ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w99 1/10 rup. 5-10
  • Yehova Yoba Adusaba Vyinshi Birenze Urugero?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yehova Yoba Adusaba Vyinshi Birenze Urugero?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ico Yehova Yasaba Muri Kahise
  • Ivyagezwe Yehova Yahaye Abisirayeli
  • Ivyagezwe vya Yehova Vyoba Vyari Umuzigo?
  • Ico mu vy’Ukuri Yehova Asaba
  • Si Vyinshi Birenze Urugero
  • Agakobwa k’Akisirayeli
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Yaragagaje ariko mu nyuma aragamburuka
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Karipfuje kugira ico gafashije
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Akigeme Gafasha Umukuru
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
w99 1/10 rup. 5-10

Yehova Yoba Adusaba Vyinshi Birenze Urugero?

“Mbega har’ikindi Uhoraho akugombako, atar’ugukora ibiroranye, no gukunda kugira imbabazi, no kugendana n’Imana yawe wicishije bugufi?”—MIKA 6:8.

1. Yoba ari impamvu iyihe ituma bamwe badakorera Yehova?

YEHOVA arasaba ikintu abasavyi biwe. Ariko uhejeje gusoma ayo majambo ari aho haruguru yo mu buhanuzi bwa Mika, woshobora gutahura neza ko ivyo Imana isaba ari ivyumvikana. Naho ari ukwo, benshi ntibakorera Umuremyi wacu Ahambaye, kandi bamwe mu bahoze bamukorera barabihevye. Kuki? Kubera biyumvira ko Imana idusaba vyinshi birenze urugero. Ni ko biri none? Canke hoba hariho ingorane y’inyifato y’umuntu ku biraba ivyo Yehova asaba? Inkuru y’ivyabaye kera iradufasha gutahura ico kintu.

2. Namani yari nde, kandi umuhanuzi wa Yehova yamusavye kugira iki?

2 Namani umukuru w’ingabo z’i Siriya yari arembejwe n’imibembe, ariko abwirwa ko muri Isirayeli hariyo umuhanuzi wa Yehova yoshoboye kumukiza. Nuko Namani n’abantu biwe baragenda muri Isirayeli, hanyuma barahava bashika ku nzu ya Elisa umuhanuzi w’Imana. Aho kuva mu nzu ngo aze kuramutsa umushitsi wiwe w’umunyacubahiro, Elisa yarungitse umusuku kubwira Namani ati: “Genda wiyuhagire muri Yorodani ibihetangabo ndwi, umubiri uraca usubira uko wahora, nawe uzoba uhumanutse.”—2 Abami 5:10.

3. Ni kuki Namani ubwa mbere yanse gukora ico Yehova amusavye?

3 Iyo Namani yemera agakora ivyo umuhanuzi w’Imana amubwiye, yari gushobora gukira iyo ndwara isesemanye. None Yehova yoba yariko amusaba vyinshi birenze urugero? Mu vy’ukuri si vyo. Yamara, Namani ntiyari agiye gukora ivyo Yehova yari yasavye. Yavyanse avuga ati: “Mbeg’inzuzi z’i Damasiko, Abana na Farupari, ntiziruta amazi yose y’i Bgisirayeli? Sinoshobora kuziyuhagiramwo ngahumanuka?” Nuko, Namani agenda aratse.—2 Abami 5:12.

4, 5. (a) Ubugamburutsi bwa Namani bwatumye aronka impera iyihe, kandi yayakiriye gute aho ayironkeye? (b) Ni igiki tugiye kurimbura ubu?

4 Mu vy’ukuri Namani yari afise ingorane iyihe? Ntiyari uko ico yari asabwe cari kigoye gushikira. Abasuku ba Namani bamubwiranye ukwiyubara bati: “Iyaba uyo muvugishwa n’Imana akurangiye ikintu kigoye, ntiwari kugikora? Nkanswe kukubarira, ngw Iyuhagire uhumanuke?” (2 Abami 5:13) Ingorane yabaye inyifato ya Namani. Yiyumvisemwo ko atafatanywe icubahiro yari akwiriye, n’uko asabwe gukora ikintu biboneka ko ataco kimaze kandi kimusubiza hasi. Ariko rero, Namani yarumviye iyo mpanuro itanganywe ukwiyubara ahawe n’abasuku biwe hanyuma yidwibika mu Ruzi Yorodani ibihetangabo ndwi. Ibaze umunezero yagize igihe “umubiri wiwe [wa]hinduka nk’uw’umwana mutoya, arahumanuka.” Yarakengurutse cane. Vyongeye, Namani yavuze ko kuva ico gihe ata yindi mana yosenze atari Yehova.—2 Abami 5:14-17.

5 Muri kahise kose, Yehova yamye asaba abantu gushitsa amategeko atandukanye. Turagusavye urimbure makeyi muri ayo. Igihe uyarimbura, niwibaze ingene wari kuvyakira iyo Yehova agusaba kugira ibintu nka vyo. Mu nyuma, turihweza ico Yehova adusaba muri iki gihe.

Ico Yehova Yasaba Muri Kahise

6. Umugabo n’umugore ba mbere bari basabwe kugira iki, kandi wewe ayo mabwirizwa wari kuyakīra gute?

6 Yehova yarigishije umugabo n’umugore ba mbere Adamu na Eva kurera abana, kuganza isi no kugaba ibikoko. Uwo mugabo hamwe n’umugore wiwe bari barahezagiwe kandi mu guhabwa ahantu baba hanini hameze nk’ubusitani. (Itanguriro 1:27, 28; 2:9-15) Ariko hariho ico bari babujijwe. Hariho igiti batari kuryako, kimwe mu biti vyinshi vyama ivyamwa mw’itongo rya Edeni. (Itanguriro 2:16, 17) Urumva ko uko kutari ugusaba ibirenze urugero. Ntiwohimbawe none no gushitsa ico gikorwa wizigiye kubaho ibihe bidahera ufise amagara atagira agasembwa? Naho hari kuza umwoshanyi muri iryo tongo, ntiwari kwanka none iciyumviro ciwe? Kandi none ntiwokwemeye ko Yehova afise uburenganzira bwo gushinga ico kintu kimwe yari yabujije kitagoye kwubahiriza?—Itanguriro 3:1-5.

7. (a) Ni igikorwa ikihe Nowa yahawe kandi ni ukurwanywa ukuhe kwamushitseko? (b) Ubona gute ivyo Yehova yari yasavye Nowa?

7 Mu nyuma, Yehova yasavye Nowa kubaza ubwato bwobaye uburyo bwo gukiza abantu umwuzure wokwiye kw’isi yose. Wihweje ubunini bwa nya bwato, ico gikorwa nticari coroshe, kandi kumbure caranguwe imbere y’abatwenzi n’abansi benshi. Yamara, ese ukuntu kari agateka kuri Nowa gushobora gukiza ab’inzu yiwe, tutavuze n’ibikoko vyinshi! (Itanguriro 6:1-8, 14-16; Abaheburayo 11:7; 2 Petero 2:5) Iyo ushingwa igikorwa mwene ico, woba wari gukora ugatama kugira ngo ukirangure? Canke wobonye ko Yehova agusavye vyinshi birenze urugero?

8. Aburahamu yasabwe kugira iki, kandi ukugamburuka kwiwe ivyo kwavuyemwo vyagereranya iki?

8 Imana yarasavye Aburahamu gukora ikintu kigoye cane, mu kumubwira iti: “Enda jana umwana wawe, umwana wawe w’ikinege ukunda, Isaka nyene, uje mu gihugu c’i Moriya; umutangireyo kw ikimazi co kwoswa.” (Itanguriro 22:2) Kubera ko Yehova yari yarasezeranye yuko Isaka uwutagira umwana ico gihe, yoronse uruvyaro, ukwizera Aburahamu yari afitiye ububasha Imana ifise bwo gusubiza ubuzima Isaka kwari kugeragejwe. Igihe Aburahamu yagerageza gutangako ikimazi Isaka, Imana yarakingiye uwo musore. Ivyo vyagereranya yuko Imana yotanze Umwana wayo bwite imutangiye umuryango w’abantu kandi mu nyuma ikamuzura.—Itanguriro 17:19; 22:9-18; Yohana 3:16; Ivyakozwe 2:23, 24, 29-32; Abaheburayo 11:17-19.

9. Ni kuki Yehova atariko asaba Aburahamu vyinshi birenze urugero?

9 Bamwe bohava biyumvira ko Yehova Imana yariko asaba Aburahamu vyinshi birenze urugero. Ariko ubwo ni vyo? Ubwo mu vy’ukuri vyoba ari ibitaranga urukundo ku Muremyi wacu, we ashoboye kuzura abapfuye, kuba adusavye kumugamburukira naho ivyo vyotuma dusinzira gatoyi mu rupfu? Yezu Kirisitu hamwe n’abayoboke biwe ba mbere ntibigeze biyumvira gutyo. Baremeye gusinzikarizwa amagara, n’ugupfa barapfa, kugira ngo bakore ivyo Imana igomba. (Yohana 10:11, 17, 18; Ivyakozwe 5:40-42; 21:13) Hamwe vyoba bibaye ngombwa, woba nawe wokwemera ukamererwa gutyo? Rimbura bimwebimwe mu bintu Yehova yasavye abemeye kuba abasavyi biwe.

Ivyagezwe Yehova Yahaye Abisirayeli

10. Ni bande bari barasezeranye gukora ivyo Yehova yabasavye vyose, kandi yabahaye iki?

10 Abakomotse kuri Aburahamu biciye ku muhungu wiwe Isaka hamwe n’umwuzukuru wiwe Yakobo, canke Isirayeli, bahavuye bavamwo ihanga rya Isirayeli. Yehova yarabohoje Abisirayeli mu buja bwo mu Misiri. (Itanguriro 32:28; 46:1-3; 2 Samweli 7:23, 24) Bidatevye inyuma yaho, barasezeranye gukora ico Imana yobasavye cose. Bavuze bati: “Ivyo Uhoraho avuze vyose tuzobikora.” (Kuvayo 19:8) Mu buryo buhuye n’icipfuzo Abisirayeli bafise co kuganzwa na we, Yehova yahaye iryo hanga amategeko arenga 600, harimwo na ya Mabwirizwa Cumi. Mu nyuma, ayo mategeko y’Imana, ayatanzwe biciye kuri Musa, yahavuye yitwa gusa Ivyagezwe.—Ezira 7:6; Luka 10:25-27; Yohana 1:17.

11. Intumbero imwe y’Ivyagezwe yari iyihe, kandi ni amabwirizwa amwamwe ayahe yafashije kuyishitsa?

11 Intumbero imwe y’ivyo Vyagezwe kwari ugukingira Abisirayeli mu kubaronsa amategeko meza, nk’ayagenga inyifato runtu mu vy’ugukoresha igitsina, ayagenga ugucuruza, be n’ukubungabunga abana. (Kuvayo 20:14; Abalewi 18:6-18, 22-24; 19:35, 36; Gusubira mu Vyagezwe 6:6-9) Haratanzwe amategeko y’ukugene umuntu yofata abantu nka we hamwe n’ibitungwa. (Abalewi 19:18; Gusubira mu Vyagezwe 22:4, 10) Ivyasabwa bijanye n’imisi mikuru yagirwa rimwe mu mwaka hamwe n’uguhurira hamwe mu gusenga, vyarafasha gukingira abantu mu vy’impwemu.—Abalewi 23:1-43; Gusubira mu Vyagezwe 31:10-13.

12. Intumbero nyamukuru y’Ivyagezwe yari iyihe?

12 Intumbero nyamukuru y’Ivyagezwe yarerekanywe neza n’intumwa Paulo, we yanditse ati: “Vyageretsweko kubg’ibicumuro, ngo bigumeho kugeza ah’uruvyaro [Kirisitu] ruzozira rwasezeranywe ivy’isezerano.” (Ab’i Galatiya 3:19) Ivyagezwe vyaributsa Abisirayeli ko ari abanyagasembwa. Birumvikana rero ko bari bakeneye ikimazi kitagira agasembwa coshoboye gukuraho buhere ivyaha vyabo. (Abaheburayo 10:1-4) Ivyagezwe rero vyari vyashiriweho gutegura abantu kwakira Yezu, uwari Mesiya canke Kirisitu. Paulo yanditse ati: “Ivyagezwe vyatubereye umurezi aturera akadushikiriza Kristo, ngo dutsindanishirizwe n’ukwizera.”—Ab’i Galatiya 3:24.

Ivyagezwe vya Yehova Vyoba Vyari Umuzigo?

13. (a) Abantu b’abanyagasembwa babona gute Ivyagezwe, kandi hari kuki? (b) Ivyagezwe vyoba vy’ukuri vyari umuzigo?

13 Naho Ivyagezwe vyari ‘ivyera n’ibigororotse, bikaba na vyiza,’ benshi babona ko ari umuzigo. (Abaroma 7:12) Kubera ko Ivyagezwe bitagira agasembwa, Abisirayeli ntibari gushobora gushikira urugero rwavyo ruri hejuru. (Zaburi 19:7) Ni co catumye intumwa Petero avyita “imitwaro ba sogokuruza batāshoboye kwikorera canke twebge.” (Ivyakozwe 15:10) Yamara ntiwumve, Ivyagezwe ubwavyo ntivyari umuzigo, kandi abantu iyo babigamburutse vyarabagirira akamaro.

14. Ni uturorero dukeyi utuhe twerekana ko Ivyagezwe vyafasha Abisirayeli kwungukira ku ntumbero ngirakamaro cane vyari bifise?

14 Nk’akarorero, mu gihe c’Ivyagezwe, umusuma ntiyatabwa mw’ibohero, ariko yategerezwa gukora kugira ariheko kabiri canke ibirenze, ngo abone gusubiza ivyo yaba yivye. Gutyo uwibwe ntiyaba ahomvye, eka mbere nta n’umutwaro waremekwa abantu bakora bagatama wo kwitwararika abanyororo. (Kuvayo 22:1, 3, 4, 7) Imfungurwa zimeze nabi zari zibujijwe. Inyama y’ingurube igihe idatetswe neza ishobora gutera indwara yitwa trichinose ituma imitsi itonekara ikagira inguvu nke, inyama y’urukwavu na yo igashobora gutera indwara yitwa tularémie. (Abalewi 11:4-12) Muri ubwo buryo nyene, Ivyagezwe vyarabakingira mu kubuza umuntu gukora ku kiziga. Igihe umuntu akoze ku kiziga, yasabwa kwiyuhagira no kumesura impuzu ziwe. (Abalewi 11:31-36; Guharūra 19:11-22) Imyanda y’abantu yarazikwa, bigakingira abantu ikwiragira ry’imikorobo, ivy’uko ibaho bikaba vyatowe n’abanyasiyansi muri ibi binjana vy’ejobundi gusa.—Gusubira mu Vyagezwe 23:13.

15. Ni igiki cabonetse ko ari umuzigo ku Bisirayeli?

15 Ivyagezwe ntivyasaba abantu ibintu vyinshi birenze urugero. Mugabo abagabo vyitwa ko bari bafise uruhara rwo gusobanura Ivyagezwe bo basaba umurengera. Ku vyerekeye amategeko bahambirira ku bantu, inyizamvugo imwe, A Dictionary of the Bible, yanditswe na James Hastings, ivuga iti: “Itegeko ryose riri muri Bibiliya ryari rikikujwe n’urufatane rw’udutegeko dutoduto. . . . Gutyo ikintu cose cumvikana baragerageza kugifatisha Ivyagezwe, kandi bagakoresha ivyiyumviro bitaranga imbabazi mu gupfa gushingira amategeko imigenzo yose y’umuntu. . . . Ijwi ryo mu mutima bari bararipfuhije; ububasha bw’ijambo ry’Imana bwari bwanigiwe mu menshi kubera umuganda w’amategeko bishingiye.”

16. Yezu yavuze iki ku vyerekeye amategeko n’imigenzo bimeze nk’umuzigo vy’indongozi z’amadini?

16 Yezu Kirisitu yarashize ku kabarore indongozi z’amadini zihambirira ku bantu umurundo w’amategeko, mu kuvuga ati: “Bahambira imitwaro iremereye igoye itwara, bakayikoreza abantu ku bitugu, arik’ubgabo ntibagomba kuyikozako n’urutoke.” (Matayo 23:2, 4) Yarerekanye icese yuko amategeko n’imigenzo bishiriyeho, harimwo n’ivy’uguhumanura bitari ngombwa, vyatumye “ijambo ry’Imana [ritituka].” (Mariko 7:1-13; Matayo 23:13, 24-26) Mugabo n’imbere nyene y’uko Yezu aza kw’isi, abigisha ivy’idini muri Isirayeli bavuga ukutariko ico Yehova mu vy’ukuri asaba.

Ico mu vy’Ukuri Yehova Asaba

17. Ni kuki Yehova atashima ibimazi vyoshejwe vy’Abisirayeli b’abahemu?

17 Biciye ku muhanuzi Yesaya, Yehova yavuze ati: “Mpāze ivyo bimazi vyoshejwe vy’amasuguru y’intama, n’ibinure vy’ibitungwa bivyibushe; kandi simpimbarwa n’amaraso y’amashūri n’ay’imyagazi y’intama n’ay’amasuguru y’impene.” (Yesaya 1:10, 11) Ni kuki Imana itashima ayo mashikanwa kandi ubwayo yari yarabisavye mu Vyagezwe? (Abalewi 1:1–4:35) Ni kubera ko abantu batamugaragariza icubahiro. Ni co gituma bakebuwe uku: “Ni mwiyuhagire, mwitunganye, mukūreh’ibibi vyo mu bikorwa vyanyu bive mu nyonga zanje; mureke gukora ibibi, mwige gukora neza; mushimikire imanza zibereye, mutabare abahahazwa, mucire urubanza impfuvyi, mubūranire abapfakazi.” (Yesaya 1:16, 17) Ivyo none ntibidufasha gutahura ivyo Yehova ashaka ku basavyi biwe?

18. Ni igiki mu vy’ukuri Yehova yasaba Abisirayeli?

18 Yezu yarerekanye ico Imana ishaka mu vy’ukuri. Yaravyerekanye igihe yabazwa iki kibazo ngo: “Ibgirizwa risumba ayandi mu vyagezwe n’irihe?” Yezu yishuye ati: “Mukundishe Uhoraho Imana yanyu imitima yanyu yose n’ubugingo bganyu bgose n’ubgenge bganyu bgose. Iryo ni ryo rihambaye rya mbere. Har’irindi rya kabiri rimeze nka ryo, n’iri: Mukunde bagenzi banyu nk’uko mwikunda. Kur’ayo mabgirizwa yompi ivyagezwe vyose n’amajambo y’abavugishwa n’Imana ni yo vyenenako.” (Matayo 22:36-40; Abalewi 19:18; Gusubira mu Vyagezwe 6:4-6) Umuhanuzi Musa yaravuze nk’ivyo nyene igihe yabaza ati: “Mbega har’ikindi Uhoraho Imana yanyu abagombako, atar’ukumwubaha, no kugendera mu nzira ziwe zose, no kumukunda, no kumukorera n’imitima yanyu yose n’ubugingo bganyu bgose, no kwitondera ivyagezwe vyiwe n’amabgirizwa yiwe?”—Gusubira mu Vyagezwe 10:12, 13; 15:7, 8.

19. Abisirayeli bagerageje gute kuboneka nk’intungane, ariko Yehova yababwiye iki?

19 Naho bakora ibibi, Abisirayeli bashaka kuboneka nk’intungane. Batanguye kwisonzesha kenshi naho Ivyagezwe vyabasaba kwisonzesha gusa ku Musi w’Impongano waba ku mwaka ku mwaka. (Abalewi 16:30, 31) Ariko Yehova yarabakangiriye mu kubabwira ati: “Mbeg’uku si kwo kwisonzesha nshima? S’ukubohora abantu ingoyi z’ukugiriranira nabi, no guhamburura imigozi abatwazwa igitugu, no kurekura impahazwa ngo zīdegemvye, mukavuna ivy’ugutwaza igitugu vyose? Mbega s’ugutanga ivyo kurya vyawe ukabigaburira abashonje, ukazana aboro birukanywe ukabashira mu nzu yawe? Wabona ūgenda gusa ukamwambika, ntiwirengagize mwene wanyu?”—Yesaya 58:3-7.

20. Ni kuki Yezu yakangiriye abanyamadini b’indyarya?

20 Abo Bisirayeli bibona ubugororotsi bari bafise ingorane isa n’imwe y’abanyamadini b’indyarya Yezu yabwiye ati: “Mutanga ikigiracumi c’imbgija na anisi na kumino, ariko mwaretse ibihambaye vyo mu mabgirizwa, guca izibereye, n’imbabazi, n’ukwizera; arikw ivyo mwari mukwiye kubikora, vya bindi na vyo ntimubikore.” (Matayo 23:23; Abalewi 27:30) Ayo majambo ya Yezu none ntadufasha gutahura ico Yehova adushakako vy’ukuri?

21. Umuhanuzi Mika yavuze gute muri make ivyo Yehova adusaba n’ivyo atadusaba?

21 Kugira ngo atomore ivyo Yehova adusaba n’ivyo atadusaba, Mika umuhanuzi yatumwe n’Imana yabajije ati: “Mbega norengukana iki imbere y’Uhoraho, nkūnama imbere y’Imana isumba vyose? None nomurenguka imbere njanye ibimazi vyoshejwe, n’inyana zimaze umwaka? Mbeg’Uhoraho yohimbarwa n’amapfizi y’intama ibihumbi, cank’inzūzi z’amavuta ya elayo ibihumbi cumi? Notanga imfura yanje ku gicumuro canje, imbuto y’umubiri wanje nkayitanga ku caha c’umutima wanje? Ko yakweretse iciza ic’ari co, ga yewe muntu: Mbega har’ikindi Uhoraho akugombako, atar’ugukora ibiroranye, no gukunda kugira imbabazi, no kugendana n’Imana yawe wicishije bugufi?”—Mika 6:6-8.

22. Ni igiki canecane Yehova yashaka ku bantu bo mu gihe c’Ivyagezwe?

22 None rero, ni igiki canecane Yehova yasaba abo mu gihe c’Ivyagezwe? Birumvikana, bategerezwa gukunda Yehova Imana. Vyongeye, intumwa Paulo yavuze ati: “Ivyagezwe vyose bihūrira mur’iri jambo, ngo Mukunde bagenzi banyu nk’uko mwikunda.” (Ab’i Galatiya 5:14) Muri ubwo buryo nyene, Paulo yabwiye Abakirisu b’i Roma ati: “Ūkunda uwundi aba ashikije ivyagezwe. . . . Urukundo [ni] rwo rushitsa ivyagezwe.”—Abaroma 13:8-10.

Si Vyinshi Birenze Urugero

23, 24. (a) Ni kuki bidakwiye kwigera biba ibirenze urugero kuri twebwe gukora ivyo Yehova asaba? (b) Ni igiki twihweza mu nyuma?

23 Ntidutangazwa none n’ukuntu Yehova ari Imana y’urukundo, izirikana kandi y’inyakigongwe? Umwana wiwe w’ikinege Yezu Kirisitu yaje kw’isi kuninahaza urukundo rw’Imana—kumenyesha abantu ukuntu bari n’agaciro kuri Yehova. Mu gutangira akarorero urukundo rw’Imana, Yezu yaravuze ivyerekeye utunyoni dutoyi ati: “Muri two nta na kamwe gakorokera hasi, So atabizi.” Yaciye asozera ati: “Ntimutinye: mwebge muruta utunyoni twinshi.” (Matayo 10:29-31) Vy’ukuri, ntivyokwigera biba ibirenze urugero kuri twebwe gukora ico cose Imana y’urukundo mwene iyo isaba!

24 Ariko rero, ni igiki Yehova adusaba muri iki gihe? Kandi ni kuki bamwe basa n’abiyumvira yuko Imana idusaba vyinshi birenze urugero? Twihweje ivyo bibazo, dukwiye gushobora kubona igituma ari agateka ntangere gukora ico cose Yehova asaba.

Woshobora Kwishura?

◻ Ni kuki bamwe bashobora guheba gukorera Yehova?

◻ Ivyo Yehova asaba vyagiye biratandukana gute uko imyaka yagiye irahera?

◻ Ivyagezwe vyari bifise intumbero iyihe?

◻ Ni kuki ivyo Yehova adusaba atari vyinshi birenze urugero?

[Ifoto ku rup. 8]

Amategeko yashizweho n’abantu, nka bimwe vy’ukwihumanura bitari ngombwa, yatumye ugusenga kuba umuzigo

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika