Ugusoma Bibiliya—Ni Nzanakunguko Kandi Biranezereye
“Utegerezwa . . . gusoma muri co ku murango no mw’ijoro.”—YOSUWA 1:8, NW.
1. Ni ivyiza bimwebimwe ibihe biva mu gusoma muri rusangi na canecane ugusoma Bibiliya?
UGUSOMA amayagwa y’ingirakamaro ni ikintu gikwiriye gukurikiranwa. Umufilozofe mu vya politike umwe w’Umufaransa Montesquieu (Charles-Louis de Secondat) yanditse ati: “Kuri jewe, kwiga vyamye ari umuti w’agahebuza w’ukurambirwa mu buzima. Nta maganya nigeze ngira atakuweho no kumara isaha nsoma.” Ku rugero kaminuza, ivyo ni ko bimeze ku vy’ugusoma Bibiliya. Umwanditsi wa Zaburi yahumekewe yavuze ati: “Ivyagezwe vy’Uhoraho biratunganye rwose, bihēmbūra ubugingo, [“icibutswa ca Yehova,” NW] n’i[c]o kwizerwa, [g]iha umutungu ubgenge. Ivyagezwe Uhoraho yigisha biragororotse, binezereza umutima.”—Zaburi 19:7, 8.
2. Ni kuki Yehova yazigamye Bibiliya mu biringo n’ibindi, kandi yiteze ko abasavyi biwe bayikoresha iki?
2 Bwa Mwanditsi wa Bibiliya, Yehova Imana yarayizigamye mu binjana n’ibindi vy’ukurwanywa gukaze kwava ku bansi bayo, abo mu madini n’abo mw’isi. Kubera agomba ko “abantu bose bakizwa bagashika ku kumenya ivy’ukuri,” yaritwararitse ivy’uko Ijambo ryiwe rishikira ubwoko muntu bwose. (1 Timoteyo 2:4) Bigereranywa yuko ibice nka 80 kw’ijana vy’ababa kw’isi bishobora gushikirwa hakoreshejwe indimi 100. Igisomwa ca Bibiliya yose uko ingana kiboneka mu ndimi 370, kandi ibice vy’Ivyanditswe birashobora gusomwa mu zindi ndimi n’indimirimi 1.860. Yehova ashaka ko abasavyi biwe basoma Ijambo ryiwe. Arahezagira abasavyi biwe bashira ku mutima Ijambo ryiwe, egome, barisoma ku musi ku musi.—Zaburi 1:1, 2.
Abacungezi Barasabwa Gusoma Bibiliya
3, 4. Yehova yasaba iki abami ba Isirayeli, kandi ni imvo izihe zituma ivyo bisabwa vyerekezwa no ku bakurambere b’Abakirisu muri iki gihe?
3 Yehova mu kuvuga imbere y’igihe ivyerekeye igihe ihanga rya Isirayeli ryobaye rifise umwami w’umuntu, yavuze ati: “Ni yamara kuja ku ngoma, aze yiyandikishirize ibi vyagezwe mu gitabo, abikūye mu gitabo gifiswe n’abaherezi ari bo Balewi. Ico gitabo az’acamane, agisome imisi yose y’ukubaho kwiwe: kugira ngo yige kwubaha Uhoraho Imana yiwe, yitondere amajambo yose y’ibi vyagezwe n’aya mabgirizwa, abishitse;. . . kand’umutima wiwe woye kuzokwishira hejuru ngw akēngēre ab’i wabo, ntaz’atirimuke ngw ave mur’aya mabgirizwa, ngw akikamire i buryo cank’i bumoso.”—Gusubira mu Vyagezwe 17:18-20.
4 Raba imvo zatumye Yehova asaba uwobaye wese umwami wa Isirayeli gusoma igitabu c’ivyagezwe vy’Imana ku musi ku musi: (1) “kugira ngo yige kwubaha Uhoraho Imana yiwe, yitondere amajambo yose y’ibi vyagezwe n’ay[o] mabgirizwa, abishitse”; (2) “umutima wiwe woye kuzokwishira hejuru ngw akēngēre ab’iwabo”; (3) “ntaz’atirimuke ngw ave mur’ay[o] mabgirizwa, ngw akikamire i buryo cank’i bumoso.” Mbega abacungezi b’Abakirisu muri iki gihe ntibakeneye gutinya Yehova, kugamburuka ivyagezwe vyiwe, kwirinda kwishira hejuru y’abavukanyi babo no kwirinda gukevya bakava mu mabwirizwa ya Yehova? Gusoma Bibiliya ku musi ku musi nta mazinda ko bihambaye kuri bo nk’uko vyari bihambaye ku bami ba Isirayeli.
5. Ni ibiki Inama Nyobozi iherutse kwandikira abagize Amakomite y’Amashami ku biraba ugusoma Bibiliya, kandi ni kuki vyoba vyiza abakurambere b’Abakirisu bose bakurikije iyo mpanuro?
5 Abakurambere b’Abakirisu muri iki gihe bafise twinshi cane bacurumbamwo, bigatuma gusoma Bibiliya ku musi ku musi kiba ikintu kitoroshe. Nk’akarorero, abagize Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova be n’abagize amakomite y’amashami ni abagabo bafise twinshi cane bacurumbamwo. Yamara, ikete Inama Nyobozi iherutse kurungikira Amakomite y’Amashami yose ryarashimitse ku vy’uko hakenewe gusoma Bibiliya ku musi ku musi n’utumenyero two kwiga neza. Iryo kete ryadomye urutoke ku vy’uko ivyo bizotuma urukundo dukunda Yehova n’ukuri rwongerekana, kandi “bizodufasha kuzigama ukwizera kwacu, umunezero, be n’ukwihangana gushika kw’iherezo ryiza.” Abakurambere bose bo mu mashengero y’Ivyabona vya Yehova bumva ko bakeneye nk’ivyo nyene. Gusoma Ivyanditswe ku musi ku musi bizobafasha “gukorana ubukerebutsi.” (NW) (Yosuwa 1:7, 8) Kuri bo canecane, gusoma Bibiliya “bigira ikimazi co kwigisha umuntu, no kumuhana, no kumutunganya, no kumutoza indero nziza mu kugororoka.”—2 Timoteyo 3:16.
Ikintu ca Nkenerwa ku Bato no ku Bakuze
6. Ni kuki Yosuwa yasomye n’ijwi rirenga amajambo yose ya Yehova imbere y’imiryango ya Isirayeli n’abanyamahanga?
6 Mu bihe vya kera, abantu ntibaba bifitiye amakopi y’Ivyanditswe bikoreshereza, ari co gituma ubusomyi bwa Bibiliya bwagirwa imbere y’ishengero rikoranye. Yehova amaze kumuha intsinzi ku gisagara ca Hayi, Yosuwa yarakoranije imiryango ya Isirayeli imbere y’Umusozi Ebalu n’Umusozi Gerizimu. Maze iyo nkuru itubwira iti: “Asoma amajambo yose y’ivyagezwe, imihezagiro n’imivumo, nk’uko vyari vyaranditswe vyose mu gitabo c’ivyagezwe. Nta jambo na rimwe mu yo Mose yageze yose, Yosuwa atāsomeye imbere y’ikoraniro ry’Abisirayeli ryose, hamwe n’abagore n’abana n’abanyamahanga bāgendana na bo.” (Yosuwa 8:34, 35) Abato n’abakuze, imvukira n’abanyamahanga, ni nk’aho bari bakeneye ko mu mitima yabo no mu mizirikanyi yabo handikwa inyigenzo yozanye imihezagiro ya Yehova n’iyotumye atabemera. Ugusoma Bibiliya bigizwe ubudahengeshanya nta nkeka kuzodufasha muri ivyo.
7, 8. (a) Ni bande muri iki gihe bameze nk’“abanyamahanga,” kandi ni kuki bakeneye gusoma Bibiliya ku musi ku musi? (b) Ni mu buryo ubuhe “abana” bo mu basavyi ba Yehova bashobora gukurikiza akarorero ka Yezu?
7 Muri iki gihe, abasavyi ba Yehova amamiliyoni mu buryo bw’impwemu bameze nk’abo “banyamahanga.” Hari igihe babaho bakurikiza ingingo ngenderwako z’isi, mugabo barahinduye ubuzima bwabo. (Abanyefeso 4:22-24; Ab’i Kolosayi 3:7, 8) Bama nantaryo bakeneye kwiyibutsa ingingo ngenderwako za Yehova ku biraba iciza n’ikibi. (Amosi 5:14, 15) Gusoma Ijambo ry’Imana ku musi ku musi birabafasha kugira ivyo.—Abaheburayo 4:12; Yakobo 1:25.
8 Mu basavyi ba Yehova hariho kandi “abana” benshi bigishijwe n’abavyeyi babo ingingo ngenderwako za Yehova, mugabo bakeneye kwiyemeza neza ubugororoke bw’ivyo igomba. (Abaroma 12:1, 2) Ivyo bashobora kubigira bate? Muri Isirayeli, abaherezi be n’abagabo b’inararibonye bari babwirijwe bati: “Muze muhore musomera ibi vyagezwe Abisirayeli bose. Muze mukoranye abantu, abagabo n’abagore n’abana, n’abanyamahanga baba muri mwebge, kugira ngo bavyumve, bavyige, bubahe Uhoraho Imana yanyu, bitondere amajambo yose y’ibi vyagezwe, babishitse; no kugira ngw abana babo bataribgabimenye, bavyumve, bige kwubaha Uhoraho Imana yanyu.” (Gusubira mu Vyagezwe 31:11-13) Yezu uwari munsi y’Ivyagezwe, igihe yari agifise imyaka 12 yarerekanye ko yitwararika cane gutahura ivyagezwe vya Se. (Luka 2:41-49) Mu nyuma, yari afise akamenyero ko kwumviriza no kugira uruhara mw’isomwa ry’Ivyanditswe mw’isinagogi. (Luka 4:16; Ivyakozwe 15:21) Abakiri bato muri iki gihe vyoba vyiza bakurikije akarorero ka Yezu mu gusoma Ijambo ry’Imana ku musi ku musi no mu kwitaba amakoraniro badahorereza, aho Bibiliya isomerwa kandi yigirwa.
Ugusoma Bibiliya—Bihabwe Ikibanza ca Mbere
9. (a) Ni kuki dukwiye kuba abarobanuzi mu vyo dusoma? (b) Umwanditsi yatanguje iki kinyamakuru yavuze iki ku biraba ibifasha kwiga Bibiliya?
9 Wa Mwami w’inkerebutsi Salomo yanditse ati: “Uhanurwe: kwandika ibitabo vyinshi ntikugira iherezo; kand’ukwiga cane kuruhisha umubiri.” (Umusiguzi 12:12) Umuntu arashobora kwongerako yuko gusoma ibitabu vyinshi bisohorwa muri iki gihe bitaruhisha umubiri gusa, ariko kandi tubivuze tudakikiriza, ni ingeramizi ku muzirikanyi. Nuko rero, birahambaye ko umuntu aba umurobanuzi. Turetse gusoma ibisohokayandikiro vyacu vyo kwiga Bibiliya, turakeneye gusoma Bibiliya ubwayo. Umwanditsi yatanguje iki kinyamakuru yandikiye abasomyi biwe ati: “Ntitukigere twibagira yuko Bibiliya ari ryo Shimikiro ryacu be n’uko naho imfashanyo zacu zoba zitangwa n’Imana, ari ‘imfashanyo’ zidasubirira Bibiliya.”a Ni co gituma, naho tutirengagiza ibisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya, dukeneye gusoma Bibiliya ubwayo.
10. “Wa mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwege” yashimitse gute ku kamaro ko gusoma Bibiliya?
10 Kubera ko wa “mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge” (NW) afise ku mutima iyo nkenero, ubu amaze imyaka n’iyindi ashira ku rutonde isomwa rya Bibiliya bwa muce wa porogarama y’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi mw’ishengero rimwe rimwe ryose. (Matayo 24:45) Urutonde rwo gusoma Bibiliya rwa none ruhetura Bibiliya yose uko ingana mu kiringo c’imyaka nk’indwi. Urwo rutonde ni ngirakamaro kuri bose mugabo canecane ku bashasha batarigera basoma Bibiliya yose uko ingana. Abitaba Ishure ry’ivya Bibiliya rya Watchtower ry’i Gileyadi ry’abamisiyonari n’Ishure Rimenyereza Abasuku be n’abashasha bo mu bagize umuryango wa Beteli, basabwa gusoma Bibiliya yose uko ingana mu mwaka umwe. Urutonde rwose woba ukurikiza uri wenyene canke muri mu muryango, kurukurikiza bisaba gushira mu kibanza ca mbere ugusoma Bibiliya.
Utumenyero Twawe mu vyo Gusoma Duhishura Iki?
11. Ni gute kandi ni kuki dukwiye gufungura amajambo ya Yehova imisi yose?
11 Niba ufise ingorane mu vy’ukuguma ukurikiza urutonde rwawe rwo gusoma Bibiliya, vyoba bikwiriye ko wibaza uti: ‘utumenyero twanje mu vyo gusoma no kuraba televiziyo twokora iki ku bushobozi mfise bwo gusoma Ijambo rya Yehova?’ Ibuka ivyo Musa yanditse—na Yezu akabisubiramwo—yuko “Umuntu [ad]atungwa n’umutsima gusa, arikw atungwa n’ijambo ryose riva mu kanwa k’Imana.” (Matayo 4:4; Gusubira mu Vyagezwe 8:3) Nk’uko dukeneye kurya umutsima canke ikindi kimeze nka wo imisi yose y’ukubaho kwacu kugira ngo tuzigame umubiri wacu, ni na ko dukeneye kwihereza ivyiyumviro vya Yehova ku musi ku musi kugira ngo tuzigame kamere yacu y’ivy’impwemu. Turashobora gushikira ivyiyumviro vy’Imana imisi yose mu gusoma Ivyanditswe.
12, 13. (a) Intumwa Petero agereranya gute icambirwa dukwiye kugirira Ijambo ry’Imana? (b) Paulo yakoresheje gute ikigereranirizo c’amata mu buryo butandukanye n’ubwa Petero?
12 Mu gihe twotahura ko Bibiliya “[atari] ijambo ry’abantu, ariko [ari] ijambo ry’Imana, nk’uko riri koko,” tuzokwegerwa kuri ryo nk’uko nyene uruyoya rwipfuza cane amaberebere ya nyina. (1 Ab’i Tesalonike 2:13) Intumwa Petero yaragize iryo gereranya, mu kwandika ati: “[“Nk’inzoya zivutse vuba, nimuremareme ugucambirwa amata adafunguye ya rya jambo, kugira ngo biciye kuri yo mukure gushika ku bukiriro,” NW], asangwa mwarayumvirije mukumva y’uk’Umwami wacu agira neza.” (1 Petero 2:2, 3) Niba vy’ukuri twarahonjeje, biciye ku vyo twiboneye, yuko “Umwami agira neza,” tuzotsimbataza ukwipfuza cane gusoma Bibiliya.
13 Dukwiye kubona yuko Petero muri iki gisomwa agereranya amata mu buryo butandukanye n’ukuntu intumwa Paulo yabigize. Ku ruyoya rukivuka, amaberebere afise ingaburo zose zikenewe. Ikigereranirizo ca Petero cerekana yuko Ijambo ry’Imana ririmwo ivyo dukeneye vyose kugira ngo “dukure gushika ku bukiriro.” Paulo we akoresha ikenerwa ry’amata mu kugereranya utumenyero tw’ugufungura nabi tuba dufiswe na bamwebamwe bibwira ko bakuze mu vy’impwemu. Mw’ikete yandikiye Abakirisu b’Abaheburayo, Paulo yanditse ati: “Naho mwari mugeze kuba abigisha, kuko mumaze igihe kirekire mwiga, mukwiye kwongera kwigishwa namwe nyene ivya mbere vy’itanguriro ry’ivyavuzwe n’Imana: kandi mwahindutse abakwiye gutungwa n’amata, s’ukugaburirwa ivyo kurya bigumye. Nuk’ūtunzwe n’amata aba ataramenya ijambo ry’ukugororoka, kukw aba ar’uruhinja. Ariko, ivyo kurya bigumye n’ivy’abakuze, bafise ubgenge, maze kubgo kwama babukoresha, bumogorera gutandukanya ikibi n’iciza.” (Abaheburayo 5:12-14) Gusoma Bibiliya umuntu yitonze birashobora gufasha cane gutsimbataza ububasha bwacu bwo gutegera bikongera bigakabura akayabagu tugirira ibintu vy’impwemu.
Ukuntu Twosoma Bibiliya
14, 15. (a) Ni akahe gateka Umwanditsi wa Bibiliya adutera? (b) Dushobora gute kwungukira ku bukerebutsi buva ku Mana? (Tanga uturorero.)
14 Ubusomyi burushiriza kuba nzanakunguko bwa Bibiliya ntibutangurira ku gusoma, ariko butangurira ku gusenga. Isengesho ni agateka kibonekeje. Ni nk’aho mu kwanzika gutohoza igitabu cerekeye ibintu kanaka bigera ibwina wotangurira ku gutera akamo umwanditsi waco kugira ngo agufashe gutahura ivyo ugira usome. Ese ukuntu ivyo bishobora kugira akarusho ntangere! Umwanditsi wa Bibiliya, Yehova, aragutera ako gateka. Umwe mu bari bagize inama nyobozi yo mu kinjana ca mbere yandikiye abavukanyi biwe ati: “Asangwa har’uwo muri mwebge akennye ubgenge, n’abusabe Imana, igabira bose ata kinūbge, idaterana imirarwe, azobuhabga. Arikw asabe yizeye, ata co akekeranya.” (Yakobo 1:5, 6) Inama Nyobozi yo mu gihe ca none yama nantaryo iduhimiriza gusoma Bibiliya tubifatanya n’isengesho.
15 Ubukerebutsi ni uburyo ngirakimazi bwo gushira mu ngiro ubumenyi. Rero, imbere yo kuzingurura Bibiliya yawe, saba Yehova agufashe kumenya ivyiyumviro vyo mu busomyi bwawe bikenewe gushirwa mu ngiro mu buzima bwawe. Nufatanye ibintu bishasha wize n’ivyo wari usanzwe uzi. Nubifatanye n’“icitegererezo c’amajambo mazima” umaze kumenya. (2 Timoteyo 1:13) Nuzirikane ku bintu bimwebimwe vyabaye mu buzima bw’abasavyi ba Yehova bo mu bihe vyahera, maze wibaze ukuntu wari kuvyifatamwo mu bintu bisa n’ivyo.—Itanguriro 39:7-9; Daniyeli 3:3-6, 16-18; Ivyakozwe 4:18-20.
16. Ni inama ngirakimazi izihe zitangwa kugira ngo dushobore gutuma ugusoma Bibiliya kwacu kurushiriza kuba nzanakunguko na ngirakimazi?
16 Ntugasome gusa kugira ngo uheture impapuro kanaka. Niwitonde. Nunoganze ivyo uriko urasoma. Igihe ushimishijwe n’iciyumviro kanaka, tereza akajisho ku marabiro yanditse mu nkingi niba Bibiliya yawe iyafise. Mu gihe ico kibazo kitaratomoka, nugire utwo wandika kugira ngo mu nyuma uze ugire ubundi bushakashatsi. Uko usoma, nushire akamenyetso ku vyanditswe ushaka canecane kwibuka canke uvyimure. Ku mpande urashobora no kwongerako utuntu wiyandikiye be n’amarabiro. Ku biraba ivyanditswe ubona ko wokenera umusi uri izina mu gikorwa cawe co kwamamaza inkuru nziza no kwigisha, niwandike ijambo nyamukuru maze uronderere mw’ironderero ry’amajambo ya Bibiliya riri ku mpera ya Bibiliya yawe.b
Nutume Ugusoma Bibiliya Guhimbara
17. Ni kuki dukwiye guhimbarwa no gusoma Bibiliya?
17 Umwanditsi wa Zaburi yaravuze ivy’umuntu ahiriwe uwo “ibimuhimbara biri mu vyagezwe vy’Uhoraho, kand’ivyagezwe vyiwe [ar]i vyo [“asoma n’ijwi ritoyi,” NW] ku murango no mw’ijoro.” (Zaburi 1:2) Ubusomyi bwa Bibiliya bwacu bwo ku musi ku musi ntibukwiye kuba umuzigo, ariko bukwiye kuba ubuhimbaye koko. Uburyo bumwe bwo gutuma buryoha ni mu gushira ku mutima agaciro k’ibintu vyizwe. Wa Mwami w’inkerebutsi Salomo yanditse ati: “Hahirwa umuntu yironkera ubgenge . . . Amayira yabgo n’amayira y’igikundiro, kand’inzira zabgo zose n’iz’amahoro. Bubera igiti c’ubu[zima] ababucakira: hahirwa umuntu wese abgumirako.” (Imigani 3:13, 17, 18) Akigoro gakenewe kugira ngo umuntu aronke ubukerebutsi mu vy’ukuri si ak’impfagusa, kubera yuko inzira zabwo ari inzira z’uburyoherwe, amahoro, ubuhirwe, maze amaherezo zikaba iz’ubuzima.
18. Ni igiki gikenewe turetse ugusoma Bibiliya, kandi ni ibiki tuza kurimbura mu kiganiro gikurikira?
18 Egome, ubusomyi bwa Bibiliya ni nzanakunguko kandi buranezereye. Mugabo vyoba bihagije? Abanywanyi b’amadini y’abiyita Abakirisu bamaze imyaka amajana basoma Bibiliya, “bama biga, ariko [ntibashobora] gushi[k]a ku kumenya ukuri.” (2 Timoteyo 3:7) Kugira ngo ubusomyi bwa Bibiliya bugire ico bwimbuka, dutegerezwa kubugira turondera gushira mu ngiro mu buzima bwacu bwite ubumenyi tubukuramwo kandi tukabukoresha mu gikorwa cacu co kwamamaza inkuru nziza no kwigisha. (Matayo 24:14; 28:19, 20) Ivyo bisaba akigoro n’uburyo bwiza bwo kwiga, na vyo bikaba bishobora kuryoha no kuronswa impera, nk’uko tuza kubibona mu kiganiro gikurikira.
[Utujambo tw’epfo]
a Raba igitabu Les Témoins de Jéhovah: Prédicateurs du Royaume de Dieu, casohowe n’Ivyabona vya Yehova, ku rupapuro rw’241.
b Raba Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Rusama 1995, urupapuro 27-28, ahavuga ngo: “Ivyo wokurikiza ngo wongereze ugusoma Bibiliya kwawe.”
Ibibazo vy’Isubiramwo
• Ni impanuro iyihe yahawe abami ba Isirayeli muri iki gihe yerekeye abacungezi, kandi kuki?
• Muri iki gihe, ni bande bameze nk’“abanyamahanga” n’“abana,” kandi ni kuki bakeneye gusoma Bibiliya ku musi ku musi?
• Ni mu buryo ubuhe ngirakimazi “wa mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge” yadufashije gusoma Bibiliya ubudahorereza?
• Dushobora gute gukura ivyiza n’umunezero nyakuri ku gusoma Bibiliya kwacu?
[Ifoto ku rup. 18]
Yezu yari afise akamenyero ko kugira uruhara mu busomyi bw’Ivyanditswe mw’isinagogi
[Ifoto ku rup. 19]
Abakurambere canecane barakeneye gusoma Bibiliya ku musi ku musi