ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w01 1/11 rup. 3-6
  • Icotuma Isi Ihimbarwa

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Icotuma Isi Ihimbarwa
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Abantu Boba Bashobora Kwitegeka?
  • Umutegetsi w’Isi Ataboneka
  • Intwaro Izozana Ubuhirwe
  • Ni Ubusegaba bwa Nde Uzohitamwo?
  • Imihezagiro Izohabwa Abatwarwa b’Ubwo Bwami
  • Ubwami bw’Imana—Ubutegetsi Bushasha bw’Isi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • Ubwami bw’Imana ni iki?
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
  • Ubwami bw’Imana ni iki?
    Bibiliya itwigisha iki?
  • Ubwami “Butazokwigera Buhangūra”
    Senga Imana yonyene y’ukuri
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
w01 1/11 rup. 3-6

Icotuma Isi Ihimbarwa

IKINYAMAKURU kimwe (Time) cavuze giti: “Yezu w’i Nazareti ni we yabaye umuntu rudende w’umunyabubasha akomeye kuruta atari gusa muri ibi bimpumbi bibiri birangiye ariko muri kahise k’abantu kose.” Igihe Yezu yari kw’isi, abantu ibihumbi n’ibihumbi b’imitima nziraburyarya baramumenye, bidatewe gusa n’ukuba ari uwuhambaye, mugabo kubera yitwararika abandi. Ni co gituma bidatangaje kubona bashatse kumugira umwami. (Yohana 6:10, 14, 15) Yamara, Yezu yaranse kwisuka mu vya politike.

UKUNTU Yezu yavyakiriye kwari gushingiye n’imiburiburi ku bintu bitatu: ukuntu Se yabona ingene abantu bagaragaza umwidegemvyo, uwo na wo ukaba urimwo ubutegetsi bw’abantu; Yezu yari azi yuko hariho inguvu z’ububasha zitaboneka, zikora mbere mu buryo bwo kurwanya utwigoro twiza twose abantu bagira mu butegetsi; be n’umugambi w’Imana wo gushiraho intwaro yo mw’ijuru izoganza isi yose. Uko dusuzuma twitonze ivyo vyiyumviro bitatu, turaza kubona igituma utwigoro abantu bagira two guhindura isi ngo ibe ahantu heza kuruta twananiwe. Turaza kuraba kandi ukuntu bizoshoboka.

Abantu Boba Bashobora Kwitegeka?

Igihe Imana yarema abantu, yabahaye kuganza ibikoko. (Itanguriro 1:26) Mugabo umuryango w’abantu watwarwa n’ubusegaba bw’Imana. Umugabo n’umugore ba mbere bari kwemeza ko bayobokera Imana mu kwirinda icamwa co kuri ca giti kimwe kidasanzwe, ni ukuvuga “igiti kimenyekanisha iciza n’ikibi.” (Itanguriro 2:17) Ikibabaje, Adamu na Eva bakoresheje nabi uburenganzira bwabo bwo kwihitiramwo maze bagambararira Imana. Gutwara icamwa babujijwe ntibwari ubusuma gusa. Kwabaye ukugarariza ubusegaba bw’Imana. Akajambo k’epfo ko mw’⁠Itanguriro 2:17 dusanga muri Bibiliya imwe (La Bible de Jérusalem) kavuga yuko Adamu na Eva bagomvye “ukwigenga guherejeko mu vyerekeye inyifato runtu aho umuntu yanka kwemera ko ari ikiremwa . . . Icaha ca mbere cari igitero ku busegaba bw’Imana.”

Kubera hagiyemwo ibibazo bikomeye vyerekeye inyifato runtu, Imana yararetse Adamu na Eva be n’ababakomokako kugira bihitiremwo uburyo bwabo bwite bwo kubaho bongere bishingire ingingo mfatirwako zabo bwite zerekeye iciza n’ikibi. (Zaburi 147:19, 20; Abaroma 2:14) Mu bisanzwe, umuntu yaciye atangura kwidegemvya kuva ico gihe. Yoba yararoraniwe? Nk’uko twabibonye muri iyi myaka ibihumbi n’ibihumbi iheze, turashobora kuvuga duti oya! Umusiguzi 8:9 havuga hati: “Umuntu umwe agira ububasha ku wundi bgo kumugirira nabi.” Iyo nkuru iteye umubabaro yerekeye ukwiganza kw’umuntu iremeza ko amajambo ari muri Yeremiya 10:23 ari ay’ukuri. Agira ati: “Uhoraho, nzi yukw inzira umuntu yogenderamwo atari we ashobora kuyigaba; ntibiri mu muntu agenda kwitunganiriza intambuko ziwe.” Kahise karemeje yuko abantu badafise ubushobozi bwo gutegeka ngo bererwe badafashijwe n’Umuremyi wabo.

Yezu yaravyemeje bimwe bishitse. Ukutisunga Imana carazira kuri we. Yavuze ati: “[N]ta co nkora nigeneye; . . . Jewe na ntaryo nama nkora [ibi]himbara [Imana].” (Yohana 4:34; 8:28, 29) Kubera rero atari yahawe uruhusha n’Imana rw’uko abantu bamuha ubwami, Yezu ntiyaniyumviriye ivyo kubwemera. Ariko rero, ivyo ntibisobanura yuko atitwararika gufasha abantu bagenziwe. Ahubwo, yarakoresheje ububasha bwiwe bwose kugira ngo asahirize abantu kuronka ubuhirwe buhebuje ico gihe be no muri kazoza. Yaranatanze ubuzima bwiwe kubera umuryango w’abantu. (Matayo 5:3-11; 7:24-27; Yohana 3:16) Mugabo Yezu yari azi yuko “ikintu cose cashingiwe igihe caco,” harimwo n’igihe Imana yashinze co kwemeza ubusegaba ifise ku muryango w’abantu. (Umusiguzi 3:1; Matayo 24:14, 21, 22, 36-39) Mugabo niwibuke yuko muri Edeni abavyeyi bacu ba mbere bayobokeye ukugomba kw’ikiremwa c’impwemu kibi cabavugishije biciye ku nzoka. Ivyo bidushikana ku mvo igira kabiri yatumye Yezu aguma yitaramuye mu vya politike.

Umutegetsi w’Isi Ataboneka

Bibiliya itubwira yuko Shetani yemereye guha Yezu “ubgami bgose bgo mw isi n’ubgiza bgabgo” kugira ngo amusenge. (Matayo 4:8-10) Mu bisanzwe, Yezu yari ahawe ugutegeka isi, mugabo akurikije ivyo Shetani yamusavye. Yezu ntiyaguye mu mutego w’iyo nyosha mbi. Mugabo coba cari ikigeragezo koko? Mu vy’ukuri, Shetani yoba yari gushobora gutanga ikintu gikomeye nk’ico? Egome, kubera Yezu ubwiwe yise Shetani “umwami w’isi,” vyongeye intumwa Paulo yamudondoye ko “ari imana y’iki gihe.”​—Yohana 14:30; 2 Ab’i Korinto 4:4; Abanyefeso 6:12.

Birumvikana ko Yezu yari azi yuko Shetani atitwararika ineza y’umuryango w’abantu. Yadondoye Shetani ko ari “umwicanyi, ko ari “se w’ibinyoma akaba na se w’ibintu vyose bitari vyo.” (Yohana 8:44, The Amplified Bible) Biragaragara yuko isi ‘iri mu bubasha’ bw’iyo mpwemu mbi, idashobora kwigera mu vy’ukuri igira agahimbare. (1 Yohana 5:19) Mugabo Shetani ntazoguma afise ubwo bukuru ibihe vyose. Yezu ubu ni ikiremwa c’impwemu gifise ububasha, vuba azokuraho Shetani yongere aherengeteze akosho kiwe.​—Abaheburayo 2:14; Ivyahishuriwe 20:1-3.

Shetani ubwiwe arazi yuko imisi asigaje ari umutware w’isi iriko irahera yihuta. Kubera ico, yariyemeje gukoresha uburyo bwose bushoboka kugira ngo yonone abantu mu buryo butari bwabeho, nk’uko nyene yabigize imbere yuko Umwuzure wo mu gihe ca Nowa uza. (Itanguriro 6:1-5; Yuda 6) Mu Vyahishuriwe 12:12 havuga hati: “Ibara rizobonwa n’isi n’ikiyaga, kuk’Umurwanizi yabamanukiye, ari n’inzigo nyinshi, azi kw afise igihe gito.” Ubuhanuzi bwa Bibiliya be n’ibiba mw’isi birerekana yuko tubayeho ku mpera y’ico “gihe gito.” (2 Timoteyo 3:1-5) Igihe co gutabarwa ubu kiri hafi.

Intwaro Izozana Ubuhirwe

Imvo igira gatatu yatumye Yezu atisuka mu vya politike ni uko yari azi yuko muri kazoza mu gihe cashinzwe, Imana yoshizeho intwaro yo mw’ijuru ikaganza isi. Bibiliya yita iyo ntwaro Ubwami bw’Imana, kandi ni wo wari wo mutwe shimikiro w’ivyo Yezu yigisha. (Luka 4:43; Ivyahishuriwe 11:15) Yezu yigishije abigishwa biwe gusenga basaba yuko ubwo Bwami bwoza, kuko mu gihe c’ubutegetsi bwabwo gusa ariho ivyo ‘Imana igomba bizoba kw’isi nk’uko biba mw’ijuru.’ (Matayo 6:9, 10) Woshobora kwibaza uti: ‘Nimba ubwo Bwami bugiye kuganza isi yose, ni ibiki bizoshikira izi ntwaro abantu bishiriyeho?’

Inyishu tuyisanga muri Daniyeli 2:44. Hagira hati: “Ku ngoma z’abo bami [baganza ku mpera y’uru runkwekwe], Imana yo mw ijuru izohagurutsa ubundi bgami butazokwigera buhangūra, kand’ingoma y’inganji yabgo nta ho izonyagwa n’irindi hanga; ariko buzomara bukomvomvore ubgami bgose . . . abo bami [bishiriyeho]; yamara bgo buzohangama gushitsa ibihe vyose.” Ni kuki Ubwami bw’Imana “bu[zo]komvomvor[a]” ubutegetsi bwo kw’isi? Kubera ko bukomeza agatima ko guhiga n’Imana kerekeye ukwidegemvya karemeshejwe na Shetani mw’itongo ryo muri Edeni. Uretse ko batarondera ineza y’umuryango w’abantu, abihatira gutsimbataza ako gatima bishira mu ngendo yo kurwanya Umuremyi. (Zaburi 2:6-12; Ivyahishuriwe 16:14, 16) Ni co gituma dutegerezwa kwibaza duti: ‘Twoba dushigikiye ubutegetsi bw’Imana canke twoba tuburwanya?’

Ni Ubusegaba bwa Nde Uzohitamwo?

Kugira ngo dufashe abantu gufata ingingo biyumviriye neza ku vyerekeye ubutegetsi, Yezu yategetse abigishwa biwe kwamamaza “ubutumwa bgiza bg’ubgami . . . ngo bube ikimenyetso kibere icabona amahanga yose” imbere yuko umuhero w’uru runkwekwe uza. (Matayo 24:14) Ni bande muri iki gihe bazwi kw’isi yose kubera ukwamamaza Ubwami bw’Imana? Ni Ivyabona vya Yehova. Kukaba nkako, iki kinyamakuru haheze igihe kirekire ku gipfukisho caco handitseko ngo: “Utangaza Ubwami bwa Yehova.” Muri iki gihe, Ivyabona nk’imiliyoni zitandatu bari mu bihugu birenga 230 bariko barafasha abantu kuronka ubumenyi ntagakosa bwerekeye ubwo Bwami.a

