ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w01 1/5 rup. 8-11
  • Niwitegereze Uwukora Ibintu Bitangaje!

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Niwitegereze Uwukora Ibintu Bitangaje!
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Umwe Yakora Ivyo Bikorwa
  • Ni Uwuhe Muntu Afise Inyishu?
  • Nuvyitirire Yehova Arabikwiye
  • Niwitwararike Ibikorwa Bitangaje vy’Imana
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
  • Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Yobu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Yobu yarashize hejuru izina rya Yehova
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • “Mwarumvise ukwihangana kwa Yobu”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
w01 1/5 rup. 8-11

Niwitegereze Uwukora Ibintu Bitangaje!

“Hagarara, witegereze ibikorwa vy’Imana bitanganje.”​—YOBU 37:14.

1, 2. Mu 1922, ni ibintu bitangaje ibihe vyubuwe, kandi vyakiriwe gute?

UMUCUKUZI be n’umutware umwe w’Umwongereza baramaze imyaka n’iyindi bafashanya mu kurondera ubutunzi buhishijwe. Amaherezo, ku wa 26 Munyonyo 1922, kw’itongo ryahambwamwo Abafarawo b’Abanyamisiri mu Mubande rurangiranwa wataziriwe uw’Abami, uwo mucukuzi Howard Carter n’umutware Carnarvon baratoye ico barondera. Ico na co kikaba cari imva ya Farawo Tutankhamen. Bashikiriye urugi rubabiye, baratoboye intoboro. Carter yarashizemwo ibuji maze atereza amaso imbere.

2 Carter mu nyuma yiganye ati: “Uwo mutware, uwutari agifise ukwihangana kuri ivyo, igihe yabaza umutima utari mu nda ati: ‘Hoba hari ico ushobora kubona?’ Naragize akigoro gushika aho nshobora kuvuga ngo: ‘Egome, mbona ibintu vy’igitangaza.’” Mu bintu vy’igiciro ibihumbi n’ibihumbi vyari muri iyo mva harimwo isandugu ikozwe mu nzahabu. Ushobora kuba umaze kubona bimwebimwe muri ivyo “bintu vy’igitangaza” mu mafoto canke mu maratiro y’ivya kera. Yamara rero, naho ivyo bintu biri mu maratiro y’ivya kera vyoba ari igitangaza gute, ntaho bisa bisana n’ubuzima bwawe. Reka tuje ku bintu bitangaje, mu vy’ukuri bifitaniye isano na wewe kandi bigufitiye agaciro.

3. Ni hehe turonka amakuru ku vyerekeye ibintu bitangaje bishobora kuba ivy’agaciro kuri twebwe?

3 Nk’akarorero, iyumvire umugabo umwe haciye ibinjana vyinshi abayeho, umugabo amenyekana cane kuruta umuntu wese yoba ari umukinyi rurangiranwa w’amasenema, uwuvugangwa mu vy’inkino canke uwo mu muryango wa cami. Bamwita uwuhambaye gusumba abantu bose b’i Burasirazuba. Wosanga uzi izina ryiwe. Uwo muntu ni Yobu. Hari igitabu co muri Bibiliya cose uko kingana canditswemwo ibimwerekeye. Yamara rero, umwe mu bantu bo mu gihe ca Yobu, umusore yitwa Elihu, yumvise ari ngombwa ko amukosora. Kukaba nkako, Elihu yavuze yuko Yobu yarenza urugero mu kwitwararika ivyiwe n’ivy’abari bamukikuje. Muri Yobu ikigabane ca 37, turahasanga izindi mpanuro zitomoye kandi ziranga ubukerebutsi zishobora kuba iz’agaciro nyakuri kuri umwumwe wese muri twebwe.​—Yobu 1:1-3; 32:1–33:12.

4. Ni igiki cashikanye Elihu ku gushikiriza inkeburo yanditswe muri Yobu 37:14?

4 Ba bandi batatu bitwa ngo ni abagenzi ba Yobu, baradomye urutoke mu buryo buramvuye ku bintu bibaza yuko Yobu yoba yari yahuvyemwo mu vyiyumviro canke mu ngiro. (Yobu 15:1-6, 16; 22:5-10) Elihu yararindiriye yihanganye gushika aho ico kiganiro gihereye. Maze yarafashe ijambo avuga ibintu mu buryo buranga ubukerebutsi n’ubwenge. Yarashikirije ivyiyumviro vyinshi vy’agaciro, mugabo nurabe iki ciyumviro nyamukuru kigira giti: “Umve ibi, yewe Yobu: hagarara, witegereze ibikorwa vy’Imana bitangaje.”​—Yobu 37:14.

Umwe Yakora Ivyo Bikorwa

5. “Ibikorwa bitangaje vy’Imana” Elihu yerekezako, birimwo n’ibiki?

5 Urabona ko Elihu ataseruye yuko Yobu atitwararitse ivyiwe bwite, ivya Elihu ubwiwe canke ivy’abandi bantu. Elihu yarahimirije Yobu abigiranye ubukerebutsi ngo yitwararike ibikorwa bitangaje vya Yehova Imana, kandi natwe araduhimiriza. Wiyumvira ko iyo mvugo ngo “ibikorwa vy’Imana bitangaje” harimwo n’ibiki? Vyongeye, uravye umwitwarariko ushobora kuba ufitiye amagara, ivy’amahera, kazoza, umuryango wawe, abo mukorana be n’ababanyi, ni kuki wokwitwararika ibikorwa vy’Imana? Nta nkeka ko ibikorwa bitangaje vya Yehova Imana birimwo ubukerebutsi bwiwe n’ubukuru afise ku vyaremwe vyose biboneka bidukikije. (Nehemiya 9:6; Zaburi 24:1; 104:24; 136:5, 6) Kugira ngo ivyo tubitomore, turabe iciyumviro kimwe kiri mu gitabu ca Yosuwa.

6, 7. (a) Yehova yakoze ibihe bikorwa bitangaje mu misi ya Musa n’iya Yosuwa? (b) Iyo uba wariboneye kimwe muri ivyo bikorwa mu gihe ca Musa na Yosuwa, wari kuvyakira gute?

6 Yehova yarateje ivyago Misiri ya kera hanyuma maze agaburamwo kubiri Ikiyaga Gitukura kugira ngo Musa ashobore kuyobora Abisirayeli ba kera mu mwidegemvyo. (Kuvayo 7:1–14:31; Zaburi 106:7, 21, 22) Hariho ikintu cabaye gisa n’ico, ciganwa muri Yosuwa ikigabane ca 3. Yosuwa, umusubirizi wa Musa, yategerezwa kuyobora igisata c’Imana akakijabutsa ayandi mazi akagishikana muri ca Gihugu c’Isezerano. Yosuwa yavuze ati: “Ni mwiyeze, kukw ejo Uhoraho azokora ibitangaza muri mwebge.” (Yosuwa 3:5) Ibitangaza nyabaki?

7 Urabona, iyo nkuru yerekana yuko Yehova yuguruye ibariyeri igizwe n’amazi, akaba ari rwa Ruzi Yorodani, kugira ngo ibihumbi amajana vy’abagabo, abagore n’abana bashobore kujabuka baciye kw’isi yumutse. (Yosuwa 3:7-17) Iyo tuza kuba ari ho turi twitegereza ukuntu uruzi rwicamwo kubiri maze abo bantu bose bakajabuka ata nkomanzi, twari gukubitwa n’inkuba n’ukuntu ico ari ikintu gitangaje gikozwe! Vyerekanye ububasha Imana ifise ku vyaremwe. Yamara rero, no muri iki gihe​—mu gihe tubayemwo​—hariho ibintu bitangaje nk’ukwo nyene. Kugira ngo tubone bimwebimwe muri vyo n’igituma dukwiye kuvyitwararika, turimbure Yobu 37:5-7.

8, 9. Muri Yobu 37:5-7 hadoma urutoke ku bihe bikorwa bitangaje, mugabo ni kuki dukwiye kubizirikanako?

8 Elihu yamenyesheje ati: “Imana ituragarisha ijwi ryayo bitangaje; ikora ibikomeye tudashobora gutahura.” Elihu yari afise iki mu muzirikanyi ku biraba ivy’uko Imana ikora ibintu ‘mu buryo butangaje’? Urabona, aracishamwo akavuga ivya shelegi (ibintu vyoroshe cane vyera kandi bikanye cane bigwa nk’imvura mu bihugu vya Buraya), be n’imvura y’umuvuvu. Ivyo vyohagarika igikorwa c’umurimyi mu ndimiro yiwe, bikamuha umwanya n’imvo vyo kurimbura ibikorwa vy’Imana. Dushobora kuba tutari abarimyi, mugabo imvura na shelegi vyoshobora kugira ico bikora kuri twebwe. Bivanye n’aho tuba, shelegi canke imvura vyoshobora guhagarika ibikorwa natwe dukora. Twoba dufata umwanya wo kuzirikana ku wuri inyuma y’ivyo bitangaza n’ico ivyo bisobanura? Ivyo woba umaze kubigira?

9 Mu buryo buri n’ico buvuze nk’uko tubisoma muri Yobu ikigabane ca 38, Yehova Imana ubwiwe yarakurikije ico ciyumviro nyene igihe yabaza Yobu ibibazo biri n’ico bivuze. Naho Umuremyi wacu yerekeje ivyo bibazo kuri Yobu, biragaragara yuko vyerekeye inyifato yacu, ukubaho kwacu na kazoza kacu. Nimuze rero turabe ivyo Imana yabajije, kandi twiyumvire ico bishaka kuvuga, emwe dukore ico muri Yobu 37:14 haduhimiriza gukora.

10. Muri Yobu ikigabane ca 38 hakwiye kugira iki kuri twebwe, kandi ni ibihe bibazo haserura?

10 Ikigabane ca 38 gitangura giti: “Uhoraho yishurira Yobu mu gashururu, at’Uyo ni nde azimanganya inama mu magambo atarimw’ubgenge? Enda kenyera magabo! Kuko ngira nkubaze, nawe uheze unyishure.” (Yobu 38:1-3) Ivyo vyaraciriye inzira ibigira bikurikire. Vyarafashije Yobu kubogora ukwiyumvira kwiwe ngo atahure yuko yari ahagaze imbere y’Umuremyi w’ijuru n’isi be n’uko yari afise ico abazwa na we. Ico kandi ni ikintu ciza twebwe be n’ababayeho muri iki gihe cacu bakwiye kugira. Maze Imana yaravuze ubwoko bw’ibintu biri mu vyo Elihu yari yavuze. Igira iti: “Mbega wewe wari hehe, igihe nashirah’amatanguriro y’isi? Bivuge, namb’ufise ubgenge. Ni nde yatamvye amatambge yayo, namb’ubizi? Canke ni nde yayigeresheje umugozi? Ibinogo vy’inkingi zayo vyimbururiwe mu ki? Canke ni nde yashizeh’ibuye rigumya imfuruka?”​—Yobu 38:4-6.

11. Muri Yobu 38:4-6 hakwiye gutuma dutahura ibihe bintu vyaranguwe?

11 Igihe isi yaremwa Yobu yari hehe? Umwe wese muri twebwe yari ari hehe? Twoba twari abahinga mu vy’ugucapa imigero bacafye imigero y’iyi si turiko, maze bayishimikije bagashinga ibipimo nkaho boba bakoresha agacamurongo? Nta namba! Abantu no kubaho ntibari bwabeho. Imana yabajije iti: “Ni nde yashizeh’ibuye rigumya imfuruka?” Yabibajije nkaho iyi si yacu yoba yari inyubakwa. Turazi yuko isi iri ku burebure bubereye uvuye ku zuba kugira ngo tubeho kandi tumererwe neza. Ikindi, ifise n’ubunini bubereye. Hamwe isi yoba ari nini kuruta, umwuka witwa hydrogène ntiwoshobora gutumuka ngo uve muri iki kirere cacu, gutyo umubumbe wacu ntiwoshoboye kubako ubuzima. Biragaragara ko hariho umuntu kanaka “yashizeh’ibuye rigumya imfuruka [zawo]” mu kibanza kibereye. Ubwo Yobu yoba yari akwiye kuvyitirirwa? Tweho twoba tubikwiye? Canke Yehova Imana yoba ari we abikwiye?​—Imigani 3:19; Yeremiya 10:12.

Ni Uwuhe Muntu Afise Inyishu?

12. Ikibazo dusanga muri Yobu 38:6 kidushikana ku kwiyumvira ivyerekeye iki?

12 Imana yabajije kandi iti: “Ibinogo vy’inkingi zayo vyimbururiwe mu ki?” Ico si ikibazo ciza none? Kumbure turazi neza ijambo Yobu atari azi​—ni ukuvuga Pesanteur (ubushobozi butuma ibintu bigwa hasi, ntibigume mu kirere). Benshi muri twebwe turatahura yuko inguvu y’ubwo bushobozi iva ku buremere amahanga bw’izuba, butuma isi yacu iguma mu kibanza cayo, akaba ari nk’aho ibinogo vy’inkingi zayo vyimbururiwe. N’aho nyene, ni nde atahura bimwe bishitse ubwo bushobozi?

13, 14. (a) Ni igiki dutegerezwa kwiyemerera ku vyerekeye ubushobozi butuma ibintu bigwa hasi ntibigume mu kirere? (b) Dukwiye kwakira gute ibintu bishirwa ahabona muri Yobu 38:6?

13 Hari igitabu giherutse gusohorwa gifise umutwe uvuga ngo The Universe Explained (Ijuru n’Isi Birasiguwe) ciyemerera yuko ‘ubwo bushobozi ari ikintu abantu barushirije kuba benshi bazi, yamara gitahurwa buhoro kurusha ibindi bintu vyose vyo mu nguvu zo mu bidukikije.’ Congerako giti: “Inguvu z’ubwo bushobozi zisa n’uko zica mu kirere kigaragara mu kanya isase, ata kintu na kimwe bigaragara ko kiziteye. Ariko rero, muri iyi myaka ya vuba, abahanga mu vya fizike baratanguye kunuganuga yuko ubwo bushobozi bwoshobora gutembera mu mipfunda igizwe n’uduhimba dutoduto (gravitons) . . . Ariko nta n’umwe azi neza nimba utwo duhimba tubaho.” Nuzirikane ku co ivyo bivuze.

14 Siyansi yarateye imbere imyaka 3.000 kuva Yehova abajije Yobu ivyo bibazo. Yamara rero, yaba twebwe canke bakaruhariwe mu vya fizike, ntidushobora gusigura mu buryo bwuzuye ivyerekeye ubwo bushobozi. Ubwo bushobozi ni bwo butuma isi iguma ikurikira inzira ibereye, akaba ari ikibanza nyene ikwiye kuba irimwo kugira ngo itume dushobora kwinovora ubuzima ngaha. (Yobu 26:7; Yesaya 45:18) Ivyo ntibishaka kuvuga yuko twese dukeneye kubandanya ubushakashatsi bugera ibwina bw’ibisigabwenge vyerekeye ubwo bushobozi. Ahubwo, gutereza amaso no kuri uwo muce umwe w’ibikorwa bitangaje vy’Imana birakwiye kugira akosho ku kuntu tuyibona. Woba ufitiye akoba ubukerebutsi bwayo n’ubumenyi bwayo, kandi woba wumva igituma dukeneye kwiga vyinshi kuruta ku vyerekeye ukugomba kwayo?

15-17. (a) Muri Yobu 38:8-11 hashingiye ku ki, bikajana ku bihe bibazo? (b) Ni igiki abantu bategerezwa kwiyemerera ku biraba ubumenyi mu vyerekeye amabahari n’ukuntu agabaguye kuri uyu mubumbe?

15 Umuremyi arabandanya ibibazo vyiwe ati: “Ni nde yugarije ikiyaga inzugi, igihe cafyiruka nk’ikivuye mu nda? Igihe nagira ibicu imyambaro yaco, nkakizingirak’umwiza w’umuzitanya nk’impuzu y’uruyoya, nkagishingira akarimbi, nkagishirirah’ibihindizo n’inzugi, nkavuga, nti Garukira aha, ntuharēngāne: Nt’Aha ni ho imipfunda yawe yīshira hejuru izogarukira?”​—Yobu 38:8-11.

16 Ukwugariza ibiyaga, vyagizwe hakoreshejwe ibice binini vy’ubutaka, amabahari hamwe n’imikuba. Haciye igihe kingana iki umuntu yihweza yongera atohoza ivyo bintu? Haciye imyaka ibihumbi n’ibihumbi​—kandi muri iki kinjana giheze ni ho yakobeje. Woshobora kwiyumvira yuko vyinshi mu bikwiye kumenywa ku bivyerekeye kugeza ubu bitegerezwa kuba vyarashizwe ahabona. Yamara, muri uyu mwaka w’2001, utohoje neza ivy’ico kibazo mu bubiko amahanga bw’ibitabu canke ugakoresha bwa bubasha bukomeye bwo kugira ubushakashatsi kuri Internet kugira ngo umenye amakuru ya nyuma agezweko, wohatora iki?

17 Mu nkoranyabumenyi imwe yemerwa henshi, woshobora gutora ahantu hemerwa icese ibikurikira: “Ukuntu hari igaburwa ry’ubutaka n’amabahari kuri uyu mubumbe be n’ukuntu ku butaka hagenda hataringanira, bimaze igihe kirekire biri mu ngorane ziyobera ubushakashatsi n’ivyiyumviro vyo mu vya siyansi.” Iyo nkoranyabumenyi duhejeje kuvuga imaze kuvuga ivyo, yaratanze insobanuro zine zishoboka mugabo ivuga yuko izo ari bimwe “mu vyiyumviro vyinshi abantu biha.” Nk’uko ushobora kuba ubizi, iciyumviro umuntu yiha “kiba kirimwo ikimenyamenya kidahagije cifadikizwa mu gutanga insobanuro isa n’iyofadika.”

18. Muri Yobu 38:8-11 hagushikana ku kihe ciyumviro?

18 None ivyo ntivyerekana yuko ivyo bibazo twasomye muri Yobu 38:8-11 bihuye n’igihe? Tuvugishije ukuri, ntitugiye kwitirirwa ko ari twe twashize ku rutonde iyo mice y’umubumbe wacu yose. Si twebwe twashizeho ukwezi ku buryo ubushobozi bwakwo bwo gukwega ibintu butuma haba imikuba mu bisanzwe itarengera inkengera z’amabahari canke ngo iturengere twebwe ubwacu. Urazi uwabigize, uwakoze ibintu vy’igitangaza.​—Zaburi 33:7; 89:9; Imigani 8:29; Ivyakozwe 4:24; Ivyahishuriwe 14:7.

Nuvyitirire Yehova Arabikwiye

19. Imvugo mpinyanuro ziri muri Yobu 38:12-14 zerekeza ubwenge bwacu ku bihe bintu biboneka?

19 Abantu ntibashobora kwitirirwa ukwizinguriza kw’isi gukikirizwako muri Yobu 38:12-14. Ukwo kwizingurika ry’isi rituma umutwenzi ubaduka, kenshi na kenshi ukabaduka ufise ubwiza bwinshi. Uko izuba riseruka, ni ko ibiranga uyu mubumbe wacu bigaragara kuruta, bikamera nk’ibumba ririko rirabumbwamwo ikintu kiriko kiratakwako amagarwe. Igihe dushize umutima na gatoyi ku kuzunguruka kw’isi, dutegerezwa gutangara kubona isi itanyaruka birenze mu kuzunguruka kwayo, ivyo na vyo bikaba vyotera akaga, nk’uko dushobora kubibona bitagoranye. Eka mbere ntiyizinguriza bukebuke cane ku buryo bituma imirango n’amajoro biba birebire gusumba ngo bitume hashuha canke hagakanya mu buryo burenze urugero, bigatuma ubuzima bw’umuntu budashoboka. Tuvugishije ukuri, turakwiye kunezerwa kubona Imana, atari umugwi uwo ari wo wose w’abantu, yarashinze ubunyarutsi umubumbe wacu ukwiye kugira mu kwizinguriza.​—Zaburi 148:1-5.

20. Wokwishuye gute ibibazo vyabajijwe muri Yobu 38:16, 18?

20 Ubu, niwiyumvire yuko Imana ikubajije ibi bindi bibazo bigira biti: “Mbega warashitse mu masōko y’ikiyaga? Canke waragendagenze ahigobetse i bgina bgaco?” Eka mbere n’umuhanga mu vy’amabahari ntiyoshoboye kwishura ico kibazo mu buryo bushitse! “Mbega waratahuye ubgaguke bg’isi? Bivuge, namb’ubizi vyose.” (Yobu 38:16, 18) Woba umaze kuja kuratira ijisho imihingo yose y’isi canke igice kinini cayo? Kwitaho kuraba ahantu henshi be n’ibitangaza vy’isi yacu bibereye ijisho, kwoshobora gutwara ibiringo vy’ubuzima bingana iki? Kandi ese ukuntu ivyo biringo vyoba ari vyiza igitangaza!

21. (a) Ibibazo biri muri Yobu 38:19 bikwiye guserura ibihe vyiyumviro vy’abanyasiyansi? (b) Ukuri kwerekeye umuco gukwiye kutuvyurira umutima wo gukora iki?

21 Nurabe kandi ibibazo vyimbitse biri muri Yobu 38:19 bigira biti: “Inzira ija i wabo w’umuco iri hehe? N’umwiza na wo ah’uba ni hehe?” Ushobora kuba uzi yuko higeze guca igihe kirekire vyemerwa hose ko umuco ugenda cokimwe n’umupfunda, nka kurya dushobora kwitegereza mw’ibenga ry’amazi. Maze mu 1905, Albert Einstein yasiguye yuko umuco ukora nk’udutudutu, canke nk’inkomezi z’iciye uduce. Ivyo vyoba vyaratoreye inyishu ivyo bibazo? Urumva, inkoranyabumenyi imwe ya vuba ibaza iti: “Mbega umuco ni umupfunda canke agahimba?” Yishura iti: “Womenga [umuco] ntushobora kuba ivyo vyompi kubera ko ivyo bintu bibiri [imipfunda n’uduhimba] ari ibintu bitandukanye cane. Inyishu nziza kuruta ni uko ata na kimwe muri ivyo kigize umuco.” Naho ari ukwo, tuguma dususurutswa n’umuco w’izuba (ryaba ritwakiye canke ritatwakiye), naho ata muntu n’umwe arashobora gusigura mu buryo bushitse ibikorwa vy’Imana ku biraba ivyo. Turinovora imfungurwa tukongera tugahimbarwa n’impemu bihingurwa igihe ibiterwa bironka umuco. Turashobora gusoma ibintu, tukabona abo dukunda, tukihweza ibirengazuba, n’ibindi n’ibindi. Uko tugira ivyo, ntidukwiye none kwemera icese ibikorwa bitangaje vy’Imana?​—Zaburi 104:1, 2; 145:5; Yesaya 45:7; Yeremiya 31:35.

22. Dawidi wa kera yitabiriye gute ibikorwa bitangaje vy’Imana?

22 Intumbero y’ukuzirikana kwacu ku bikorwa bitangaje vya Yehova, yoba gusa ari iy’ukugira ngo dutangare, nk’aho twoba duterwa akoba canke tukajorezwa n’ivyo vyose? Nta na gato. Wa mwanditsi wa Zaburi wa kera Dawidi yariyemereye ko umuntu adashobora gutahura no kugira ico avuze ku bikorwa vyose vy’Imana. Yanditse ati: “Uhoraho, Mana yanje, ibikorwa bitangaje wakoze ni vyinshi. . . . Nogomba kubidonda no kubivuga birenze uko vyoharūrwa.” (Zaburi 40:5) Ariko, nta gukeka ko atashaka kuvuga yuko yogumye acereje ku biraba ivyo bikorwa bihambaye. Dawidi ivyo yabigaragarije mu mwiyemezo wiwe yaseruye muri Zaburi 9:1 ati: “Ndashimisha Uhoraho umutima wanje wose, nderekana ibikorwa vyawe vyose bitangaza.”

23. Wakira gute ibikorwa bitangaje vy’Imana, kandi ushobora gute gufasha abandi?

23 Natwe none ntitwovyurirwa umutima wo kugira ico dukoze nk’ukwo nyene? Umutima dufise wo gutangarira ibikorwa bihambaye vy’Imana ntiwoba none ukwiye kudusunikira kuvuga ibiyerekeye, ivyo yakoze, n’ivyo ikiraririye gukora? Inyishu iratomoye​—turakwiye “[k]wamamaz[a] mu mahanga ubgiza bgiwe, n’ibikorwa bitangaje yakoze [t]uvyamamaze mu moko yose.” (Zaburi 96:3-5) Egome, turashobora guserura ugukenguruka ibikorwa bitangaje vy’Imana kuranga ukwicisha bugufi, mu kubwira abandi ivyo twize ku biyerekeye. Naho boba bakuriye mu kibano gitera akagere Umuremyi, amajambo yacu arangwa no kubona ibintu neza, ayabamenyesha ivyo batazi, arashobora kubavyurira kwemera icese Imana. Ikirushirije, birashobora kubavyurira umutima wo gushaka kwiga ivyerekeye wa wundi “yarem[a] ibintu vyose,” Yehova Nyenegukora ibikorwa bitangaje.​—Ivyahishuriwe 4:11.

Wokwishura Gute?

• Inkeburo yanditse muri Yobu 37:14 igushikana ku kwiyumvira ivyerekeye ibihe bikorwa vy’Imana?

• Ni ibintu bimwebimwe ibihe bishirwa ahabona muri Yobu ikigabane ca 37 n’ica 38 siyansi idashobora gusigura mu buryo bushitse?

• Wiyumva gute ku biraba ibikorwa bitangaje vy’Imana, bikuvyurira umutima wo gukora iki?

[Ifoto ku rup. 11]

Ni nde yugarije ikiyaga, akakigumiza mu kibanza caco?

[Ifoto ku rup. 11]

Ni nde amaze kugendera ibibanza vyose biteye igomwe vy’iyi si yacu, ivyo Imana yaremye?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika