Mbega Igikorwa Cawe Kizorinda Umuriro?
“Umuntu wese niyiyubare uko yubak[ira ku mushinge].”—1 AB’I KORINTO 3:10.
1. Abakirisu b’abizerwa bafise icizigiro ikihe ku biraba abagabirije kuba abigishwa?
A BAKIRISU babiri bubakanye bariko baritegereza ikibondo bahejeje kwibaruka. Umwamamaji w’Ubwami abona mu maso h’umwigishwa wa Bibiliya haserura yuko abishashaye n’uko bimushimisha. Umukurambere w’Umukirisu ariko arigishiriza ku mukiruruko abona mu bariko baramutega amatwi umuntu aheruka gushimishwa ariko araronderana umwete Ivyanditswe muri Bibiliya yiwe. Abo basavyi ba Yehova b’abizerwa bafise imitima yuzuye ivyizigiro. Ntibobura kwibaza bati: ‘Uyu muntu yoba azoshika ku gukunda Yehova no kumukorera—kandi akaguma ari umwizerwa?’ Birumvikana, ivyo bintu ntibipfa kwizana. Bisaba gukora.
2. Intumwa Paulo yibukije gute Abakirisu b’Abaheburayo akamaro k’igikorwa co kwigisha, kandi ivyo bituma twisuzuma mu biki?
2 Kubera ko intumwa Paulo ubwiwe yari umwigisha w’umuhanga, yarashimitse ku kuntu igikorwa c’ukwigisha no guhindura abantu abigishwa gihambaye, igihe yandika ati: “Mwari mugeze kuba abigisha, kuko mumaze igihe kirekire mwiga.” (Abaheburayo 5:12) Abakirisu yariko arabwira bari bagize iterambere rito, turavye igihe bari bamaze bizeye. Aho kuba bagabirije kwigisha abandi, bari bakeneye kwibutswa ibintu vy’ishimikiro vyerekeye ukuri. Muri iki gihe, rimwe na rimwe biraba vyiza twese dusuzumye ubushobozi dufise bwo kuba abigisha, tukongera tukaraba ukuntu dushobora kuryohora. Ubuzima burageramiwe. Dushobora none kugira iki?
3. (a) Igikorwa co guhindura umuntu umwigishwa w’Umukirisu, Intumwa Paulo yakigereranije n’iki? (b) Kubera ko turi abubatsi b’Abakirisu, dufise akahe gateka gakomeye?
3 Mu kigereranirizo gifise insiguro yagutse gusumba, Paulo yasanishije uguhindura abantu abigishwa n’igikorwa co kwubaka inyubakwa. Yatanguye avuga ati: “Turi abakozi bakorana n’Imana; namwe muri umurima w’Imana mukaba n’inyubakwa y’Imana.” (1 Ab’i Korinto 3:9, Ubwuzure Bushasha) Turafise rero uruhara mu gikorwa c’ukwubaka cerekeye abantu; turafasha mu kububaka bakavamwo abigishwa ba Kirisitu. Ivyo tubigira turi abakorana na wa wundi “yubatse ibintu vyose.” (Abaheburayo 3:4) Ese ukuntu ari agateka! Reka turabe ukuntu impanuro yahumetswe Paulo yahaye Abanyakorinto ishobora kudufasha kurushiriza kuba abahanga mu gikorwa cacu. Tuza kuraba canecane ivyerekeye ‘ubuhanga bwacu bwo kwigisha.’—2 Timoteyo 4:2.
Gushiraho Umushinge Ubereye
4. (a) Uruhara rwa Paulo mu gikorwa c’ubwubatsi bwa gikirisu rwari uruhe? (b) Ni kuki dushobora kuvuga yuko Yezu be n’abamwumviriza bari bazi akamaro k’imishinge myiza?
4 Kugira ngo inyubakwa ntiyegayege kandi irambe, ikeneye kugira umushinge mwiza. Ni co gituma Paulo yanditse ati: “Nk’uko nahawe ubuntu n’Imana, nashizeh’[umushinge], nk’umwubakisha mukuru w’ubgenge.” (1 Ab’i Korinto 3:10) Akoresheje ikigereranirizo gisa n’ico, Yezu Kirisitu yaravuze ivyerekeye inzu itatwawe n’igihuhusi kubera ko abubatsi bayo bari bahisemwo kwubakira ku mushinge ukomeye. (Luka 6:47-49) Yezu nta kintu atari azi ku vy’uko imishinge ari ngirakamaro. Igihe Yehova yabumba isi ni ho yari.a (Imigani 8:29-31) Abariko baratega amatwi Yezu na bo nyene bari bazi akamaro k’imishinge. Amazu yari afise imishinge ikomeye ni yo gusa yashobora kuguma ahagaze hateye ya masegenya na vya binyamugigima vyatera rimwe na rimwe muri Palestina. Ariko, ni umushinge uwuhe Paulo yashaka kuvuga?
5. Ni nde mushinge w’ishengero rya gikirisu, kandi ivyo vyabuwe gute?
5 Paulo yanditse ati: ‘Uwundi mushinge nta muntu ashobora kuwushiraho, atari uwashizweho, ni wo Yesu Kristo.’ (1 Ab’i Korinto 3:11) Ubwo ntibwari bwo bwa mbere Yezu asanishwa n’umushinge. Kukaba nkako, muri Yesaya 28:16 hari habuye hati: “Umwami Uhoraho avuga, ati Rāba, ndashira i Siyoni ibuye ryo kuba [umushinge], ibuye ryagejejwe, ari ryo ryo kugumya imfuruka, riri n’igiciro, rishikamye cane.” Kuva kera Yehova yari afise umugambi w’uko Umwana wiwe yocitse umushinge w’ishengero rya gikirisu.—Zaburi 118:22; Abanyefeso 2:19-22; 1 Petero 2:4-6.
6. Paulo yashinze gute umushinge ubereye mu Bakirisu b’i Korinto?
6 Umushinge w’Umukirisu wese ni uwuhe? Nk’uko Paulo yabivuze, nta wundi mushinge Umukirisu nyakuri afise atari uwubatse mw’Ijambo ry’Imana—ni ukuvuga Yezu Kirisitu. Nta nkeka ko Paulo yubatse umushinge mwene uwo. I Korinto, aho filozofiya yasonerwa cane, ntiyarondeye ko abantu bamwemera akoresheje ubwenge bw’isi. Ahubwo, Paulo yamamaje ‘Kirisitu yamanitswe,’ ari vyo amahanga yateye akagere ngo ni “ubupfu” butagira uko bungana. (1 Ab’i Korinto 1:23) Paulo yigishije yuko Yezu ari we muntu nyamukuru akoreshwa mu migambi ya Yehova.—2 Ab’i Korinto 1:20; Ab’i Kolosayi 2:2, 3.
7. Dushobora kwigira iki ku kuntu Paulo yiyise “umwubakisha mukuru w’umunyabgenge”?
7 Paulo yabonye yuko inyigisho nk’iyo yayigishije ari “nk’umwubakisha mukuru w’ubgenge.” Ivyo bintu yavuze ntivyaranga ubwikunzi. Ukwo gusa kwari ukwiyemerera ko Yehova yamuhaye ingabirano y’akaroruhore —iy’ukwungunganya no kuyobora igikorwa. (1 Ab’i Korinto 12:28) Ikizwi ni uko muri iki gihe tudafise za ngabirano Abakirisu bo mu kinjana ca mbere bahabwa ku gitangaro. Kandi ntidukwiye kwiyumvira ko turi abigisha babifitiye ingabirano. Ariko, mu buryo buri n’ico buvuze turayifise. Rimbura ibi: Yehova araduha impwemu yiwe yera kugira ngo idufashe. (Gereranya na Luka 12:11, 12.) Vyongeye, turakunda Yehova kandi tukagira ubumenyi bw’inyigisho z’ishimikiro z’Ijambo ryiwe. Izo vy’ukuri ni ingabirano z’akaroruhore twokoresha mu kwigisha abandi. Nimuze twiyemeze kuzikoresha mu kwubaka umushinge mwiza.
8. Kirisitu tumugira gute umushinge w’abagabirije kuba abigishwa?
8 Igihe Kirisitu abaye wo mushinge twubakiyeko, ntitumwerekana nk’akayoya katagira gitabara kari mu bwato bw’ibitungwa, canke ngo tumwerekane nk’uwuringaniye na Yehova mu Butatu. Oya, ivyo vyiyumviro bitajanye n’Ivyanditswe ni wo mushige w’Abakirisu b’ikinyoma. Ahubwo, twigisha yuko yari umuntu ahambaye kuruta abigeze kubaho bose, yuko yatanze ubuzima bwiwe butagira agasembwa ku bwacu, n’uko kandi muri iki gihe ari Umwami aganza mw’ijuru yagenywe na Yehova. (Abaroma 5:8; Ivyahishuriwe 11:15) Turondera kandi guhimiriza abigishwa bacu ngo bagere ikirenge mu ca Yezu bongere bigane kamere ziwe. (1 Petero 2:21) Dushaka ko bakorwa ku mutima n’umwete Yezu yari afitiye igikenurwa, impuhwe yari afitiye abantu ba nyarucari kandi bacinyizwa, imbabazi yagirira abacumuzi bari bajanjaguwe n’ukwiyagiriza ikibi, ubutinyutsi yagira mu guhangana n’ibigeragezo. Vy’ukuri, Yezu ni umushinge w’akaroruhore. Ariko ni igiki gikurikira?
Kwubakisha Ibikoresho Bibereye
9. Naho Paulo ari we ubwa mbere na mbere yari uwushinga umushinge, ni igiki cari kimuraje ishinga ku vyerekeye abemeye ukuri kw’ivyo yigishije?
9 Paulo yanditse ati: “Arikw [uwo mushinge], umuntu ni ya[w]ubakishakw inzahabu, cank’ifeza, cank’amabuye y’igiciro kinini, cank’ibiti, cank’ubgatsi, cank’ibishakashaka, igikorwa c’umuntu wese kizoseruka. Wa musi uzogiserura, kuk’uzohishuranwa n’umuriro, kand’igikorwa c’umuntu wese uwo muriro uzokigeza ico kirimwo.” (1 Ab’i Korinto 3:12, 13) Paulo yashaka kuvuga iki? Rimbura ukuntu ibintu vyari vyifashe. Paulo ubwa mbere na mbere yari uwushinga umushinge. Mu ngendo yagize z’ubumisiyonari, yaragendagenze ava mu gisagara aja mu kindi, yamamaza inkuru nziza kuri benshi bataribwumve ivya Kirisitu. (Abaroma 15:20) Uko abantu baza baremera ukuri kw’ivyo yigisha, amashengero yarashingwa. Paulo yaritwararika cane abo bizerwa. (2 Ab’i Korinto 11:28, 29) Ariko rero, igikorwa ciwe camusaba kuguma afata ingendo. Ni co gituma aho amariye amezi 18 ashinga umushinge i Korinto, yarahavuye aja kwamamaza inkuru nziza mu bindi bisagara. Ariko yari arajwe ishinga cane n’ukuntu abandi babandanije igikorwa yari yarahakoze.—Ivyakozwe 18:8-11; 1 Ab’i Korinto 3:6.
10, 11. (a) Paulo yahushanije gute ubwoko bunyuranye bw’ibikoresho vyo kwubaka? (b) Ni inyubakwa nya nyubakwa izihe kumbure zariho muri Korinto ha kera? (c) Ni ubwoko ubuhe bw’inyubakwa bushobora kurinda umuriro kuruta ubundi, kandi ni icigwa ikihe ivyo bitanga ku Bakirisu bahindura abantu abigishwa?
10 Bisa n’uko bamwebamwe mu bubakira ku mushinge Paulo yari yarubatse i Korinto bariko bakora igikorwa kidashemeye. Kugira ngo Paulo aserure iyo ngorane, yarahushanije ibikoresho vy’ukwubaka vy’uburyo bubiri: ku ruhande rumwe yavuze inzahabu, ifeza, hamwe n’amabuye y’igiciro ku rundi ruhande avuga ibiti, ubwatsi n’ibishakashaka. Inyubakwa irashobora kwubakishwa ibikoresho vyiza, bikomeye, birinda umuriro; canke igashobora kuduzwa gihutihuti hakoreshejwe ibikoresho bibonetse, bimara igihe gito kandi bikarirwa n’umuriro. Nta gukeka ko igisagara kinini nka Korinto cari cuzuyemwo inyubakwa z’ubwo buryo bwompi. Hariyo ibisengero amahero vyubakishijwe ibibuye amahanga, kandi bizimvye, kumbure bikaba biriko inzahabu canke ugasanga igice c’ivyo bisengero cari gitātswe inzahabu n’ifeza.b Izo nyubakwa zikomeye kumbure zaboneka ari amahero i ruhande y’utururi, udusago n’uturaro two mw’isoko twari twubakishijwe udutiduti tukaba dusakajwe ivyatsi.
11 Ni igiki coshikiye izo nyubakwa ziramutse zifashwe n’umuriro? Mu gihe ca Paulo inyishu yaragaragara nk’uko nyene igaragara no muri iki gihe cacu. Kukaba nkako, igisagara ca Korinto carigaruriwe congera kiraturirwa n’Umujenerali w’Umuroma Mummius mu mwaka w’146 B.G.C. Nta gukeka ko utuzu twinshi tw’ibiti, ivyatsi canke ibishakashaka twaherengetejwe. Twovuga iki kuri za nyubakwa zikomakomeye zari zubakishijwe amabuye, zikaba zitatseko inzahabu n’ifeza? Nta gukeka ko izo ataco zabaye. Abigishwa ba Paulo i Korinto bashobora kuba imisi yose barahita i ruhande y’izo nyubakwa—zikaba zari inyubakwa z’amabuye z’akaroruhore ataco zabaye igihe hatera ibiza, hari hashize igihe kirekire biherengeteje utuzu twari mu micugararo. Ese rero ukuntu Paulo yashimitse kuri ico kibazo! Igihe twigisha, birakenewe ko twifata nk’abubatsi. Dushaka yuko, uko bishoboka kwose dukoresha ibikoresho vyiza gusumba kandi biramba. Aho ni ho igikorwa cacu coshobora kurama. Ivyo bikoresho biramba ni ibihe, kandi ni kuki kubikoresha bihambaye cane?
Mbega Igikorwa Cawe Kizorinda Umuriro?
12. Ni mu buryo ki bamwe mu Bakirisu b’i Korinto bakora igikorwa co kwubaka batacitwararika neza?
12 Biratomotse yuko Paulo yumva ko bamwebamwe mu Bakirisu b’i Korinto bariko barubaka mu buryo budashemeye. Ni igiki cari gihaze? Nk’uko amajambo akikije ico ciyumviro avyerekana, iryo shengero vyari ryasinzikajwe n’amacakubiri, ni ukuvuga gushira hejuru abantu naho vyari bigeramiye ubumwe bw’iryo shengero. Hari bamwe bavuga ngo: “Nd’uwa Paulo,” abandi bagakovya bavuga ngo “Nd’uwa Apolo.” Bamwe bagasa n’abarenza urugero mu kuntu babona ubwenge bwabo bwite. Ntibitangaje kuba ico vyavuyemwo kwabaye ukwiyumvira mu buryo bw’umubiri, ukudakomera mu vy’umutima, hamwe n’“ishari n’ugutongana” vyandagaye. (1 Ab’i Korinto 1:12; 3:1-4, 18) Nta nkeka ko izo nyifato zaserukira mu nyigisho yatangwa mw’ishengero no mu gikenurwa. Ico vyavyaye ni uko igikorwa cabo co kugira abantu abigishwa bagikora batacitwararitse neza, nk’igikorwa co kwubaka gikoreshejwe ibikoresho bibayabaye. Nticorinze “umuriro.” Paulo yariko aravuga umuriro bwoko ki?
13. Umuriro wo mu kigereranirizo ca Paulo ugereranya iki, kandi Abakirisu bose bakwiye kumenya iki?
13 Hariho umuriro twese duhangana na wo mu buzima—ibintu bigerageza ukwizera kwacu. (Yohana 15:20; Yakobo 1:2, 3) Abakirisu b’i Korinto, cokimwe natwe muri iki gihe, vyari bikenewe ko bamenya yuko umuntu wese twigisha azogeragezwa. Turamutse twigishije mu buryo budashemeye, vyoshobora gukwega ingaruka zikomeye. Paulo yabuye ati: “Igikorwa c’umuntu, ico yubatse kur’[uwo mushinge], ni carama, azohabga ingero; igikorwa c’umuntu ni casha, azobura ingero, yamara ubgiwe azokira, ariko nk’uwokowe mu muriro.”c—1 Ab’i Korinto 3:14, 15.
14. (a) Abakirisu bagira abigishwa bashobora ‘guhomba’ gute, ariko ni gute bashobora gushikira agakiza nk’abokowe mu muriro? (b) Dushobora gute kugabanya cane akaga k’uguhomba?
14 Vy’ukuri ayo ni amajambo asaba kuzirikana! Vyoshobora kutubabaza twitaye ku rutare kugira ngo dufashe umuntu gucika umwigishwa, hanyuma tukabona nya muntu araguye kubera ibigeragezo canke uruhamo maze amaherezo agata inzira y’ukuri. Paulo aravyemera icese igihe avuga yuko muri ivyo bihe duhomba. Ivyo bintu bishobora kuba bibabaje ku buryo agakiza kacu kavugwa ‘nk’akokowe mu muriro’—nk’umuntu ivyiwe vyose vyatikiriye mu muriro akarokorwa nk’uwuvuye mu menyo y’ingwe. Ku bitwerekeye, dushobora dute kugabanya ako kaga k’uruhombo? Nitwubakishe ibikoresho bikomeye! Niba twigisha abigishwa bacu kugira ngo tubashike ku mutima, tugatuma baha agaciro kamere za gikirisu nk’ubwenge, ubukerebutsi, ugutinya Yehova, hamwe n’ukwizera nyakuri, ni ho tuzoba turiko turubakisha ibikoresho bikomeye, birinda umuriro. (Zaburi 19:9, 10; Imigani 3:13-15; 1 Petero 1:6, 7) Abaronka izo kamere bazobandanya gukora ivyo Imana igomba; icizigiro bifitiye ni icizigiro nyakuri co kuguma ari bazima ibihe bidashira. (1 Yohana 2:17) Ariko, dushobora dute gushira ikigereranirizo ca Paulo mu ngiro? Rimbura uturorero tumwetumwe.
15. Ni mu buryo ki dushobora kuraba neza yuko, ku biraba abigishwa ba Bibiliya, twirinda gukora igikorwa co kwubaka batacitwararika neza?
15 Igihe twigisha abigishwa ba Bibiliya, ntidukwiye na rimwe gushira abantu hejuru ya Yehova Imana. Intumbero yacu si iyo kubigisha kutubona nk’isoko nyamukuru ry’ubwenge. Dushaka ko baronderera uburongozi kuri Yehova, kw’Ijambo ryiwe, no kw’ishirahamwe ryiwe. Kugira ngo ivyo tubishikeko, ntidupfa kubashikiriza ivyiyumviro vyacu mu kwishura ibibazo vyabo. Ahubwo, turabigisha ukuntu botora inyishu, mu gukoresha Bibiliya n’ibisohokayandikiro “umushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge” yaturonkeje. (Matayo 24:45-47, NW) Kubera impamvu nk’izo, turiyubara ntitwigungireko abigishwa bacu ba Bibiliya. Aho kwumva inzika igihe abandi baseruye umutima wo kubitaho, dukwiye kuremesha abigishwa bacu “kwaguka” mu vy’igishika bagaragaza, bakarondera kumenyana no gushima benshi bishoboka mw’ishengero.—2 Ab’i Korinto 6:12, 13.
16. Abakurambere bashobora gute kwubakisha ibikoresho birinda umuriro?
16 Abakurambere b’Abakirisu na bo barafise uruhara ruhambaye mu vy’ukwubaka abigishwa. Igihe bariko barigisha imbere y’ishengero, barondera kwubakisha ibikoresho birinda umuriro. Ubuhanga bwabo bwo kwigisha, utuntu n’utundi babonye be na kamere zabo birashobora kuba bitandukanye cane, ariko ntibabonera akaryo kuri ivyo bintu bataniyeko kugira ngo bikwegereko abayoboke. (Gereranya n’Ivyakozwe 20:29, 30.) Ntituzi neza na neza igituma bamwebamwe bo mw’ishengero ry’i Korinto bagira ngo: “Jeho nd’uwa Paulo” canke ngo “Jeho nd’uwa Apolo.” Ariko, turashobora kudakeka yuko ata n’umwe muri abo bakurambere b’abizerwa yakorereje iciyumviro nk’ico gitera amacakubiri. Paulo ntiyaryosharyoshwa n’inyiyumvo nk’izo; yarazishiburiye kure. (1 Ab’i Korinto 3:5-7) No muri iki gihe, abakurambere baragumiza mu muzirikanyi yuko baragira “ubusho bg’Imana.” (1 Petero 5:2, ni twe duhiritse izo ndome.) Nta muntu n’umwe bwegukira. Ni co gituma abakurambere barwanya bivuye inyuma agatima ako ari ko kose k’uko umuntu umwe yifatira mu minwe umukuku canke inama y’abakurambere. Mu gihe cose abakurambere bakora ibintu babitumwe n’icipfuzo kiranga ukwicisha bugufi co gusukurira ishengero, gushika abantu ku mutima no gufasha ubusho gusukurira Yehova n’ubugingo bwabo bwose, baba bariko bubakisha ibikoresho birinda umuriro.
17. Abavyeyi b’Abakirisu binanata gute kwubakisha ibikoresho birinda umuriro?
17 Abavyeyi b’Abakirisu na bo nyene iki kibazo kirabaraje ishinga cane. Ese ukuntu bashashaye kubona abana babo babaho ibihe bidashira! Ni co gituma bakora bivuye inyuma mu ‘kwinjiza’ mu mitima y’abana babo ingingo ngenderwako z’Ijambo ry’Imana. (Gusubira mu Vyagezwe 6:6, 7) Bashaka ko abana babo bamenya ukuri, atari nk’umuganda w’amategeko canke ibintu badondagurirwa, ariko bashaka ko iba inzira y’ubuzima yuzuye, ihesha impera kandi ihimbaye. (1 Timoteyo 1:11) Kugira ngo abana babo babubakemwo abigishwa ba Kirisitu b’abizerwa, abavyeyi banyarukundo barinanata gukoresha ibikoresho birinda umuriro. N’ukwihangana n’akantu barakorana n’abana babo, bakabafasha kwikuramwo ingeso Yehova yanka maze bagatsimbataza kamere akunda.—Ab’i Galatiya 5:22, 23.
Ni Nde Yobibazwa?
18. Igihe umwigishwa ateye akagere inyigisho nziza, ni kuki atari ngombwa ngo ikosa ribe riri ku binanata ngo bamwigishe bongere bamumenyereze?
18 Iki kiyago kiravyura ikibazo gihambaye. Mu gihe umuntu twinanata gufasha aguye agata ukuri, ivyo vyoba bisobanura yuko kwigisha vyatunaniye—yuko dutegerezwa kuba twubakishije ibikoresho bibayabaye? Si ngobwa ngo bibe ari ukwo bimeze. Amajambo ya Paulo ntabuze kutwibutsa yuko kugira uruhara mu vy’ukwubaka abigishwa ari ibanga rikomeye. Dushaka kugira ivyo dushoboye vyose ngo twubake neza. Ariko Ijambo ry’Imana ntiritubwira ko dutegerezwa kubazwa ivyo vyose ngo turemerwe no kwiyagiriza igihe abo turondera gufasha bataye ukuri. Turetse uruhara ubwacu dufise rwo kuba abubatsi, hariho ibindi bintu dukwiye kumenya. Nk’akarorero, raba ivyo Paulo avuga ku vyerekeye mbere n’umwigisha yakoze akazi kabayabaye mu gikorwa ciwe co kwubaka. Agira ati: “Azobura ingero, yamara ubgiwe azokira, ariko nk’uwokowe mu muriro.” (1 Ab’i Korinto 3:15) Niba amaherezo uwo muntu aronse agakiza—naho kamere za gikirisu yinanase kwubaka mu mwigishwa wiwe zoba zivugwa nk’aho ‘zaturiwe’ n’ikigeragezo gikaze—duca dutahura iki? Nta gukeka ko duca dutahura yuko Yehova afata uwo mwigishwa nka we ubwa mbere na mbere yobazwa ingingo we ubwiwe yifatira, yo gukurikira canke kudakurikira ingendo y’ubwizerwe.
19. Mu kiganiro gikurikira tuza kwihweza iki?
19 Ibanga umuntu ubwiwe rimwega ni ikibazo gihambaye cane. Ni ikibazo kiraba umwe wese muri twebwe. Ni igiki neza neza Bibiliya yigisha kuri ico kibazo? Mu kiganiro cacu gikurikira turaza kuvyihweza.
[Utujambo tw’epfo]
a ‘Umushinge w’isi’ ushobora kuba werekeza ku nguvu zo mu bidukikije—be n’ibisyo biri mu kirere vyose—bituma itayegayega. Ikindi, isi ubwayo ibumbwe ku buryo itazokwigera “[i]nyiganyizwa,” canke ngo isanganguke—Zaburi 104:5.
b Ayo “mabuye y’igiciro kinini” Paulo yerekejeko si ngombwa ngo abe yari amabuye y’agaciro nka diyama be n’utubuyenge twitwa odemu. Ashobora kuba yari amabuye yo kwubakisha azimvye nk’ayitwa marimari, alabasita, canke garanite.
c Paulo ntiyariko agirira amazinda ukurokoka k’umwubatsi, ariko yariko ayagirira “igikorwa” c’uwo mwubatsi. Bibiliya yitwa The New English Bible ihindura uwo murongo muri aya majambo ngo: “Inyubakwa y’umuntu niyashikama, azoronka impera; niyasha, abwirizwa kuzohomba; ariko azorokora ubuzima bwiwe, nk’uko umuntu yokwokorwa mu muriro.”
Wokwishura Gute?
◻ ‘Umushinge’ ni iki mu Mukirisu w’ukuri, kandi wubakwa gute?
◻ Dushobora kwigira iki ku bikoresho vy’ukwubaka vy’uburyo butandukanye?
◻ “Umuriro” ugereranya iki, kandi ushobora gute gutuma umuntu ‘ahomba’?
◻ Abigisha Bibiliya, abakurambere hamwe n’abavyeyi bokwubakisha gute ibikoresho birinda umuriro?
[Ifoto ku rup. 23
Mu bisagara vyinshi vya kera, inyubakwa zubakishijwe amabuye arinda umuriro zari zubakanywe n’izubakishijwe ibikoresho bidakomeye