ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w00 1/6 rup. 21-26
  • Nutume “Ukwizigira Ubukiriro” Kwawe Kuguma Gukayangana!

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nutume “Ukwizigira Ubukiriro” Kwawe Kuguma Gukayangana!
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ubukiriro Ni Iki?
  • Ishimikiro ry’Ubukiriro​—Incungu
  • Ni Igiki Gisabwa Kugira Umuntu Aronke Ubukiriro?
  • “[Nurwanire] Cane Ukwizera”
  • Kubwira Abandi Icizigiro c’Ubukiriro
  • Nugume Ufise “Ivyizigiro Vyuzuye”
  • Ubukiriro ni iki?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Yehova, ya Mana y’ubukiriro bwacu
    Ririmbira Yehova amashemezo
  • Uyu Ni Wo Musi wo Gukirizwako!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
  • Nugire Ukumenyesha Icese ngo Uronke Agakiza
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
w00 1/6 rup. 21-26

Nutume “Ukwizigira Ubukiriro” Kwawe Kuguma Gukayangana!

“Twambare nk’inkofero ukwizigira ubukiriro”​—1 ABANYATESALONIKA 5:8, UB.

1. “Ukwizigira ubukiriro” bifasha gute mu kwihangana?

ICIZIGIRO c’ukurokorwa kirashobora gufasha umuntu kwumirako mbere no mu bihe bigoye kuruta. Uwamenekanywe n’ubwato areremba mu kato gato arashobora kwihangana igihe kirekire iyo azi yuko imfashanyo iriko iraza. Muri ubwo buryo nyene, mu myaka ibihumbi n’ibihumbi, ukwizigira “agakiza [k’]Uhoraho” kwarashigikiye mu bihe vy’ivyago abagabo n’abagore bafise ukwizera, kandi abagize ico cizigiro ntibigeze bataha zirayoye. (Kuvayo 14:13; Zaburi 3:8; Abaroma 5:5; 9:33) Intumwa Paulo yasanishije “ukwizigira ubukiriro” n’“inkofero” iri mu bigize ibirwanisho vy’impwemu vy’Abakirisu. (1 Ab’i Tesalonike 5:8, Abanyefeso 6:17) Egome, ukuba twizigiye yuko Imana izoturokora birakingira ubushobozi bwacu bwo kwiyumvira, mu kudufasha kuguma turikanuye n’ubwo hoba hari amakuba, ukurwanywa be n’inyosha mbi.

2. Ni mu buryo butari bumwe ubuhe “ukwizigira ubukiriro” ari ishimikiro ry’ugusenga kw’ukuri?

2 Igitabu kimwe (The International Standard Bible Encyclopedia) kivuga yuko “icizigiro cerekeye kazoza kitari mu vyaranga abantu b’abapagani,” bakaba ari bo bantu bari bakikuje Abakirisu bo mu kinjana ca mbere. (Abanyefeso 2:12; 1 Ab’i Tesalonike 4:13) Yamara, “ukwizigira ubukiriro” ni ishimikiro ry’ugusenga kw’ukuri. Mu buryo ki? Ubwa mbere, ubukiriro bw’abasavyi ba Yehova burafitaniye isano n’izina ryiwe bwite. Umwanditsi wa Zaburi Asafu yasenze agira ati: “Dutabare Mana y’agakiza kacu, kubg’icubahiro c’izina ryawe: uturokore.” (Zaburi 79:9; Ezekiyeli 20:9) Bitayeko, ukwizigira imihezagiro Yehova yasezeranye ni ngirakamaro cane kugira ngo umuntu agiranire ubucuti bwiza na we. Paulo yabivuze muri ubu buryo ati: “Ūtizera ntibishoboka kw ayihimbara; kuk’uwēgēra Imana akwiye kwizera yukw iriho, igaha impēra abayirondera.” (Abaheburayo 11:6) Ikindi kandi, Paulo yasiguye yuko ubukiriro bw’abantu bigaya ari yo mvo nyamukuru y’ukuza kwa Yezu kw’isi. Yamenyesheje ati: “Iri jambo n’iryo kwizerwa, rikwiye kwemerwa rwose, yuko Kristo Yesu yazanywe mw isi no gukiza abanyavyaha.” (1 Timoteyo 1:15) Maze intumwa Petero yavuze ko ubukiriro ari ‘iherezo ry’ukwemera kwacu, [canke ikiva kuri kwo].’ (1 Petro 1:9, UB) Biratomoye rero ko bibereye kwizigira ubukiriro. Ariko, mu vy’ukuri ubukiriro ni iki? Kandi hasabwa iki kugira ngo tubushikire?

Ubukiriro Ni Iki?

3. Ni ubukiriro bwoko ki abasavyi ba Yehova bo mu bihe vya kera baronse?

3 Mu Vyanditswe vy’Igiheburayo “ubukiriro” kenshi busobanura kurokorwa canke kubohorwa ukava mu gahahazo canke ukava mu rupfu rurangwa ubukazi, rwa giturumbuka. Nk’akarorero, mu kwita Yehova “Umurokozi,” Dawidi yavuze ati: “N’Imana igitandara canje. . . . Ni wewe Mukiza wanje, unkiza umuryano w’abantu. Ndambaza Uhoraho abereye gushimwa: Ni ho nzokizwa abansi banje.” (2 Samweli 22:2-4) Dawidi yari azi yuko Yehova yumviriza igihe abasavyi biwe b’abizerwa batakamba basaba imfashanyo.​—Zaburi 31:22, 23; 145:19.

4. Abasavyi ba Yehova b’imbere y’Ubukirisu bari bafise icizigiro ikihe c’ubuzima bwa kazoza?

4 Abasavyi ba Yehova b’imbere y’Ubukirisu bari bafise kandi icizigiro c’ubuzima bwa kazoza. (Yobu 14:13-15; Yesaya 25:8; Daniyeli 12:13) Kukaba nkako, myinshi mu mihango yo kurokorwa dusanga mu Vyanditswe vy’Igiheburayo yari iy’ubuhanuzi bw’ubukiriro buhambaye kuruta​—bumwe bujana ku buzima budahera. (Yesaya 49:6, 8; Ivyakozwe 13:47; 2 Ab’i Korinto 6:2) Mu gihe ca Yezu, Abayuda benshi bari bizigiye ubuzima budahera, ariko baranse kwemera Yezu nka we rupfunguruzo bocako mu gushitsa icizigiro cabo. Yezu yabwiye abarongozi b’amadini bo mu gihe ciwe ati: “Mwebge murasesa mu vyanditswe, kuko mugira ngo muri vyo ni ho mufise ubugingo budashira, kand’ari vyo binshingira intahe.”​—Yohana 5:39.

5. Ku bwa ngingo, ubukiriro busobanura iki?

5 Biciye kuri Yezu, Imana yarahishuye insobanuro yose y’ubukiriro. Harimwo ukuganzurwa icaha, imvuto y’idini y’ikinyoma, isi itegekwa na Shetani, gutinya umuntu, eka mbere n’ugutinya urupfu. (Yohana 17:16; Abaroma 8:2; Ab’i Kolosayi 1:13; Ivyahishuriwe 18:2, 4) Ku bwa ngingo, ku basavyi b’Imana b’abizerwa, ubukiriro bahabwa n’Imana ntibusobanura gusa kubohorwa mu gahahazo no mu maganya ariko bisobanura kandi akaryo ko kuronka ubuzima budahera. (Yohana 6:40; 17:3) Yezu yigishije yuko ku “busho buto,” ubukiriro kuri bo busobanura ukuzurirwa mu buzima bwo mw’ijuru kugira bafatanye na Kirisitu mu butegetsi bw’Ubwami. (Luka 12:32) Ku bantu basigaye, ubukiriro busobanura ukugarukanwa mu buzima butagira agasembwa no muri bwa bucuti Adamu na Eva bari bafitaniye n’Imana mw’itongo rya Edeni imbere yuko bacumura. (Ivyakozwe 3:21; Abanyefeso 1:10) Ubuzima budahera mu bintu nk’ivyo biranga iparadizo wari umugambi w’Imana wa mbere na mbere ku vyerekeye abantu. (Itanguriro 1:28; Mariko 10:30) Ariko none, kugarukanwa muri mwene ivyo bintu gushoboka gute?

Ishimikiro ry’Ubukiriro​—Incungu

6, 7. Yezu afise uruhara uruhe mu vy’ubukiriro bwacu?

6 Ubukiriro bw’ibihe bidahera bushoboka gusa biciye ku nkuka y’incungu ya Kirisitu. Kubera iki? Bibiliya isigura yuko igihe Adamu yacumura, “yigurishije” mu caha kumwe n’abomukomotseko bose muri kazoza, na twebwe turimwo​—gutyo bica bisaba incungu niba abantu bashaka kugira icizigiro cose cemewe. (Abaroma 5:14, 15; 7:14) Ivy’uko Imana yotanze incungu ku bw’abantu bose vyagereranywa na vya bimazi vy’ibitungwa mu gihe c’Ivyagezwe vya Musa. (Abaheburayo 10:1-10; 1 Yohana 2:2) Yezu ni we ikimazi ciwe caranguye ivyo bigereranyo menyeshakazoza. Umumarayika wa Yehova yatangaje imbere y’ukuvuka kwa Yezu ati: “Azokiza abantu biwe ivyaha vyabo.”​—Matayo 1:21; Abaheburayo 2:10.

7 Yezu yavutse ku gitangaro kw’isugi Mariya, maze kubera ari Umwana w’Imana, ntiyarazwe urupfu na Adamu. Ico kintu gifatanye n’ingendo yiwe y’ukuba yari umwizerwa mu buryo butagira agasembwa, carahaye ubuzima bwiwe agaciro kari gakenewe kugira ngo acungure abantu bave mu caha n’urupfu. (Yohana 8:36; 1 Ab’i Korinto 15:22) Mu buryo butandukanye n’abandi bantu bose, Yezu ntiyategerezwa gupfa kubera icaha. Yaje kw’isi afise umugambi wo “gutanga ubugingo bgiwe kw incungu ya benshi.” (Matayo 20:28) Kubera ivyo yabikoze, Yezu ubu yazuwe kandi yimitswe arashobora gutanga ubukiriro ku bantu bose bashitsa ivyo Imana isaba.​—Ivyahishuriwe 12:10.

Ni Igiki Gisabwa Kugira Umuntu Aronke Ubukiriro?

8, 9. (a) Yezu yishuye gute ikibazo cerekeye ubukiriro ca wa mutegetsi akiri muto w’umutunzi? (b) Yezu yakoresheje gute ako karyo kugira ngo yigishe abigishwa biwe?

8 Igihe kimwe, umutegetsi w’umutunzi w’Umwisirayeli akiri muto yabajije Yezu ati: “Nkore iki, ngo nze ndagwe ubu[zima] budashira?” (Mariko 10:17) Ikibazo ciwe gishobora kuba cagaragaza ivyiyumviro vyari vyeze vy’Abayuda bo mu gihe ciwe, yuko Imana isaba ibikorwa binaka vyiza kandi yuko mu gukora ibitari bike muri vyo, umuntu ashobora kuronka ubukiriro buva ku Mana. Ariko mwene ukwo kwibanda ku Mana mu buryo bwo guheza umwuga kwoshobora kuva ku mvo z’ubwikunzi. Ibikorwa nk’ivyo vyarananiwe gutanga icizigiro nyaco c’ubukiriro, kubera ko ata muntu w’umunyagasembwa yoshobora mu vy’ukuri gushitsa vyuzuye ingingo ngenderwako z’Imana.

9 Mu kwishura ikibazo c’uwo mugabo, Yezu gusa yamwibukije yuko akwiye gukurikiza amabwirizwa y’Imana. Uwo mutegetsi akiri muto buno nyene yemereye Yezu yuko yayakurikije kuva mu buto bwiwe. Inyishu yamuhaye yatumye Yezu yumva amukunze. Yezu yamubwiye ati: “Uhajije kimwe: genda, ushōre ivy’utunze vyose, ugabire aboro, ni ho uzogira itunga mw ijuru, utek’uze, unkurikire.” Ariko rero, wa mugabo akiri muto yagiye yijiriwe, “kuko yar’afise itunga ryinshi.” Inyuma y’ivyo Yezu yarashimitse ku bigishwa biwe yuko ugukunda bimwe birenze urugero amaronko y’iyi si bizibira umuntu gushikira ubukiriro. Yongeyeko yuko ata n’umwe ashobora kuronka ubukiriro bivuye ku twigoro twiwe bwite. Ariko Yezu yabandanije kubakura amazinda ati: “Kubg’abantu nti[bu]shoboka, ariko ku Mana s’uko, kuko vyose bishobokera Imana.” (Mariko 10:18-27; Luka 18:18-23) Ubukiriro bushoboka gute?

10. Ni ibintu ibihe dutegerezwa gushitsa kugira ngo turonke ubukiriro?

10 Ubukiriro ni ingabirano iva ku Mana, ariko ntibupfa kwizana. (Abaroma 6:23) Hariho ibintu binaka vy’ishimikiro umwe wese ategerezwa gushitsa kugira ngo akwize ibisabwa ngo aronke iyo ngabirano. Yezu yavuze ati: “Urukundo Imana yakunze abari mw isi [n]i rwo rwatumye itanga Umwana wayo w’ikinege, ng’ūmwizera wese ntaz’apfe rubi, arikw ahabge ubu[zima] budashira.” Maze intumwa Yohani yongeyeko ati: “Uwizeye Umwana arafise ubu[zima] budashira, arik’ūtumvira Umwana ntazobona ubu[zima].” (Yohana 3:16, 36) Biratomoye yuko uwo ari we wese yizigiye kuronka ubukiriro bw’ibihe bidahera Imana imusaba ukwizera hamwe n’ukugamburuka. Umwe wese ategerezwa gufata ingingo yo kwemera incungu hamwe no kugera ikirenge mu ca Yezu.

11. Umuntu w’umunyagasembwa ashobora gute kwemerwa na Yehova?

11 Kubera turi abanyagasembwa, ntibiri muri twebwe kugamburuka kandi ntibidushobokera kugamburuka mu buryo butagira akanenge. Ni co gituma Yehova yatanze incungu kugira ngo ipfuke ivyaha vyacu. Naho ari ukwo, dutegerezwa kubandanya kwihatira kubaho duhuza n’inzira z’Imana. Nk’uko Yezu yabwiye wa mutegetsi w’umutunzi akiri muto, dutegerezwa gukurikiza amabwirizwa y’Imana. Kubikora ntibituma twemerwa n’Imana gusa ariko kandi biratuzanira umunezero mwinshi, nakare “amabwirizwa yayo ntaremereye”; ni “induhuro.” (1 Yohana 5:3; Imigani 3:1, 8, NW) Mugabo, ntivyoroshe kuguma dufise icizigiro c’ubukiriro.

“[Nurwanire] Cane Ukwizera”

12. Ukwizigira ubukiriro bikomeza gute Umukirisu kugira ngo ananire inyosha mbi z’ubushegabo?

12 Umwigishwa Yuda yashaka kwandikira Abakirisu ba mbere ivyerekeye “ubukiriro [ba]sangiye.” Ariko rero, ivy’ukwigenza nabi vyari vyeze vyatumye biba ngombwa ko ahanura abavukanyi biwe “kurwanira cane ukwizera.” Egome, kugira ngo umuntu aronke ubukiriro, ntibihagije kugira gusa ukwizera, kwumira ku kwizera nyakuri kwa gikirisu, no kugamburuka igihe ibintu vyose bigenda neza. Ukwibanda kwacu kuri Yehova gutegerezwa kuba gukomeye bihagije kugira ngo kudufashe kunanira inyosha mbi hamwe n’utwosho tw’ubushegabo. Egome, ukurenza urugero mu vy’ugukoresha ibitsina be n’ukubikoresha ukutariko, kutubaha abakuru, amacakubiri, hamwe n’ugukekeranya vyariko bironona ivyiyumviro vyo mw’ishengero ryo mu kinjana ca mbere. Mu kubafasha kurwanya impengamiro nk’izo, Yuda yahimirije Abakirisu bagenziwe kuguma bafise mu muzirikanyi intumbero yabo mu buryo butomoye ati: “Bakundwa, mwiyubake ku kwizera kwanyu kwera cane, musengere muri [m]pwemu [y]era, mwizigamire mu rukundo rw’Imana, mwiteze imbabazi z’Umwami wacu Yesu Kristo zibashitsa ku bugingo budashira.” (Yuda 3, 4, 8, 19-21) Icizigiro c’ukuronka ubukiriro cobakomeje mu ntambara yabo yo kuguma badahumanye mu vy’ukwigenza runtu.

13. Dushobora kwerekana gute yuko tutapfishije ubusa ubuntu tudakwiriye bw’Imana?

13 Yehova Imana yitega ko abo azoha ubukiriro bigenza runtu bimwe vy’akarorero. (1 Ab’i Korinto 6:9, 10) Ariko rero, kuguma dukurikiza ingingo ngenderwako z’Imana mu vy’ukwigenza runtu, ntibisobanura kwama ducira abandi urubanza. Si twe dukwiye gufata ingingo ya kazoza k’ibihe bidahera karindiriye abandi abantu. Ahubwo, Imana ni yo izobigira, nk’uko Paulo yabibwiye Abagiriki b’i Atenayi ati: “Yashinze umusi wo gucirakw isi yose amateka y’ukuri, izoyacisha umuntu yatoranije”​—ari we Yezu Kirisitu. (Ivyakozwe 17:31; Yohana 5:22) Nimba tubayeho twisunga ukwizera incungu ya Yezu, ntidukeneye gutinya umusi w’urubanza ugiye kuza. (Abaheburayo 10:38, 39) Ikintu gihambaye ni uko dutegerezwa kutigera ‘dupfisha ubusa [ubuntu tudakwiriye] twahawe n’Imana [ukwuzura na yo biciye ku ncungu]’ mu kureka ngo twoshwe kugira ivyiyumviro n’inyifato bitari vyo. (2 Abakorenti 6:1, UB) Ikigeretseko, mu gufasha abandi kuronka ubukiriro, turerekana yuko tutapfishije ubusa ikigongwe c’Imana. Dushobora kubafasha gute?

Kubwira Abandi Icizigiro c’Ubukiriro

14, 15. Ni bande Yezu yashinze kwamamaza inkuru nziza y’ubukiriro?

14 Paulo mu gusubiramwo ivyavuzwe n’umuhanuzi Yoweli, yanditse ati: “Umuntu wese azokwambaza izina ry’Uhoraho azokizwa.” Maze yongeyeko ati: “None bazokwambaza bate uwo batarizera? Kandi bazokwizera bate uwo batarumva? Kandi bazokwumva bate, ata wabasiguriye ivyiwe?” Haciye imirongo mikeyi, Paulo adoma urutoke ku vy’uko ukwizera kutaza giturumbuka, ahubwo riho ko “kuva ku [bintu umuntu y]umva,” ni ukuvuga “ijambo rya Kristo.”​—Abaroma 10:13, 14, 17; Yoweli 2:32.

15 Ni nde azoshira “ijambo rya Kristo” abanyamahanga? Yezu yashinze ico gikorwa abigishwa biwe​—abamaze kwigishwa iryo “jambo.” (Matayo 24:14; 28:19, 20; Yohana 17:20) Igihe dukora igikorwa c’ukwamamaza Ubwami n’uguhindura abantu abigishwa, tuba turiko turakora neza na neza ico intumwa Paulo yanditse, ico gihe acandika asubiramwo ivyavuzwe na Yesaya ati: “Ewe kuntu ibirenge vy’abazanye ubutumwa bg’ivyiza ari vyiza!” Naho benshi batemera inkuru nziza tujana, ibirenge vyacu biguma ari “vyiza” kuri Yehova.​—Abaroma 10:15; Yesaya 52:7.

16, 17. Igikorwa cacu co kwamamaza inkuru nziza kirangura iyihe ntumbero irimwo zibiri?

16 Kurangura iryo banga bishitsa intumbero zibiri Nyamukuru. Ubwa mbere, inkuru nziza itegerezwa kwamamazwa kugira ngo izina ry’Imana rizohayagizwe kandi abashaka ubukiriro bazomenye aho bahindukirira. Paulo yaratahuye uyo muce w’iryo banga. Yavuze ati: “Kuk’Umwami Imana ari ko yatubariye, ati Ndagushizeho ng’ube umuco w’amahanga, kugira ngo n’abo ku mpera y’isi ubashikirize agakiza.” Kubera ico, ko turi abigishwa ba Kirisitu, umwe wese muri twebwe ategerezwa kugira uruhara mu gushira abantu ubutumwa bw’ubukiriro.​—Ivyakozwe 13:47; Yesaya 49:6.

17 Ubwa kabiri, ukwamamaza inkuru nziza kurashinga ishingiro ry’urubanza rugororotse rw’Imana. Ku vyerekeye urwo rubanza, Yezu yavuze ati: “Arik’Umwana w’umuntu ah’azozira afise ubgiza bgiwe ari kumwe n’abamarayika biwe bose, ni ho azovyagira ku ntebe yiwe y’ubgiza: amahanga yose azokoranirizwa mu nyonga ziwe, na we azobarobanura, nk’uk’umwungere arobanura intama mu mpene.” Naho uguca urubanza hamwe n’ukurobanura bizogirwa “[aho] Umwana w’umuntu azozira mu bgiza bgiwe,” igikorwa co kwamamaza inkuru nziza kiriko kiraha abantu muri iki gihe akaryo ko kumenya abavukanyi bo mu buryo bw’impwemu ba Kirisitu maze gutyo abo bantu bakore mu kubashigikira ku bw’ubukiriro bwabo bwite bw’ibihe bidahera.​—Matayo 25:31-46.

Nugume Ufise “Ivyizigiro Vyuzuye”

18. Dushobora gute gutuma “ukwizigira ubukiriro” kwacu kuguma gukayangana?

18 Ukugira uruhara kwacu n’ubwira mu gikorwa co kwamamaza inkuru nziza na kwo ni uburyo budufasha kuguma dufise icizigiro cacu gikayangana. Paulo yanditse ati: “Turagomba cane yuk’umuntu wese wo muri mwebge yerekana uwo mwete nyene w’ivyizigiro vyuzuye gushitsa kw iherezo.” (Abaheburayo 6:11) Umwe wese muri twebwe rero niyambare “nk’inkofero ukwizigira ubukiriro,” (UB) gutyo yibuke yuko “Imana itādushiriyeho kuturakira, ariko yadushiriyeho guheshwa agakiza n’Umwami wacu Yesu Kristo.” (1 Ab’i Tesalonike 5:8, 9) Nimuze kandi dushire ku mutima inkeburo ya Petero igira iti: “Mukenyere mu mitima yanyu, mwirinde ibiboreza, mwizigire rwose ubuntu muzozanirwa.” (1 Petero 1:13) Abagira gutyo bose bazobona “ukwizigira ubukiriro” kwabo kuranguka bimwe vyuzuye!

19. Tuja kurimbura iki mu kiganiro gikurikira?

19 Mu kurindira, dukwiye kubona ibintu gute ku vyerekeye umwanya uru runkwekwe rusigaje? Dushobora gukoresha gute uwo mwanya kugira ngo turonke ubukiriro ubwacu be n’abandi? Turaja kurimbura ibi bibazo mu kiganiro gikurikira.

Woshobora kubisigura?

• Ni kuki dutegerezwa gutuma “ukwizigira ubukiriro” kwacu kuguma gukayangana?

• Ubukiriro burimwo n’iki?

• Dutegerezwa gukora iki kugira ngo turonke ingabirano y’ubukiriro?

• Igikorwa cacu c’ukwamamaza inkuru nziza kirangura iki ku bijanye n’umugambi w’Imana?

[Ifoto ku rup. 24]

Ubukiriro ntibusobanura gusa ukurokoka isangangurwa

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika