ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w01 1/9 rup. 17-21
  • Ntiturambirwe n’Ugukora Ivyiza

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ntiturambirwe n’Ugukora Ivyiza
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Igitero c’Imbonankubone
  • Imyitwarariko ya Misi Yose
  • Ibigeragezo Umuntu Yikwegera
  • Ukwizera Ibintu Bitaboneka
  • Kuronka Umunezero Naho Hoba Hari Intambamyi
  • Aburahamu yari nde?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Yehova yamwise “umugenzi wanje”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2016
  • ‘Nimureme mu Mitima Yanyu’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
  • Imana Igerageza Aburahamu
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
w01 1/9 rup. 17-21

Ntiturambirwe n’Ugukora Ivyiza

“Ntiturambirwe n’ugukora ivyiza: igihe kigeze, tuzokwimbura ni tutatezura.”​—ABAGALATI 6:9; UB.

1, 2. (a) Ni kuki ukwihangana gukenewe kugira ngo umuntu asukurire Imana? (b) Aburahamu yagaragaje gute ukwihangana, kandi ni igiki camufashije kwihangana?

KUBERA ko turi Ivyabona vya Yehova, turahimbarwa no gukora ivyo Imana igomba. Vyongeye, turaruhurirwa umutima no kwikorera “ingogo” (NW) y’ukuba umwigishwa. (Matayo 11:29) Yamara rero, gukorera Yehova kumwe na Kirisitu ntivyama vyoroha. Intumwa Paulo ivyo yarabitomoye igihe yahimiriza Abakirisu bagenziwe ati: “Mukwiye kwihangana, kugira ngo ni mwamara gukora ivy’Imana igomba mubone guhabga ivyasezeranywe.” (Abaheburayo 10:36) Ukwihangana kurakenewe kubera yuko gusukurira Imana bishobora kuba bitoroshe.

2 Ubuzima Aburahamu yagize nta nkeka buremeza ico kintu. Incuro zitari nke, yarahanganye n’amahitamwo agoye be n’ibintu bitesha umutwe. Guhabwa ibwirizwa ryo kuva mu buzima bw’ukudibama bwo muri Uri, yari intango gusa. Budakeye na kabiri, yarahanganye n’amapfa, arankwa n’ababanyi, ahakwa kunyagwa umugore wiwe, arankwa n’incuti zimwezimwe, eka arahangana n’ubukazi bw’intambara. Ibigeragezo bihambaye kuruta vyari bikiri imbere. Mugabo, Aburahamu ntiyigeze arambirwa n’ugukora igikorwa ciza. Ivyo biratangaje uzirikanye ko atari afise Ijambo ry’Imana ryose uko ringana, nk’uko turifise muri iki gihe. Yamara rero, nta nkeka ko yari azi ivya bwa buhanuzi bwa mbere, aho Imana yatangaje iti: “Nzoshira inyankane hagati yawe n’uyu mugore, no hagati y’[“urubuto,” NW] rwawe n’urwiwe.” (Itanguriro 3:15) Kubera yuko Aburahamu ari we urwo Rubuto rwociyeko mu kuza, ntibitangaje kubona ari we canecane Shetani yanka urunuka. Gutahura ico kintu nta nkeka vyarafashije Aburahamu kwihanganira ibigeragezo abigiranye umunezero.

3. (a) Ni kuki abasavyi ba Yehova muri iki gihe bakwiye kwitega amakuba? (b) Ni indemesho iyihe duhabwa mu Bagalati 6:9?

3 Abasavyi ba Yehova muri iki gihe bakwiye na bo nyene kwitega amakuba. (1 Petero 1:6, 7) Nakare, mu Vyahishuriwe 12:17 hatuburira yuko Shetani ariko ‘arwanya’ amasigarira y’abasizwe. Kubera yuko “izindi ntama” bifatanije cane n’abasizwe, na bo nyene Shetani ntaberekwa. (Yohana 10:16) Turetse ukurwanywa Abakirisu bashobora guhura na kwo mu busuku barangura ku mugaragaro, boshobora kandi gushikirwa n’imikazo irimwo amakuba mu buzima bwabo bwite. Paulo aduhimiriza ati: “Ntiturambirwe n’ugukora ivyiza: igihe kigeze, tuzokwimbura nitutatezura.” (Abagalati 6:9, UB) Egome, naho Shetani afise intumbero yo gusenyura ukwizera kwacu, dutegerezwa kumurwanya twivuye inyuma, dukomeye mu kwizera. (1 Petero 5:8, 9) Ingendo yacu y’ukudahemuka ishobora kuvamwo iki? Muri Yakobo 1:2, 3 hasigura hati: “Mwiyumvire kw ar’ivyo kunezererwa rwose, bene Data, ni mwagwa mu bibagerageza bitari bimwe, mumenye yukw ibigeza ukwizera kwanyu bitera ukwihangana.”

Igitero c’Imbonankubone

4. Shetani yakoresheje gute ibitero vy’imbonankubone kugira ngo agerageze gusenyura ukutadohoka kw’abasavyi b’Imana?

4 Ubuzima bwa Aburahamu nta nkeka burerekana ‘ibigeragezo bitari bimwe’ Umukirisu ashobora guhangana na vyo muri iki gihe. Nk’akarorero, yategerezwa kugira ico akoze igihe abavuye i Shinari batera. (Itanguriro 14:11-16) Ntibitangaje rero kubona Shetani abandanya gukoresha ibitero vy’imbonankubone biri mu buryo bw’uruhamo. Kuva Indwano ya Kabiri y’Isi Yose iheze, ibihugu mirongo vyarabujije igikorwa ca gikirisu co kwigisha c’Ivyabona vya Yehova. Igitabu c’umwaka c’2001 (Annuaire des Témoins de Jéhovah 2001) kiravuga ivyerekeye ubukazi Abakirisu bo muri Angola babwirijwe kwihanganira mu minwe y’abansi babo. Kubera ko biheka kuri Yehova, abavukanyi bacu bo mu bihugu nk’ivyo barashikamye baranka kudohoka! Ico bagize, ntibisutse mu bukazi canke mu kugarariza, ahubwo barakobeje mu gikorwa co kwamamaza babigiranye ubwenge.​—Matayo 24:14.

5. Abakirisu bakiri bato boshobora gute guhamwa kw’ishure?

5 Ariko rero, uruhamo ntirwama nantaryo rurimwo ubukazi. Aburahamu yahavuye ahezagirwa mu kwibaruka abahungu babiri, na bo akaba ari Ishimayeli na Isaka. Mw’​Itanguriro 21:8-12 hatubwira yuko igihe kimwe Ishimayeli yariko “aratwenga” Isaka. Mw’ikete yandikiye Abagalatiya, Paulo yerekana yuko ukwo kutari gusa kwa gukina kw’abana, kubera yuko adondora ko Ishimayeli yahama Isaka! (Ab’i Galatiya 4:29) Agashinyaguro k’abo mwigana be n’ibitero vy’amajambo y’abaturwanya, birashobora kwitwa mu buryo bukwiriye ko ari uruhamo. Hari Umukirisu akiri muto yitwa Ryan yibuka umubabaro yaterwa n’abo bigana, agira ati: “Iminuta 15 ibisi yamara ituvana canke itujana kw’ishure, wamengo ni amasaha n’amasaha, kubera ko bantukagura. Baranturira na twa twuma dufatanya impapuro wasanga bashuhije bakoresheje ikibiriti.” Kubera iki bamufata nabi gutyo? “Ni ukubera ukumenyerezwa naronse mw’ishirahamwe ry’Imana kwatumye ntandukana n’urundi rwaruka rwo kw’ishure.” Naho vyari vyifashe ukwo, bivuye ku gufatwa mu mugongo n’abavyeyi biwe, Ryan yarashoboye kuvyihanganira adahemuka. Bakiri bato mwe, agatyekezo k’urunganwe rwanyu koba karatumye mwumva mucitse intege? Yemwe, ntimukarambirwe! Nimwihangana mutadohoka, aya majambo ya Yezu azobarangukirako. Agira ati: “Namwe muzoba muhiriwe aho bazobatuka bakabahama bakabarementaniriza ibibi vyose babampōye.”​—Matayo 5:11.

Imyitwarariko ya Misi Yose

6. Ni ibintu ibihe bishobora gutitura ubucuti hagati y’Abakirisu muri iki gihe?

6 Vyinshi mu bigeragezo duhangana na vyo birimwo imyitwarariko dusanzwe duhura na yo imisi yose. Aburahamu yategerejwe kwihanganira amatati yatsimbataye hagati y’abungere biwe n’abungere b’umuhungwabo Loti. (Itanguriro 13:5-7) Mu buryo busa n’ubwo muri iki gihe, ukudahuza kamere be n’udushari tuva ku tuntu dutoduto birashobora gutitura ubucuti eka mbere bikanabangamira amahoro y’ishengero. “Ah’ishari riri, bo no kwirema ibice, [n]i ho umuvurungano uri, n’igikorwa kibi cose.” (Yakobo 3:16) Ese ingene kutarambirwa ari ngirakamaro kuri twebwe, mugabo ntitureke ngo ubwibone buhungabanye amahoro, nk’uko Aburahamu yabigize, kandi tukarondera inyungu z’abandi!​—1 Ab’i Korinto 13:5; Yakobo 3:17.

7. (a) Umuntu akwiye kugira iki mu gihe yoba yababajwe n’Umukirisu mugenziwe? (b) Aburahamu yatanze akarorero keza gute mu vy’ukuzigama ubucuti n’abandi?

7 Kuba indemeshamahoro birashobora kutoroha igihe twumva yuko uwo dusangiye ukwemera yaturenganije. Mu Migani 12:18 havuga hati: “Har’ūvuga ibisunitswe n’impwemu bimeze nk’ugucumita kw’inkota.” Amajambo asunitswe n’impwemu, naho yoba atavuzwe nkana, arashobora kubabaza cane. Umubabaro uranarushiriza igihe twumva yuko twambitswe ibara canke batugizeko urusaku rubabaje. (Zaburi 6:6, 7) Mugabo, Umukirisu ntashobora kureka ngo inyiyumvo z’akababaro zitume aheba! Niba ivyawe vyifashe gutyo, niwibwirize gukosora izo ngorane mu kuyaga mu buryo buranga ubuntu n’uwagukoshereje. (Matayo 5:23, 24; Abanyefeso 4:26) Nube uwugabirije guharira uwo muntu. (Ab’i Kolosayi 3:13) Mu kurandurana n’imizi inzika mu mutima wacu, bituma dushobora gukira akababaro ko mu mutima wacu bwite tukanagarukira ubucuti dufitaniye n’umuvukanyi wacu. Aburahamu ntiyabitse inzika na ntoyi yari gushobora kugirira Loti. N’ikivyerekana, Aburahamu yarabangutse kuja gutabara Loti n’urugo rwiwe!​—Itanguriro 14:12-16.

Ibigeragezo Umuntu Yikwegera

8. (a) Abakirisu boshobora gute ‘kwitobekeranisha imibabaro myinshi’? (b) Ni kuki Aburahamu yashoboye kubonana uburimbane ibintu vy’umubiri?

8 Nta woharira ko ibigeragezo bimwebimwe atari ivyo umuntu yikwegera. Nk’akarorero, Yezu yabwirije abayoboke biwe ati: “Ntimukīrundanirize ubutunzi mw isi, ah’inyenzi n’ingese bibumara, n’ibisuma bikīmba bikabgiba.” (Matayo 6:19) Yamara rero, abavukanyi bamwebamwe ‘baritobekeranisha imibabaro myinshi’ mu gushira amaronko imbere y’ivy’Ubwami. (1 Timoteyo 6:9, 10) Aburahamu yari afise umutima ukunze wo guheba amaronko kugira ngo ahimbare Imana. “Ukwizera ni kwo kwatumye aba inyambukīra mu gihugu yasezeraniwe, nk’ikitar’iciwe, akabana mu mahema na Isaka na Yakobo, abāraganywe na we ivyo vyasezeranywe. Kuko yar’arorereye ca gisagara cubatswe kw itanguriro, umugezi n’umwubatsi waco n’Imana.” (Abaheburayo 11:9, 10) Ukwizera Aburahamu yari afise yuko muri kazoza hobayeho “igisagara,” ari co ntwaro y’Imana, kwaramufashije kutiheka ku butunzi. Mbega ntivyoba biranga ubukerebutsi tubigenjeje gutyo natwe?

9, 10. (a) Icipfuzo co kuba rurangiranwa gishobora gute gukwega ikigeragezo? (b) Muri iki gihe umuvukanyi yoshobora gute kwifata nka ‘muto’?

9 Nurimbure uwundi muce. Bibiliya itanga iyi nyobozo ikomeye iti: “Umuntu ni yiyumva kw ar’agakomeye, kand’ata co amaze, arībesha.” (Ab’i Galatiya 6:3) Ikindi kandi, duhimirizwa ‘kutagira ico dukora kubwo gukēbana canke ukwifata uko tutari, ariko twicishe bugufi.’ (Ab’i Filipi 2:3) Bamwebamwe barikwegera ibigeragezo mu kudakurikiza iyo mpanuro. Kubera batwawe n’icipfuzo co kurondera kuba barurangiranwa atari icipfuzo co gukora “igikorwa ciza,” baracika intege bakongera bakagira umwikomo igihe bataronka uduteka mw’ishengero.​—1 Timoteyo 3:1.

10 Aburahamu yaratanze akarorero keza mu ‘kutifata uko atari.’ (Abaroma 12:3) Igihe yahura na Melekisedeki, Aburahamu ntiyifashe nk’aho ikibanza c’ubutoni yari afise ku Mana catuma asumba abandi. Ahubwo, yaremeye icese yuko Melekisedeki afise ikibanza kimusumba co kuba umuherezi, mu kumushikanira ikigiracumi. (Abaheburayo 7:4-7) Abakirisu bo muri iki gihe na bo nyene bakwiye kugira umutima ukunze wo kwigenza nk’‘abato,’ gutyo ntibasabe kubonwa nka ba rurangiranwa. (Luka 9:48) Mu gihe abatuja imbere mw’ishengero basa n’ababangira kugushinga amabanga amwamwe, niwisuzume utibesha kugira ngo ubone ibintu ushobora kuryohora muri kamere zawe canke mu buryo ukora ibintu. Aho kujingitwa kubera hari uduteka udaterwa, niwungukire mu buryo bushitse ku gateka ufise ko gufasha abandi kumenya Yehova. Egome, “mwicishe bugufi muri musi y’ukuboko kw’Imana kw’ubushobozi, kugira ngw iz’ibashire hejuru mu gihe gikwiye.”​—1 Petero 5:6.

Ukwizera Ibintu Bitaboneka

11, 12. (a) Ni kuki bamwebamwe mw’ishengero bashobora kuba batakibona ko ibintu vyihutirwa? (b) Aburahamu yatanze akarorero keza gute mu gushingira ubuzima bwiwe ku kwizera imihango y’Imana?

11 Ikindi kigeragezo gishobora kubamwo ivy’uko umuhero w’uru runkwekwe rw’ibintu rubi usa n’uwutevye. Nk’uko bivugwa muri 2 Petero 3:12, Abakirisu bategerezwa “kurereka ukuza kw’umusi w’Imana [ba]wuhahamiye.” Ariko rero, benshi bamaze imyaka n’iyindi barindiriye uwo “musi,” bamwe mbere bakaba bamaze imyaka mirongo. Ku bw’ivyo, benshi bocika intege maze ntibasubire kubona ko ibintu vyihutirwa.

12 Subira urimbure akarorero ka Aburahamu. Ubuzima bwiwe bwose yabushingiye ku kwizera imihango y’Imana, naho bitashobotse ko yose iranguka akiriho. Ni vyo, yararamvye ku buryo yashoboye kubona umuhungu wiwe Isaka yakuze. Mugabo, hari hagisigaye ibinjana imbere y’uko uruvyaro rwa Aburahamu rushobora kugereranywa n’“inyenyeri zo kw’ijuru, canke n’umusenyi wo mw isēsero ry’ikiyaga.” (Itanguriro 22:17) Ariko rero, Aburahamu ntiyijiriwe canke ngo acike intege. Ni co gituma intumwa Paulo yavuze ku biraba Aburahamu n’abandi ba sekuruza b’imiryango ati: “Abo bose bāpfuye bacizeye, batarahabga ivyasezeranywe, ariko bārabibona biri kure bakabisāsirira, bakemera kw ar’akavantara n’ingenzi kw isi.”​—Abaheburayo 11:13.

13. (a) Abakirisu muri iki gihe, bameze nk’“ingenzi” gute? (b) Ni kuki Yehova azozana iherezo kuri uru runkwekwe rw’ibintu?

13 Niba Aburahamu yarashoboye kuguma ashingiye ubuzima bwiwe ku mihango y’ibintu “biri kure,” twebwe none muri iki gihe ntitworushiriza kubigira, kubera iranguka ry’ivyo bintu ryegereje cane! Nka kurya kwa Aburahamu, dutegerezwa kwibona ko turi “ingenzi” muri uru runkwekwe rwa Shetani, tukanka kwisuka mu buzima bwo kurenza urugero mu vy’ukwinezereza. Ni ibisanzwe ko twoshima yuko uyu “muhero wa vyose” uza ubu bwa vuba, ntube gusa wegereje. (1 Petero 4:7) Kumbure turiko turacumukuzwa n’ingorane zikomeye z’amagara. Canke dushobora kuba turemerewe n’imikazo yo mu vy’ubutunzi. Naho ari ukwo, dutegerezwa kwibuka yuko Yehova atazana iryo herezo kugira ngo gusa adukure mu vyara vy’ibintu biteye intuntu, mugabo kandi ko ari ukugira ngo yerandishe izina ryiwe bwite. (Ezekiyeli 36:23; Matayo 6:9, 10) Si ngombwa ngo iherezo rize mu gihe kibereye kuri twebwe, ahubwo rizoza mu gihe gihuje n’imigambi ya Yehova.

14. Ukwihangana kw’Imana kugirira gute akamaro Abakirisu muri iki gihe?

14 Niwibuke kandi ko “Umwami Imana [ada]tebeje isezerano ry[iwe], uko bamwe biyumvira kw [a]ritevya. Ariko yihanganira mwebge, nt[a]gomba ko hagira abahona, arikw [a]gomba ko bose bihana.” (2 Petero 3:9) Urabona ko Imana “yihanganira mwebge,” ni ukuvuga abagize ishengero rya gikirisu. Bigaragara yuko bamwebamwe muri twebwe dukeneye uwundi mwanya kugira ngo tugire ivyo duhindura n’ivyo tubogora kugira ‘tuzosangwe mu mahoro, tutagira ikirabagu, tutagirako umugayo imbere y’iwe.’ (2 Petero 3:14) Ntidukwiye none gukura ubwatsi yuko Imana yagaragaje ukwihangana nk’ukwo?

Kuronka Umunezero Naho Hoba Hari Intambamyi

15. Yezu yashoboye gute kuzigama umunezero mu gihe yari ahanganye n’ibigeragezo, kandi kumwigana vyungura gute Abakirisu muri iki gihe?

15 Ubuzima bwa Aburahamu bwigisha vyinshi Abakirisu bo muri iki gihe. Ntiyagaragaje ukwizera gusa, ahubwo kandi yaragaragaje ukwihangana, ubukerebutsi, uburindutsi n’urukundo ruzira ubwikunzi. Ugusenga Yehova yagushira imbere mu buzima bwiwe. Ariko rero, dutegerezwa kwibuka yuko akarorero kaminuza dukwiye kwigana katanzwe na Yezu Kirisitu. Na we nyene yarahanganye n’ibigeragezo vyinshi, mugabo muri ivyo vyose, ntiyigeze na rimwe atakaza umunezero. Kubera iki? Kubera yagumye ashize umuzirikanyi ku cizigiro cari kiri imbere. (Abaheburayo 12:2, 3) Ku bw’ivyo, Paulo yasenze ati: “Imana itanga ukwihangana n’uguhumurizwa ibahe [“kugira inyifato yo mu mutima Kirisitu Yezu yari afise,” NW].” (Abaroma 15:5) Dufise inyifato yo mu mutima ibereye, turashobora kugira umunezero naho hoba hari intambamyi Shetani yoshobora kudushira imbere.”

16. Dushobora gukora iki igihe ingorane zacu zisa n’iziturengeye?

16 Igihe ingorane zisa n’izikurengeye, niwibuke yuko nka kurya nyene Yehova yakunda Aburahamu, ari kwo na wewe agukunda. Ashaka ko wererwa. (Ab’i Filipi 1:6) Niwizigire Yehova bimwe bishitse, wizeye yuko “[ata]zobakundira ko mugeragezwa n’ibiruta ivyo mushobora, ariko hamwe n’ikibagerageza, [a]zobacira icanzo, kugira ngo mubone ingene mushobora kucihanganira.” (1 Ab’i Korinto 10:13) Nutsimbataze akamenyero ko gusoma Ijambo ry’Imana ku musi ku musi. (Zaburi 1:2) Nukomere kw’isengesho, usaba Yehova agufashe kwihangana. (Ab’i Filipi 4:6) Azoha ‘impwemu yera abayimusavye.’ (Luka 11:13) Niwungukire ku ntunganyo Yehova yashizeho kugira ngo akubungabunge mu vy’impwemu, nk’ibisohokayandikiro vyacu bishingiye kuri Bibiliya. Ikindi, nurondere gufatwa mu mugongo n’umuryango w’abavukanyi. (1 Petero 2:17) Niwitabe amakoraniro ya gikirisu udahengeshanya, kubera yuko muri yo ari ho uzoronkera indemesho ukeneye kugira ngo wihangane. (Abaheburayo 10:24, 25) Nunezerezwe n’ukujijuka yuko ukwihangana kwawe kugushikana ku kwemerwa mu nyonga z’Imana be n’uko ukutadohoka kwawe kunezereza umutima wayo!​—Imigani 27:11; Abaroma 5:3-5.

17. Ni kuki Abakirisu batareka ngo batwarwe n’umwiheburo?

17 Aburahamu yarakunzwe n’Imana, imugira “umukunzi” wayo. (Yakobo 2:23) Naho ari ukwo, ubuzima bwa Aburahamu bwaranzwe n’urukurikirane rw’ibigeragezo n’amakuba bitesha umutwe. Abakirisu si bo batoshobora kwitega gushikirwa n’ivyo muri iyi “misi y’iherezo” mibi. Kukaba nkako, Bibiliya ituburira yuko “abantu babi, bo n’abahūmbūzi, bazorushiriza kuba babi.” (2 Timoteyo 3:1, 13) Aho kwireka tugatwarwa n’umwiheburo, nidutahure yuko imikazo duhangana na yo itanga ikimenyamenya c’uko iherezo ry’urunkwekwe rubi rwa Shetani riri hafi. Mugabo, Yezu atwibutsa yuko “uwihangana, agashitsa kw iherezo, [ar]i we azokira.” (Matayo 24:13) Rero, ‘ntiturambirwe n’ugukora ivyiza!’ Twigane Aburahamu, twongere tube mu “baheshwa n’ukwizera n’ukwihangana kuragwa ivyasezeranywe.”​—Abaheburayo 6:12.

Woba Wabibonye?

• Ni kuki abasavyi ba Yehova bo muri iki gihe bakwiye kwitega ibigeragezo n’amakuba?

• Ni mu buryo butari bumwe ubuhe Shetani yoshobora gukoresha ibitero vy’imbonankubone?

• Ukutumvikana hagati y’Abakirisu gushobora gutorerwa umuti gute?

• Ubwibone n’ukwishira imbere bishobora gute gukwega ibigeragezo?

• Ni mu buryo ki Aburahamu yatanze akarorero keza mu kurindira iranguka ry’imihango y’Imana?

[Ifoto ku rup. 18]

Abakirisu benshi bakiri bato barahamwa mu gucokorwa n’urunganwe rwabo

[Ifoto ku rup. 21]

Mu misi ya Aburahamu, iranguka ry’imihango y’Imana ‘ryari kure,’ yamara rero ubuzima bwiwe yabushingiye kuri yo

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika