Tumenyeshe Inkuru Nziza Tubishashaye
“Nimururumbe impwemu, mukorere Yehova nk’abashumba.”—ABAROMA 12:11, NW.
1, 2. Abakirisu bihatira kuguma bafise iyihe nyifato bwa bamamaji b’inkuru nziza?
UMUGABO akiri muto aranezerejwe n’akazi aherutse kuronka. Ku musi atanguriyeko akazi, arindiriye umutima utari mu nda amabwirizwa y’umukoresha wiwe. Yiteganye umushasharo igikorwa ciwe ca mbere kandi agifatana uburemere. Ashashaye gukora neza uko ashoboye kwose.
2 Muri ubwo buryo nyene, twebwe kubera turi Abakirisu twoshobora kwibona nk’abakozi bashasha. Kubera ko icizigiro cacu ari ukubaho ibihe bidahera, vyovugwa yuko ari ho tugitangura gukorera Yehova. Nta nkeka ko Umuremyi wacu atubikiye ibikorwa vyinshi bizotuma tuguma turi na vyinshi dukora igihe cose. Mugabo igikorwa ca mbere twashinzwe ni ic’ukumenyesha inkuru nziza y’Ubwami bwiwe. (1 Ab’i Tesalonike 2:4) Twumva tumerewe gute ku vyerekeye ico gikorwa twashinzwe n’Imana? Nka kumwe kwa wa mugabo akiri muto, dushaka kukirangura uko dushoboye kwose dufise umwete n’umunezero—ni vyo, tubigiranye umushasharo!
3. Hasabwa iki kugira ngo turoranirwe bwa bakozi b’inkuru nziza?
3 Ikizwi coco ni uko kuguma dufise inyifato nk’iyo y’ukubona ibintu mu buryo bwiza bishobora kuba urugamba. Ikigeretse ku gikorwa cacu, turafise ayandi mabanga menshi, amwamwe muri ayo akaba yoshobora kuturuhisha mu buryo bw’umubiri no mu bw’akanyengetera. Ahanini, turinanata gushitsa ivyo bintu mu gihe twitwararika mu buryo bukwiriye ico gikorwa. N’aho nyene, rurashobora kuba urugamba rubandanya. (Mariko 8:34) Yezu yashimitse ku vy’uko ukuroranirwa kwacu bwa Bakirisu kwosavye akigoro gakomeye.—Luka 13:24.
4. Imyitwarariko yo ku musi ku musi ishobora kugira ico ikoze gute ku kuntu tubona ivy’impwemu?
4 Kubera dufise vyinshi dukora, rimwe na rimwe biroroshe kwumva turengewe canke turemerewe. “Umwitwaririko w’ivy’ubu bu[zima]” woshobora kuzibira umwete n’ugukenguruka dufitiye ibikorwa vya gitewokarasi. (Luka 21:34, 35; Mariko 4:18, 19) Kubera turi abanyagasembwa, twoshobora kureka ‘urukundo rwacu rwa mbere.’ (Ivyahishuriwe 2:1-4) Imice imwimwe y’umurimo turangurira Yehova hari ukuntu yoshobora gukorwa bwa guheza umwuga. Bibiliya iduha gute indemesho zikenewe kugira ngo tugumane umwete?
Nk’“Umuriro Uyingana” mu Mitima Yacu
5, 6. Intumwa Paulo yabona gute agateka kiwe ko kwamamaza inkuru nziza?
5 Igikorwa Yehova yatujeje ni ic’agaciro kanini cane ku buryo kitorekwa ngo kibe ikintu gisanzwe. Intumwa Paulo yabona ko ukwamamaza inkuru nziza ari agateka gahambaye cane, kandi yibona nk’uwutari abereye kuzezwa ico gikorwa. Yavuze ati: “Jewe, uwuri mu nyuma y’uwo mu nyuma y’abera bose, naherewe ubgo buntu kubgira abanyamahanga ubutumwa bgiza bg’itunga rya Kristo ritagira aho riherera, no guserurira bose ububgiriza bg’ibanga ubg’ari bgo, ryari rihishijwe, uhereye kera hose, mu Mana Umuremyi wa vyose.”—Abanyefeso 3:8, 9.
6 Inyifato ya Paulo yo kubona mu buryo bwiza igikorwa ciwe ni akarorero ntangere kuri twebwe. Mw’ikete ryiwe yandikiye Abaroma, yavuze ati: “Jeho kubganje niteguye kubabgira ubutumwa bgiza.” Ntiyaterwa isoni n’inkuru nziza. (Abaroma 1:15, 16) Yari afise inyifato nziza kandi yari ashashaye kurangura igikorwa ciwe.
7. Mw’ikete Paulo yandikiye Abaroma, yabagabishije ngo birinde iki?
7 Intumwa Paulo yaremeye icese ivy’uko umuntu akeneye kugumana umwete, gutyo akebura Abakirisu b’i Roma ati: “Ntimwigire akarimarirenze mu murimo wanyu. Nimururumbe impwemu. Mukorere Yehova nk’abashumba.” (Abaroma 12:11, NW) Ijambo ry’Ikigiriki ryahinduwe ngo “kwigira akarimarirenze” ritanga iciyumviro c’ukuba “umunebwe, inderamaboko.” Naho dushobora kuba tutigira akarimarirenze mu gikorwa cacu, twese turakeneye kuba maso ku bimenyetso vyose vy’uko dutanguye kunebwa mu vy’impwemu, hanyuma tukagira amahinduka abereye mu nyifato yacu nimba twibonyeko ibimenyetso nk’ivyo.—Imigani 22:3.
8. (a) Ni igiki cacitse nk’“umuriro uyingana” mu mutima wa Yeremiya, kandi kubera iki? (b) Ni icigwa ikihe dushobora kwigira ku vyashikiye Yeremiya?
8 Impwemu y’Imana irashobora kandi kudufasha mu gihe ducitse intege. Nk’akarorero, igihe kimwe umuhanuzi Yeremiya yarashikiwe n’ugucika intege, maze azirikana ivyo guhagarika igikorwa ciwe c’ukuba umuhanuzi. Mbere ku vyerekeye Yehova yavuze ati: “Sinzosubira kumuvuga, canke ngo ngire ico mvuga mw izina ryiwe.” Ico coba cari ikimenyamenya c’uko Yeremiya agoyagoya bikomeye mu vy’impwemu? Eka data. Kukaba nkako, ugukomera kwa Yeremiya mu vy’impwemu, urukundo yakunda Yehova, hamwe n’umwete yari afitiye ukuri vyaramuhaye ububasha bwo kubandanya kumenyesha ubuhanuzi. Asigura ati: “[Ijambo rya Yehova rica riba] nk’umuriro uyingana mu mutima wanje, uhīshije uburimbi amagufa yanje, bikangora kwiyumanganya, nkaba ntobishobora.” (Yeremiya 20:9) Ni ibisanzwe ko rimwe na rimwe abasavyi b’abizerwa b’Imana bumva bacitse intege. Mugabo mu gihe basenze Yehova bamusaba imfashanyo, azosoma imitima yabo yongere abahe atitangiriye itama impwemu yiwe yera nimba, nka kumwe kwa Yeremiya, bafise ijambo ryiwe mu mitima yabo.—Luka 11:9-13; Ivyakozwe 15:8.
“Ntimukazimye [Im]pwemu”
9. Ni igiki gishobora kuburabuza igikorwa impwemu yera ikora ku neza yacu?
9 Intumwa Paulo yakebuye Abanyatesalonike agira ati: “Ntimukazimye [im]pwemu.” (1 Ab’i Tesalonike 5:19) Egome, ibikorwa canke inyifato biteye kubiri n’ingingo ngenderwako z’Imana vyoshobora kuburabuza igikorwa impwemu yera ikora ku neza yacu. (Abanyefeso 4:30) Abakirisu muri iki gihe bashinzwe igikorwa co kwamamaza inkuru nziza. Dufatana icubahiro cinshi ako gateka. Ntibidutangaza yuko abatazi Imana basuzugura igikorwa cacu c’ukwamamaza inkuru nziza. Mugabo mu gihe Umukirisu atitayeho n’ibigirankana igikorwa ciwe, vyovamwo ukuzimya umuriro w’impwemu y’Imana ituma akora.
10. (a) Ukuntu abantu nkatwe babona ibintu gushobora kugira ico gukoze gute kuri twebwe? (b) Ni uburyo ubuhe bwiza bwo kubona igikorwa cacu bwagaragajwe mu 2 Ab’i Korinto 2:17?
10 Bamwebamwe batari mw’ishengero rya gikirisu bashobora kubona igikorwa cacu nk’ugukwiragiza ibisohokayandikiro gusa. Abandi nabo bashobora kuba bihenda yuko tugenda inzu ku nzu kugira gusa turonke imfashanyo. Turamutse turetse ivyo vyiyumviro bitaremesha bikagira ico bikoze ku nyifato yacu, ivyo vyogabanya ukwererwa kwacu mu gikorwa. Aho kureka ngo ukwiyumvira nk’ukwo kugire ico gukoze kuri twebwe, nimuze tugume tubona igikorwa cacu nk’uko Yehova na Yezu bakibona. Intumwa Paulo yarashikirije icese ukwo kubona ibintu neza igihe yamenyesha ati: “[Ntitu]ri nka bamwe benshi, bacurūrīsha ijambo ry’Imana, ariko tuvuga nk’abatagira ubugunge, bavuga ibiva ku Mana, ni ko tuvuga muri Kristo, imbere y’Imana.”—2 Ab’i Korinto 2:17.
11. Ni igiki cashoboje Abakirisu ba mbere kugumana umwete mbere no mu ruhamo, kandi akarorero kabo gakwiye kugira ico gakoze kuri twebwe gute?
11 Inyuma gatoyi y’urupfu rwa Yezu, abigishwa biwe barahanganye n’ikiringo c’uruhamo i Yeruzalemu. Baratewe ubwoba bongera bategekwa guhagarika kwamamaza inkuru nziza. Yamara, Bibiliya ivuga yuko “buju[jwe im]pwemu [y]era batangura kuvuga ijambo ry’Imana bashize amanga.” (Ivyakozwe 4:17, 21, 31) Amajambo Paulo yabwiye Timoteyo haciye imyaka nk’ingahe, agaragaza impagararo nziza Abakirisu bakwiye kuguma bafise. Paulo yavuze ati: “Imana [ntiya]duhaye umutima w’ubujora: ariko yaduhaye uw’ubushobozi n’urukundo n’ukwirinda. Nuko ntugire isoni zo gushingira intahe Umwami wacu, cank’izanje imbohe yiwe. Arik’ufatanye nanje kwihanganira imibabaro kubg’ubutumwa bgiza, nk’uk’ubushobozi bg’Imana bugushoboza.”—2 Timoteyo 1:7, 8.
Umuntu Nkatwe Tumufitiye Umwenda Uwuhe?
12. Ni imvo nyamukuru iyihe ituma twamamaza inkuru nziza?
12 Kugira ngo tugire inyifato ibereye ku vyerekeye igikorwa cacu, dutegerezwa gukora ibintu tubitumwe n’imvo nziza. Ni kuki twamamaza inkuru nziza? Imvo nyamukuru ibonekera mu majambo y’umwanditsi wa Zaburi agira ati: “Abakunzi bawe bazogushemagiza. Bazovuga ubgiza bg’ubgami bgawe, bandagaze ububasha bwawe, kugira ngo bamenyeshe abana b’abantu ivy’inkomezi wakoze, n’ubgiza bg’igitinyiro c’ubgami bgawe.” (Zaburi 145:10-12) Egome, twamamaza inkuru nziza kugira ngo dushemeze Yehova ku mugaragaro twongere tuninahaze izina ryiwe imbere y’abantu bose. No mu gihe bakeyi ari bo batwumviriza, ukwamamaza kwacu ubutumwa bw’ubukiriro tudahemuka birashemeza Yehova.
13. Ni igiki gituma tubwira abandi icizigiro c’ubukiriro?
13 Twamamaza kandi inkuru nziza kubera urukundo dukunda abantu no kugira twirinde umwenda w’amaraso. (Ezekiyeli 33:8; Mariko 6:34) Amajambo ahuje n’ivyo ni ya yandi ya Paulo igihe yavuga ivyerekeye abatari mw’ishengero rya gikirisu agira ati: “Abagiriki bo n’abanyamahanga badebagura, abanyabgenge bo n’ibipfu, ndi n’umwenda wabo.” (Abaroma 1:14) Paulo yumva yuko afitiye abantu umwenda wo kubamenyesha inkuru nziza, kubera ko Imana igomba yuko “abantu bose bakizwa.” (1 Timoteyo 2:4) Muri iki gihe, twumva dufitiye urukundo nk’urwo nyene umuntu nkatwe kandi tukumva ko hari ico tubazwa kubimwerekeye. Urukundo Yehova akunda abantu rwamutumye arungika Umwana wiwe kw’isi kugira ngo abapfire. (Yohana 3:16) Ukwo kwari ukwibabaza guhambaye. Turigana urukundo rwa Yehova igihe dukoresha umwanya n’akigoro tubwira abandi inkuru nziza y’ubukiriro ishingiye ku nkuka ya Yezu.
14. Bibiliya idondora gute isi y’abatari mw’ishengero rya gikirisu?
14 Ivyabona vya Yehova babona abandi bantu nk’aboshobora kuzoba mu bagize umuryango w’abavukanyi b’Abakirisu. Dutegerezwa kwamamaza inkuru nziza dushize amanga, yamara uko gushira amanga kwacu si ugutana mu mitwe n’abantu. Mu vy’ukuri, Bibiliya irakoresha amajambo akomeye igihe ivuga ivyerekeye iyi si muri rusangi. Ijambo “isi” ubwaryo rikoreshwa na Paulo mu kuvuga ibintu bibi igihe avuga ivyerekeye “ubgenge bg’iyi si” n’“ukwifuza ivy’isi.” (1 Ab’i Korinto 3:19; Tito 2:12) Paulo kandi yibukije Abakirisu b’Abanyefeso yuko igihe bagenda “nk’ukw ivy’isi bigenda,” bari ‘barapfuye’ mu vy’impwemu. (Abanyefeso 2:1-3) Ayo majambo be n’ayandi asa na yo arahuje n’amajambo y’intumwa Yohani agira ati: “Isi yose iri muri wa mubi.”—1 Yohana 5:19.
15. Ku vyerekeye abantu batari mw’ishengero rya gikirisu, ni igiki tutagira, kandi kubera iki?
15 Ariko rero, niwibuke yuko ayo majambo yerekeza kw’isi muri rusangi yitandukanije n’Imana, atari abantu umwumwe. Abakirisu ntibagerageza gucira urubanza umuntu wese rw’ukuntu azokwakira igikorwa cacu c’ukwamamaza inkuru nziza. Nta shingiro bafise ry’ukudondora umuntu uwo ari we wese ngo ni impene. Si ivyacu kuvuga ukuntu bizogenda Yezu niyaza gutandukanya “intama” mu “mpene.” (Matayo 25:31-46) Yezu ni we mucamanza yagenywe, si twebwe. Vyongeye, ivyabaye vyerekana yuko bamwebamwe bari akahebwe mu ngeso mbi baremeye ubutumwa bwo muri Bibiliya barahinduka, kandi bacika Abakirisu babayeho mu buryo budahumanye. Ni co gituma naho tutorondera kwifatanya n’abantu kanaka tudatinya kubabwira ivyerekeye icizigiro c’Ubwami iyo akaryo kizanye. Ivyanditswe biravuga ivyerekeye abantu bamwebamwe, no mu gihe bari bakiri abatizera, ‘bari mu mero nziza y’umutima ituma baronka ubuzima budahera.’ Amaherezo baracitse abizera. (Ivyakozwe 13:48, NW) Gutyo ntidushobora kwigera tumenya uwuri mu mero nziza y’umutima kiretse tumaze gushinga intahe—kumbure incuro nyinshi. Dufise ivyo mu muzirikanyi, abataremera ubutumwa bw’ubukiriro tubafatana “ubugwaneza” n’“icubahiro kigera kure” (NW), twizigiye yuko bamwebamwe muri bo bagishobora kwakira ubutumwa bw’ubuzima.—2 Timoteyo 2:25; 1 Petero 3:15.
16. Ni imvo imwe iyihe ituma dushaka gutsimbataza “[ubuhinga bwo] kwigisha”?
16 Gutsimbataza ubuhanga bwa bigisha bizotuma turushiriza kumenyesha inkuru nziza tubishashaye. Tubitangire akarorero: Umukino uryoshe ushobora kudashimisha umuntu atazi ingene bawukina. Mugabo ku muntu awukina neza, urateye akanyamuneza. Muri ubwo buryo nyene, Abakirisu batsimbataza “[ubuhinga bwo] kwigisha” barongerereza umunezero wabo mu gikorwa. (2 Timoteyo 4:2; Tito 1:9) Paulo yahanuye Timoteyo ati: “Wame ugira umwete wo kwiha Imana nk’uwamaze kurama, umukozi atarinda gutētērwa, aramiriza neza mw ijambo ry’ukuri.” (2 Timoteyo 2:15) Dushobora gutsimbataza gute ubuhanga bwacu bwo kwigisha?
17. Dushobora gute “[ku]remarem[a] ugucambirwa” ubumenyi bwa Bibiliya, kandi ubumenyi nk’ubwo buzogirira akamaro gute igikorwa cacu?
17 Uburyo bumwe ni mu kwironsa ubumenyi nyakuri bwiyongereye. Intumwa Petero ituremesha iti: “Nk’inzoya zivutse vuba, nimuremareme ugucambirwa amata adafunguye ya rya jambo, kugira ngo biciye kuri yo mukure gushika ku bukiriro.” (1 Petero 2:2, NW) Ku ruyoya rufise amagara meza, gucambirwa amata ni ikintu gisanzwe kiri muri rwo. Ariko rero, Umukirisu ashobora gukenera “[ku]remarem[a] ugucambirwa” ubumenyi bwa Bibiliya. Ivyo bishobora kugirwa mu gutsimbataza utumenyero twiza two kwiga no gusoma. (Imigani 2:1-6) Bisaba akigoro n’ukwihata nimba dushaka kuba abigisha b’Ijambo ry’Imana b’abahanga, mugabo utwigoro nk’utwo turagira ico dutanga. Akanyamuneza kazanwa n’ukwihweza Ijambo ry’Imana kazotuma tururumba impwemu y’Imana, dushashara gushikiriza abandi ibintu twiga.
18. Amakoraniro ya gikirisu ashobora kuturonsa gute ivyo dukeneye kugira turamirize neza mw’ijambo ry’ukuri?
18 Amakoraniro ya gikirisu na yo nyene aragira uruhara runini mu vy’ukuba dukoresha n’ubuhanga Ijambo ry’Imana. Igihe imirongo ya Bibiliya isomwa mu gihe c’insiguro z’icese be no mu bindi biganiro bishingiye ku Vyanditswe, vyoba vyiza dukurikiye muri Bibiliya zacu bwite. Vyoba biranga ubukerebutsi duteze yompi ibigabu bishikirizwa mu makoraniro, ushizemwo n’ibivuga neza na neza ivy’ igikorwa cacu c’ukwamamaza inkuru nziza. Ntidukwiye kwigera dufata minenegwe agaciro k’imyerekano, kumbure tukareka hakagira ibidusamaza. N’ubu, ukwihata hamwe n’ukuvyitunira birakenewe. (1 Timoteyo 4:16) Amakoraniro ya gikirisu arubaka ukwizera kwacu, akadufasha kuremarema ugucambirwa Ijambo ry’Imana, kandi akatumenyereza kuba abamamaji babishashaye b’inkuru nziza.
Turashobora Kwizigira Ugushigikirwa na Yehova
19. Ni kuki bihambaye kugira uruhara mu gikorwa c’ukwamamaza inkuru nziza ubudahorereza?
19 Abakirisu ‘barurumba impwemu’ kandi bashashaye kumenyesha inkuru nziza bihatira kugira uruhara mu gikorwa ubudahorereza. (Abanyefeso 5:15, 16) Ego ni ko, ibintu biratandukanye, kandi bose ntibashobora kumara umwanya ungana muri ico gikorwa c’ukurokora ubuzima. (Ab’i Galatiya 6:4, 5) Yamara, kumbure ikintu gihambaye kuruta umwanya tumara mu gikorwa c’ukwamamaza inkuru nziza tuwufatiye hamwe, ni incuro tubwira abandi ivyerekeye icizigiro cacu. (2 Timoteyo 4:1, 2) Uko turushiriza kwamamaza inkuru nziza, ni ko tuzorushiriza gutahura ukuntu ico gikorwa gihambaye. (Abaroma 10:14, 15) Tuzokwongereza impuhwe n’ukubabarana mu gihe tudahorereza guhura n’abantu b’imitima nziraburyarya bariko baniha bongera barizwa kandi bakaba batagira icizigiro.—Ezekiyeli 9:4; Abaroma 8:22.
20, 21. (a) Ni igikorwa ikihe kikiri imbere yacu? (b) Yehova ariko ashigikira gute utwigoro twacu?
20 Yehova yatujeje inkuru nziza. Iryo ni ibanga rya mbere adushinga bwa “bakozi bakorana” na we. (1 Abakorenti 3:6-9, UB) Turashashaye gushitsa n’umutima wacu wose iryo banga twashinzwe n’Imana, uko dushoboye kwose. (Mariko 12:30; Abaroma 12:1) Haracariho abantu benshi bari mu mero nziza y’umutima muri iyi si bashonje ukuri. Hariho vyinshi vyo gukora, mugabo turashobora kwizigira gushigikirwa na Yehova uko turangura mu buryo bwuzuye igikorwa cacu.—2 Timoteyo 4:5.
21 Yehova araduha impwemu yiwe kandi akaturonsa “inkota [y’im]pwemu” dukeneye, ari ryo Jambo ry’Imana. Adufashije turashobora kwugurura iminwa yacu “[tuka]menyekanish[a du]shize amanga ibanga ry’ubutumwa bgiza.” (Abanyefeso 6:17-20) Ese twovugwako ivyo intumwa Paulo yandikiye Abakirisu b’i Tesalonike agira ati: “Ubutumwa bgacu [ntibw]ābashitseko ar’amajambo yonyene ariko bgarimwo n’ubushobozi n’[im]pwemu [y]era, no kumara amazinda rwose.” (1 Ab’i Tesalonike 1:5) Egome, nimuze tumenyeshe inkuru nziza tubishashaye!
Isubiramwo Rigufi
• Bivuye ku myitwarariko yo mu buzima, ni ibiki bishobora gushikira umwete wacu wo mu gikorwa?
• Ni mu buryo ki icipfuzo cacu co kumenyesha inkuru nziza gikwiye kuba nk’ “umuriro uyingana” mu mitima yacu?
• Ni inyifato zitari zo zerekeye igikorwa izihe dukwiye kwirinda?
• Muri rusangi, dukwiye kubona gute abo tudahuje ivyo twemera?
• Yehova adufasha gute kugumana umwete mu gikorwa c’ukwamamaza inkuru nziza?
[Amafoto ku rup. 23
Abakirisu bigana umwete wa Yeremiya na Paulo
[Amafoto ku rup. 24]
Umushasharo wacu mu gikorwa uva ku rukundo dukunda Imana n’abandi bantu nkatwe