Imihezagiro Izohabwa Abatwarwa b’Ubwo Bwami

Yezu yama akora ibintu mu buryo Imana ishaka. Ni co gituma aho guhitamwo ingendo yo kwigenga no kugerageza gushigikira canke kuryohora uru runkwekwe rw’ibintu ruriho mu buryo bwa politike, yarakoze aratama kugira ngo ateze imbere ivy’Ubwami bw’Imana, umuti rudende w’ingorane zo kw’isi. Kubera ukudahemuka kwiwe, yarahawe impera y’intebe y’ubuninahazwa mw’ijuru aba Umwami w’ubwo Bwami. Ese ukuntu ari agashimwe keza igitangaza kubera yagamburukiye Imana!​—Daniyeli 7:13, 14.

Abantu amamiliyoni muri iki gihe bigana Yezu mu gushira mu kibanza ca mbere Ubwami bw’Imana no mu kugamburuka ukugomba kw’Imana na bo nyene bazokwinovora ingabirano nziza igitangaza, ni ukuvuga agateka ko kuba abatwarwa b’Ubwami bw’Imana bo kw’isi. (Matayo 6:33) Mu gihe c’ubutegetsi bwayo burangwa urukundo, bazoduzwa gushika ku kuba abantu batagira agasembwa, bafise icizigiro c’ubuzima budahera. (Ivyahishuriwe 21:3, 4) Muri 1 Yohana 2:17 havuga hati: “Isi irikw irashirana n’ivyifuzo vyayo, arik’ūkora ivy’Imana igomba yamah’ibihe bidashira.” Shetani n’abayoboke biwe nibakurwaho maze isi igahindurwa iparadizo ikwiye ku mubumbe wose itarimwo amacakubiri afatiye ku mamuko, ivy’ubucuruzi bwononekaye be n’idini y’ikinyoma, ese ukuntu azoba ari umunezero mwinshi kuguma hano kw’isi ibihe bidahera!​—Zaburi 37:29; 72:16.

Egome, Ubwami bw’Imana ni co kintu nyakuri kizotuma isi ihimbara koko, kandi ubutumwa bubutangaza burakwiriye vy’ukuri kwitwa ko ari inkuru nziza. Nimba utarabigira, Icabona ca Yehova aramukije ku nzu yawe ubukurikira, ni kuki utokwakira iyo nkuru nziza akuzaniye?

[Akajambo k’epfo]

a Mu gushigikira Ubwami bw’Imana, Ivyabona vya Yehova ntibisuka mu vya politike canke ngo baremeshe ukugarariza intwaro z’isi, mbere no mu bihugu aho Ivyabona babujijwe canke bahamwa. (Tito 3:1) Ahubwo, baragerageza guterera mu buryo bwiza, mu buryo bw’impwemu, atari mu buryo bwa politike nk’uko Yezu be n’abigishwa biwe bo mu kinjana ca mbere babigize. Ivyabona barihatira gufasha abantu bafise imitima igororotse bo mu bibano vyabo bitandukanye kugira ngo bagendere imico myiza ivugwa muri Bibiliya, nk’urukundo, ukutagunga, ukutandura mu nyifato runtu, hamwe n’inyifato nziza mu bikorwa. Ubwa mbere na mbere, bihatira kubigisha ukuntu bokurikira ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya be no guhanga amaso Ubwami bw’Imana nka co cizigiro nyakuri c’umuryango w’abantu.

[Amafoto ku rup. 4]

Kahise karerekana yuko abantu badashobora gutegeka ngo baroranirwe badafashijwe n’Imana

[Ifoto ku rup. 4]

Kubera ko Shetani ategeka muri “iki gihe,” yari gushobora guha Yezu “ubgami bgose bgo mw’isi”

[Amafoto ku rup. 6]

Yezu yigishije yuko mu gihe c’indinganizo y’Ubwami bw’Imana, isi izohinduka ahantu heza igitangaza

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika