubwami, ariko ni ingeramizi iyihe ihari?

◻ Ni abantu bwoko ki Yehova akwegera kuri we no ku Mwana wiwe?

◻ Ukwinjira kw’Abisirayeli mu Gihugu c’Isezerano kwari guhagaze kuki, kandi ni igiki dushobora kwigira kuri ivyo?

◻ Ni uruhara uruhe dufise mu vy’ugufasha abantu kwiyegereza Yehova hamwe n’Umwana wiwe?

[Ifoto ku rup. 10]

Naho dushikiriza abantu ivy’icizigiro c’ubuzima budahera mw’Iparadizo, intumbero yacu nyamukuru ni ukubegereza Yehova

[Ifoto ku rup. 13]

Iyo dusubiye kugendera abantu twiteguye neza birashobora kuba kirumara cane

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika