ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w01 1/10 rup. 8-13
  • Umuhezagiro wa Yehova Woba Uzogushikīra?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Umuhezagiro wa Yehova Woba Uzogushikīra?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Umuhezagiro Canke Umuvumo?
  • Bowazi Yarumviye Imana
  • Nabali Ntiyumviye
  • Ibigeragezo Hana Yaciyemwo n’Imihezagiro Yaronse
  • Guma Wumvira Yehova!
  • Yaraseruriye Imana akari ku mutima mw’isengesho
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Yaraseruriye Imana akari ku mutima mw’isengesho
    Niwigane ukwizera kwabo
  • Ukuntu Hana yaronse amahoro yo mu mutima
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Hana asaba Yehova umwana
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
w01 1/10 rup. 8-13

Umuhezagiro wa Yehova Woba Uzogushikīra?

“Iyi mihezagiro izobazako, ibashikīre, ni mwumvira Uhoraho Imana yanyu.”​—GUSUBIRA MU VYAGEZWE 28:2.

1. Ni igiki cari gutuma Abisirayeli baronka imihezagiro canke imivumo?

BARI mu kurangiza urugendo bari bamazemwo imyaka 40 mu bugaragwa, Abisirayeli bacumbitse mu Kiyaya c’i Mowabu. Igihugu c’Isezerano cari imbere yabo. Musa ico gihe ni ho yandika igitabu co Gusubira mu Vyagezwe, kikaba kirimwo urukurikirane rw’imihezagiro n’imivumo. Iyo Abisirayeli ‘baguma bumvira Uhoraho’ mu kumugamburikira, imihezagiro ‘yobashikiriye.’ Yehova yarabakunda kubera bari “ihanga [ryiwe] yiharije” kandi yashaka kugaragaza inkomezi ziwe ku neza yabo. Mugabo batagumye bamwumvira, nta nkeka imivumo yobashikiriye.​—Gusubira mu Vyagezwe 8:10-14; 26:18; 28:2, 15.

2. Amavuga y’Igiheburayo yahinduwe ngo ‘kuguma wumvira’ no ‘gushikira’ mu Gusubira mu Vyagezwe 28:2 afise iyindi nsobanuro iyihe?

2 Irivuga ry’Igiheburayo ryahinduwe ngo ‘kwumvira’ mu Gusubira mu Vyagezwe 28:2 ryerekana igikorwa kibandanya. Abasavyi ba Yehova ntibategerezwa kumwumvira rimwe na rimwe gusa; bategerezwa kuguma bamwumvira mu kubaho kwabo kwose. Ico gihe gusa ni ho imihezagiro y’Imana yobashikiriye. Irivuga ry’Igiheburayo ryahinduwe ngo ‘gushikira’ ryagenekerejwe ko ari ijambo rikoreshwa mu vy’uguhiga akenshi risobanura “gufata” canke “guhamvya.”

3. Dushobora gute kumera nka Yosuwa, kandi ni kuki ivyo bihambaye cane?

3 Indongozi y’Abisirayeli Yosuwa yahisemwo kwumvira Yehova hanyuma arironkera imihezagiro. Yosuwa yavuze ati: “Uyu musi ni mwitoranirize uwo muzosaba . . . Jeho n’abo mu rugo rwanje tuzokwama tugendanira Uhoraho.” Bumvise ivyo, abantu bishura bati: “Guheba Uhoraho ngo dusabe izindi mana biragahera.” (Yosuwa 24:15, 16) Kubera inyifato nziza Yosuwa yagize, yabaye mu bantu bakeyi bo mw’iyaruka ryiwe batewe agateka ko kwinjira muri ca Gihugu c’Isezerano. Muri iki gihe, turi mw’iyinjiriro ry’Igihugu c’Isezerano gihambaye kandi kinini cane kuruta, na co kikaba ari iparadizo yo kw’isi aho imihezagiro myinshi iruta kure n’iyo iyo mu gihe ca Yosuwa, irindiriye abantu bose bashimwa n’Imana. Imihezagiro nk’iyo yoba izogushikira? Izogushikira niwaguma wumvira Yehova. Kugira ngo uronke imfashanyo yo gukomeza umwiyemezo wawe wo kubigira, rimbura kahise k’ihanga rya Isirayeli ya kera hamwe n’uturorero twigisha tw’abantu bamwebamwe.​—Abaroma 15:4.

Umuhezagiro Canke Umuvumo?

4. Mu kwishura isengesho rya Salomo, ni ibiki Imana yamuhaye, kandi dukwiye kwumva tumerewe gute ku vyerekeye imihezagiro nk’iyo?

4 Mu gice kinini c’ingoma y’Umwami Salomo, Abisirayeli bararonse imihezagiro myiza igitangaza ivuye kuri Yehova. Barinovoye umutekano be n’ibintu vyiza umuyoro. (1 Abami 4:25) Ubutunzi bwa Salomo bwacitse iciro ry’umugani, naho atari yasavye Imana ubutunzi. Ahubwo, igihe yari akiri muto ataraca uruma, yari yarasenze asaba umutima ugamburuka, iyo ntakambo Yehova akaba yarayemeye mu kumuhezagira akamuha ubukerebutsi n’ugutahura. Ivyo vyarashoboje Salomo gucira imanza abantu mu buryo bubereye, aratahura iciza n’ikibi. Naho Imana yamuhaye kandi ubutunzi n’ukumenyekana, Salomo akiri muto yaratahura agaciro gahebuje k’ubutunzi bw’ivy’impwemu. (1 Abami 3:9-13) Twaba dufise vyinshi mu buryo bw’umubiri canke atavyo dufise, ese ukuntu dushobora gukura ubwatsi mu gihe dufise umuhezagiro uva kuri Yehova kandi tukaba dutunze mu buryo bw’impwemu!

5. Ni ibiki vyashitse igihe Abisirayeli n’Abayuda batagumye bumvira Yehova?

5 Abisirayeli ntiberekanye ko bakenguruka umuhezagiro wa Yehova. Kubera batagumye bamwumvira, imivumo yari yarabuwe yarabashikiye. Ivyo vyatumye baneshwa n’abansi babo maze ababa muri Isirayeli no mu Buyuda baja mu bunyagano. (Gusubira mu Vyagezwe 28:36; 2 Abami 17:22, 23; 2 Ngoma 36:17-20) Abasavyi b’Imana boba none barakuye icigwa kuri ukwo gucumukura, icigwa c’uko imihezagiro ya Yehova ishikira gusa abaguma bamwumvira? Amasigarira y’Abayuda bagarutse mu gihugu cabo c’amavukiro mu 537 B.G.C., bararonse akaryo ko kwerekana ko bari bararonse “imitima y’ubgenge,” maze ico gihe bakabona ko bikenewe ko baguma bumvira Imana.​—Zaburi 90:12.

6. (a) Ni kuki Yehova yarungitse Hagayi na Zekariya kuburira abasavyi biwe? (b) Ni ingingo ngenderwako iyihe yashizwe ahabona mu butumwa Imana yatanze biciye kuri Hagayi?

6 Abayuda bahungutse barubatse igicaniro maze batangura kwubaka urusengero i Yeruzalemu. Mugabo igihe havyuka ukurwanywa gukomeye, umwete bari bafise watanguye gufororoka maze barahagarika kwubaka. (Ezira 3:1-3, 10; 4:1-4, 23, 24) Baciye batangura kandi gushira imbere ivyo kwidibamira. Kubera ico, Imana yararungitse abahanuzi Hagayi na Zekariya kugira ngo basubire bavyure umwete w’abasavyi bayo ku bw’ugusenga kw’ukuri. Yehova abicishije kuri Hagayi, yavuze ati: “Mbeg’iki n’igihe kibereye c’uko mwebge mwokwibera mu mazu yanyu ajererenze amagarwe, na yo iyi ngoro [y’ugusengeramwo] igihomvaguritse? . . . Ni mwitegereze uko mumeze! Mubiba vyinshi, mukimbura bike; kurya murarya, ariko ntimushira inzara; . . . kand’ūca amahera ayacira mu mupfuko utobotse.” (Hagayi 1:4-6) Guheba ivy’impwemu umuntu agakurikirana inyungu z’ivy’umubiri ntibivamwo umuhezagiro wa Yehova.​—Luka 12:15-21.

7. Ni kuki Yehova yabwiye Abayuda ati: “Ni mwitegereze uko mumeze”?

7 Kubera Abayuda bari batwawe n’imyitwarariko ya misi yose, baribagiye yuko imihezagiro iva ku Mana iza mu buryo bwo kuronka imvura be n’ibihe vyo kwimbura, yobashikiriye gusa mu gihe bihanganye bari mu ngendo yo kugamburukira Imana, mbere no mu gihe bahanganye n’ukurwanywa. (Hagayi 1:9-11) Ese rero ukuntu iyi nkeburo ibereye igira iti: “Ni mwitegereze uko mumeze!” (Hagayi 1:7) Ni nk’aho Yehova yariko arababwira ati: ‘Nimwiyumvire! Murabe isano riri hagati y’ukuntu muruhira ubusa mu mirima be n’ukuntu inzu yanje yo gusengeramwo iri umusaka.’ Amajambo yahumetswe y’abamenyeshakazoza ba Yehova amaherezo yarashitse ku mitima y’ababumviriza, kuko abantu basubiye kwubaka nya rusengero, barurangiza mu 515 B.G .C.

8. Yehova yahimirije Abayuda bo mu gihe ca Malaki kugira iki, kandi kubera iki?

8 Mu nyuma, mu misi y’umuhanuzi Malaki, Abayuda barasubiriye gutangura kujarajara mu vy’impwemu, mbere baranashikanira Imana ibimazi idashima. (Malaki 1:6-8) Ni co gituma Yehova yabahimirije kuzana ikigiracumi mu bushinguro bwiwe ku vyo bimbura, maze babimugeragereshe baheze barabe ko atobagomorera ingomero zo mw’ijuru, akabacuncuburira umuhezagiro gushika aho babura aho bawukwiza. (Malaki 3:10) Ese ukuntu bwari ubupfu ku Bayuda kwiruhisha ku bintu nyene Imana yobahaye ari umuyoro baramutse gusa bagumye bumvira ijwi ryayo!​—2 Ngoma 31:10.

9. Tugiye gusuzuma ubuzima bw’abantu batatu abahe banditswe muri Bibiliya?

9 Turetse ivy’ukudondora kahise k’ihanga rya Isirayeli, Bibiliya iravuga ivy’ubuzima bw’abantu benshi baronse imihezagiro canke imivumo y’Imana, bivuye ku kuguma bumvira Yehova canke ntibamwumvire. Nimuze turabe ico dushobora kwigira kuri batatu muri bo, ni ukuvuga Bowazi, Nabali na Hana. Mu bijanye n’ivyo, woshobora gushima gusoma igitabu ca Rusi hamwe na 1 Samweli 1:1–2:21 be na 1 Samweli 25:2-42.

Bowazi Yarumviye Imana

10. Ni ibiki Bowazi na Nabali bahurizako?

10 Naho Bowazi na Nabali batari abo mu gihe kimwe, bari bafise ibintu bimwebimwe bahuriyeko. Nk’akarorero, abo bagabo bompi baba mu gihugu c’i Buyuda. Bari bafise amatongo kandi bakaba ari abatunzi, kandi bompi bararonse akaryo kadasanzwe ko kugaragariza ubuntu mvarukundo umuntu ari mu mukeno. Mugabo ivyo bahurizako bigarukira aho.

11. Bowazi yerekanye gute yuko yagumye yumvira Yehova?

11 Bowazi yabayeho mu kiringo c’abacamanza b’Abisirayeli. Yafatana icubahiro abandi, kandi n’abagenyi biwe baramwubaha cane. (Rusi 2:4) Mu kugamburuka Ivyagezwe, Bowazi yararaba neza ko mu murima wiwe hasigazwa udusigarira tw’abagorwa n’aboro. (Abalewi 19:9, 10) Ni ibiki Bowazi yakoze igihe yamenya ivyerekeye Rusi na Nawomi maze akabona ukuntu Rusi yagira umwete wo kubungabunga inabukwe ageze mu zabukuru mu kumuronsa ivyo akeneye? Yarubahirije Rusi bimwe bidasanzwe maze abwiriza abantu biwe kumureka ngo ahumbe mu murima wiwe. Bivuye ku majambo yiwe be no ku bikorwa vyiwe biranga urukundo, Bowazi yarahishuye yuko yari umuntu yitwararika ivy’impwemu akumvira Yehova. Ni co gituma yatoneshejwe n’Imana yongera iramuhezagira.​—Abalewi 19:18; Rusi 2:5-16.

12, 13. (a) Bowazi yerekanye gute yuko yubaha bimwe bigera ibwina icagezwe ca Yehova kivuga ivy’ugucungura? (b) Ni imihezagiro iva ku Mana iyihe yashikiriye Bowazi?

12 Ikimenyamenya cibonekeje kuruta c’uko Bowazi yagumye yumvira Yehova ni uko yakurikije icagezwe c’Imana c’ivy’ugucungura mu buryo buranga ukutikunda. Bowazi yarakoze ukwo ashoboye kwose kugira ngo arabe neza yuko intoranwa y’incuti yiwe yogumye mu muryango wa Elimeleki, iyo ncuti yiwe na yo akaba yari Elimeleki umugabo wa Nawomi yari yarapfuye. Biciye ku vy’“[ukugirira] ibikwiye muramu w’umuntu,” umupfakazi yategerezwa kwabirwa n’uwo mu ncuti za hafi z’umugabo wiwe yapfuye kugira ngo umuhungu bavyaranye ashobore kuzigama iyo ntoranwa. (Gusubira mu Vyagezwe 25:5-10; Abalewi 25:47-49) Rusi yarishikanye ubwiwe ngo yubake urugo mu gishingo ca Nawomi uwutari akivyara. Inyuma y’aho incuti ya Elimeleki ya hafi kuruta yankiye gufasha Nawomi, Bowazi yaciye atwara Rusi amugira umugore wiwe. Umuhungu wabo Obedi yabonywe ko ari uruvyaro rwa Nawomi kandi ko ari samuragwa yemewe n’amategeko wa Elimeleki.​—Rusi 2:19, 20; 4:1, 6, 9, 13-16.

13 Imihezagiro myinshi yarashikiriye Bowazi kubera yagamburutse ivyagezwe vy’Imana ata kwikunda. Biciye ku muhungu wabo Obedi, we hamwe na Rusi barahezagiwe mu kuronka agateka ko gucika ba sekuruza ba Yezu Kirisitu. (Rusi 2:12; 4:13, 21, 22; Matayo 1:1, 5, 6) Dufatiye ku bikorwa biranga ukutikunda vya Bowazi, turiga yuko imihezagiro ishikīra aberekana urukundo bakunda abandi kandi bagakora mu buryo buhuje n’ivyo Imana isaba.

Nabali Ntiyumviye

14. Nabali yari umuntu ameze gute?

14 Mu buryo buhushanye na Bowazi, Nabali we ntiyumviye Yehova. Yararenze ku cagezwe c’Imana, kigira giti: “Mukunde bagenzi banyu nk’uko mwikunda.” (Abalewi 19:18) Nabali ntiyari umuntu yitwararika ivy’impwemu; yari “umuntu w’ikigoryi kandi w’imico mibi.” Eka mbere n’abantu biwe bwite bamubona ko ari “umuntu w’umugesera.” Mu buryo bubereye, izina ryiwe Nabali risobanura “ikijuju” canke “igipfu.” (1 Samweli 25:3, 17, 25) None rero Nabali yovyakiriye gute aronse akaryo ko kugaragariza ubuntu umuntu ari mu mukeno, uwo na we akaba yari Dawidi, uwasizwe wa Yehova?​—1 Samweli 16:13.

15. Nabali yafashe gute Dawidi, kandi Abigayili yari atandukanye gute n’umugabo wiwe muri ivyo?

15 Igihe Dawidi n’abantu biwe bari mw’ikambi mu micungararo y’ahari imikuku ya Nabali, barayirinze imigwi y’ibisuma ata mahera barinze gusaba. Umwe mu bungere ba Nabali yavuze ati: “Batubereye uruhome rudukingira mw ijoro no ku murango.” Ariko rero, igihe abari batumwe na Dawidi basaba udufungurwa, Nabali ‘yarabarandamukiye’ maze abarungika imbokoboko. (1 Samweli 25:2-16) Abigayili umugore wa Nabali ubwo nyene yaciye ahitana ibifungurwa abishira Dawidi. N’uburake n’akantu, Dawidi yari agiye guherengeteza Nabali n’abantu biwe. Ni co gituma ukwibwiriza kwa Abigayili kwarokoye ubuzima bw’abantu benshi kandi gutuma Dawidi adakora amaraso. Mugabo umwina wa Nabali n’ubugoryi bwiwe vyari vyararenze akarimbi. Haheze nk’imisi icumi, “Uhoraho akubita Nabali, arapfa.”​—1 Samweli 25:18-38.

16. Dushobora gute kwigana Bowazi kandi tukanka urunuka inzira za Nabali?

16 Ese ingene Bowazi na Nabali bari batandukanye! Nubwo dukwiye kwanka inzira z’ubugoryi n’ubwikunzi vya Nabali, nimuze twigane umutima mwiza wa Bowazi be n’ukutikunda kwiwe. (Abaheburayo 13:16) Ivyo dushobora kubigira mu gushira mu ngiro impanuro y’intumwa Paulo igira iti: “Iyo turonse uburyo, tugirire bose neza, cane-cane ab’inzu y’abizera.” (Ab’i Galatiya 6:10) Muri iki gihe, “izindi ntama” za Yezu, ni ukuvuga Abakirisu bafise icizigiro co kuba kw’isi, barafise agateka ko gukorera ivyiza abasizwe ba Yehova, ni ukuvuga amasigarira ya vya 144.000 bazohabwa ubuzima budapfa mw’ijuru. (Yohana 10:16; 1 Ab’i Korinto 15:50-53; Ivyahishuriwe 14:1, 4) Ibikorwa nk’ivyo biranga urukundo Yezu abibona nk’aho ari we ubwiwe bariko barabikorera, kandi gukora ivyo bintu vyiza bivamwo umuhezagiro urimwo vyinshi uva kuri Yehova.​—Matayo 25:34-40; 1 Yohana 3:18.

Ibigeragezo Hana Yaciyemwo n’Imihezagiro Yaronse

17. Ni ibigeragezo ibihe Hana yahanganye na vyo, ariko ni inyifato iyihe yagaragaje?

17 Umuhezagiro wa Yehova warashikiriye kandi umugore yitwa Hana yibanga Imana. Yaba mu mugamba w’Abefurayimu be n’umugabo wiwe w’Umulewi, Elukana. Kubera ko vyari birekuwe kandi bigashingwa n’Ivyagezwe, yari afise uwundi mugore, yitwa Penina. Hana yagumye ari ingumba, kikaba cari igiterasoni ku mukenyezi w’Umwisirayeli, mu gihe Penina yari afise abana batari bake. (1 Samweli 1:1-3; 1 Ngoma 6:16, 33, 34) Ariko rero aho guhumuriza Hana, Penina yakoze mu buryo butaranga urukundo bubabaza Hana gushika n’aho yiyuha iryosozi akabura n’akayabagu. Icari kirushirije kuba kibi ni uko ivyo vyashika uko “umwaka utashe,” igihe cose umuryango waja ku ngoro ya Yehova i Shilo. (1 Samweli 1:4-8) Ese ukuntu Penina yari afise umutima ukomantaye, kandi ese ukuntu cari ikigeragezo kuri Hana! Yamara, Hana ntiyigeze atuka Yehova; eka ntiyigeze anaguma i muhira igihe umugabo wiwe yaja i Shilo. Nta nkeka rero ko amaherezo umuhezagiro urimwo vyinshi wamushikiriye.

18. Ni akarorero akahe Hana yasize?

18 Hana yarasigiye akarorero keza abasavyi ba Yehova bo muri iki gihe, canecane abashobora kuba barababajwe n’amajambo ataranga ubuntu abandi bavuze. Mu bihe nk’ivyo, ukwigunga si wo muti. (Imigani 18:1) Hana ntiyaretse ngo ibigeragezo arimwo bigabanye icipfuzo ciwe co kuja aho Ijambo ry’Imana ryigishirizwa hakongera hagakoranira abasavyi bayo ku bw’ugusenga. Ni co gituma yagumye akomeye mu vy’impwemu. Ukuntu ugukomera kwiwe mu vy’impwemu kwashika ibwina kurahishurwa mw’isengesho ryiza yatuye ryanditse muri 1 Samweli 2:1-10.a

19. Dushobora kwerekana gute ko dukenguruka ibintu vy’impwemu?

19 Kubera ko turi abasavyi ba Yehova bo mu gihe ca none, ntidusengera ku rusengero nk’urwa kera. Naho ari ukwo, turashobora kwerekana yuko dukenguruka ibintu vy’impwemu, nk’uko Hana yabigira. Nk’akarorero, turashobora kwerekana ko dukenguruka bimwe bigera ibwina ubutunzi bwo mu vy’impwemu mu kwama ari ho turi ku makoraniro ya gikirisu, ku materaniro no ku mahwaniro. Nimuze dukoreshe ivyo bihe kugira ngo turemeshanye mu gusenga Yehova kw’ukuri, we yaduteye ‘agateka ko kumusenga ata bgoba, tur’abera tugororoka.’​—Luka 1:74, 75; Abaheburayo 10:24, 25.

20, 21. Hana yaronse impera gute bivuye ku kuntu yibanga Imana?

20 Yehova yarabonye ko Hana amwibanga maze aramuronsa impera nyinshi. Ku rugendo rumwe mu ngendo bagira ku mwaka uko bagize umuryango baja i Shilo, Hana yararize, asenga Imana abigiranye ubwira maze ayisezeranira ati: “Ewe Uhoraho Nyen’ingabo, ni warāba umubabaro wanje incoreke yawe, ukanyibuka, ntunyibagire jewe incoreke yawe, ukantabaza umwana w’umuhungu, nanje nzomuguha, Uhoraho, abe uwawe kuzorinda apfa.” (1 Samweli 1:9-11) Imana yarumvise ugutakamba kwa Hana maze iramuhezagira imuha agahungu, ako yise Samweli. Igihe kacuka, yagatwaye i Shilo kugira ngo gashobore gukora mw’ihema.​—1 Samweli 1:20, 24-28.

21 Hana yaragaragaje urukundo akunda Imana maze arashitsa isezerano ryiwe ryerekeye Samweli. Vyongeye iyumvire imihezagiro myinshi we na Elukana binovoye kubera agahungu kabo bakunda gakorera mw’ihema rya Yehova! Abavyeyi benshi b’Abakirisu baragira umunezero be n’imihezagiro nk’iyo nyene kubera abahungu babo n’abakobwa babo bakora ari abasuku b’abatsimvyi b’igihe cose, abagize umuryango wa Beteli canke mu bundi buryo butera iteka Yehova.

Guma Wumvira Yehova!

22, 23. (a) Ni ibiki tudashobora gukeka turamutse tugumye twumvira ijwi rya Yehova? (b) Ni ibiki birimburwa mu kiganiro gikurikira?

22 Ni ibiki dushobora kudakeka mu gihe tuguma twumviriza Yehova? Tuzoba abatunzi mu vy’impwemu mu gihe twerekana ko dukunda Imana n’ubugingo bwacu bwose no mu gihe uburyo tubayeho bwerekana yuko turi abasavyi bayo bayiyeguriye. Naho gukurikira iyo ngendo bisobanura yuko dutegerezwa kwihanganira ibigeragezo bikomeye, umuhezagiro wa Yehova uzodushikira ata kabuza, kenshi na kenshi bikazoba mu buryo buhambaye kuruta ukwo dushobora kuvyibaza.​—Zaburi 37:4; Abaheburayo 6:10.

23 Imihezagiro myinshi izoshungururirwa ku basavyi b’Imana muri kazoza. Kubera abo mw’“ishengero ryinshi” bagamburuka bakumvira Yehova, bazokingirwa wa “mubabaro mwinshi,” maze binovore umunezero w’ubuzima mw’isi nshasha y’Imana. (Ivyahishuriwe 7:9-14; 2 Petero 3:13) Ngaho Yehova azohaza bimwe bishitse ivyipfuzo bigororotse vy’abasavyi biwe bose. (Zaburi 145:16) Ariko rero nk’uko ikiganiro gikurikira kivyerekana, no muri iki gihe nyene abaguma bumvira ijwi rya Yehova barahezagirwa mu kuronka ‘ingabirano nziza itunganye iva mw’ijuru.’​—Yakobo 1:17, UB.

[Utujambo tw’epfo]

a Amajambo Hana yakoresheje hari ukuntu afitaniye isano n’ayo ya nkumi y’isugi Mariya yavuze, haciye igihe gitoyi amenye yuko agiye kuba nyina wa Mesiya.​—Luka 1:46-55.

Woba Uvyibuka?

• Kahise ka Isirayeli gashobora kutwigisha iki ku vyerekeye imihezagiro y’Imana?

• Bowazi na Nabali bari batandukanye gute?

• Dushobora kwigana Hana gute?

• Ni kuki dukwiye kuguma twumvira ijwi rya Yehova?

[Ifoto ku rup. 8]

Umwami Salomo yasenze asaba umutima ugamburuka, maze Yehova aramuhezagira mu kumuha ubukerebutsi

[Ifoto ku rup. 10]

Bowazi abandi yabafatana icubahiro n’umutima mwiza

[Ifoto ku rup. 13]

Hana yarahezagiwe cane kubera yiheka kuri Yehova

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika