ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w01 1/5 rup. 13-18
  • Niwitwararike Ibikorwa Bitangaje vy’Imana

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Niwitwararike Ibikorwa Bitangaje vy’Imana
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ibikorwa vy’Ububasha Kandi vy’Igitangaza
  • Ni Ikihe Ciyumviro Uciye Ushikako?
  • Ibikorwa Bitangaje vyo Muri Kazoza
  • Niwitegereze Uwukora Ibintu Bitangaje!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
  • Ibitangaza vy’irema birashemagiza Yehova
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Yobu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • “Niwizigire Yehova”
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2022
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
w01 1/5 rup. 13-18

Niwitwararike Ibikorwa Bitangaje vy’Imana

“Uhoraho, Mana yanje, ibikorwa bitangaje wakoze ni vyinshi, bo n’ivyo wiyumvira kutugirira; nta wogereranywa nawe.”​—ZABURI 40:5.

1, 2. Dufise ikihe kimenyamenya c’ibikorwa bitangaje vy’Imana, kandi ivyo bikwiye kudusunikira gukora iki?

IGIHE usoma Bibiliya, urashobora kubona bitagoranye yuko Imana yakoreye ibintu bitangaje igisata ciwe ca kera, ari co Isirayeli. (Yosuwa 3:5; Zaburi 106:7, 21, 22) Naho muri iki gihe Yehova adakorera abantu ibintu nk’ivyo yakoreye ico gisata, mu bidukikije turahasanga ibintu injojo vyemeza ibikorwa vyiwe bitangaje. Ni co gituma dufise impamvu yo kwifatanya n’umwanditsi wa Zaburi mu kuvuga duti: “Uhoraho we, ereg’ibikorwa vyawe n’ivy’uburyo bginshi! Vyose wabikoresheje ubgenge: isi yuzuye ubutunzi bgawe.”​—Zaburi 104:24; 148:1-5.

2 Benshi muri iki gihe barirengagiza canke bagatera akagere ikimenyamenya nk’ico gitomoye c’ibikorwa vy’Umuremyi. (Abaroma 1:20) Ariko rero, twebwe twoba tugize neza tubizirikanyeko kandi tukagira iciyumviro dushitseko ku bijanye n’ikibanza dufise imbere y’Umuremyi wacu n’igikorwa dutegerezwa kumurangurira. Yobu ikigabane ca 38 gushika ku ca 41 ni imfashanyo nziza igitangaza muri ivyo, kubera yuko muri ico canditswe Imana yerekeza ivyiyumviro vya Yobu ku mice imwimwe y’ibikorwa vyayo bitangaje. Rimbura ibibazo bimwebimwe bifise ishingiro Yehova yabajije.

Ibikorwa vy’Ububasha Kandi vy’Igitangaza

3. Nk’uko vyanditse muri Yobu 38:22, 23, 25-29, Imana yabajije ku biraba ibihe bintu?

3 Igihe kimwe, Imana yabajije Yobu iti: “Har’aho wigeze gushika mu bubīko bga shelegi? Cank’urābona ububīko bg’urubura, urwo nabīkiye igihe co kuzana amagorwa, nkarubīkira umusi w’intambara no kurwana?” Mu mihingo myinshi y’iyi si yacu, shelegi n’urubura ni ibintu bisanzwe mu buzima. Imana yabandanije iti: “Ni nde yaciriye isegenya imigende imanukana, canke yaciriye umuravyo w’inkuba inzira; kugira ngw arekurire imvura mu gihugu kitagiramw’ abantu, n’ubugaragwa butarimw’umuntu n’umwe; ngw ahēmbūre ahantu h’uruharabuga hagadutse, ngw ahameze ubgatsi butotahaye. Mbeg’imvura iri na se? Canke ni nde yavyaye udutonyanga tw’ikime? Urubura rwavuye mu nda ya nde? N’urume rw’igikonyozi ruva mw ijuru ni nde yarugīriye ku rwahi?”​—Yobu 38:22, 23, 25-29.

4-6. Ni mu buryo ki ubumenyi umuntu afise ku vyerekeye shelegi budakwiye?

4 Abantu bamwebamwe baba mu kibano aho ibintu vyose ari ukwihutagiza, kandi bakaba bategerezwa gufata ingendo, bashobora kubona shelegi nk’ikintu gusa kibabuza ico bikorera. Yamara rero, abandi badaharurwa babona shelegi nk’ikintu giteye akanyamuneza kenshi, gituma mu gihe iyo shelegi igwa ibibanza bimwe biba ibiteye igomwe, bigatuma hakorerwa ibintu bidasanzwe. Ufise mu muzirikanyi ca kibazo Imana yabajije, woba uzi neza shelegi, eka n’ukuntu isa? Yemwe, turazi uko shelegi isa igihe irundanye ari nyinshi, kumbure tukaba twabiboneye ku mafoto y’ibigunguzi vyayo canke kubera yuko twiboneye n’amaso yacu shelegi nyinshi. Mugabo twovuga iki ku tuvunji twa shelegi? Woba uzi ukuntu dusa, kumbure uturabiye aho tuba turi?

5 Abantu bamwebamwe baramaze imyaka mirongo biga, bongera bafata amafoto y’utuvunji twa shelegi. Akavunji ka shelegi gashobora kuba kagizwe n’utuvunguka ijana tw’ibarafu tworoshe dukozwe mu buryo butandukanye kandi buteye igomwe. Igitabu kimwe (Atmosphere) kivuga giti: “Ubwoko butagira uko bungana bw’utuvunji twa shelegi burazwi cane, abanyasiyansi bakaba bashimika yuko bakurikije ukuntu ibidukikije biri, ata na kimwe cobuza ko akavunji kamwe gasa n’akandi. Ariko bavuga ko ata na rimwe higeze kuboneka akavunji gasa n’akandi. Hari ubushakashatsi bwo ku rugero rudasanzwe bwayobowe na . . . Wilson A. Bentley, uwamaze imyaka irenga 40 asuzuma yongera afotora utuvunji twa shelegi akoresheje rugagamisha, mugabo akaba atigeze yubura tubiri dusa neza na neza.” N’aho vyoba vyarigeze gushika rimwe na rimwe, abantu bakabona nk’aho hari tubiri dusa nk’igiharo n’igiharage, none ivyo vyoca bituma tureka gutangarira ubwoko bwinshi cane butandukanye bw’utuvunji twa shelegi?

6 Niwibuke ca kibazo Imana yabaza kigira giti: “Har’aho wigeze gushika mu bubīko bwa shelegi?” Benshi bibaza ko ibicu ari bwo bubiko bwa shelegi. Woba ushobora kwiyumvira uriko uraja muri ubwo bubiko kugira ngo utohoze utuvunji twa shelegi uko turi ubwoko budaharurwa butandukanye, wongera wiga ukuntu twaje? Hari inkoranyabumenyi imwe yo mu vya siyansi ivuga iti: “Imero y’intimatima y’ibarafu be n’inkomoko yayo, ivyo na vyo bikaba ari nkenerwa kugira ngo utumatuma tw’ibicu ducike ibarafu ku ngero z’ubukanye 40 munsi y’ubusa, n’ubu ntibiratahurika neza.”​—Zaburi 147:16, 17; Yesaya 55:9, 10.

7. Ubumenyi bw’umuntu ku vyerekeye imvura bunonosoye ku rugero rungana iki?

7 Canke, tuvuge iki ku vyerekeye imvura? Imana yabajije Yobu iti: “Mbeg’imvura iri na se? Canke ni nde yavyaye udutonyanga tw’ikime?” Ya nkoranyabumenyi nyene y’ivya siyansi ivuga iti: “Kubera uburyo ibiri mu kirere bizunguruka ari ikintu kigoye itahura, kubera kandi yuko imyuka n’uduceduce turi mu mpemu bihindagurika kenshi, bisa n’ibidashoboka gushika ku ciyumviro kinonosoye, cemerwa na bose, ku vyerekeye uburyo ibicu n’imvura vyiyubaka.” Mu majambo yoroshe, abanyasiyansi baratanze ido n’ido ry’ivyiyumviro, ariko ntibashobora vy’ukuri gusobanura mu buryo bushitse ivyerekeye imvura. Yamara urazi yuko iyo mvura ifise akamaro igwa ikavomera isi, ikabungabunga ibiterwa, igatuma ubuzima bushoboka kandi buhimbara.

8. Ni kuki amajambo ya Paulo yanditse mu Vyakozwe 14:17 abereye?

8 Ntiwokwemeranya none n’iciyumviro intumwa Paulo yashitseko? Yahimirije abandi ngo ivyo bikorwa bitangaje babibonemwo uwuri inyuma yavyo. Paulo yavuze ku vyerekeye Yehova Imana ati: “Ntiyabirekeye ngaho, itagira ico kuyishingira intahe, kuko yama ibagirira neza, ibaha imvura iva mw ijuru, n’ibihe vy’ivyimburo vyiza, ibahāza ivyo kurya, yuzuza imitima yanyu umunezero.”​—Ivyakozwe 14:17; Zaburi 147:8.

9. Ni gute ibikorwa bitangaje vy’Imana bigaragaza ububasha bwayo buhambaye?

9 Nta gukekeranya gushobora kuhaba ku vy’uko uwakoze ibikorwa nk’ivyo bitangaje kandi bifise akamaro, afise ubukerebutsi butagira urugero n’ububasha bwinshi utoraba. Ku biraba ububasha bwiwe, niwiyumvire ibi: Bivugwa yuko ku musi ku musi habaho ibihuhusi 45.000 bivanze n’imituragaro be n’imiravyo, ku mwaka akaba ari ibirenga imiliyoni 16. Ivyo bisobanura yuko nk’2.000 biriko birashika ubu bwa jisho. Ibicu bitoroshe gutahura vyo mu gihe kimwe c’imvura y’igihuhusi vyiruka bifise inguvu zingana n’incuro cumi canke zirenga iz’inguvu z’amabombe ruhonyanganda yatewe mu Ntambara ya Kabiri y’Isi Yose. Zimwezimwe muri izo nguvu uzibona ari umuravyo. Uretse yuko imiravyo iteye ubwoba, mu vy’ukuri irafasha kuremarema icunyunyu citwa azote gishika mu butaka, aho ibiterwa bikinunuza ari nk’intabire isanzwe. Nuko rero, umuravyo ni inguvu ziba zigaragajwe, ariko kandi urazana ivyiza nyakuri.​—Zaburi 104:14, 15.

Ni Ikihe Ciyumviro Uciye Ushikako?

10. Wokwishura gute ibibazo dusanga muri Yobu 38:33-38?

10 Niwibaze ubwawe uri mu kibanza ca Yobu, uriko urabazwa n’Imana Mushoboravyose. Kumbure wokwiyemerera yuko abantu benshi bitwararika buhoro ibikorwa bitangaje vy’Imana. Yehova aratubaza ibibazo dusoma muri Yobu 38:33-38 ati: “Mbeg’urazi ivyagezwe biganza ijuru? Woshobora gushinga uko riganza isi? Woshobora gushira ijwi hejuru ngo rishikīre ibicu, kugira ngw amazi y’isegenya akwitabe? Woshobora gutuma imiravyo, ikagenda, cank’ikakwitaba, iti Sabge? Ni nde yashize ubgenge mu mutima w’umuntu? Canke mu mushaha wiwe ni nde yahashize ugutahura? Ni nde yogira ubgenge bgomushoboza guharūra ibicu? Canke ni nde yoshobora gucuranura amazi yo mu mibindi yo mw ijuru, igihe umukungugu uhinduka ivyondo, ibinonko bikamatana hamwe?”

11, 12. Ni ibintu bimwebimwe ibihe bigaragaza ko Imana ari yo Nyene gukora ibikorwa vy’igitangaza?

11 Aho twarimbuye ibintu bikeya gusa mu vyiyumviro Elihu yavyuye ari kumwe na Yobu, kandi twabonye ibibazo bimwebimwe Yehova yasavye Yobu kwishura ‘nk’umugabo.’ (Yobu 38:3) Tuvuze “bimwebimwe” kubera ko mu kigabane ca 38 n’ica 39, Imana yashimitse cane no ku yindi mice yibonekeje y’ivyaremwe. Nk’akarorero, ivyerekeye imivuvu y’inyenyeri zo kw’ijuru. Ni nde azi amategeko canke amabwirizwa yose ayigenga? (Yobu 38:31-33) Yehova yarerekeje ivyiyumviro vya Yobu kuri bimwebimwe mu bikoko​—nk’intare n’igikona, impongo n’imparage, imbogo n’ikinyoni citwa imbuni, ifarasi ikomeye be n’inkona. Nkako, Imana yabajije Yobu nimba ari we yahaye ivyo bikoko bitandukanye uturanga twavyo, agatuma bishobora kubaho no gusagamba. Woshobora kunezererwa gutohoza ivyo bigabane, canecane niba ukunda amafarasi canke ibindi bikoko.​—Zaburi 50:10, 11.

12 Woshobora kwihweza kandi Yobu ikigabane ca 40 n’ica 41, aho Yehova yongera gusaba Yobu ngo yishure ibibazo vyerekeye ibiremwa bibiri vyimereye ukwavyo. Turazi yuko ivyo biremwa ari imvubu, kikaba ari igikoko gifise umutumba amahero kikagira n’umubiri ukomeye, hamwe n’ingona y’agaterabwoba. Kimwe cose mu buryo giteye, ni igitangaza co mu vyaremwe dukwiriye kwihweza. Nimuze ubu turabe ivyiyumviro dukwiye gushikako.

13. Ibibazo Imana yabajije Yobu vyakoze iki kuri we, kandi ivyo bintu bikwiye kugira ico bikoze kuri twebwe gute?

13 Muri Yobu ikigabane ca 42 hatwereka ico ibibazo Imana yabajije vyagize kuri Yobu. Imbere y’aho, Yobu yari yaritwararitse birenze ivyiwe n’ivy’abandi. Mugabo, mu kwemera ikosorwa rifobekeye mu bibazo Imana yabajije, Yobu yarahinduye ivyiyumviro vyiwe. Yiyemereye ati: “Nzi yuk’ushobora vyose, kandi kw ata gishobora kubuza imigabo yawe. Uyo ni nde azimanganya inama ata bgenge agira? Erega ni co catumye mvuga ivyo ntatahuye, nkavuga ibitangaza bindengeye ntazi.” (Yobu 42:2, 3) Egome, Yobu amaze gushira umutima ku bikorwa vy’Imana, yavuze yuko ivyo bintu kuri we vyari bitangaje mu buryo burenze urugero. Tumaze kwihweza ivyo bitangaza vy’irema, natwe turakwiye gutangazwa n’ubukerebutsi bw’Imana be n’ububasha bwayo. Ivyo bidushikane ku ki? Kwoba gusa ari kugira ngo dutangazwe n’ububasha buhambaye be n’ubushobozi vya Yehova? Canke twoba dukwiye kurushiriza gukorwa ku mutima?

14. Ni gute Dawidi yakiriye ibikorwa bitangaje vy’Imana?

14 Emwe, muri Zaburi ya 86, turahasanga amajambo afitaniye isano n’ivyo yaseruwe na Dawidi, uwo muri Zaburi y’imbere yaho yavuze ati: “Ijuru ritāngāza icubahiro c’Imana, itāzānure ryayo rimenyekanisha igikorwa c’intoke zayo. Umurango uvugana n’uwundi murango urudaca, ijoro rimenyesha irindi joro ubgenge.” (Zaburi 19:1, 2) Mugabo Dawidi ntiyarekeye aho. Muri Zaburi 86:10, 11 tuhasoma duti: “Kuk’uhambaye, kand’ukora ibitangaza: ni wewe Mana wenyene. Uhoraho, ndangira inzira yawe; nanje nzogendera mu kuri kwawe; egeranya umutima wanje kugira ngo wubahe izina ryawe.” Akoba Dawidi yari afitiye Umuremyi ku bw’ibikorwa vyiwe vyose bitangaje karimwo n’urugero runaka rubereye rw’igitinyiro kijanye no kuyoboka Imana. Urashobora gutahura igituma. Dawidi ntiyashaka kudahimbara Umwe ashoboye gukora ivyo bikorwa bitangaje. Natwe birakwiye ko tuba nk’ukwo.

15. Ni kuki igitinyiro Dawidi yari afitiye Imana kijanye no kuyiyobokera cari kibereye?

15 Dawidi ategerezwa kuba yaratahuye yuko, kubera Imana ifise ububasha bukomeye kandi ikaba ari yo ibuyobora, ishobora kubwerekeza ku muntu uwo ari we wese adakwiriye ubutoni bwayo. Ku bameze nk’uwo, ivyo ni agaterabwoba. Imana yabajije Yobu iti: “Har’aho wigeze gushika mu bubīko bga shelegi? Cank’urābona ububīko bg’urubura, urwo nabīkiye igihe co kuzana amagorwa, nkarubīkira umusi w’intambara no kurwana?” Shelegi, urubura, imvura y’igihuhusi, umuyaga, hamwe n’umuravyo vyose biri mu birwanisho Imana ifise mu bubiko bwavyo. Kandi ese ukuntu ari ibintu vy’inkomezi bitangaje biri mu bidukikije!​—Yobu 38:22, 23.

16, 17. Ni igiki cerekana ububasha buteye akoba Imana ifise, kandi muri kahise yakoresheje ububasha nk’ubwo gute?

16 Kumbure uribuka ivyago bimwebimwe vyoba vyabereye aho uba bitewe na kimwe muri ivyo bintu, ari vyo umuyaga w’igihuhusi, ikivumbuzi, imvura y’urubura canke isegenya. Nk’akarorero, amaja mu mpera z’umwaka w’1999, imvura nyinshi y’igihuhusi yarateye Uburaya bwo mu bumanuko bushira uburengero. N’abahinga mu vy’ikirere vyashitse batari bavyiteze. Imiyaga ikomeye yarashikanye ubunyarutsi bw’ibirometero 200 kw’isaha, irarandagura ibisakazo vy’amazu ibihumbi n’ibihumbi, irahenura ibikingi vy’intsinga zitwara umuyagankuba yongera iracuranguza amakamyo. Nugerageze kwiha ishusho y’ibi: Muri ico kiringo c’imvura y’igihuhusi ibiti hafi imiliyoni 270 vyararandutse canke biravunagurika, 10.000 muri vyo bikaba vyari ivyo muri parike y’i Versailles honyene, mu micungararo y’igisagara c’i Paris. Imihana amamiliyoni n’amamiliyoni yarabuze umuyagankuba. Abahasize ubuzima bashika hafi 100. Ivyo vyose bikaba vyabaye mu kiringo gito cane. Umve yemwe izo nguvu!

17 Umuntu, imvura y’igihuhusi yoshobora kuza arayita ikintu gishika nk’icaduka, kitayobowe ku kintu kandi kiterekejwe kuri co. Ariko none ni ibiki vyoshitse mu gihe Umwe mushoboravyose yokora ibikorwa bitangaje mu gukoresha inguvu nk’izo mu buryo buyobowe kandi bwerekejwe ku kintu? Yaragize ikintu gisa n’ico mu gihe ca Aburahamu, uwamenye yuko Umucamanza w’isi yose yari yapimye ububisha bw’ibisagara bibiri, Sodomu na Gomora. Vyari vyarononekaye cane gushika n’aho amaborogo ku vyerekeye ivyo bisagara yaduze ku Mana, uwafashije abagororotsi bose guhunga ivyo bisagara vyari vyaciriweko iteka. Inkuru ya kahise ivuga iti: ‘Yehova atibura umuriro n’amazuku bivuye kuri we mw ijuru,’ abitiburira kuri ivyo bisagara. Ico cari igikorwa gitangaje, ni ukuvuga igikorwa co kuzigama abagororotsi no guhonya ababisha ruhebwa.​—Itanguriro 19:24.

18. Muri Yesaya ikigabane ca 25 hadoma urutoke ku bihe bintu bitangaje?

18 Igihe kimwe inyuma yaho, Imana yarafatiye ingingo mpanavyaha igisagara ca kera ca Babiloni, bikaba bishoboka ko ari co cerekezwako muri Yesaya ikigabane ca 25. Imana yabuye yuko igisagara kimwe cocitse umusaka iti: “Wahinduye igisagara ibirundo vy’amasakamburira, igisagara cubakiwe inzitiro wakigize amatongo, ingoro z’abanyamahanga watumye zitakiba igisagara, ntikizokwongera kwubakwa kugeza ibihe vyose.” (Yesaya 25:2) Abantu bo mu bihe vya none bagendera ahahoze Babiloni ya kera barashobora kwemeza yuko ivyo ariko vyagenze. Isangangurwa rya Babiloni vyoba ari ibintu vyahuriranye gusa? Oyaye. Ahubwo turashobora kwemera uko Yesaya yabivuze ati: “Ewe Uhoraho, ni wewe Mana yanje; nzogushira hejuru, ntazire izina ryawe; kuko wakoze ibitangaza, ivyo wagabiye uhereye kera, ur’uwo kwizigirwa n’uw’ukuri.”​—Yesaya 25:1.

Ibikorwa Bitangaje vyo Muri Kazoza

19, 20. Dushobora kwitega irihe ranguka rya Yesaya 25:6-8?

19 Imana muri kahise yararanguye ubwo buhanuzi duhejeje kuvuga, kandi izokora ibintu mu buryo butangaje muri kazoza. Mu bintu Yesaya yariko aravuga igihe yacishamwo ivy’‘ibintu bitangaje’ vy’Imana, turahasanga ubuhanuzi bwokwizigirwa bukiraririye kuranguka, nka kurya nyene urubanza rwaciriwe Babiloni rwarangutse. Ni ‘ikintu gitangaje’ ikihe gisezeranwa? Muri Yesaya 25:6 havuga hati: “Kur’uyu musozi Uhoraho Nyen’ingabo azohategurira amahanga yose amazimano y’inyama zinuze, amazimano ya vino y’umukāka, inyama zinuze zuzuye imisokōro, na vino y’umukāka imiminnye neza.”

20 Ubwo buhanuzi nta nkeka buzoranguka mw’isi nshasha Imana isezerana turindiriye. Muri ico gihe, umuryango w’abantu uzoremururwa ingorane ziremereye benshi ubu. Kukaba nkako, ubuhanuzi buri muri Yesaya 25:7, 8 buratanga icemeza c’uko Imana izokoresha ububasha bwayo bw’irema kugira ngo ikore kimwe mu bikorwa bitangaje kuruta vy’akataraboneka. Hagira hati: “Urupfu azorumira miyonzwa gushitsa ibihe vyose; kand’Umwami Uhoraho azohanagura amosozi ku maso ya bose; n’ubumāramāre bgo ku bantu biwe azobukūra kw isi yose; kuk’Uhoraho ari we abivuze.” Intumwa Paulo mu nyuma yarasubiyemwo amwe muri ayo majambo aca ayerekeza ku vy’uko Imana izogarura abapfuye bakaba bazima, ni ukuvuga kuzura abapfuye. Ese ukuntu azoba ari igikorwa gitangaje!​—1 Ab’i Korinto 15:51-54.

21. Imana izokorera abapfuye ibihe bikorwa bitangaje?

21 Iyindi mvo izotuma amosozi y’intuntu azimangana ni uko abantu bazokurwako indwara z’umubiri. Igihe Yezu yari kw’isi, yarakijije benshi​—arahumura impumyi, arakiza ibipfamatwi, arasubiza intege abarwaye. Muri Yohana 5:5-9 higana yuko yakijije umugabo yari amaze imyaka 38 ari ikimuga. Abavyitegereza biyumviriye ko ico ari igikorwa c’akumiza, igikorwa gitangaje. Kandi cari co! Ariko rero, Yezu yababwiye yuko ikintu kizoba gitangaje kuruta ari uko yari kuzozura abapfuye, mu kugira ati: “Ntimutangazwe n’ico; kukw igihe kija kuza, ah’abari mu mva bose bazokwumvira ijwi ryiwe, bakazivamwo; abākoze ivyiza bakazukira ubu[zima], abākoze ibibi bakazukira gucirwakw iteka.”​—Yohana 5:28, 29.

22. Ni kuki umukene n’umugorwa bashobora kwitega ibiri imbere bafise icizigiro?

22 Ivyo nta gukekeranya bizoba kubera ko uwubisezerana ari Yehova. Nushire amazinda yuko niyakoresha yitonze bwa bubasha bwiwe buhambaye bwo gusubiza ibintu mu buryo kandi akabuyobora yitonze, bizovamwo ikintu gitangaje. Zaburi ya 72 iradoma urutoke ku vyo azokora abicishije ku Mwana wiwe w’Umwami. Umugororotsi azoca atotahara. Amahoro azoba umusesekara. Imana izokiza umukene n’umugorwa. Isezerana iti: “Hazokwera impeke habe agahimbo mu gihugu no ku mpinga z’imisozi; mw igarura ryavyo bizohungabana nk’ibiti vyo [mu]ri Lebanoni [ya kera]; abo mu gisagara bazororanirwa batotahare nk’ubgatsi bgo mw isi.”​—Zaburi 72:16.

23. Ibikorwa bitangaje vy’Imana bikwiye kudusunikira ku gukora iki?

23 Biragaragara ko turi n’imvo zo gushira umutima ku bikorwa bitangaje vya Yehova​—ivyo yakoze muri kahise, ivyo ariko arakora muri kino gihe n’ivyo azokora muri kazoza ka hafi. “Uhoraho Imana, ni yo Mana y’Abisirayeli, ihimbazwe; ni yo yonyene ikora ibitangaza: izina ryayo ry’icubahiro rihimbazwe ibihe bidashira; kand’isi yose yuzure icubahiro cayo; Amen, kandi Amen.” (Zaburi 72:18, 19) Ivyo bikwiye kuba ari vyo tuganira n’incuti be n’abandi ubudahengeshanya mu kiyago tugirana kiranga igishika. Egome, nimuze “[tw]amamaze mu mahanga ubgiza bgiwe, n’ibikorwa bitangaje yakoze [t]uvyamamaze mu moko yose.”​—Zaburi 78:3, 4; 96:3, 4.

Wokwishura Gute?

• Ibibazo vyabajijwe Yobu, bishimika gute ku vy’uko ubumenyi umuntu afise buri n’aho bugeza?

• Ni utuhe turorero tw’ibikorwa bitangaje vy’Imana twashizwe ahabona muri Yobu ikigabane ca 37-41 twagutangaje?

• Tumaze kurimbura ibikorwa bitangaje bimwebimwe vy’Imana dukwiye kuvyakira gute?

[Ifoto ku rup. 16]

Uravye ubwoko bwinshi cane bw’utuvunji twa shelegi be n’ububasha buteye akoba bw’umuravyo, uca ushika ku kihe ciyumviro?

[Abo dukesha ifoto]

snowcrystals.net

[Ifoto ku rup. 18]

Reka ibikorwa bitangaje vy’Imana bibe mu bigize ikiyago uremesha ubudahengeshanya

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika