ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w99 1/12 rup. 21-26
  • “Amakuru y’Akamwemwe” yo mu Vyahishuriwe

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • “Amakuru y’Akamwemwe” yo mu Vyahishuriwe
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Abamenyesha Amakuru y’Akamwemwe
  • Ico Ivyahishuriwe Bitubikiye
  • Wa Mwagazi w’Intama Arakwiriye Icubahiro
  • “Amateka Yayo [Ni] ay’Ukuri n’Ukugororoka”
  • Ya Ngoma y’Imilenari y’Ubuninahazwa
  • Nimube Abasomyi Bahimbawe b’Igitabu c’Ivyahishuriwe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
  • Igitabu c’Ivyahishuwe gisobanura iki?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Ivyahishuwe: Insozero ihimbaye!
    Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
  • Ivyahishuwe birakuraba
    Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
w99 1/12 rup. 21-26

“Amakuru y’Akamwemwe” yo mu Vyahishuriwe

“Mbona umumarayika wundi aguruka yātiriye ijuru, afise ubutumwa bgiza butazoshira [“nk’amakuru y’akamwemwe,” “NW”] bgo kubarira ababa kw isi.”—IVYAHISHURIWE 14:6.

1. Naho Ivyabona vya Yehova bemera yuko igitabu c’Ivyahishuriwe cahumetswe, ni kuki batari “akadumbi kabūra agatikizo”?

MU BURYO butandukanye n’ibirego abantu babagiriza, Ivyabona vya Yehova ntibagize “akadumbi kabūra agatikizo kimirije” canke “akadini kavuga ivy’umusi wo guca amateka.” Ariko rero, baremera igitabu c’Ivyahishuriwe yuko kigize umuce w’Ijambo ry’Imana ryahumetswe. Ego ni ko, igitabu c’Ivyahishuriwe kirimwo ubutumwa bw’urubanza rucirirwa inkozi z’ikibi. Mugabo igihe abasavyi b’Imana bashinga intahe ku mugaragaro, bibanda canecane ku cizigiro c’akaroruhore kiri muri Bibiliya, harimwo n’ikiri mu Vyahishuriwe. Ni co gituma ata kintu na kimwe bongera ku majambo y’ubuhanuzi dusangamwo canke ngo hagire ico bakurako.—Ivyahishuriwe 22:18, 19.

Abamenyesha Amakuru y’Akamwemwe

2. Ni ivyanditswe bimwebimwe ibihe Ivyabona vya Yehova bakoresha kenshi mu gikorwa cabo co kwamamaza inkuru nziza?

2 Icanditswe gikunda gushikirizwa bwa shimikiro ry’igikenurwa Ivyabona vya Yehova bakorera ku mugaragaro ni aya majambo ya Yezu agira ati: “Ubu butumwa bgiza bg’ubgami buzovugwa mw isi yose, ngo bube ikimenyetso kibere icabona amahanga yose, maz’umuhero uzoca uza.” (Matayo 24:14) “Ubu butumwa bgiza bg’ubgami” ni iki? Ivyabona batari bake bokwishura mu gusubiramwo imirongo yo mu Vyahishuriwe ikigabane ca 20 n’ica 21 yerekeza kuri ya Ngoma y’Imyaka Igihumbi ya Kirisitu be no ku ntwaro yiwe ya cami no ku kibano c’abantu, aho urupfu, amaborogo n’uburibwe bitazoba “bikiriho.”—Ivyahishuriwe 20:6; 21:1, 4.

3. Igikenurwa co ku mugaragaro Ivyabona vya Yehova bakora gihuriranye n’ikihe gikorwa?

3 Kubera ko Ivyabona vya Yehova ari abamamaji b’ayo makuru y’akamwemwe, mu vy’ukuri ni abavugizi b’intumwa y’ikigereranyo yo mw’ijuru ijejwe ibanga ridondorwa mu Vyahishuriwe, ahagira hati: “Mbona umumarayika wundi aguruka yātiriye ijuru, afise ubutumwa bgiza butazoshira [“nk’amakuru y’akamwemwe,” NW] bgo kubarira ababa kw isi n’amahanga yose n’imiryango yose n’indimi zose n’amoko yose.” (Ivyahishuriwe 14:6) “Ubutumwa bgiza butazoshira” burimwo n’itangazo ry’uko “ubgami [canke ubutegetsi] bg’isi b[wa]hindutse ubg’Umwami wacu n’ubga Kristo wiwe” be n’uko “igihe cashinzwe” (NW) na Yehova “co guhonerezamw’abahonnya isi” cashitse. (Ivyahishuriwe 11:15, 17, 18) None iyo si inkuru nziza vy’ukuri?

Ico Ivyahishuriwe Bitubikiye

4. (a) Ikigabane ca 1 c’Ivyahishuriwe gica ku masonga ukuri kw’ishimikiro ukuhe? (b) Abashaka kwungukira ku makuru y’akamwemwe basabwa iki?

4 Ikigabane gitangura igitabu c’Ivyahishuriwe kidondora Yehova ko ari “Alufa na Omega, . . . [a]riho, kandi yamyeho, kand’[a]gira [a]ze, ni [we a]shobora vyose.” Kidondora kandi Umwana wiwe Yezu Kirisitu ko ari  “icabona co kwizigirwa,” “imfura y’abari barapfuye” n’ “ūganza abami bo mw isi.” Kivuga kandi ko Yezu ari “[uwu]dukunda, yatubohoje ivyaha vyacu amaraso yiwe.” (Ivyahishuriwe 1:5, 8) Gutyo, guhera mu ntango Ivyahishuriwe gisobanura ukuri kw’ishimikiro kurokora ubuzima. “Ababa kw isi” ntibazokwungukira kuri ayo makuru y’akamwemwe bashikirizwa, kiretse bemeye icese ukuba Segaba kwa Yehova, bakizera amaraso yasheshwe ya Yezu bakongera bakemera yuko Yehova yamuzuye n’uko ubu Kirisitu ari we Mutegetsi w’isi yagenywe n’Imana.—Zaburi 2:6-8.

5. Mu kigabane ca 2 n’ica 3 c’Ivyahishuriwe, Kirisitu adondorwa ko afise uruhara uruhe?

5 Ibigabane bibiri bikurikira bidondora Kirisitu Yezu ko ari Umucungezi munyarukundo wo mw’ijuru acungera amashengero y’abigishwa biwe bari kw’isi. Uwo muzingo warimwo ubutumwa burungikiwe amashengero y’Abakirisu arobanuwe indwi yariho muri Aziya Ntoyi mu kinjana ca mbere G.C., warimwo indemesho n’impanuro zikomeye zigikora muri iki gihe. Ubutumwa bwarungikiwe ayo mashengero kenshi butangurwa n’amajambo nk’aya ngo “Ndazi ibikorwa vyawe” canke “Ndazi amarushwa yawe.” (Ivyahishuriwe 2:2, 9) Egome, Kirisitu yari azi neza ivyariko biraba muri ayo mashengero y’abigishwa biwe. Bamwe yarabakeje kubera urukundo rwabo, ukwizera kwabo, ugukora bivuye inyuma mu gikenurwa, ukwihangana kwabo be n’ukuba bari abizigirwa kw’izina ryiwe no kw’ijambo ryiwe. Abandi yarabakangiriye kubera baretse urwo bakunda Yehova n’Umwana wiwe rugatimba, canke kubera ko baguye mu buhumbu, mu gusenga ibigirwamana canke mu kwisuka mu tudumbi tw’abahakanyi.

6. Iyerekwa ryanditswe mu kigabane ca 4 rifasha abantu gutahura iki?

6 Ikigabane ca 4 kirashikiriza ivyeretswe biteye akoba vy’intebe y’ubwami yo mw’ijuru ya Yehova Imana. Kiranyuzamwo gatoyi ivy’ubuninahazwa bw’ukuhaba kwa Yehova be n’ubw’ukuntu intwaro yo mw’ijuru azokoresha itunganijwe. Ba bategetsi bambaye ingori, intebe z’ubwami zabo zikaba zikikuje intebe y’ubwami nyamukuru kw’isi no mw’ijuru, barapfukamira Yehova bagasemerera bati: “Mwami wacu, Mana yacu, birakubereye guhabga uguhimbazwa n’icubahiro n’ububasha, kukw ari wewe waremye vyose; icatumye bibaho kand’icatumye biremwa, n’uko wabigomvye.”—Ivyahishuriwe 4:11.

7. (a) Wa mumarayika, ababa kw’isi abatera akamo ko gukora iki? (b) Umuce uhambaye w’igikorwa cacu co kwigisha ni uwuhe?

7 Ivyo vyoba hari ico bivuze ku bantu muri iki gihe? Nta nkeka biri n’ico bivuze. Nimba bashaka kubaho baganzwa n’Ubwami bw’Imilenari, bategerezwa gukurikira ico wa “mumarayika . . . aguruka yātiriye ijuru” yatangaje agira ati: “Mwubahe Imana, muyihimbaze, kukw igihe c’amateka yayo gishitse.” (Ivyahishuriwe 14:6, 7) Imwe mu ntumbero nyamukuru z’igikorwa co kwigisha ivya Bibiliya kirangurwa n’Ivyabona vya Yehova ni iyo gufasha “ababa kw isi” kumenya Yehova no kumusenga, bakemera icese ko ari we Muremyi kandi bakayobokera n’umutima ukunze inganji igororotse yiwe.

Wa Mwagazi w’Intama Arakwiriye Icubahiro

8. (a) Kirisitu adondorwa gute mu kigabane ca 5 n’ica 6? (b) Abantu bose bumviriza amakuru y’akamwemwe bashobora kwigira iki kuri iryo yerekwa?

8 Ibigabane bibiri bikurikira, ica 5 n’ica 6, bidondora Yezu Kirisitu ko ari Umwagazi w’Intama yabonetse ko akwiriye kuzingurura ikizingo kidomweko udushashara ndwi, gutyo agahishura mu mvugo ngereranyo ibintu biriko biraba mu gihe cacu. (Gereranya na Yohana 1:29.) Amajwi yo mw’ijuru abwira uwo Mwagazi w’Intama ati: “Birakubereye kwābīra igitabo, no kumena ibikimatanije, kuko wishwe, ugacungurira Imana abo mu miryango yose no mu ndimi zose no mu moko yose no mu mahanga yose, ubacunguje amaraso yawe, ukabahindura ubgami bg’Imana yacu no kuba abaherezi bayo, kandi bazoba abami mw isi.” (Ivyahishuriwe 5:9, 10) Iryo yerekwa ryigisha yuko hishimikijwe amaraso yasheshwe ya Kirisitu, abantu bamwebamwe bamuka hose bahamagarirwa kuba kumwe na we mw’ijuru kandi ngo “ba[be] abami mw isi.” (Gereranya n’Ivyahishuriwe 1:5, 6.) Igitigiri ntarengwa cabo kirahishurwa mu nyuma mu Vyahishuriwe.

9. Mu kigabane ca 6, Kirisitu adondorwa gute?

9 Muri iryo yerekwa nyene, Kirisitu adondorwa kandi ari uwugendera kw’ifarasi y’ibara ryera yambaye urugori, agenda “anesha, kandi ngo yame anesha [“ngo anonosore intsinzi yiwe,” NW].” Birahimbaye kubona azonesha ingaruka z’ububi zigereranywa na ba bagendera ku mafarasi bandi batatu bo mu Vyahishuriwe, abo ingendo bagira buravyo zakwegeye abantu intambara, amapfa, be n’urupfu guhera kuri wa mwaka uhambaye cane w’1914. (Ivyahishuriwe 6:1-8) Uruhara ntangere rwa Kirisitu, wa Mwagazi w’Intama w’Imana, mu vy’agakiza k’abantu no mw’iranguka ry’imigambi y’akaroruhore ya Yehova, ni wo mutwe nyamukuru ushikirizwa mu gikorwa co kwigisha Bibiliya kirangurwa n’Ivyabona vya Yehova.

10. (a) Ni ibintu bihambaye ibihe bimenyeshwa mu kigabane c’7? (b) Kirisitu yavuze gute ku biraba abaronka Ubwami?

10 Ikigabane c’7 kirimwo amakuru y’akamwemwe vy’ukuri. Mu gitabu c’Ivyahishuriwe ni ho gusa dusanga igitigiri ca ba bandi Yezu yita “ubusho buto,” abo Se wa wa Mwagazi w’Intama aha Ubwami. (Luka 12:32; 22:28-30) Abo bashirwako ikimenyetso na Yehova Imana akoresheje impwemu yiwe. (2 Ab’i Korinto 1:21, 22) Intumwa Yohani, uwaronse Ivyahishuriwe yemeza, ati: “Numva igitigiri c’abadomwekw ikimenyetso, ngo n’ibihumbi ijana na mirongwine na bine.” (Ivyahishuriwe 7:4) Ico gitigiri gitomoye kiremezwa mu kigabane kiza mu nyuma ko ari igitigiri cuzuye c’ “abācunguwe mu bantu” ngo bafatanye na wa Mwagazi w’Intama kuganza ku Musozi Siyoni wo mw’ijuru. (Ivyahishuriwe 14:1-4) Naho amashengero y’Abitwa Abakirisu atanga insobanuro zidatomoye kandi zitanyura abantu kuri ico gitigiri, birashimishije kubona hari incabwenge mu vya Bibiliya yitwa E. W. Bullinger akivugako ibi: “Ni ikintu cavuzwe kigaragara: ni igitigiri kizwi gihushanye n’igitigiri kitazwi co muri iki kigabane nyene.”

11. (a) Ni amakuru y’akamwemwe ayahe dusanga mu kigabane c’7? (b) Ni ivyizigiro ibihe biri imbere y’abagize “ishengero ryinshi”?

11 Bullinger yariko yerekeza ku kihe gitigiri kitazwi? Ku murongo w’9, intumwa Yohani yanditse ati: “Hanyuma y’ivyo mbona ishengero ryinshi, ata woshobora kuriharūra, bo mu mahanga yose n’imiryango yose n’amoko yose n’indimi zose.” (Ivyahishuriwe 7:9) Ni bande bagize iryo shengero ryinshi, impagararo yabo ni iyihe imbere y’Imana muri iki gihe, kandi kazoza kababikiye iki? Inyishu itangwa n’Ivyahishuriwe ni inkuru nziza ku baba kw’isi. Dusoma duti: “Aba n’abāvuye muri wa mubabaro mwinshi, kandi bamesuye imvune zabo bazezesha amaraso ya wa Mwagazi.” Biciye ku kwizera amaraso yasheshwe ya Kirisitu, bazokingirwa kuri wa “mubabaro mwinshi.” Kirisitu “azobashōra ku masōko y’amazi y’ubu[zima], kand’Imana izohanagura amosozi yose ku maso yabo.” (Ivyahishuriwe 7:14-17) Egome, abantu amamiliyoni babaho muri iki gihe barashobora gucika abo mu bagize rya sinzi ridaharurwa rizorokoka kw’iherezo ry’uru runkwekwe rw’ibintu rubi rwo muri iki gihe. Kubera bazoba ari abatwarwa n’Umwami Yezu Kirisitu mu gihe ca ya Ngoma y’Imilenari yiwe, bazorongorwa na we gushika ku buzima budahera kw’isi. None iyo si inkuru nziza?

“Amateka Yayo [Ni] ay’Ukuri n’Ukugororoka”

12, 13. (a) Ikigabane c’8 gushika ku c’19 birimwo iki? (b) Ni kuki abantu b’imitima nziraburyarya badakwiye guhagarikwa umutima n’ubwo buhanuzi?

12 Ikigabane c’8 gushika ku c’19, ni vyo ahanini bituma abantu bavuga yuko igitabu c’Ivyahishuriwe ari igitabu kibura ivyago biteye ubwoba. Birimwo ubutumwa bukomakomeye bw’urubanza (bugereranywa n’amajwi y’inzamba, ivyago, be n’inzavya z’uburake bw’Imana) bwerekejwe ku bintu bitandukanye bigize urunkwekwe rw’ibintu rwa Shetani. Izo manza zizobanza gushitswa kw’idini y’ikinyoma (“Babuloni Hahambaye”), maze zice zishitswa ku runkwekwe rw’ivya politike rutibanga Imana rugereranywa n’inyamaswa.—Ivyahishuriwe 13:1, 2; 17:5-7, 15, 16.a

13 Ivyo bigabane bidondora ityororwa ry’ijuru, Shetani n’amadayimoni yiwe bigashiburirwa mu micungararo y’isi. Ivyo biratanga insiguro imwe rudende yumvikana y’aya marushwa ari kw’isi atari bwigere abaho yatanguye kuva mu 1914. (Ivyahishuriwe 12:7-12) Biradondora kandi mu mvugo ngereranyo isangangurwa ry’urunkwekwe rw’ibintu rubi rwa Shetani rwo kw’isi. (Ivyahishuriwe 19:19-21) Abantu b’imitima nziraburyarya boba bakwiye kugwa mu gahundwe bitewe n’ivyo bintu vy’ubuyobe? Oya, kubera yuko mu gihe c’ishitswa ry’imanza z’Imana, amasinzi yo mw’ijuru asemerera ati: “Haleluya [“Mushemeze Ya,” NW]; agakiza n’ubgiza n’ububasha n’ivy’Imana yacu, kukw amateka yayo ar’ay’ukuri n’ukugororoka.”—Ivyahishuriwe 19:1, 2.

14, 15. (a) Urunkwekwe rubi rwa kino gihe ruzoherengetezwa gute mu bugororotsi? (b) Ni kuki iki gice c’Ivyahishuriwe gikwiye gutuma abantu b’imitima nziraburyarya banezerwa?

14 Yehova ntazozana isi isasagayemwo ubugororotsi atabanje kuyikuramwo abariko barayonona. (Ivyahishuriwe 11:17, 18; 19:11-16; 20:1, 2) Ariko rero, nta muntu n’umwe canke leta n’imwe bifise uburenganzira canke ubushobozi bwo kurangura ivyo. Yehova be n’Umwami akaba n’Umucamanza yagenye, ari we Kirisitu Yezu, ni bo basa bashobora kubigira mu bugororotsi.—2 Ab’i Tesalonike 1:6-9.

15 Nk’uko Ivyahishuriwe bivyerekana mu buryo butomoye, Yehova afise umugambi wo guherengeteza urunkwekwe rw’ibintu rubi rwa kino gihe. Ivyo bintu bikwiye gutera umunezero abagabo n’abagore “banihishwa n’ibizira vyose bikor[wa], . . . bikabariza.” (Ezekiyeli 9:4) Ivyo bikwiye kubashiramwo ivy’uko bakeneye mu buryo bwihutirwa kwumvira ka kamo katerwa na wa mumarayika yari afise amakuru y’akamwemwe, uwatangaje ati: “Mwubahe Imana, . . . kukw igihe c’amateka yayo gishitse, musenge iyaremye ijuru n’isi.” (Ivyahishuriwe 14:7) Ese abantu nk’abo bosenga Yehova bakongera bakamukorera bafatanije n’Ivyabona vyiwe “bitondera ivyagezwe n’Imana kandi bafise ibishingira Yesu intahe.”—Ivyahishuriwe 12:17.

Ya Ngoma y’Imilenari y’Ubuninahazwa

16. (a) Ni kuki amashengero yo mu Bitwa Abakirisu yateye akagere icizigiro c’Imilenari? (b) Ni kuki Ivyabona vya Yehova bemera yuko rya sengesho ry’akarorero rizokwishurwa?

16 Ikigabane ca 20 gushika ku ca 22 vy’igitabu c’Ivyahishuriwe birimwo ishingiro ryo mu Vyanditswe rituma twizigira Imilenari. Iki conyene mu vy’ukuri ni co gice ca Bibiliya kivuga ivy’ikiringo c’imyaka igihumbi kizocira inzira ibihe bidashira birangwa agahimbare mw’ijuru no kw’isi. Amashengero y’Abitwa Abakirisu yarateye akagere icizigiro c’Imilenari. Kubera ko inyigisho amashengero yumirako ivuga yuko abagororotsi baja mw’ijuru ababi na bo bakaja mu muriro udahera, iparadizo yo kw’isi nta kibanza ifise muri iyo nyigisho. Rya sengesho ry’akarorero risaba yuko “ivyo [Imana i]gomba bib[a] mw isi nk’uko biba mw ijuru” nta co rikivuze na gato mu banywanyi benshi b’amashengero y’Abitwa Abakirisu. (Matayo 6:10) Mugabo ukwo si ko vyifashe mu Vyabona vya Yehova. Baremera badakeka ko Yehova Imana ataremye isi “ngw ibek’ubusa gusa,” mugabo ngo “ibekw abantu.” (Yesaya 45:12, 18) Ni co gituma twovuga yuko ubuhanuzi bwa kera, rya sengesho ry’akarorero be n’icizigiro kiri mu Vyahishuriwe c’Imilenari, vyose bivuga rumwe. Mu gihe c’Ingoma yiwe y’Imyaka Igihumbi, Kirisitu azokwitwararika ko ivyo Yehova agomba bikorwa kw’isi nk’uko mbere bikorwa mw’ijuru.

17. Ni igiki cerekana yuko “iyo myaka igihumbi” dukwiye kubona ko atari iy’ikigereranyo?

17 Imvugo ngo “imyaka igihumbi” iseruka incuro zitandatu mu mirongo indwi itangura y’Ivyahishuriwe ikigabane ca 20. Ikintu cibonekeje ni uko iyo mvugo ikoreshwa incuro zine n’insigarirazina ngereka rugena “iyo,” bikerekana yuko yerekeza kw’imilenari atari iy’ikigereranyo, atari gusa igihe kirekire kidatomowe, nk’uko abasiguzi batari bake bo mu Bitwa Abakirisu boshaka ko tubifata ukwo. Ni ibiki bizoba mu gihe c’Imilenari? Ubwa mbere, Shetani azotuzwa muri ico kiringo cose. (Ivyahishuriwe 20:1-3; gereranya n’Abaheburayo 2:14.) Ese ukuntu iyo ari inkuru nziza!

18. (a) Ni kuki Imilenari ishobora kwitwa “umusi” w’urubanza? (b) Ni ibiki bizoba ku mpera ya ya myaka igihumbi?

18 Kubera ko “ubucamanza” buhabwa “[aba]fatanya na we [Kristo] kuganza, iyo myaka igihumbi,” ico kiringo mu vy’ukuri ni “umusi” w’urubanza umara imyaka igihumbi. (Ivyahishuriwe 20:4, 6; gereranya n’Ivyakozwe 17:31; 2 Petero 3:8.) Abapfuye bazozuka maze, bari kumwe n’abazorokoka “wa mubabaro ukomeye,” bacirirwe imanza zibereye hakurikijwe ivyo bakoze, muri ico gihe. (Ivyahishuriwe 20:12, 13) Ku mpera ya ya myaka igihumbi, Shetani azobohorwa gato kugira ngo agerageze abantu ubwa nyuma, ivyo birangiye we n’amadayimoni yiwe be n’abagarariji bose bo kw’isi bazomukurikira bazoca basangangurwa ku bw’ibihe bidashira. (Ivyahishuriwe 20:7-10) Abantu bazorengana ico kigeragezo amazina yabo azokwandikwa ubutagihanagurika mu “gitabu c’ubu[zima]” bongere binjizwe mu buzima budahera bwuzuye ubuhirwe, bakorera Yehova bakongera bakamusengera mw’iparadizo ngaha kw’isi.—Ivyahishuriwe 20:14, 15; Zaburi 37:9, 29; Yesaya 66:22, 23.

19. (a) Ni kuki dushobora kwemera tudakeka yuko ya mihango y’akaroruhore yanditswe mu gitabu c’Ivyahishuriwe izoranguka ata kabuza? (b) Ni ibiki vyihwezwa mu kiganiro gikurikira?

19 Ayo ni amakuru y’akamwemwe yanditswe mu Vyahishuriwe. Si imihango yatanzwe n’abantu ataco imaze. Intumwa Yohani yanditse ati: “Īvyagira kuri ya ntebe iravuga, iti Rāba vyose ndabihindura bisha. Kand’it’Andika, kukw ayo majambo ar’ayo kwizerwa n’ay’ukuri.” (Ivyahishuriwe 21:5) Dukwiye gukora iki kugira ngo tugire uruhara mw’iranguka ry’ayo makuru y’akamwemwe? Igitabu c’Ivyahishuriwe kirimwo impanuro nyinshi ku bashaka kunezereza Imana. Gukurikiza impanuro nk’izo bizotuzanira ubuhirwe butagira uko bungana, ubu no mu bihe bidahera, nk’uko ikiganiro gikurikira kivyerekana.

[Akajambo k’epfo]

a Kugira ngo uronke insobanuro zuzuye z’igitabu c’Ivyahishuriwe, raba igitabu Ibyahishuwe—Indunduro Yabyo Ikomeye Iri Bugufi! casohowe mu 1994 n’Ivyabona vya Yehova.

Ivyiyumviro vyo Gusubiramwo

◻ Ni ukuri kw’ishimikiro ukuhe dusanga mu Vyahishuriwe ikigabane ca 4 gushika ku ca 6 kugize umuce uhambaye wa ya makuru y’akamwemwe?

◻ Ni amakuru y’akamwemwe ayahe dusanga mu Vyahishuriwe ikigabane c’7?

◻ Ni kuki abantu b’imitima nziraburyarya badakwiye guhagarikwa umutima n’ubutumwa bw’urubanza dusanga mu Vyahishuriwe?

◻ Ni mu buryo ki Imilenari izoba “umusi” w’urubanza?

[Ifoto ku rup. 24]

Umwami Yezu Kirisitu azokura kw’isi ubutakigaruka intambara, amapfa be n’urupfu

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika